Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Kigarama 2016

Mwagizwe abidegemvya biciye ku buntu ata wari abukwiriye

Mwagizwe abidegemvya biciye ku buntu ata wari abukwiriye

‘Igicumuro ntigitegerezwa kubaganza, kuko mugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye.’ROM. 6:14.

INDIRIMBO: 2, 61

1, 2. Icanditswe co mu Baroma 5:12 kidufasha gute?

DUFATE ko ushaka kugira urutonde rw’ivyanditswe twebwe Ivyabona vya Yehova tumenyereye kandi dukunda gukoresha. Abaroma 5:12 coba coza mu vya mbere? Zirikana incuro umaze gusoma aya majambo: “Nk’uko igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”

2 Ico canditswe kiragaruka kenshi mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Igihe wigisha abana bawe canke abandi ikigabane ca 3, ica 5 n’ica 6, ushobora kuba ubasomera Abaroma 5:12 kugira ubasigurire ibijanye n’umugambi Imana ifitiye isi, incungu hamwe n’ukuntu abapfuye bamerewe. Uwo murongo kandi urashobora kudufasha kurushiriza guha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova, gushikama ku mwiyemezo dufise wo kumuhimbara no kurindirana umushasharo ivyo yadusezeraniye.

3. Ni igiki twese dukwiye kwama twibuka?

3 Twese turi abacumuzi. Nta musi wijana tudakoze amakosa. Yamara rero, turahumurizwa no kumenya yuko Imana yibuka ko twaremwe  mu mukungugu be n’uko yiteguriye kutubabarira. (Zab. 103:13, 14) Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu yavuze ko twosaba Imana duti: “Utubabarire ibicumuro vyacu.” (Luka 11:2-4) Ku bw’ivyo, nta mvo n’imwe yotuma tuguma twiyumvira amakosa Imana yamaze kuduharira. Ariko ntiwumve, turakwiye kuzirikana ku kuntu Imana ishobora kutubabarira.

TURABABARIRWA KUBERA UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE

4, 5. (a) Ni igiki codufasha gutahura ibivugwa mu Baroma 5:12? (b) “Ubuntu ata wari abukwiriye” buvugwa mu Baroma 3:24 busobanura iki?

4 Turasanga amakuru ahambaye mu bigabane bikikuje amajambo ya Paulo ari mu Baroma 5:12, na canecane mu kigabane ca 6. Ayo makuru aradufasha gutahura ukuntu Yehova atubabarira. Mu kigabane ca 3 hagira hati: “Bose ba[ra]cumuye . . . , kandi ni nk’ingabirano ya gusa kubona bariko bitwa abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye bwayo, mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.” (Rom. 3:23, 24) Imvugo ngo “ubuntu ata wari abukwiriye” Paulo yakoresheje isobanura iki? Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, Paulo yakoresheje ijambo ry’ikigiriki risobanura “gukorera iciza umuntu ata co umusavye canke ata co witeze ko akwishura.” Ni kumuha ikintu atakoreye kandi adakwiriye.

5 Umuhinga umwe avuga ati: “Igihe [iryo jambo ry’ikigiriki] rikoreshejwe ku Mana canke kuri Kristu, akenshi riba rishaka kuvuga ubutoni bwabo canke ubuntu batugiriye mu kuducungura.” Ku bw’ivyo, imvugo ngo “ubuntu ata wari abukwiriye” ikoreshwa muri Bibiliya y’isi nshasha irabereye. Ariko none, Imana yatugaragarije gute ubwo buntu ata wari abukwiriye? Vyongeye, ubwo buntu bufitaniye isano gute n’icizigiro cacu be n’ubucuti dufitaniye n’Imana? Reka tubirabe.

6. Ni gute twungukira ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

6 Adamu ni we “muntu umwe” yatumye icaha n’urupfu ‘vyinjira mw’isi.’ Ku bw’ivyo, “bivuye kw’ikosa ry’umuntu umwe urupfu rwaraganje.” Paulo avuga kandi ko “ubuntu ata wari abukwiriye [bw’Imana] bugwiriye” bwaje ‘biciye ku muntu umwe, ari we Yezu Kristu.’ (Rom. 5:12, 15, 17) Abantu bose barungukira kuri ubwo buntu ata wari abukwiriye. “Benshi bazogirwa abagororotsi bivuye ku bugamburutsi bwa wa muntu umwe,” ni ukuvuga Yezu. Mu vy’ukuri, ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana burashobora gutuma turonka “ubuzima budahera biciye kuri Yezu Kristu.”Rom. 5:19, 21.

7. Kubera iki incungu ari ubuntu tutari dukwiriye?

7 Mu bisanzwe, Yehova ntiyategerezwa kurungika umwana wiwe hano kw’isi kugira aducungure. Bisubiye, twebwe abantu b’abacumuzi ntitwari tubereye ivyo Yehova na Yezu badukoreye mu gutanga incungu, ari na yo ituma tubabarirwa. Ku bw’ivyo, kubona dushobora kubabarirwa no kwitega kubaho ibihe bidahera, ni ubuntu tutari dukwiriye vy’ukuri. Dukwiye gukenguruka cane ubwo buntu Imana yatugiriye kandi tukavyerekana mu buzima bwacu bwa misi yose.

DUKENGURUKE UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE BW’IMANA

8. Ni iciyumviro ikihe bamwebamwe bashobora kugira ku bijanye n’ibicumuro bakora?

8 Kubera yuko dukomoka kuri Adamu, biroroshe ko duhuba, tugakora amakosa kandi tugacumura. Ariko rero, twoba twihenze cane hamwe tworiramwo mbege ku buntu bw’Imana, nk’akarorero tukibwira duti: ‘Naho nokora ibintu bibi, ntibikwiye kumpagarika umutima. Yehova azombabarira.’ Ikibabaje, hari abakirisu bamwebamwe biyumvira gutyo n’igihe intumwa zari zikiriho. (Soma Yuda 4.) Naho  tutokwigera duserura bene ico ciyumviro ku mugaragaro, twoshobora gusanga kiturimwo canke kikatwandukira kivuye ku bandi.

9, 10. Ni gute Paulo n’abandi bakuwe mu buja bw’icaha n’urupfu?

9 Paulo yahanuye abakirisu ko badakwiye kwibwira ngo ‘Imana irantahura. Izokwihoza amakosa nkora.’ Kubera iki? Nk’uko Paulo abivuga, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari “[bara]pfuye ku bijanye n’igicumuro.” (Soma Abaroma 6:1, 2.) Ko bari bakiri bazima, kubera iki Paulo yavuze ko bari “[bara]pfuye ku bijanye n’igicumuro”?

10 Biciye ku ncungu, Imana yarahariye Paulo n’abandi bakirisu bo mu gihe ciwe. Ku bw’ivyo, Imana yarabarobanuje impwemu nyeranda yongera irabagira abana bayo bo mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyatumye bagira icizigiro co kuba mw’ijuru. Baramutse bagumye ari abizigirwa, bobanye na Kristu mw’ijuru kandi bagafadikanya na we kuganza. Ko bari bakiri bazima, ni kubera iki Paulo yavuze ko “[ba]pfuye ku bijanye n’igicumuro”? Paulo yaragarutse ku karorero ka Yezu, uwari yarapfuye hanyuma akazukira kuba mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu kidapfa. Urupfu ntirwari rukimufiseko ububasha. Ukwo ni ko vyari bimeze no ku bakirisu barobanuwe, kuko na bo nyene babona ko ‘bapfuye ku bijanye n’igicumuro mugabo ko ari bazima ku bijanye n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.’ (Rom. 6:9, 11) Ubuzima bwabo bwari bwarahindutse. Ntibari bakibaho baganzwa n’ivyipfuzo vyabo bibi. Bari barapfuye ku bijanye n’ubuzima bwabo bwa kera.

11. Ni mu buryo ki abafise icizigiro co kuzoba kw’isi “[ba]pfuye ku bijanye n’igicumuro”?

11 Tweho bite? Imbere y’uko tuba abakirisu, twaracumura kenshi kumbure ntitunamenye ko ivyo dukora ari bibi ku Mana. Ni nk’aho twari “abashumba b’ubuhumane n’ubugarariji.” Twovuga ko twari “abashumba b’igicumuro.” (Rom. 6:19, 20) Twahavuye tumenya ukuri kwo muri Bibiliya, turahindura ubuzima bwacu, turiyegurira Imana maze turabatizwa. Kuva ico gihe, turipfuza kugamburuka ivyo Imana itwigisha n’ingingo ngenderwako zayo ‘tubikuye ku mutima.’ Naho ata wovuga ko twasezeye igicumuro, twarakuwe mu buja bwaco maze ‘ducika abashumba b’ubugororotsi.’ (Rom. 6:17, 18) Na twebwe rero twoshobora kuvuga ko “twapfuye ku bijanye n’igicumuro.”

12. Ni ihitamwo irihe umwe wese ategerezwa kugira?

12 Ubu na ho zirikana ku majambo ya Paulo agira ati: “Ntimureke . . . ngo igicumuro kibandanye kuganza nk’umwami mu mibiri yanyu ipfa, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo.” (Rom. 6:12) Igihe twirekerana tugakora ivyo umubiri wacu udusavye vyose, tuba turiko ‘turareka igicumuro kikabandanya kutuganza.’ Ko dushobora guhitamwo ‘kureka’ igicumuro kikatuganza canke ntitukireke, ikibazo gica kivyuka ni iki: Ni ibiki vy’ukuri dushirako umutima? Niwibaze rero uti: ‘Noba ndeka umubiri wanje canke umuzirikanyi wanje bikanjana ku bintu bibi? Canke narapfuye mu bijanye n’igicumuro? Noba mbayeho ku bw’Imana biciye kuri Kristu Yezu?’ Vyose bivana n’ukuntu dukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye Imana yatugiriye mu kutubabarira.

TURASHOBORA GUTSINDA IGICUMURO

13. Ni igiki kitwemeza ko dushobora kuvavanura n’igicumuro?

13 Abasavyi ba Yehova baravavanuye n’‘icamwa bari bafise,’ ni ukuvuga ivyo bahora bakora imbere y’uko bamenya Imana, bakayikunda bakongera bakayikorera. Bashobora kuba bahora bakora “ibintu ubu bibatera isoni,” ibintu vyatuma baba abakwiriye gupfa. (Rom. 6:21) Ariko barahindutse. Ukwo ni ko vyari vyifashe ku bakirisu benshi b’i Korinto Paulo yandikiye.  Bamwe bahoze basenga ibigirwamana, barenga ibigo, baryamana n’abo basangiye igitsina, biba, baborerwa, bakora n’ibindi nk’ivyo. Mugabo ‘barogejwe’ bongera ‘barezwa.’ (1 Kor. 6:9-11) Bamwebamwe mu bakirisu b’i Roma na bo nyene bashobora kuba bari bameze gutyo. Paulo yabandikiye ati: “Eka ntimunabandanye gushikiriza ibihimba vyanyu igicumuro nk’ibirwanisho vy’ukutagororoka, ahubwo mwishikirize Imana nk’abazima bavuye mu bapfuye, n’ibihimba vyanyu mubishikirize Imana nk’ibirwanisho vy’ukugororoka.” (Rom. 6:13) Paulo yari yizigiye ko bashobora kuguma batyoroye mu vy’impwemu, gutyo bakabandanya kwungukira ku buntu bw’Imana.

14, 15. Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza ku bijanye no ‘kugamburuka bivuye ku mutima’?

14 Ni ko bimeze n’ubu. Abakirisu bamwebamwe bo muri iki gihe bahoze bameze nk’abo Bakorinto. Ariko na bo nyene barahindutse. Baravavanuye n’ibicumuro bahora bakora maze ‘barozwa.’ Uko biri kwose, na wewe waragize ivyo uhinduye. Ariko none, ubucuti ufitaniye n’Imana bwifashe gute? Ubu ko Imana yaguhariye bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bwayo, woba wiyemeje kutongera ‘gushikiriza umubiri wawe igicumuro,’ ahubwo ukawukoresha mu gukorera Yehova?

15 Kugira ivyo tubishikeko, dutegerezwa kwirinda gukora nkana ibicumuro bikomeye nka bimwe Abakorinto bamwebamwe bakora. Aho gusa ni ho twovuga ko twemeye ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana be n’uko ‘igicumuro kitatuganza.’ Ariko none, twoba twiyemeje no ‘kugamburuka bivuye ku mutima’ mu kwirinda uko dushoboye kwose ibicumuro bamwebamwe babona ko bidakomeye?Rom. 6:14, 17.

16. Ni igiki cerekana ko tudakwiye kwirinda gusa ibicumuro bikomakomeye?

16 Zirikana ivyerekeye intumwa Paulo. Turazi neza ko atakora vya bicumuro bikomeye bivugwa mu 1 Abakorinto 6:9-11. Ariko yariyemereye ko atera. Yanditse ati: “Jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro. Kuko ico nkora ata co nzi. Kuko ico nshaka atari co nguma nkora; mugabo ico nanka ni co nkora.” (Rom. 7:14, 15) Ivyo birerekana ko hari ibindi bintu Paulo yabona ko ari ibicumuro, be n’uko yariko ararwana urugamba kugira na vyo nyene abitsinde. (Soma Abaroma 7:21-23.) Ese na twebwe twomwigana mu kwihatira ‘kugamburuka bivuye ku mutima’!

17. Kubera iki dukwiye kuba imvugakuri?

17 Nk’akarorero, rimbura ibijanye no kuvugisha ukuri. Abakirisu bakwiye kurangwa n’ukuvuga ukuri. (Soma Imigani 14:5; Abanyefeso 4:25.) Shetani ni we “se w’ikinyoma.” Ananiya n’umugore wiwe barapfuye bazira ikinyoma. Ntidushaka kwigana abantu nk’abo, ahubwo turirinda kubesha. (Yoh. 8:44; Ivyak. 5:1-11) None kuba imvugakuri vyoba bisobanura gusa kwirinda kubesha? Nimba dukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, tuzokwihatira kuba imvugakuri.

18, 19. Kubera iki kuba imvugakuri bidasobanura gusa kwirinda ibinyoma vyeruye?

18 Kubesha ni ukuvuga ibintu bitari vyo. Ariko rero, Yehova ntashaka ko abasavyi biwe birinda gusa kuvuga ibinyoma vyeruye. Yabwiye Abisirayeli ati: “Mukwiye kwerekana ko muri beranda, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.” Yaciye abereka ibintu bakwiye kwirinda kugira babe beranda. Yababwiye ati: “Ntimukibe, ntimugahendane, kandi ntimugakoreshe ikinyoma umwe wese kuri mugenziwe.” (Lew. 19:2, 11) Ikibabaje, umuntu yoshobora kwiyemeza kutigera avuga ibinyoma vyeruye, ariko ugasanga arahenda abandi.

Twoba twariyemeje kwirinda ububeshi ubwo ari bwo bwose? (Raba ingingo ya 19)

19 Nk’akarorero, umuntu arashobora kubwira shebuja canke abo bakorana ko ejo atazokora canke ko azotaha kare kubera azoja kwa  muganga. Ariko ugasanga aho kwa muganga ni uguhitana gusa umuti kuri farumasi canke gutora inyishu y’ibipimo yagirishije. Imvo nyamukuru yatumye asaba iyo konji kwari ukugira yitegurire urugendo azogira canke kugira yigire kwisamaza n’umuryango wiwe. Naho mu vyo yavuze harimwo ukuri ku rugero runaka, twoba twovuga ko yavugishije ukuri? Hari aho woba uzi utundi turorero tw’ingene abantu bahora bahenda abandi n’ibigirankana. Bashobora kuba babigira kugira ntibahanwe canke kugira bungukire ku bandi. Naho batovuga ikinyoma ceruye, twoba twovuga ko bagamburutse itegeko ry’Imana rigira riti: “Ntimugahendane”? Niwibuke kandi ibivugwa mu Baroma 6:19, ahagira hati: “Nimushikirize ibihimba vyanyu ngo bibe abashumba b’ubugororotsi ngo mukore ivy’ubweranda.”

20, 21. Gukenguruka ubuntu bw’Imana bikwiye gutuma twirinda igicumuro ku rugero rungana iki?

20 Icigwa tuhakura ni iki: Gukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana ntibigarukira gusa ku kwirinda ukurenga ibigo, akaborerwe canke ibindi bicumuro abakirisu bamwebamwe b’i Korinto bakora. Kwemera ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana ntibisobanura gusa kwirinda ubuhumbu. Birimwo no kurwanya impengamiro yo kwinezereza mu buryo buhumanye. Gushikiriza imibiri yacu nk’abashumba b’ubugororotsi ntibizotuma twirinda akaborerwe gusa, ariko kandi bizotuma twirinda kunywa gushika aho duhakwa kuborerwa. Bishobora kuba bitoroshe kurwanya izo ngeso mbi, ariko urwo rugamba turashobora kurutsinda.

21 Intumbero yacu ikwiye kuba iyo kwirinda ibicumuro bikomakomeye hamwe n’ivyo abandi boshobora kubona ko bidahambaye. Naho tudashobora kwirinda igicumuro ijana kw’ijana, turakwiye kwihata tukakirwanya nk’uko Paulo yabigize. Yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Ntimureke . . . ngo igicumuro kibandanye kuganza nk’umwami mu mibiri yanyu ipfa, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo.” (Rom. 6:12; 7:18-20) Igihe turwanije igicumuro uko coba kiri kwose, tuba twerekanye ko dukenguruka vy’ukuri ubuntu ata wari abukwiriye Imana yatugiriye biciye kuri Kristu.

22. Ni impera iyihe irindiriye abakenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

22 Twarahariwe ibicumuro biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, kandi n’ubu turabandanya guharirwa. Nimuze twerekane ko dukenguruka mu kwihatira kunanira impengamiro yose yo gukora n’ibicumuro bamwebamwe babona ko bisanzwe. Paulo yarerekanye impera iturindiriye igihe yandika ati: “Ubu . . . ko mwagizwe abidegemvya mukava mu gicumuro mugabo mugacika abashumba b’Imana, muriko muraronka icamwa canyu mu buryo bw’ubweranda, kandi iherezo ni ubuzima budahera.”Rom. 6:22.