Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NZERO 2017

Igituma kwifata ruto bigihambaye

Igituma kwifata ruto bigihambaye

“Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”—IMIG. 11:2.

INDIRIMBO: 38, 69

1, 2. Ni kuki Imana yahevye Sauli? (Raba ishusho itangura.)

IGIHE Umwami Sauli wa Isirayeli ya kera yatangura kuganza, yari umuntu yifata ruto kandi yubahwa. (1 Sam. 9:1, 2, 21; 10:20-24) Ariko rero bidatevye, yagiye arakora ibintu biranga ukwita imbere. Igihe umuhanuzi w’Imana Samweli yateba gushika i Gilugali ku gihe cashinzwe, Sauli yarabuze ukwihangana. Abafilisitiya bariko baritegurira urugamba, Abisirayeli na bo bariko barahunga bava inyuma ya Sauli. Sauli ashobora kuba yibwiye ati: ‘Ntegerezwa kugira ico nkoze, kandi ubu nyene.’ Yaciye ashikanira Imana ikimazi kandi ata burenganzira yari abifitiye. Ico kintu nticahimbaye Yehova.—1 Sam. 13:5-9.

2 Samweli amaze gushika i Gilugali, yarakariye Sauli. Aho kwemera gukosorwa, Sauli yarisiguye, agerageza guta amakosa ku bandi yongera afatira mu rwara ivyo yari yakoze. (1 Sam. 13:10-14) Ivyo vyabaye intango y’ibintu bibabaje vyahavuye bituma Sauli ava ku ngoma. Ikibabaje kuruta, ntiyabaye agitoneshwa na Yehova. (1 Sam. 15:22, 23) Naho Sauli yari yatanguye neza, yagize iherezo ribi cane.—1 Sam. 31:1-6.

3. (a) Abantu benshi babona gute ivyo kwifata ruto? (b) Ni ibibazo ibihe dukeneye kuronkera inyishu?

 3 Mw’isi ya kino gihe irangwamwo uguhiganwa, abantu benshi babona yuko bategerezwa kuja hejuru y’abandi kugira baroranirwe. Ivyo bica bituma baterekwa ivyo kwifata ruto. Nk’akarorero, umukinyi rurangiranwa umwe w’amasinema yahavuye aba umunyapolitike, yarigeze kuvuga ati: “Kwifata ruto ntibindaba na gato, kandi nibaza ko bitazokwigera bindaba.” Ariko none, ni kubera iki bigihambaye ko twifata ruto? Kwifata ruto bisobanura iki, kandi ni igiki bidasobanura? Vyongeye, dushobora gute kuguma twifata ruto no mu gihe kubigira vyoba bitoroshe? Muri iki kiganiro, turaronka inyishu z’ibibazo bibiri vya mbere. Ica gatatu kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.

KUBERA IKI KWIFATA RUTO BIHAMBAYE?

4. Kwita imbere ni iki?

4 Bibiliya ivuga ko ukwifata ruto ari igihushane c’ukwita imbere. (Soma Imigani 11:2.) Dawidi abigiranye ubukerebutsi, yasavye Yehova ngo “[amurinde] ibikorwa vy’ukwita imbere.” (Zab. 19:13) None “ibikorwa vy’ukwita imbere” ni nyabaki? Igihe umuntu yitanganije gukora ikintu adafitiye uburenganzira, aba ariko yita imbere. Kubera ko twarazwe igicumuro, birashika twese tukita imbere. Ariko nk’uko ivyashikiye Sauli bivyerekana, igihe tugize akamenyero ko kwita imbere, bitebe bitebuke turatuma Imana itaturaba ryiza. Ku vyerekeye Yehova, muri Zaburi 119:21 hagira hati: “Wahambariye abita imbere.” Kubera iki none abahambarira?

5. Kubera iki ukwita imbere ari bibi cane?

5 Ukwita imbere ni bibi cane kuruta ikosa umuntu akora atabizi. Uti gute? Ubwa mbere, igihe dukoranye ubwibone, tuba twerekanye ko Yehova adakwiye kutubera Segaba. Ubwa kabiri, igihe dukoze ivyo tudafitiye uburenganzira, twoshobora gusanga tugiraniye ingorane n’abandi. (Imig. 13:10) Ubwa gatatu na ho, igihe bigaragaye ko twitaye imbere, twoshobora kumaramara, tugasigara turi ak’amenyo. (Luka 14:8, 9) Ukwita imbere rero nta we vyerera. Nk’uko Ivyanditswe bivyerekana, ukwifata ruto ni vyo vyama ari vyiza.

UKWIFATA RUTO BISOBANURA IKI?

6, 7. Ukwicisha bugufi ni iki, kandi gufitaniye isano irihe n’ukwifata ruto?

6 Ukwifata ruto be n’ukwicisha bugufi birafitaniye isano rya hafi. Muri Bibiliya, ukwicisha bugufi ni ukutagira ubwibone canke amanyama. Ni ‘ukwiyorosha mu muzirikanyi.’ (Flp. 2:3) Umuntu yicisha bugufi akenshi usanga yifata ruto, akamenya neza ivyo ashoboye be n’ivyo adashoboye, akemera amakosa yiwe, impanuro be n’ivyiyumviro ahabwa n’abandi. Ukwicisha bugufi ni ikintu gihimbara cane Yehova.

7 Ukwifata ruto na kwo, Bibiliya ivuga ko ari ukumenya neza ico turi, tukamenya ivyo tudashoboye canke ivyo tutemerewe gukora. Mu kigiriki co mu ntango, biboneka ko iryo jambo rishimika ku kuntu ubwo bumenyi bugira ico bukoze ku kuntu twigenza imbere y’abandi.

8. Ni ibimenyetso ibihe vyerekana ko twoba dufise ubwibone mu vyo twiyumvira canke mu nyifato yacu?

8 Ni ryari twosanga dutanguye kugira ubwibone mu vyo twiyumvira canke mu vyo dukora? Rimbura ibimenyetso bimwebimwe. Twoshobora kubona ko turi agahambaye kubera uduteka dufise. (Rom. 12:16) Twoshobora gutuma abandi badutangarira mu buryo butabereye. (1 Tim. 2:9, 10) Twoshobora mbere  gutangura gutegeka abandi ivyo bokora canke batokora, twishimikije ivyiyumviro vyacu canke ikibanza dufise. (1 Kor. 4:6) Akenshi, igihe ibintu vyifashe gutyo, twoshobora no kutamenya yuko dusigaye dufise ubwibone.

9. Ni ibiki vyatumye bamwebamwe bagira ubwibone? Tanga akarorero ko muri Bibiliya.

9 Igihe umuntu atwawe n’ivyipfuzo vy’umubiri, arashobora gusanga yagize ubwibone. Ubwikunzi, umwina be n’ukudacungera ishavu vyaratumye abantu benshi bagira ubwibone. Abantu bavugwa muri Bibiliya nka Abusalomu, Uziya na Nebukadinezari baratwawe n’ibikorwa vy’umubiri mwene ivyo, maze Yehova arabacisha bugufi kubera ubwibone bwabo.—2 Sam. 15:1-6; 18:9-17; 2 Ngo. 26:16-21; Dan. 5:18-21.

10. Kubera iki twokwirinda gucira abandi urubanza? Tanga akarorero ko muri Bibiliya.

10 Ariko rero, hariho izindi mvo zotuma umuntu atifata ruto. Rimbura nk’akarorero ibivugwa muri izi nkuru zo muri Bibiliya: Itanguriro 20:2-7 na Matayo 26:31-35. Ukwo kuntu Abimeleki na Petero basa n’abitaye imbere, boba babitumwe n’ivyipfuzo bibi? Babitumwe n’ukutamenya amakuru yose, canke kwabaye uguhuruduka gusa? Kubera ko tudashobora kumenya ibiri mu mutima, vyoba biranga urukundo n’ubukerebutsi tutihutiye gucira abandi urubanza.—Soma Yakobo 4:12.

NIWEMERE IKIBANZA UFISE

11. Umuntu yifata ruto yemera iki?

11 Umuntu yifata ruto, aremera ikibanza afise mu ntunganyo y’Imana. Kubera ko Imana ari iy’urutonde, umwe wese muri twebwe iramuha ikibanza akwiriye mu rugo rwayo. Naho mw’ishengero ata n’umwe arangura uruhara rusa n’urw’uwundi, twese turakenewe. Yehova abitumwe n’ubuntu bwiwe, yarahaye umwe wese muri twebwe impano zitandukanye be n’ububangukirwe. Nimba twifata ruto, tuzokoresha izo mpano nk’uko Yehova avyipfuza. (Rom. 12:4-8) Yehova yiteze ko tuzikoresha mu kumutera iteka no mu gufasha abandi.—Soma 1 Petero 4:10.

Ni ibiki twokwigira kuri Yezu igihe duhinduriwe igikorwa? (Raba ingingo ya 12-14)

12, 13. Kubera iki tutotangara hagize ibihinduka mu gikorwa turangurira Yehova?

12 Ariko ntiwumve, ikibanza dufise mu ntunganyo Imana yashizeho nticama ari ca kindi. Birashika kigahinduka. Rimbura ivyashikiye Yezu. Mu ntango, ni we wenyene yari kumwe na Yehova. (Imig. 8:22) Mu nyuma yarafashije Imana kurema ibindi biremwa vy’impwemu, kurema ibiri kw’isi no mu kirere, hamwe rero n’abantu. (Kol. 1:16) Inyuma y’aho, Yezu yahavuye aza kw’isi, abanza kuba akayoya ata co gashoboye, hanyuma aba umuntu akuze. (Flp. 2:7) Inyuma y’urupfu rwiwe rwo kwitangako incungu, yarasubiye mw’ijuru, maze mu 1914 aca arimikwa aba Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Heb. 2:9) Ariko rero, n’ubu ararindiriye kuzoshingwa ikindi gikorwa. Inyuma y’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi, Yezu azosubiza Yehova Ubwami bwiwe kugira ngo “Imana ibe vyose ku muntu wese.”—1 Kor. 15:28.

13 Na twebwe turashobora kwitega ko umwanya n’uwundi duhindurirwa igikorwa, akenshi bitumwe n’ingingo dufata. Nk’akarorero, woba wari umwirebange mu nyuma na ho ukubaka? Woba waratanguye kugira abana? Mu busaza, woba waroroheje ubuzima kugira ngo ukore umurimo w’igihe cose? Imwe yose muri izo ngingo yaratumye ugira uduteka be n’amabanga kanaka. Igihe ivyacu  bihindutse, uduteka twari dufise turashobora kwiyongera canke tukagabanuka. Woba ukiri muto canke uritereye mu myaka? Woba ufise amagara meza canke uri magara make? Yehova yama arimbura ingene umwe wese yorushiriza gukora vyinshi mu murimo wiwe. Atwitegako gusa ibishoboka, kandi araha agaciro cane ivyo dukora vyose.—Heb. 6:10.

14. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, ni gute kwifata ruto bidufasha kuguma duhimbawe?

14 Yezu yarahimbarwa n’igikorwa cose Yehova yamushinga, kandi na twebwe turashobora guhimbarirwa ivyo dukora. (Imig. 8:30, 31) Umuntu yifata ruto arabumbwa n’uduteka afise mw’ishengero. Ntarazwa ishinga cane no kuronka ayandi mabanga, canke ngo ahahamire ivyo abandi bariko barashikako. Ahubwo nyabuna, yitwararika kurangura neza igikorwa ajejwe kandi kikamuhimbara, kubera abona ko ari Yehova yakimushinze. N’ikindi kandi, arubahiriza cane ikibanza Yehova yahaye abandi. Umuntu yifata ruto arahimbarwa no guha abandi icubahiro kibabereye, kandi akabashigikira.—Rom. 12:10.

ICO KWIFATA RUTO BIDASOBANURA

15. Ni igiki dushobora kwigira ku kwifata ruto kwa Gideyoni?

15 Gideyoni ni akarorero ntangere ku bijanye n’ukwifata ruto. Igihe umumarayika wa Yehova yatangura kumubonekera, Gideyoni yariyemereye ko yava mu muryango uciye bugufi be n’uko yari we muto mu nzu ya se. (Abac. 6:15) Mugabo Gideyoni yarizigiye Yehova maze aremera igikorwa yari amushinze.  Yaciye arondera kumenya neza nimba yaratahura ivyo yasabwa gukora, yongera aritura Yehova ngo amuyobore. (Abac. 6:36-40) Gideyoni yari umuntu w’umutima rugabo. Ariko rero, yariyubara kandi agakorana ubukerebutsi. (Abac. 6:11, 27) Ntiyafatiye ku gikorwa yari yashinzwe kugira arondere kuba rurangiranwa. Ahubwo nyabuna, amaze kurangura igikorwa Yehova yari yamushinze, yaciye yisubirira iwe.—Abac. 8:22, 23, 29.

16, 17. Ni ibiki umuntu yifata ruto akwiye kurimbura igihe yipfuza gutera imbere mu vy’impwemu?

16 Kwifata ruto ntibisobanura ko tutokwigera turondera gushikira amabanga yiyongereye mw’ishengero canke ngo tuyemere. Ivyanditswe bituremesha twese gutera imbere. (1 Tim. 4:13-15) None dutera imbere ari uko gusa tubanje guhindurirwa igikorwa? Si ngombwa. Mu gikorwa cose turangura, Yehova arashobora kudufasha tugatera imbere mu vy’impwemu. Turashobora kubandanya gukoresha ububangukirwe Imana yaduhaye, maze tukarushiriza gukora ivyiza.

17 Umuntu yifata ruto abanza kumenya ico asabwa gukora, imbere yuko yemera gushingwa umurimo kanaka. Aca rero asuzuma ata kwihenda uko ivyiwe vyifashe. Nk’akarorero, yokwibaza ati: ‘Noba nzoshobora kurangura amabanga yiyongereye ku buryo ntaburira umwanya ibindi bintu bihambaye kuruta? Noba nozeza abandi bimwebimwe mu vyo nahora nkora, kugira ngo nshobore kurangura iryo banga rishasha?’ Nimba hari na kimwe muri ivyo bibazo yishuye ngo oya, hari aho vyoba vyiza ico gikorwa gishinzwe uwundi muntu abishoboye kuruta. Nitwasenga kandi tukisuzuma ata buryarya, bizodufasha kwirinda kwemera ubuki tutegeka. Kwifata ruto bizotuma tutemera ivyo tutari bushobore.

18. (a) Kwifata ruto bituma dukora iki igihe dushinzwe ibanga? (b) Mu Baroma 12:3, hadufasha gute kuba abantu bifata ruto?

18 Turamutse na ho twemeye gushingwa igikorwa, akarorero ka Gideyoni karatwibutsa ko tudashobora kuroranirwa tudafashijwe na Yehova. Nakare, dusabwa ‘kugendana n’Imana yacu twifashe ruto.’ (Mika 6:8) Ku bw’ivyo, igihe cose dushinzwe amabanga, turakwiye kuzirikana twitonze ivyo Yehova atubwira vyose, biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Ivyiyumviro vyacu bidatunganye turakwiye kwiga kubihuza n’ubuyobozi bwa Yehova butunganye. Ivyo dukora vyose mu murimo wiwe ntitubishobozwa n’ububangukirwe dufise, mugabo tubishobozwa n’ukwicisha bugufi kwa Yehova, ari na kwo ‘kutugira abahambaye.’ (Zab. 18:35) Igihe rero duhisemwo kugendana n’Imana twifashe ruto, biradufasha kutishira hejuru canke hasi birenze.—Soma Abaroma 12:3.

19. Ni imvo izihe zikwiye gutuma turushiriza kwifata ruto?

19 Umuntu yifata ruto aratera Yehova iteka abereye, kubera ari we Muremyi akaba na Segaba w’ibiriho vyose. (Ivyah. 4:11) Kwifata ruto biradufasha guhimbarirwa ibikorwa dushingwa, kandi tugakora vyinshi mw’ishirahamwe rya Yehova. Kwifata ruto biratuma dutera iteka abandi, kandi bikaremesha ubumwe mu basavyi ba Yehova. Kwifata ruto biratuma dushira imbere abandi, bigatuma twiyubara, gutyo tukirinda gukora amakosa akomeye. Ku bw’izo mvo, kwifata ruto biracahambaye cane ku basavyi b’Imana, kandi Yehova araha agaciro abifata ruto. Ariko none, vyogenda gute igihe turi mu ngorane? Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene twoguma twifata ruto mu bihe bitesha umutwe.