Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NTWARANTE 2016

Ezekiyeli yaremeye gusugereza Yeruzalemu

Niwigane agatima abahanuzi bagaragaje

Niwigane agatima abahanuzi bagaragaje

HOBA hari ikintu uhuriyeko n’abahanuzi ba kera? Muri ya Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu 2013 (mu congereza), mu gice kivuga ngo “Insobanuro z’imvugo zo muri Bibiliya” hadondora umuhanuzi hati: “Ni umuntu bicako kugira imigambi y’Imana imenyekane. Abahanuzi barabaye abavugizi b’Imana, bakaba bavuga ibizoba bakongera bagashikiriza inyigisho za Yehova, amategeko yiwe be n’imanza ziwe.” Naho utavuga ubuhanuzi bw’ibizoba, uravugira Imana, ugatangaza ibiri mw’Ijambo ryayo.Mat. 24:14.

Mbega agateka kadasanzwe twifitiye ko kubwira abandi ivyerekeye Imana Yehova no kubigisha ivyo abagombako! Turagira uruhara muri ico gikorwa turi kumwe na wa “mumarayika aguruka hagati mu kirere.” (Ivyah. 14:6) Ariko rero, twoshobora gushikirwa n’ibintu vyoshobora gutuma twibagira ako gateka kadasanzwe dufise. Bimwebimwe muri vyo ni ibihe? Twoshobora kuruha, gucika intege canke kubona umengo nta co dushoboye. Abahanuzi b’abizigirwa ba kera na bo nyene barashikiwe n’ibintu nk’ivyo, mugabo ntibatanye n’akabando. Yehova yarabafashije kurangura ibikorwa bari bashinzwe. Raba bamwebamwe muri bo be n’ukuntu twobigana.

BARIHASE RWOSE

Vyoshobora gushika tukaruha kubera ibikorwa vya misi yose maze tukumva umengo ntitwoja mu ndimiro. Ego ni ko turakeneye kuruhuka; na Yezu be n’intumwa ziwe bararuhuka. (Mrk. 6:31) Ariko rero, zirikana igihe Ezekiyeli yari i Babiloni be n’igikorwa yashinzwe mu Bisirayeli bari baragizwe inyagano bakuwe i Yeruzalemu. Igihe kimwe Imana yaramubwiye ngo atore itafari arisarureko igisagara ca Yeruzalemu. Ezekiyeli yategerezwa rero kwugariza mu buryo bw’ikigereranyo ako gasagara mu kumara imisi 390 aryamiye urubavu rw’ibubamfu be n’imisi 40 aryamiye urubavu rw’iburyo. Yehova yamubwiye ati: “Ehe nzogushirako imigozi kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rwawe rumwe uje ku rundi,  gushika urangije imisi y’isugereza ryawe.” (Ezk. 4:1-8) Ivyo bitegerezwa kuba vyaratangaje Abisirayeli bari mu bunyagano. Ezekiyeli yabwirizwa kumara umwaka urenga akora ico kintu catuma asanzara. None uwo muhanuzi yashoboye gute kurangura ico gikorwa?

Ezekiyeli yaratahura igituma yari yarungitswe kuba umuhanuzi. Igihe Imana yarungika Ezekiyeli, yari yamubwiye iti: “[Abisirayeli] bumva canke batumva . . . , ntibazobura kumenya rero ko umuhanuzi yabaye hagati muri bo.” (Ezk. 2:5) Yagumye yibuka intumbero y’igikorwa ciwe. Ni co gituma yemeye gusugereza Yeruzalemu mu buryo bw’ikigereranyo. Yarabaye umuhanuzi w’ukuri. Hari inkuru yamushikiriye be n’abo bari kumwe mu bunyagano, igira iti: “Igisagara catsinzwe!” Emwe, Abisirayeli baramenye ko umuhanuzi yabaye hagati muri bo.Ezk. 33:21, 33.

Muri iki gihe, turaburira abantu ko iyi si ya Shetani yose igiye gutikizwa. Naho bishika tukaruha, turakoresha inguvu zacu mu kwamamaza Ijambo ry’Imana, mu gusubira kuraba abo twayaze no mu kurongora inyigisho za Bibiliya. Uko ubuhanuzi bwerekeye insozero y’ivy’iyi si buranguka, turahimbarwa no kuba turi abo “bicako kugira imigambi y’Imana imenyekane.”

BARATSINZE INGORANE Y’UGUCIKA INTEGE

Tubifashijwemwo n’impwemu ya Yehova turihata rwose. Ariko rero vyoshobora gushika tugacika intege bitumwe n’ingene abantu bakira ubutumwa tubabwira. Vyoba vyiza twibutse akarorero k’umuhanuzi Yeremiya. Baramutyekeje, baramutuka bongera baramushinyaguriza kubera yabwira Abisirayeli ubutumwa bw’Imana. Vyarashitse mbere Yeremiya aravuga ati: “Sinzovuga ivyiwe, kandi sinzokwongera kuvuga mw’izina ryiwe.” Yeremiya yari umuntu ameze nkatwe. Yamara rero, yarabandanije gushikiriza ubutumwa bw’Imana. Uti kubera iki? Uwo muhanuzi yongeyeko ati: “Mugabo mu mutima wanje haba nk’umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa yanje; nduhishwa no kuwugumya, sinashobora kuwihanganira.”Yer. 20:7-9.

Muri ubwo buryo nyene, bishitse tugacika intege kubera ubutumwa tubabwira, turashobora gutsinda iyo ngorane mu kuzirikana ku butumwa dutangaza. Birashobora kumera nk’‘umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa yacu.’ Gusoma Bibiliya ku musi ku musi birashobora gutuma uwo muriro uguma ururumba muri twebwe.

BARATSINZE INGORANE Y’UGUHAGARIKA UMUTIMA

Abakirisu bamwebamwe barahagaritse umutima igihe bashingwa igikorwa badatahura neza. Umuhanuzi Hoseya yoshobora kuba yumvise amerewe gutyo. Yehova yamutegetse ati: “Genda wabire umugore azokora ubusambanyi bigatuma uronka abana bavuye ku busambanyi.” (Hos. 1:2) Ibaze ukuntu womererwa hamwe woba ugomba kwubaka urwawe, Imana igaca ikubwira ko umugeni wawe azoba umumaraya! Hoseya yaremeye ico kintu yasabwe. Yarabiriye Gomeri maze avyara umuhungu. Mu nyuma Gomeri yaravyaye umukobwa, hanyuma uwundi muhungu. Biboneka ko abo bana babiri ba nyuma yabavyaye mu kurenga ibigo. Yehova yari yabwiye Hoseya ko uwomubereye umugore “azokwoma inyuma koko abamukunda urukundo rukaze.” Urabona ko yavuze ngo “abamukunda,” bikaba vyerekana ko bobaye benshi. Mu nyuma yogerageje gusubirana na Hoseya. Iyo uza kuba wari uwo muhanuzi, woba wari kwakira uwo mugore wawe agarutse? Emwe, ivyo nyene ni vyo Yehova yasavye Hoseya gukora! Uwo muhanuzi mbere yaratanze amahera menshi kugira uwo mugore agaruke.Hos. 2:7; 3:1-5.

Hoseya ategerezwa kuba yaribaza iciza covuye mu kurangura ico gikorwa. Ariko kuba yaremeye adahemuka gukora ico kintu kibabaje cane cabaye koko, biradufasha gutahura umubabaro Mushoboravyose ategerezwa kuba yaragize igihe Isirayeli yamuhemukira. Igishimishije ni uko Abisirayeli b’inziraburyarya bagarutse ku Mana.

Muri iki gihe nta we Imana ibwira ngo “[y]abire umugore azokora ubusambanyi.” Ariko none hoba hari icigwa dushobora gukura ku kuba Hoseya yaremeye ico gikorwa abikunze? Kimwe coco ni uko dukwiye kugira umutima ukunze wo kwamamaza inkuru  nziza y’Ubwami “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu,” n’igihe nyene twoba tubona ko ari urugamba. (Ivyak. 20:20) Birashoboka ko imice imwimwe y’igikorwa co kwamamaza Ubwami itakworohera. Abantu benshi bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova baravuze ko baryoherwa n’ukwiga, mugabo ko batazokwigera baja gukwiragiza ubutumwa inzu ku nzu. Benshi muri bo bahavuye batangura gukora ivyo biyumvira ko batoshoboye. None aho nta cigwa wohakura?

Hariho ikindi cigwa dushobora gukura ku kuba Hoseya yaremeye igikorwa kitoroshe. Yari gushobora kwanka kugira uruhara muri ico kintu kiri n’ico kigereranya cerekeye umugore wiwe. Nta wundi muntu yari kumenya ibijanye n’ico gikorwa iyo Hoseya atandika iyo nkuru. Na twebwe vyoshobora gushika tukaronka akaryo ko kubwira umuntu ivyerekeye Yehova ntihagire uwundi amenya ko twakaronse. Ivyo vyarashikiye uwitwa Anna, akaba yiga mw’ishure ryisumbuye rimwe ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umwigisha wabo yabasavye kwandika ku bijanye n’ikintu biyumvamwo cane maze bakagerageza kucumvisha abandi banyeshure. Anna yari gushobora kugisha ako karyo ko gushinga intahe. Ariko yarabonye ko ari akaryo Imana imuhaye. Kubera yari azi ukuntu bari gushobora kuvyakira, yarasenze Yehova maze arushiriza kwiyumvamwo ko atogisha ako karyo. Yaranditse ikiganiro gifise umutwe ugira uti: “Ibimenyamenya vy’uko ihindagurika ritabayeho.”

Abakiri bato bacu barigana agatima k’abahanuzi, bagasigura babigiranye ubutinyutsi ko Yehova ari Umuremyi wacu

Igihe Anna yashikiriza abanyeshure ikiganiro ciwe, umukobwa umwe yemera ihindagurika yaramucucagiye ibibazo. Anna yaraburaniye neza cane ivyo yemera. Umwigisha wabo yarakozwe ku mutima cane aca aha Anna agashimwe gahabwa uwashikirije ikiganiro kijijura kuruta abandi bose. Kuva ico gihe, Anna yarabandanije kuyaga na wa mukobwa ku bijanye n’irema. Kubera ko Anna yemeye ico twokwita igikorwa kivuye kuri Yehova, avuga ati: “Ubu ndashobora kwamamaza inkuru nziza ata bwoba.”

Naho tutari abahanuzi ijana kw’ijana, igihe twiganye agatima k’ukwitanga karanze abahanuzi nka Ezekiyeli, Yeremiya na Hoseya, na twebwe turashobora kurangura neza ivyo Yehova adusaba muri iki gihe! Mu kiringo c’ugusenga kwo mu muryango canke co kwiyigisha, ubona gute usomye ivyerekeye abandi bahanuzi ba kera ukongera ukazirikana ku kuntu wobigana?