Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) KIGARAMA 2016

“Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro”

“Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro”

‘Abisunga impwemu bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’impwemu.’ROM. 8:5.

INDIRIMBO: 45, 36

1, 2. Kubera iki ibivugwa mu Baroma ikigabane ca 8 bihambaye cane ku bakirisu barobanuwe?

MU GIHE c’Icibutso c’urupfu rwa Yezu, mushobora kuba mwarasomye Abaroma 8:15-17. Ico canditswe kirerekana ingene abakirisu bamenya ko barobanuwe, kuko kivuga ko impwemu nyeranda ishinga intahe hamwe n’impwemu yabo. Mu Baroma 8:1 haravuga ibijanye n’“abunze ubumwe na Kristu Yezu.” None ibivugwa mu Baroma ikigabane ca 8 vyoba vyerekeye gusa abarobanuwe, canke birerekeye n’abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi?

2 Ibivugwa muri ico kigabane ahanini vyerekeye abakirisu barobanuwe. Abo bakirisu bararonswa “impwemu” maze ‘bakarindirana igishika ukugirwa abana, ukubohorwa biciye ku ncungu bakava mu mibiri yabo.’ (Rom. 8:23) Ego cane, bazoba abana b’Imana mw’ijuru. Ivyo bishoboka kubera ko babatijwe, baraharirwa ivyaha vyabo hishimikijwe incungu kandi baritwa abagororotsi ku buryo bashobora kuba abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu.Rom. 3:23-26; 4:25; 8:30.

3. Kubera iki twovuga ko Abaroma ikigabane ca 8 herekeye n’abafise icizigiro co kuba kw’isi?

 3 Ariko rero, Abaroma ikigabane ca 8 harerekeye n’abafise icizigiro co kuba kw’isi, kuko na bo nyene hari ukuntu Imana ibona ko bagororotse. Ivyo birabonekera mu vyo Paulo yanditse mu bigabane vy’imbere y’aho. Mu kigabane ca 4, yaravuze ivyerekeye Aburahamu. Uwo mugabo w’ukwizera gukomeye yabayeho imbere y’uko Yehova aha rya Tegeko Abisirayeli n’imbere cane y’uko Yezu adupfira. Naho yabayeho kera, Yehova yarabonye ukwizera kwiwe kudasanzwe bituma amwita umugororotsi. (Soma Abaroma 4:20-22.) Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashobora kwita abagororotsi abakirisu b’intahemuka bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Ku bw’ivyo, na bo nyene barashobora kwungukira ku mpanuro iri mu Baroma ikigabane ca 8.

4. Mu Baroma 8:21 hakwiye gutuma twibaza iki?

4 Mu Baroma 8:21 turahasanga ikimenyamenya c’uko isi nshasha izoza ata kabuza. Uwo murongo uvuga ko “ivyaremwe . . . bizogirwa ivyidegemvya bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” Igihambaye rero ni ukumenya nimba tuzoronka iyo mpera. Woba wizigiye udakeka ko uzoyironka? Mu Baroma ikigabane ca 8 haraduha impanuro zodufasha kuyironka.

“KUGUMIZA UMUZIRIKANYI KU VY’UMUBIRI”

5. Ni ikintu gihambaye ikihe Paulo yavuze mu Baroma 8:4-13?

5 Soma Abaroma 8:4-13. Mu Baroma 8 harahushanya abagenda “bisunga umubiri” n’abagenda “bisunga impwemu.” Hari abokwiyumvira ko hariko hahushanya abari mu kuri n’abatari mu kuri, abakirisu n’abatari abakirisu. Ariko rero, Paulo yariko yandikira “abakundwa b’Imana . . . bari i Roma, bahamagariwe kuba aberanda.” (Rom. 1:7) Ku bw’ivyo, Paulo yariko ahushanya abakirisu bagenda bisunga umubiri n’abagenda bisunga impwemu. None bari batandukaniye he?

6, 7. (a) Muri Bibiliya, ijambo “umubiri” rikoreshwa mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Ijambo “umubiri” Paulo yakoresheje mu Baroma 8:4-13 ryerekeza kuki?

6 Reka tubanze twihweze ijambo “umubiri.” Paulo yashaka kuvuga iki igihe yakoresha iryo jambo? Bibiliya ikoresha ijambo “umubiri” mu buryo butandukanye. Hari igihe  irikoresha mu kwerekeza ku mubiri wacu w’inyama. (Rom. 2:28; 1 Kor. 15:39, 50) Rirashobora no kwerekeza ku bucuti bwo mu muryango. Nk’akarorero, Yezu yavuye “mu ruvyaro rwa Dawidi hisunzwe umubiri.” Paulo na we yavuze ko Abayuda bari “incuti [ziwe] hisunzwe umubiri.”Rom. 1:3; 9:3.

7 Ariko rero, ivyo Paulo yanditse mu kigabane ca 7 biradufasha gutahura ico “umubiri” uvugwa mu Baroma 8:4-13 usobanura. Avuga ko ‘kubaho umuntu ahuza n’umubiri’ bifitaniye isano n’‘inambu z’umubiri zihengamiye ku gicumuro zikorera mu mubiri wiwe.’ (Rom. 7:5) Ivyo biradufasha gutahura ico Paulo yashaka kuvuga igihe yavuga ko “abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri.” Yariko yerekeza ku bantu baganzwa n’ivyipfuzo vyabo. Muri make, ni abantu bareka bagatwarwa n’ivyipfuzo vyabo canke ivyo bahahamira, vyaba ari ibijanye n’igitsina canke ibindi.

8. Kubera iki vyari bibereye ko n’abakirisu barobanuwe bagabishwa ku kaga kari mu kugenda “bisunga umubiri”?

8 Woshobora kwibaza igituma Paulo yagabishije abakirisu barobanuwe ku kaga ko kubaho “bisunga umubiri.” Mbega iyo ngorane yoba ishobora gushikira n’abakirisu bo muri iki gihe Imana ibona ko ari abagenzi bayo n’abagororotsi? Ikibabaje ni uko iyo ngorane ishobora gushikira umukirisu uwo ari we wese. Nk’akarorero, Paulo yanditse ko bamwebamwe mu bavukanyi b’i Roma bari abaja b’“inda zabo bwite [canke, “ivyipfuzo vyabo”].” Aho ashobora kuba yashaka kuvuga ko bari baratwawe n’inambu y’umubiri, ukunohokera ibifungurwa, ibinyobwa canke ibindi bintu. Bamwe muri bo ‘bararyosharyosha imitima y’abantu b’inziraburyarya.’ (Rom. 16:17, 18; Flp. 3:18, 19; Yuda 4, 8, 12) Niwibuke kandi ko hari umuvukanyi w’i Korinto yigeze kumara igihe abana n’“umugore wa se.” (1 Kor. 5:1) Ntibitangaje rero kubona Imana yarakoresheje Paulo mu kugabisha abakirisu ku kaga kari mu “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri.”Rom. 8:5, 6.

9. Gushira umuzirikanyi ku bintu vy’umubiri ntibisobanura iki?

9 Iyo ngabisho irahambaye no muri iki gihe. Umukirisu amaze imyaka akorera Imana yoshobora gutangura gushira umuzirikanyi ku bintu vy’umubiri. Ivyo ntivyerekeye igihe  gacamwo umuntu akiyumvira ibijanye n’ibifungurwa, akazi, kwisamaza canke mbere ivy’urukundo. Ivyo ni ibintu twese dukenera mu buzima. Na Yezu yarafungura, mbere akagaburira n’abandi. Yari azi ko kwiruhura bikenewe. Paulo na we yaranditse ko guhuza ibitsina bifise ikibanza mu mubano w’ababiranye.

Ibiyago vyawe vyoba vyerekana ko ugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu canke ku vy’umubiri? (Raba ingingo ya 10, 11)

10. Imvugo “kugumiza umuzirikanyi ku” isobanura iki?

10 None Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ibijanye no “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri”? Ijambo ry’ikigiriki Paulo yakoresheje ryerekeza ku gushingira ivyiyumviro vyose n’imigambi yose ku kintu kanaka. Ababaho bisunga umubiri barareka impengamiro yabo yo gukora icaha ikaba ari yo iyobora ubuzima bwabo. Ku bijanye n’iyo mvugo ikoreshwa mu Baroma 8:5, umuhinga umwe avuga ko isobanura kwitaho cane ibintu vy’umubiri, kuvyamiza mu kanwa canke kubiryohererwa cane.

11. Ni ibiki bamwebamwe babona ko bihambaye?

11 Vyari bibereye ko abakirisu b’i Roma basuzuma vy’ukuri ibintu bashira imbere mu buzima, bakaraba nimba badashira imbere “ibintu vy’umubiri.” Birabereye ko na twebwe twisuzuma. Ni ibiki tubona ko bihambaye? Ni ibiki bigaruka cane mu biyago vyacu? Ni ibiki twama turiko turiruka inyuma? Hari abosanga ata kindi barota atari uguhonja ubwoko butandukanye bw’inzoga, gushariza amazu yabo, kugura impuzu zigezweho, gushinga imitahe, kugira ingendo, n’ibindi nk’ivyo. Ivyo bintu ubwavyo si bibi; ni ibintu bisanzwe dukenera mu buzima. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yarahinduye amazi umuvinyu. Paulo na we yabwiye Timoteyo ngo aze aranywa “akavinyu gakeyi.” (1 Tim. 5:23; Yoh. 2:3-11) Ariko none Yezu na Paulo boba bamiza mu kanwa ibijanye n’inzoga? Vyoba ari vyo vyabahimbara cane? Habe namba. Tweho bite? Ni igiki tubona ko gihambaye mu buzima bwacu?

12, 13. Kubera iki dukwiye kuba maso ku vyo dushirako umuzirikanyi?

12 Kwisuzuma birahambaye. Uti kubera iki? Paulo yanditse ati: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu.” (Rom. 8:6) Ico si ikintu co gufata minenegwe, kuko gishobora gutuma dupfa mu buryo bw’impwemu ubu, muri kazoza na ho tukazobura ubuzima budahera. Ariko ntiwumve, Paulo ntiyashatse kuvuga ko iyo umuntu ashize ‘umuzirikanyi ku vy’umubiri’ aca ategerezwa gupfa. Arashobora guhinduka. Ibuka wa mugabo w’i Korinto yisuka mu buhumbu bikaba ngombwa ko acibwa. Vyari bigishoboka ko ahinduka, kandi yarahindutse. Yarahevye kugendera mu buhumbu, arasubira ku murongo.2 Kor. 2:6-8.

13 Nimba vyarashobotse ko uwo muntu ahinduka, birashoboka ko n’uwundi mukirisu wese ahinduka, na canecane uwutarashika kure nk’uwo mugabo w’i Korinto. Emwe, ivyo Paulo avuga ko bizoshikira umuntu ‘agumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri,’ birakwiye gutuma umukirisu akosora ibikenewe vyose!

“KUGUMIZA UMUZIRIKANYI KU VY’IMPWEMU”

14, 15. (a) Aho “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri,” dukwiye kuwugumiza ku ki? (b) “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu” ntibisobanura iki?

14 Paulo ahejeje kuvuga akaga ko “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri,” yaciye adukura amazinda ati: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.” Mbega impera nziza igitangaza! None twoyironka gute?

15 “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu” ntibisigura ko umuntu aguma yiyumvira  ibintu vy’impwemu gusa. Si ngombwa ngo agume yiyumvira ivya Bibiliya, ivy’urukundo akunda Imana n’icizigiro afise canke ngo bibe ari vyo yamiza mu kanwa. Twibuke ko Paulo n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere bari babayeho nk’abandi bantu bose. Barafungura kandi bakanywa. Benshi bari bubatse bafise n’abana, kandi barakora akazi kugira bitunge.Mrk. 6:3; 1 Tes. 2:9.

16. Naho Paulo yakora ibikorwa vya misi yose, ni igiki yashira imbere?

16 Yamara rero, abo basavyi b’Imana ntibaretse ngo ivyo bintu vyo mu buzima bwa misi yose bibe ari vyo bashira imbere. Bibiliya imaze kuvuga ko Paulo yajisha amahema, ica yerekana ikintu yashira imbere mu buzima bwiwe: Yarangwa n’ukwamamaza n’ukwigisha. (Soma Ivyakozwe 18:2-4; 20:20, 21, 34, 35.) Ivyo bikorwa nyene ni vyo yahimirije abakirisu b’i Roma gushira imbere. Ego cane, Paulo yashira imbere ibikorwa vy’impwemu. Abaroma bari bakwiye kumwigana, kandi na twebwe ni ukwo.Rom. 15:15, 16.

17. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera ‘nitwagumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu’?

17 Ni ivyiza ibihe abashira imbere ivy’impwemu bironkera? Mu Baroma 8:6 hishura hati: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.” Ivyo bisobanura kureka umuzirikanyi wacu ukayoborwa n’impwemu nyeranda kandi tukabona ibintu nk’uko Imana ibibona. Nitwashingira ubuzima bwacu “ku vy’impwemu,” bizotuma tugira ubuzima buhimbaye muri iki gihe. Muri kazoza na ho, tuzokwironkera ubuzima budahera, haba kw’isi canke mw’ijuru.

18. Ni mu buryo ki “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu” bivamwo amahoro?

18 Paulo yavuze ko “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo . . . amahoro.” None ivyo bisobanura iki? Abantu benshi baragwa bavyuka barondera amahoro yo mu mutima, ariko twebwe dusanzwe tuyifitiye. Kimwe mu bituma turonka ayo mahoro, ni uko twihatira guhuza n’abo mu muryango wacu hamwe n’abo mw’ishengero. Turibuka ko twese tudatunganye. Iyo bishitse ibere rikayaga, duca dukurikiza impanuro ya Yezu idusaba ‘kwikiranura na mwene wacu.’ (Mat. 5:24) Ivyo birarushiriza kworoha iyo twibutse ko uwo muvukanyi wacu na we nyene akorera “ya Mana itanga amahoro.”Rom. 15:33; 16:20.

19. Ni amahoro ayahe twironkera igihe tugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu?

19 Hariho ayandi mahoro y’agaciro ntangere twironkera. “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu” bituma tugiranira amahoro n’Umuremyi wacu. Yesaya yanditse ati: “Agatima gashigikiwe neza [wewe Yehova] uzokazigama mu mahoro arama, kuko umuntu ari wewe yizigira.” Ayo majambo yararangutse mu gihe ca Yesaya, mugabo ariko araranguka ku rugero runini muri iki gihe cacu.Yes. 26:3; soma Abaroma 5:1.

20. Kubera iki ukenguruka impanuro iri mu Baroma ikigabane ca 8?

20 Twaba turi abarobanuwe canke dufise icizigiro co kuba kw’isi y’iparadizo, turashobora kwungukira ku mpanuro iri mu Baroma ikigabane ca 8. Ese ukuntu dukenguruka kubona Bibiliya ituremesha kudashira imbere ibintu “vy’umubiri”! Turatahura ko biranga ubukerebutsi gukurikiza iyi mpanuro igira iti: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.” Kubigenza gutyo bizotuma twironkera ivyiza biramba, kuko Paulo yanditse ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”Rom. 6:23.