Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) KIGARAMA 2016

 INKURU Y’UBUZIMA

Naracitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose”

Naracitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose”

“Ukaramuka ubatijwe, nzoca ndaguta nigire!” Ivyo ni vyo dawe yabwira mawe ariko aramutera ubwoba mu 1941. Ariko rero, iryo terabwoba ntiryabujije mawe gutera imbere no kwiyegurira Yehova Imana akabatizwa. Erega imvugo yajanye n’ingiro: dawe yaciye yigira. Ico gihe nari mfise imyaka umunani gusa.

IMBERE y’uko ivyo biba, nari maze gutangura gushimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya. Mawe yari afise ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kandi narakunda cane kwihweza ibirimwo, na canecane amashusho. Dawe ntiyashaka ko mawe ambwira ivyo yariko ariga. Ariko naripfuza kubimenya kandi narakunda kubaza ibibazo. Ku bw’ivyo, mawe yaca anyigisha igihe dawe yaba atari muhira. Ivyo vyatumye na jewe mfata ingingo yo kwiyegurira Yehova. Nabatijwe mu 1943 i Blackpool mu Bwongereza, mfise imyaka cumi.

NTANGURA GUKORERA YEHOVA

Kuva ico gihe twe na mawe twama tujana mu ndimiro. Twakoresha amafono mu kwamamaza. Ayo mafono yari maninimanini kandi yari aremereye, akaba yapima nk’ibilo bine n’inusu. Ca wiyumvira umwana w’imyaka cumi ariko aregambana uruntu nk’urwo!

Nshikanye imyaka 14, naripfuje kuba umutsimvyi. Mawe yambwiye ko nkwiye kubanza kuvugana n’umusuku w’abavukanyi (ubu akaba yitwa umucungezi w’umuzunguruko). Uwo  muvukanyi yangiriye inama ko nobanza kwiga umwuga uzomfasha kwibeshaho ndiko ndakora ubutsimvyi. Naciye ndawiga. Haheze imyaka ibiri nkora akazi, narabajije uwundi mucungezi w’umuzunguruko ko notangura ubutsimvyi. Yambwiye ati: “Jako!”

Muri Ndamukiza 1949, twe na mawe twaragurishije bimwe mu bikoresho vyo mu nzu twari dutunze, ibindi na vyo turabitanga. Twaciye tuva mu nzu twari dupanze twimukira i Middleton hafi y’i Manchester, ari na ho twatanguriye ubutsimvyi. Inyuma y’amezi ane, naratoye umuvukanyi twogiye turakorana ubutsimvyi. Ibiro vy’ishami vyaciye bidusaba kwimukira mw’ishengero rishasha ryo muri Irlam. Mawe yari umutsimvyi mu rindi shengero, agakorana n’uwundi mutsimvyi.

Naho nari mfise imyaka 17 gusa, jewe n’uwo twakorana twarashinzwe guhagarikira amakoraniro kuko muri iryo shengero rishasha hari abavukanyi bakeyi bakwije ibisabwa. Mu nyuma, narasabwe kwimukira mw’ishengero rya Buxton ryari rikeneye gufashwa, kubera ryarimwo abamamaji bake. Ivyo bintu naciyemwo namye mbona ko biriko biramenyereza ku bw’amabanga noshinzwe muri kazoza.

Turiko turamenyekanisha insiguro ya bose i Rochester, muri New York mu 1953

Mu 1951, narujuje urukaratasi rwo gusaba kwitaba Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Ariko muri Kigarama 1952, naciye ntegekwa kuja mu gisoda. Nararondeye guhabwa uburenganzira  bwo kutaja mu gisoda kuko nari narihebeye Imana, mugabo sentare yaranse kwemera ko nari uwihebeye Imana, ica incira umunyororo w’amezi atandatu. Ndi mw’ibohero ni ho naronka ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 22 w’Ishure rya Gileyadi. Muri Mukakaro 1953, nari mu bwato bwitwa Georgic nerekeza i New York.

Ngishikayo, naritavye iteraniro ryo mu 1953 ryataziriwe ngo “Abagize ikibano c’isi nshasha.” Naciye mfata igariyamoshi ija i South Lansing muri New York, aho iryo shure ryabera. Nari mfise uduhera dukeyi kubera yuko ari ho nari nkiva mu gasho. Nururutse igariyamoshi, nari guca mfata ibisi ija i South Lansing, ariko nta mahera akwiye nari mfise. Narinze kugurana iyindi ngenzi kugira nkwize ay’itike.

NJA GUKORERA MU MAHANGA

Ishure rya Gileyadi ryaratwigishije “[gucika] vyose ku bantu b’uburyo bwose” mu gikorwa c’ubumisiyonari. (1 Kor. 9:22) Batatu mu banyeshure, ni ukuvuga jewe, Paul Bruun na Raymond Leach, twarungitswe muri Filipine. Twabwirijwe kumara amezi menshi turindiriye impusha zo kwinjira muri ico gihugu. Twarafashe ubwato twerekeza i Rotterdam hanyuma twinjira mu kiyaga Mediterane, maze duca muri Canal de Suez hama twinjira mw’ibahari Indiyano, turateba dushika muri Maleziya no muri Hong Kong. Twamaze imisi 47 tugenda mu bwato! Twagiye gushika i Manille muri Filipine ku wa 19 Munyonyo 1954.

Twe na Raymond Leach (umumisiyonari twakorana) twaragize urugendo rw’imisi 47 mu bwato tuja muri Filipine

Twaciye dutangura kwiga imico mishasha n’ururimi rushasha. Mu ntango, uko twari batatu twarungitswe mw’ishengero ryo mu gisagara ca Quezon cari kigwiriyemwo abantu bavuga icongereza. Ni co gituma amezi atandatu yose yaheze tuzi utujambo dukeyi gusa tw’igitagaloge. Mugabo igikorwa twoshinzwe ubukurikira codufashije gutorera umuti iyo ngorane.

Umusi umwe muri Rusama 1955, twe n’umuvukanyi Leach tuvuye mu ndimiro, twasanze umuganda w’amakete mu cumba. Ayo makete yatumenyesha ko twagenywe kuba abacungezi b’imizunguruko. Ico gihe nari mfise imyaka 22 gusa, ariko ico gikorwa caranyigishije “[gucika] vyose ku bantu b’uburyo bwose” mu yindi mice.

Ndiko ndashikiriza insiguro kw’iteraniro ry’umuzunguruko mu rurimi rwitwa bicol

Nk’akarorero, insiguro ya bose ya mbere nashikirije ndi umucungezi, nayitangiye hanze imbere y’ibutike. Nahavuye menya ko ico gihe muri Filipine bari bamenyereye gutangira insiguro ya bose mu bibanza bihuriramwo abantu benshi kugira ibe iya bose koko! Igihe naba ndiko ndagendera amashengero, narashikiriza insiguro mu masoko, imbere y’inyubakwa zikorerwamwo imirimo ya leta, ku bibuga vy’inkino, mu bibanza bisamarizamwo, na canecane mu masanganzira. Igihe kimwe ndi mu gisagara ca San Pablo, imvura yarambujije gushikiriza insiguro mw’isoko. Naciye nsaba abavukanyi babijejwe ko noyitangira mu Ngoro y’Ubwami. Mu nyuma abo bavukanyi barambajije nimba iyo nsiguro izofatwa ko ari insiguro ya bose kandi itari yatangiwe mu kibaza ca bose.

Nama nshikira mu mihana y’abavukanyi. Naho inzu zabo zari ziciye bugufi, zama zisukuye. Akenshi narara ku mukeka ushashe hasi ku mbaho. Ubwogero wasanga buri hanze, aho abantu bashobora kukubona. Ku bw’ivyo, narize kwoga nambaye agahuzu. Mu kwiyunguruza twagendera mu miduga yo muri Filipine (bita jeepney) no mu mabisi, rimwe na rimwe na ho tugafata amato tugiye mu yandi mazinga. Sinigeze ngura imodoka mu myaka yose maze mu murimo.

Kwamamaza no kugendera amashengero vyaramfashije kwiga igitagaloge. Nta vyigwa vy’urwo rurimi nigeze ngira; narwize mu kwumviriza abavukanyi mu ndimiro no mu makoraniro. Abavukanyi baripfuza kumfasha kurwiga kandi narakenguruka ukuntu banyihanganira n’ukuntu bankosora badakikiriza.

 Uko imyaka yarengana, ibikorwa nagiye ndashingwa vyatumye ngira ayandi mahinduka. Mu 1956, igihe umuvukanyi Nathan Knorr yagendera Filipine, nashinzwe urwego rujejwe gutanga amakuru kw’ihwaniro. Ico gikorwa cari gishasha kuri jewe. Ku bw’ivyo, abandi baranyigishije ingene kirangurwa babigiranye umutima ukunze. Ata n’umwaka urahera, haratunganijwe irindi hwaniro igihe twari twagendewe n’umuvukanyi Frederick Franz wo ku cicaro gikuru. Ico gihe nari umucungezi w’ihwaniro kandi narigiye ku kuntu umuvukanyi Franz yari afise umutima ukunze wo guhuza n’imico kama y’abandi bantu. Abavukanyi barahimbawe no kubona umuvukanyi Franz ariko ashikiriza insiguro ya bose yambaye ishati yo ng’aho muri Filipine yitwa barong Tagalog.

Igihe nagenwa kuba umucungezi w’intara, vyarabaye ngombwa ko ngira ayandi mahinduka. Ico gihe twarerekana isinema Agahimbare ko mw’isi nshasha, kandi kenshi twayerekanira hanze mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Vyarashika udukoko twaza dukurikira umuco w’icuma twakoresha mu kwerekana iyo sinema tukatubuza amahoro. Twaca tumata kuri ico cuma kandi kucoza vyaba ari urugamba. Naho gutunganya ivyo kwerekana iyo sinema bitari vyoroshe, twararyoherwa tubonye ingene abantu baza kuyiraba ari benshi maze bakamenya ibijanye n’ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose.

 Abapatiri baraja mu matwi abategetsi bamwebamwe ngo batwime uruhusha rwo kugira amateraniro. Baranagerageza kutuburabuza mu kuvuza inkengeri igihe cose twaba turiko turatangira insiguro hafi y’insengero zabo. Ariko ivyo ntivyabujije ko igikorwa gitera imbere, kandi benshi muri utwo turere ubu ni abasavyi ba Yehova.

IBIKORWA VYATUMYE NGIRA AYANDI MAHINDUKA

Mu 1959, nararonse ikete rimenyesha ko nari nagenywe gukorera ku biro vy’ishami. Ivyo vyarandonkeje akaryo ko kwiga ibindi bintu vyinshi. Nahavuye nsabwa kuba umucungezi wa zone, nkaza ndagendera ibindi bihugu. Kuri rumwe muri izo ngendo, naramenyanye na Janet Dumond, akaba yari umumisiyonari muri Tayilande. Twaramaze igihe twandikiranira hanyuma turubakana. Tumaranye imyaka 51 dukorera Yehova duhimbawe.

Ndi kumwe na Janet kuri rimwe mu mazinga menshi yo muri Filipine

Ibihugu vyose maze kugendera ni 33. Ndakenguruka kubona ibikorwa nashinzwe mu ntango vyaranteguye, ku buryo nshobora guhuza n’abantu b’imico kama itandukanye. Izo ngendo zaratumye ndushiriza kwuguruka mu bwenge kandi zaramfashije kubona ko Yehova akunda abantu b’uburyo bwose.Ivyak. 10:34, 35.

Turitwararika kwama tuja mu ndimiro

N’UBU AMAHINDUKA ARABANDANYA

Ese ukuntu mpimbarwa no gukorana n’abavukanyi bo muri Filipine! Kuva nshitse muri Filipine, igitigiri c’abamamaji cariyongereye nk’incuro cumi. Twe na Janet turacakorera ku biro vy’ishami vyo muri Filipine mu gisagara ca Quezon. Naho haheze imyaka irenga 60 nkorera mu mahanga, ndacakeneye kwama niteguriye gukora mpuza n’ivyo Yehova asavye. Amahinduka aheruka kuba mw’ishirahamwe yaratwigishije kuguma duhuza n’uko ibintu vyifashe mu murimo turangurira Imana n’abavukanyi bacu.

Ukuba igitigiri c’Ivyabona kiguma ciyongera biradutera umunezero mwinshi

Twamye twihatira gukora ibintu nk’uko Yehova agomba, kandi ivyo vyatumye tugira ubuzima buhimbaye. Twarihatiye kandi kuza turahindura ibikenewe kugira dukorere abavukanyi bacu mu buryo bwiza. Emwe, twiyemeje gucika “vyose ku bantu b’uburyo bwose,” igihe cose Yehova azoba abidusavye.

Turacakorera ku biro vy’ishami mu gisagara ca Quezon