Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukoreshe neza ububasha bwawe bwo kwihitiramwo

Nukoreshe neza ububasha bwawe bwo kwihitiramwo

“Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.” —2 KOR. 3:17.

INDIRIMBO: 62, 65

1, 2. (a) Ni ivyiyumviro bitandukanye ibihe abantu bafise ku bijanye n’ubushobozi bwo kwihitiramwo? (b) Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

IGIHE umukenyezi umwe yari ahanganye no gufata ingingo, yabwiye umugenzi wiwe ati: “Reka sha gutuma nimena umutwe. Wewe mbwira gusa ico nokora, ibindi ntungore.” Uwo mugore yashaka ko bamubwira ico yokora aho gukoresha ingabire idasanzwe Umuremyi yamuhaye, ni ukuvuga ububasha bwo kwihitiramwo. Weho bite? Woba uhora wifatira ingingo, canke uhitamwo kureka abandi bakazigufatira? Ubona gute ibijanye no kwihitiramwo?

2 Kuva kera na rindi, abantu bamye batabona kumwe ibijanye no kwihitiramwo. Hari abavuga ko ubushobozi bwo kwihitiramwo butabaho, ngo kubera ko Imana yatwandikiye imbere y’igihe ibintu vyose bidushikira. Abandi na bo bivugira ko twogira ubwo bushobozi mu gihe gusa twoba dufise umwidegemvyo wo gukora ico dushaka cose. Ariko rero, Ijambo ry’Imana Bibiliya ni ryo rishobora gutuma dutahura neza ico kintu. Uti kubera iki? Kubera ko ritubwira yuko Yehova yaturemanye ubushobozi be n’umwidegemvyo vyo gukoresha ubwenge bwacu kugira twihitiremwo. (Soma Yosuwa 24:15.) Vyongeye, Bibiliya irishura ibibazo nk’ibi: Twokoresha gute umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo? Uwo mwidegemvyo woba ufise aho ugarukira? Ukuntu dukoresha uwo mwidegemvyo, vyerekana gute aho tugeza mu gukunda Yehova? Twokwubahiriza gute ingingo abandi bifatira?

NI IBIKI TWIGIRA KURI YEHOVA NA YEZU?

3. Ni gute Yehova atubera akarorero mu kuntu akoresha umwidegemvyo wiwe?

3 Yehova ni we wenyene afise umwidegemvyo wo gukora ico ashaka cose. Ariko rero, ingene awukoresha biratubera akarorero. Nk’akarorero, yarahisemwo ihanga rya Isirayeli kugira ngo ryitirirwe izina ryiwe, gutyo rimubere “inyegu idasanzwe.” (Gus. 7:6-8) Yehova ntiyapfuye kugira iryo hitamwo. Yashaka kwubahiriza isezerano yari amaze imyaka amajana agiraniye na Aburahamu. (Ita. 22:15-18) Vyongeye, Yehova yama akoresha uwo mwidegemvyo yisunze urukundo rwiwe n’ubutungane bwiwe. Ivyo tubibonera mu kuntu yakosoye Abisirayeli bateye akagere ugusenga kw’ukuri incuro n’izindi. Igihe bigaya bivuye ku mutima, Yehova yarabagaragarije urukundo n’imbabazi. Yavuze ati: “Nzokiza ubuhemu bwabo. Nzobakunda ndavyigombeye.” (Hos. 14:4) Ese ingene Yehova atubera akarorero keza mu kuntu akoresha umwidegemvyo wiwe ku bw’ineza y’abandi!

4, 5. (a) Ni nde Imana yatanguye guha ububasha bwo kwihitiramwo, kandi yabukoresheje gute? (b) Ni ikibazo ikihe umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza?

4 Igihe Yehova yarema ibiremwa vyiwe bifise ubwenge, yahisemwo kubiha ububasha bwo kwihitiramwo. Uwa mbere yahaye ubwo bubasha, ni Umwana wiwe w’imfura, “we shusho y’Imana itaboneka.” (Kol. 1:15) N’igihe Yezu atari bwaze kw’isi, yahisemwo kuguma ari intahemuka kuri Se aho kwifatanya na Shetani mu bugarariji. Igihe Yezu yaza kw’isi na ho, yahisemwo kwamirira kure inyosha mbi za wa Mwansi mukuru Shetani. (Mat. 4:10) Mw’isengesho Yezu yaturanye ubwira mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa, yarashimangiye umwiyemezo yari afise wo gukora ivyo Imana igomba. Yavuze ati: “Data, nimba ubishaka, igizayo iki gikombe kimveko. Yamara rero, ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.” (Luka 22:42) Nimuze twigane Yezu mu gukoresha ububasha bwacu bwo kwihitiramwo, mu gutera iteka Yehova no mu gukora ivyo agomba. None ivyo vyoba bishoboka vy’ukuri?

5 Neza cane. Turashobora kwigana Yezu, kubera ko na twebwe twaremwe mw’ishusho y’Imana. (Ita. 1:26) Ariko rero, turi n’aho tugeza. Ntidufise umwidegemvyo wo gukora ico dushaka cose nka Yehova. Ijambo ry’Imana rirerekana ko Yehova yashingiye umwidegemvyo wacu akarimbi ntarengwa be n’uko dutegerezwa kwubahiriza ako karimbi. Nk’akarorero, abagore bategerezwa kuyobokera abagabo babo, abana na bo bakayobokera abavyeyi babo. (Ef. 5:22; 6:1) None kuba dufise akarimbi ntarengwa, bikwiye gutuma dukoresha gute ububasha bwacu bwo kwihitiramwo? Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano n’icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera.

ABABUKORESHEJE NEZA N’ABABUKORESHEJE NABI

6. Tanga akarorero kerekana igituma bibereye ko umwidegemvyo wacu ugira akarimbi.

6 None umwidegemvyo ufise akarimbi ntarengwa woba ari umwidegemvyo nyakuri? Cane nyene! Uti kubera iki? Gushingira abantu akarimbi birashobora kubakingira. Nk’akarorero, umuntu yoshobora guhitamwo kunyonga umuduga wiwe, akaja gutembera mu gisagara ca kure. Ariko none, yoba yoshira umutima mu nda hamwe yoba ariko agendera mw’ibarabara ritagira amategeko, aho umwe wese agendera ku muvuduko yishakiye no ku ruhande yishakiye? Habe namba. Uturimbi rero ni nkenerwa kugira ngo bose bumve ko bafise umwidegemvyo nyakuri. Nimuze dusuzume ubundi burorero bwo muri Bibiliya butwereka ukuntu kutarenga akarimbi Yehova yadushingiye biranga ubukerebutsi.

7. (a) Ni igiki catandukanya Adamu n’ibindi biremwa muri Edeni? (b) Ni uburyo bumwe ubuhe Adamu yakoresheje ububasha bwiwe bwo kwihitiramwo?

7 Igihe Imana yarema wa muntu wa mbere Adamu, yaramuhaye ububasha bwo kwihitiramwo, nk’uko nyene yari yarabuhaye abamarayika. Ivyo vyatumye aba uwutandukanye n’ibikoko. Rimbura ingene Adamu yakoresheje neza ubwo bubasha. Naho umuntu yaremwe inyuma y’ibikoko, Yehova yaramuhaye agateka ko kuvyita amazina. Bibiliya igira iti: “Atangura kubizanira nya muntu kugira arabe uko yokwita kimwekimwe cose.” Adamu amaze kwihweza buri gikoko hanyuma akagiha izina kibereye, Yehova ntiyahinduye iryo zina. Ahubwo, “uko uwo muntu yita igifise ubuzima kimwekimwe cose, ni ryo ryaba izina ryaco.”—Ita. 2:19.

8. Ni gute Adamu yakoresheje nabi ububasha bwiwe bwo kwihitiramwo, kandi ivyo vyakweze iki?

8 Ikibabaje ni uko Adamu atabumbwe n’igikorwa Imana yamushinze co kurima no kubungabunga iyo Paradizo. Vyongeye, ntiyamazwe akanyota n’umwidegemvyo wiyongereye Imana yamuhaye igihe yavuga iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze amafi . . . , ibiremwa biguruka . . . , n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.” (Ita. 1:28) Ahubwo yahisemwo kurenga akarimbi Imana yari yamushingiye, mu kurya ku camwa yari yarababujije. Ukwo gukoresha nabi ububasha bwo kwihitiramwo ni vyo vyakwegeye uruvyaro rwa Adamu amagorwa n’umubabaro rumazemwo imyaka ibihumbi n’ibihumbi. (Rom. 5:12) Kuba tuzi inkurikizi z’ingingo Adamu yafashe bikwiye gutuma dukoresha neza umwidegemvyo wacu, ntiturenge akarimbi Yehova yadushingiye.

9. Ni akaryo akahe Yehova yahaye ihanga ryiwe Isirayeli, kandi iryo hanga ryahisemwo iki?

9 Abantu bose bakomotse kuri Adamu na Eva barazwe agasembwa n’urupfu. Yamara rero, bagumye bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ivyo birabonekera ku kuntu Imana yafashe ihanga rya Isirayeli. Biciye kuri Musa, Yehova yarahaye iryo hanga akaryo ko guhitamwo kwemera canke kwanka kumubera inyegu idasanzwe. (Kuv. 19:3-6) None bahisemwo iki? Baremeye ata gahato gukurikiza ivyo basabwa kugira babe igisata citirirwa izina ry’Imana. Bavugiye rimwe bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora.” (Kuv. 19:8) Ikibabaje ni uko mu nyuma bakoresheje nabi umwidegemvyo wabo wo kwihitiramwo, barenga kuri iryo sezerano. Nimuze tugire ico twigiye kuri ako karorero ko kutuburira, twame dukoresha neza umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo, mu kuguma twumiye kuri Yehova no mu kugamburuka amabwirizwa yiwe.—1 Kor. 10:11.

10. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko abantu badatunganye bashobora gukoresha ububasha bwabo bwo kwihitiramwo mu buryo butera iteka Imana? (Raba ishusho itangura.)

10 Mu Baheburayo ikigabane ca 11, turahasanga amazina y’abasavyi b’Imana 16 bahisemwo kutarenga akarimbi Yehova yashinze. Ivyo vyatumye bironkera imihezagiro myinshi bongera baragira icizigiro ca kazoza ciza igitangaza. Nk’akarorero, Nowa yaragaragaje ukwizera gukomeye, ahitamwo kwumvira Imana, arubaka ubwato bwotumye umuryango wiwe urokoka be n’abo mu runganwe rwokurikiye. (Heb. 11:7) Aburahamu na Sara barumviye Imana n’umutima ukunze, baraja mu gihugu yabasezeraniye. Mbere n’inyuma y’aho bafatiye urugendo, bararonse ‘akaryo ko gusubira’ i Uri, igisagara cari gitunze cane. Aho gusubirayo, bagumije amaso yabo y’ukwizera kw’‘iranguka ry’imihango’ y’Imana. Bariko “barondera gushikira ahantu heza kuruta.” (Heb. 11:8, 13, 15, 16) Musa yarahevye amatungo yo mu Misiri, “ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” (Heb. 11:24-26) Ese twokwigana ukwizera bw’abo basavyi b’Imana ba kera, mu gukoresha neza ububasha bwacu bwo kwihitiramwo, tugakora ivyo Imana igomba.

11. (a) Kamwe mu duteka duhambaye twatewe ni akahe? (b) Ni ikintu nyamukuru ikihe gikwiye gutuma ukoresha neza ubwo bubasha?

11 Kureka uwundi muntu akadufatira ingingo bisa n’uko vyotworohereza. Ariko rero, ivyo vyotuma twiyaka kamwe mu duteka duhambaye. Ako gateka karavugwa mu Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20. (Soma.) Umurongo wa 19 uravuga ingene Imana yasavye Abisirayeli kwihitiramwo. Umurongo wa 20 na wo urerekana ko Yehova yabahaye akaryo keza cane ko kumwereka ko bamukunda. Na twebwe turashobora guhitamwo gusenga Yehova. Ikintu nyamukuru rero gikwiye gutuma dukoresha neza ububasha bwacu bwo kwihitiramwo, ni ukwereka Imana ko tuyikunda be n’uko twipfuza kuyiha iteka n’ubuninahazwa.

NIWIRINDE GUKORESHA NABI UMWIDEGEMVYO WAWE

12. Umwidegemvyo wacu dukwiye kwirinda kuwukoresha gute?

12 Dufate ko hari umugenzi wahaye ingabire y’agaciro. Womererwa gute wumvise ko yaciye ayita mw’iyarara, canke mbere ko yayikoresheje mu kugirira nabi uwundi muntu? Wobabara cane. Ubu na ho, niwibaze ukuntu Yehova amererwa iyo abonye abantu benshi bakoresha nabi umwidegemvyo wabo, bagashika n’aho bawukoresha mu kugirira nabi abandi. Nkako, Bibiliya yari yaravuze ko mu “misi ya nyuma,” abantu bobaye ari “intashima.” (2 Tim. 3:1, 2) Nimuze ntitwigere dukoresha nabi iyo ngabire y’agaciro Yehova yaduhaye canke ngo tuyifate nk’aho ata co imaze. None twokwirinda gute gukoresha nabi umwidegemvyo wacu?

13. Bumwe mu buryo twokwirinda gukoresha nabi umwidegemvyo wacu ni ubuhe?

13 Twese turafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo abagenzi, uburyo bwo kwambara, kwitunganya canke kwinezereza. Ariko rero, hamwe twokwemera kuba abaja b’ivyipfuzo vyacu canke tukisunga impanuro z’iyi si be n’agatima kayiranga, umwidegemvyo wacu urashobora gucika “igitwikiro co gupfuka ububi.” (Soma 1 Petero 2:16.) Aho gukoresha umwidegemvyo wacu mu gukurikirana ivyipfuzo vy’umubiri, twipfuza kugira amahitamwo yotuma dushira mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—Gal. 5:13; 1 Kor. 10:31.

14. Ukuntu dukoresha umwidegemvyo wacu vyerekana gute ko twizigira Yehova?

14 Ubundi buryo bwo gukoresha neza uwo mwidegemvyo wacu ni ukwizigira Yehova, tukareka akatuyobora, ntiturenge akarimbi yadushingiye ku bw’ineza yacu. Ni we wenyene ‘atwigisha ibitwungura, akaducisha mu nzira dukwiye kugenderamwo.’ (Yes. 48:17) Turakwiye kwemera twicishije bugufi ko ivyo Ijambo ryiwe rivuga ari ukuri. Rigira riti: “Inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu [si] iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yer. 10:23) Ese tutokwigera tugwa mu mutego wo guhitamwo kwizigira ubwenge bwacu, nk’uko vyagendeye Adamu be na ba Bisirayeli bagarariza. Ahubwo riho, nimuze ‘twizigire Yehova n’umutima wacu wose.’—Imig. 3:5.

NIWUBAHIRIZE UBURENGANZIRA ABANDI BAFISE BWO KWIHITIRAMWO

15. Ingingo ngenderwako iri mu Bagalatiya 6:5 itwigisha iki?

15 Umwidegemvyo wacu ntukwiye kuvogera uburenganzira abandi bafise bwo kwifatira ingingo. Uti kubera iki? Nta bakirisu babiri bashobora kwama bafata neza na neza ingingo zisa, kubera ko umwe wese afise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ivyo ni ko bimeze no mu nyifato canke mu bikorwa bijanye no gusenga. Niwibuke ingingo ngenderwako ivugwa mu Bagalatiya 6:5. (Soma.) Gutahura ko umukirisu wese “azokwikorera umutwaro wiwe bwite,” bituma twubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwifatira ingingo.

Ntidukwiye guhata abandi ngo babone ibintu nk’uko tubibona (Raba ingingo ya 15)

16, 17. (a) Ni gute ukwihitiramwo vyahatswe kuba ikibazo i Korinto? (b) Paulo yatunganije gute iyo ngorane, kandi bitwigisha iki ku bijanye n’uburenganzira abandi bafise?

16 Rimbura akarorero ko muri Bibiliya kerekana igituma twokwubahiriza umwidegemvyo abavukanyi bacu bafise wo kwifatira ingingo, mu bibazo vyega ijwi ryo mu mutima. Abakirisu b’i Korinto ntibabona kumwe ikibazo co kurya inyama zishobora kuba zabanza gushikanirwa ibigirwamana, mu nyuma zigashorwa mw’isoko. Bamwe bibwira bati: ‘Kubera ko ikigirwamana ari ubusa, izo nyama turashobora kuzirya ata mutima usimba.’ Abahoze basenga ivyo bigirwamana bobo, babona ko kuzirya ari nko kubisenga. (1 Kor. 8:4, 7) Ico kibazo cari gikomeye, ku buryo cahatswe gutuma ishengero ryicamwo ibice. None Paulo yafashije gute abo bakirisu kubona ibintu nk’uko Imana ibibona?

17 Ubwa mbere, Paulo yaribukije izo mpande zibiri yuko imfungurwa atari zo zotumye biyegereza Imana. (1 Kor. 8:8) Ubukurikira, yababwiye ko bokwiyubara kugira ngo “uburenganzira” bwabo ntibubere “igitsitaza abagoyagoya.” (1 Kor. 8:9) Mu nyuma, yasavye abafise ijwi ryo mu mutima ryoroshe ngo ntibacire urubanza abafungura izo nyama. (1 Kor. 10:25, 29, 30) Muri ico kibazo gihambaye rero kijanye n’ugusenga, umukirisu wese yari akwiye kwifatira ingingo, yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Wumva none natwe tudakwiye kwubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwifatira ingingo mu bintu bidahambaye cane?—1 Kor. 10:32, 33.

18. Wokwerekana gute ko uha agaciro ububasha ufise bwo kwihitiramwo?

18 Yehova yaraduhaye ububasha bwo kwihitiramwo, abuduhana n’umwidegemvyo nyakuri. (2 Kor. 3:17) Turaha agaciro iyo ngabirano, kubera ko ituma dufata ingingo zerekana ukuntu urwo dukunda Yehova rungana. Nimuze tugume duha agaciro iyo ngabire idasanzwe, mu kuyikoresha mu buryo butera iteka Imana no mu kwubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwihitiramwo.