Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUHUHUMA 2016

Twigane abagenzi somambike ba Yehova

Twigane abagenzi somambike ba Yehova

“Ubugenzi somambike na Yehova ni ubw’abamutinya.”ZAB. 25:14.

INDIRIMBO: 106, 118

1-3. (a) Kubera iki twokwemera tudakeka ko dushobora kuba abagenzi b’Imana? (b) Ni bande twihweza muri iki kiganiro?

BIBILIYA iravuga itomora ko Aburahamu yari umugenzi w’Imana. (Yes. 41:8; Yak. 2:23) Nkako, uwo mugabo w’umwizigirwa ni we wenyene Bibiliya ivuga gutyo idomako. Twoba none dukwiye kuvuga yuko Aburahamu ari we muntu wenyene yabaye umugenzi wa Yehova? Habe namba. Bibiliya yerekana ko umwe wese muri twebwe ashobora kuba umugenzi wa Yehova.

2 Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo inkuru z’abagabo n’abagore b’abizigirwa batinye Yehova, baramwizera maze baraba abagenzi biwe somambike. (Soma Zaburi 25:14.) Intumwa Paulo yaranditse ibijanye n’‘igipfungu kinini c’ivyabona,’ abo bantu batandukanye bose bakaba bari abagenzi b’Imana. (Heb. 12:1)

3 Nimuze twihweze twitonze batatu mu bagenzi somambike ba Yehova bavugwa muri Bibiliya. Turihweza (1) Rusi, wa mupfakazi yari akiri muto w’umwizigirwa yaturuka i Mowabu; (2) Hezekiya, umwami wa Yuda w’umugororotsi; (3) Mariya, umwe nyina wa Yezu yicisha bugufi. Ni igiki twigira ku kuntu umwe wese muri bo yabaye umugenzi w’Imana?

 YARAGARAGAJE URUKUNDO RUDAHEMUKA

4, 5. Ni ingingo itoroshe iyihe Rusi yategerezwa gufata, kandi ni kubera iki vyari bigoye cane kuyifata? (Raba ishusho itangura.)

4 Niwihe ishusho y’abapfakazi batatu, imitamana yabo iriko irahungabana mu muyaga igihe bariko baragenda mu nzira ica mu biyaya vya Mowabu. Abo bapfakazi ni Nawomi n’abakazana biwe Rusi na Orupa. Turabona Orupa agiye kuko yafashe ingingo yo gusubira iwabo i Mowabu. Nawomi yiyemeje kuramiriza gushika ageze muri Isirayeli, igihugu ciwe c’amavukiro. Ari kumwe na Rusi, uwugira afate ingingo ishobora kuba ihambaye kuruta izindi zose mu buzima bwiwe: Rusi arashobora gusubira mu b’iwabo i Mowabu canke akumira kuri inabukwe Nawomi maze bakajana i Betelehemu.Rusi 1:1-8, 14.

5 Rusi yari gushobora kwiyumvira bitagoranye yuko yari afise umuryango i Mowabu, ni ukuvuga nyina be n’izindi ncuti bari kwitwararika uwo mupfakazi akiri muto, bakamuronsa ivyo akeneye. Mowabu cari igihugu ciwe c’amavukiro. Yari amenyereye imico yaho, ururimi rwaho n’abantu baho. Ivyo nta vyo Nawomi yari kumuronsa i Betelehemu. Nkako, yahanuye Rusi kuguma i Mowabu. Nawomi yarabona ko atari gushobora kuronsa abo bakazana biwe abagabo canke aho baba. None Rusi yari gukora iki? Raba itandukaniro ryari hagati yiwe na Orupa, “[uwa]subiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe.” (Rusi 1:9-15) Rusi yoba yarashaka gusubira kuri izo mana z’ikinyoma ab’iwabo basenga? Uwokubesha.

6. (a) Ni ingingo iranga ubukerebutsi iyihe Rusi yafashe? (b) Kubera iki Bowazi yavuze ko Rusi yarondeye guhungira munsi y’amababa ya Yehova?

6 Bisa n’uko Rusi yari yaramenye Yehova, kumbure biciye ku wahoze ari umugabo wiwe canke kuri Nawomi. Yehova ntiyari ameze nk’imana za Mowabu. Rusi yari azi ko Yehova ari we akwiye gukunda no gusenga. Ariko rero, ubwo bumenyi ntibwari buhagije. Rusi yategerezwa gufata ingingo. Yoba yari guhitamwo Yehova ngo abe Imana yiwe? Rusi yahisemwo neza. Yabwiye Nawomi ati: “Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.” (Rusi 1:16) Urwo Rusi yakunda Nawomi rurakora ku mutima igihe umuntu aruzirikanyeko, mugabo igikora ku mutima kuruta ni urwo yakunda Yehova. Bowazi na we nyene yarakozwe ku mutima ku buryo mu nyuma yashimagije Rusi kuba yarondereye ubuhungiro munsi y’amababa ya Yehova. (Soma Rusi 2:12.) Ivyo vyoshobora kutwibutsa akana k’inyoni gahungiye munsi y’amababa ya nyina wako akomeye kugira agakingire. (Zab. 36:7; 91:1-4) Yehova na we nyene yarabereye Rusi ubuhungiro. Yaramuhaye impera kubera ukwizera kwiwe kandi Rusi ntiyigeze yicuza ku ngingo yari yarafashe.

7. Ni ibiki vyofasha abagonanwa kwiyegurira Yehova?

7 Benshi bariga ivyerekeye Yehova ariko bagatinya kumuhungirako. Baragonanwa kumwiyegurira ngo babatizwe. Nimba ugonanwa kwiyegurira Yehova, woba warafashe akanya ukibaza ikibituma? Umuntu wese usanga afise imana kanaka akorera. (Yos. 24:15) Ubona gute uhungiye ku Mana yonyene y’ukuri? Kwiyegurira Yehova ni bwo buryo bwiza bwo kwerekana ko umwizera. Azogufasha kubaho wisunga iyo ngingo no gutsinda ingorane izo ari zo zose zokwaduka. Ivyo ni vyo Imana yakoreye Rusi.

‘YAGUMYE YUMIYE KURI YEHOVA’

8. Hezekiya yakuze ibintu vyifashe gute?

8 Hezekiya yari atandukanye na Rusi kubera ko yavukiye mw’ihanga ryari ryariyeguriye Yehova. Mugabo si Abisirayeli bose babaho bisunga ukwo kwiyegura. Umwe muri abo ni Umwami Ahazi se wa Hezekiya. Uwo mugabo w’umubisha yaratumye ubwami bwa Yuda busenga ibigirwamana, mbere arahumanya urusengero  rwa Yehova rwari i Yeruzalemu. Hezekiya ategerezwa kuba atorohewe mu bwana bwiwe, kuko bamwe mu bo bavukana bishwe mu buryo buteye ikinya baturiwe ari bazima kugira babe ibimazi vy’imana y’ikinyoma!2 Abm. 16:2-4, 10-17; 2 Ngo. 28:1-3

9, 10. (a) Ni kubera iki vyari kworoha ko Hezekiya aba umuntu mubi? (b) Kubera iki tudakwiye gushangashirirwa Imana? (c) Kubera iki tudakwiye kwiyumvira yuko aho twakuriye ari ho hadushingira ico tuzoba?

9 Vyari kworoha ko Hezekiya akura ari umuntu mubi, w’inkazi kandi aterekwa Imana. Hariho abaca mu ngorane zoroshe uzigereranije n’izo, bagaca biyumvira yuko bafise imvo yumvikana yo “[gu]shangashirirwa Yehova” canke gushavurira ishirahamwe ryiwe. (Imig. 19:3) Abandi na bo usanga bemeza yuko kuba bakuriye mu muryango urimwo ingorane ari vyo bituma bakora ibibi, kumbure bakigana amakosa y’abavyeyi babo. (Ezk. 18:2, 3) None ivyo vyiyumviro vyoba ari vyo?

10 Inkuru y’ubuzima bwa Hezekiya irerekana ko atari vyo na gato. Nta mvo yumvikana n’imwe yigera ibaho yo gushangashirirwa Yehova, kuko atari we ateza amabi ashikira abantu muri iyi si mbi. (Yobu 34:10) Ego ni ko, abavyeyi barashobora kwigisha abana babo gukora ivyiza canke ibibi. (Imig. 22:6; Kol. 3:21) Mugabo ivyo ntibisobanura ko umuryango umuntu akuriyemwo ari wo ushinga ingene azobaho. Ahubwo nyabuna, Yehova yaraduhaye twese ingabirano y’agaciro, akaba ari ubushobozi bwo guhitamwo ico tuzokora be n’ico tuzoba. (Gus. 30:19) None Hezekiya yakoresheje gute iyo ngabirano?

Abakiri bato benshi baremera ukuri naho baba bakuriye mu muryango umeze gute (Raba ingingo ya 9, 10)

11. Ni ibiki vyatumye Hezekiya aba umwe mu bami beza kuruta abandi bose ba Yuda?

11 Naho Hezekiya yari umwana w’umwe mu bami babi kuruta abandi bose batwaye Yuda, yahavuye aba umwe mu bami beza kuruta abandi bose. (Soma 2 Abami 18:5, 6.) Ego ni ko, se wiwe yaratanze akarorero kabi cane, mugabo hariho abandi bantu beza yahisemwo kwigana. Yarateze yompi abahanuzi ba Yehova bariho ico gihe nka Yesaya, Mika na Hoseya. Turashobora kwiha ishusho Umwami Hezekiya yacokeye rwose mu majambo yahumetswe abo bagabo b’abizigirwa bavuga, akemera Yehova akamuhanura akongera akamukosora. Hezekiya yaratanguye rero gukosora  ibibi vy’agahomerabunwa se wiwe yari yarakoze. Yarahumanuye urusengero, arahongera ibicumuro vy’abantu yongera aratunganya isekeza rikomeye kandi rishika kure ryo gutikiza ibigirwamana vy’abapagani. (2 Ngo. 29:1-11, 18-24; 31:1) Igihe Hezekiya yari ahanzwe n’ingorane zikomeye, nka ca gitero umwami wa Ashuri Senakeribu yagaba kuri Yeruzalemu, yaragaragaje umutima rugabo n’ukwizera. Yarizigiye ko Yehova yomukingiye yongera arakomeza abantu biwe mu vyo yavuga no mu vyo yakora. (2 Ngo. 32:7, 8) Mu nyuma, igihe Hezekiya yari akeneye gukosorwa kubera yagaragaje ubwibone, yaricishije bugufi maze arigaya. (2 Ngo. 32:24-26) Biragaragara ko Hezekiya ataretse ngo kahise kiwe konone ubuzima yari afise ico gihe canke ngo kamubuze gutegura kazoza. Ahubwo riho, yaragaragaje ko yari umugenzi wa Yehova akaba n’akarorero keza twokwigana.

12. Cokimwe na Hezekiya, ni gute abantu benshi bagaragaje ko ari abagenzi ba Yehova?

12 Kubera tuba mw’isi yuzuye ubukazi kandi itagira urukundo, usanga abana benshi bakura batagira abavyeyi babakunda kandi babakingira. (2 Tim. 3:1-5) Naho abakirisu benshi muri iki gihe bakurira mu miryango yuzuyemwo ingorane, usanga bagiranira na Yehova ubugenzi somambike. Cokimwe na Hezekiya, barerekana yuko kahise k’umuntu kadakwiye kumushingira ico azoba muri kazoza. Imana yaraduhaye ingabirano yo kwihitiramwo, kandi turifitiye agateka ko gukoresha iyo ngabirano kugira twumire kuri Yehova twongere tumuhe iteka n’ubuninahazwa, nk’uko Hezekiya yabigize.

“EHE NDI UMUSHUMBAKAZI WA YEHOVA!”

13, 14. Kubera iki agateka Mariya yatewe kasa n’akagoye cane, ariko yishuye gute Gaburiyeli?

13 Haciye ibinjana n’ibindi Hezekiya abayeho, hari umwigeme w’Umuyudakazi yicisha bugufi w’i Nazareti yagiraniye na Yehova ubugenzi budasanzwe. Nta wundi muntu arigera aterwa agateka nk’ako. Uwo mwigeme yabwirizwa gusama inda, akavyara Umwana w’ikinege w’Imana akongera akamurera! Kugira ngo Yehova atere Mariya umukobwa wa Heli iryo teka ridasanzwe, ategerezwa kuba yaramukunda akongera akamwizigira cane. Ariko none Mariya acumva ibijanye n’ako gateka yavyakiriye gute?

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!” (Raba ingingo ya 13, 14)

14 Biroroshe ko tuvuga yuko Mariya yatewe agateka kadasanzwe ariko ntiturimbure ibintu bimwebimwe bitegerezwa kuba vyaramuhagaritse umutima. Umumarayika w’Imana Gaburiyeli yamubwiye yuko yosamye inda ku gitangaro, ataryamanye n’umugabo. Gaburiyeli ntiyavuze ko agiye gusigurira umuryango wa Mariya n’ababanyi biwe icotumye asama iyo nda. None bovyakiriye gute? Mariya ategerezwa kuba yarahagaritswe umutima na Yozefu, uwari yaramusavye. Yomusiguriye gute ko atigeze  amuhemukira, kandi afise inda? Vyongeye, ese ukuntu ryari ibanga rikomeye kurera Umwana w’ikinege wa Musumbavyose, akamuronsa ivyo akeneye akongera akamwigisha! Ntidushobora kumenya ibintu vyoba vyarahagaritse umutima Mariya igihe Gaburiyeli yavugana na we. Ariko ico tuzi ni uko yishuye ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.”Luka 1:26-38.

15. Kubera iki Mariya yari afise ukwizera kudasanzwe?

15 Ese ukuntu Mariya yari afise ukwizera kudasanzwe! Mu bisanzwe, umushumbakazi yaba ari mu minwe ya shebuja. Mariya rero yarizigira ko Shebuja Yehova yomwitwararitse akongera akamukingira. Yashaka kumukorera mu buryo bwose Yehova yabona ko bubereye. None ukwo kwizera yari yakuronse gute? Ukwizera si ikintu umuntu avukana. Kuva ku twigoro aba yagize maze Yehova akamuhezagira. (Gal. 5:22; Ef. 2:8) Hoba hariho ibimenyamenya vyerekana ko Mariya yagize utwigoro kugira akomeze ukwizera kwiwe? Cane nyene. Raba ukuntu yumviriza be n’ukuntu yavuga.

16. Ni igiki cerakana ko Mariya yumviriza yitonze?

16 Ukuntu Mariya yumviriza. Bibiliya iduhanura ‘gutebuka kwumva, tugateba kuvuga.’ (Yak. 1:19) None Mariya yoba yarumviriza yitonze? Neza cane. Injili ya Luka iratwereka incuro zibiri ko Mariya yatega yompi amajambo yaba afise insobanuro ikomeye mu vy’impwemu, mu nyuma agafata akanya ko kuzirikana ku vyo yaba yumvise. Igihe Yezu yavuka, abungere bicisha bugufi barahishuriye Mariya ubutumwa umumarayika yari yabashikirije. Haciye nk’imyaka 12, Yezu yaravuze ikintu gifise insobanuro ikomeye mu vy’impwemu naho yari akiri umwana. Muri ivyo bihe vyompi, Mariya yarumvirije, aribuka yongera arazirikana yitonze ivyo yari yarumvise.—Soma Luka 2:16-19, 49, 51.

17. Dutahura iki kuri Mariya turavye ukuntu yavuga?

17 Ukuntu Mariya yavuga. Mu majambo menshi Mariya yavuze, si menshi yanditse muri Bibiliya. Mugabo rero, amajambo menshi kuruta ayandi yose Mariya yavuze tuyasanga muri Luka 1:46-55. Ayo majambo arerekana ko Mariya yari azi neza Ivyanditswe vyahumetswe. Ayo majambo yiwe agomba gusa n’amwe Hana nyina w’umuhanuzi Samweli yavuga mw’isengesho. (1 Sam. 2:1-10) Muri ayo majambo, biboneka ko Mariya yasubiyemwo Ivyanditswe nk’incuro 20. Biragaragara ko yari umukenyezi yavuga ibintu vy’impwemu atitinya. Mariya yarikora kenshi ku butunzi bwinshi yari yarazigamye mu mutima wiwe, ni ukuvuga ikigega cuzuye ukuri kw’agaciro yari yarigishijwe n’Umugenzi wiwe aruta abandi bose, Yehova Imana.

18. Twokwigana ukwizera kwa Mariya mu buryo butandukanye ubuhe?

18 Cokimwe na Mariya, vyoshobora gushika Yehova akaduha ibikorwa bisa n’ibigoye. Cokimwe na we, nimuze twishire mu maboko ya Yehova twicishije bugufi, twizigiye ko azodufasha. Turashobora kwigana ukwizera kwa Mariya mu gutega yompi ivyo twiga ku vyerekeye Yehova be n’imigambi yiwe, mu kuzirikana ku kuri kwo mu vy’impwemu no mu kubwira abandi duhimbawe ivyo twize.Zab. 77:11, 12; Luka 8:18; Rom. 10:15.

19. Ni igiki twoherako amazinda twiganye abantu bagaragaje ukwizera bavugwa muri Bibiliya?

19 Ni nde yohakana ko Rusi, Hezekiya na Mariya bari abagenzi ba Yehova, nka kumwe nyene kwa Aburahamu? Bo hamwe na ba bandi bose bagize ‘igipfungu kinini c’ivyabona’ be n’abandi bizigirwa benshi bo kuva kera, baratewe agateka keza igitangaza ko kuba abagenzi b’Imana. Ese twobandanya kwigana abo bantu bagaragaje ukwizera! (Heb. 6:11, 12) Tubigenjeje gutyo, turashobora guhera amazinda ko tuzokwironkera impera idasanzwe yo kuba abagenzi somambike ba Yehova ibihe bidahera.