Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUHUHUMA 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3 gushika ku wa 30 Ndamukiza 2017.

Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza

Ni umugambi uwuhe Imana yari ifitiye isi n’abantu? Waburabujwe gute? Kubera iki incungu Yezu yatanze ari yo icira inzira iranguka ry’umugambi w’Imana?

Incungu ni ‘impano itagira akanenge’ iva kuri Data

Iyo ntunganyo Imana yashizeho iratuma twizigira ibintu vyiza igitangaza, ikongera igatanga inyishu z’ibibazo bihambaye kw’isi no mw’ijuru.

Twariboneye ubuntu bw’Imana mu buryo butandukanye

Douglas Guest na Mary bariboneye ubuntu bw’Imana igihe bari abatsimvyi muri Kanada be n’igihe bari abamisiyonari muri Brezile no muri Portigale.

Yehova arayobora abasavyi biwe

Kera Yehova yarakoresheje abantu mu kuyobora abasavyi biwe. Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko yari ashigikiye abo bagabo vy’ukuri?

Ni nde ayobora abasavyi b’Imana muri iki gihe?

Yezu yasezeraniye abayoboke biwe ko yogumye ari kumwe na bo gushika ku nsozero y’ivy’isi. None muri iki gihe ariko ayobora gute abasavyi b’Imana kw’isi?

Ibibazo vy’abasomyi

Intumwa Paulo yanditse yuko Imana ‘itazotureka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira.’ Vyoba bisobanura ko Imana isuzuma imbere y’igihe ibigeragezo dushobora kwihanganira, igaca ihitamwo ibizodushikira?

“Nta barabara ryabakanga”

Imbere gato ya 1930 n’inyuma yaho gato, abatsimvyi b’abanyamwete barerekanye ishaka ryo gushikana inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu karere amahero ko muri Ostraliya kari iyo catawe.