Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntiwibagire kugaragariza umutima mwiza ba kavantara

Ntiwibagire kugaragariza umutima mwiza ba kavantara

“Ntimwibagire ubwakiranyi.”​—HEB. 13:2.

INDIRIMBO: 124, 79

1, 2. (a) Ni ingorane izihe zishikira ba kavantara benshi muri iki gihe? (Raba ishusho itangura.) (b) Bibiliya iremesha iki abakirisu, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

HARAHEZE imyaka irenga 30 uwitwa Osei [1]ashitse i Buraya avuye muri Gana, ariko ico gihe ntiyari bwabe Icabona. Avuga ati: “Sinatevye kubona ko abantu benshi batanyitaho. Ikirere na co nyene kari akaga. Igihe nava ku kibuga c’indege, narumvise imbeho ntari bwigere numva mu buzima, nca ntangura kurira.” Osei yaramaze umwaka urenga atararonka akazi keza kubera ingorane y’ururimi. Kuba yari kure y’umuryango wiwe vyatumye agira inkumbu n’irungu.

2 Iyaba ari wewe, wari kwipfuza ko abandi bagufata gute? Nta gukeka ko wari kuryoherwa ugiye ku Ngoro y’Ubwami bakakwakirana igishika, batarinze kuraba igihugu uvamwo canke ibara ry’urukoba rwawe. Nakare Bibiliya iremesha abakirisu b’ukuri iti: “Ntimwibagire ubwakiranyi,” ni ukuvuga kugaragariza umutima mwiza ba kavantara. (Heb. 13:2) Nimuze rero turimbure ibibazo bikurikira: Yehova abona gute ba kavantara? Kubera iki vyoshobora kuba ngombwa ko duhindura ingene tubabona? Vyongeye, twobafasha gute kwumva ko bisanze mw’ishengero iwacu?

INGENE YEHOVA ABONA BA KAVAMAHANGA

3, 4. Twisunze Kuvayo 23:9, Imana yari yiteze ko Abisirayeli bafata gute ba kavamahanga, kandi kubera iki?

3 Yehova amaze gukura abasavyi biwe mu Misiri, yarabahaye amategeko yubahiriza cane abatari Abisirayeli bifatanije n’ihanga ryiwe. (Kuv. 12:38, 49; 22:21) Kubera ko akenshi usanga ba kavamahanga ata co birengeje, Yehova yarabashiriyeho intunganyo ziranga urukundo. Imwe muri zo ni iyabaha uburenganzira bwo gutorora mu mirima.​—Lew. 19:9, 10.

4 Aho gutegeka gusa Abisirayeli ngo basonere ba kavamahanga, Yehova yabasavye nyabuna kwishira mu kibanza cabo. (Soma Kuvayo 23:9.) Bari bazi “ubuzima bwa kavamahanga ico ari co.” N’imbere y’uko Abaheburayo bacika abaja, Abanyamisiri bashobora kuba barabinuba kubera batari basangiye ubwoko n’idini. (Ita. 43:32; 46:34; Kuv. 1:11-14) Naho Abisirayeli bari barashegeshwe n’ubuzima bwo kuba kavamahanga, Yehova yari yiteze ko kavamahanga ari muri bo bamufata “nk’imvukira.”​—Lew. 19:33, 34.

5. Ni igiki kizodufasha gufata ba kavamahanga nk’uko Yehova abafata?

5 Turemera ata gukeka ko no muri kino gihe, Yehova yitwararika ba kavamahanga bitaba amakoraniro mw’ishengero iwacu. (Gus. 10:17-19; Mal. 3:5, 6) Nitwazirikana ku ngorane zibahanze, nk’izijanye no gukumirwa canke ururimi, tuzorondera uturyo two kubagaragariza umutima mwiza n’ikibabarwe.​—1 Pet. 3:8.

TWOBA DUKENEYE GUHINDURA UKUNTU TUBABONA?

6, 7. Ni igiki cerekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bize kurengera ukwinubana kwariko kurashinga imizi?

6 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barize kurengera agatima ko kwinubana kari karatsimbataye mu Bayuda. Kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, ababa i Yeruzalemu barakiriye neza abantu bo mu bihugu bitandukanye bari bahejeje gucika abakirisu. (Ivyak. 2:5, 44-47) Urukundo abakirisu b’Abayuda bagaragarije abo bari basangiye ukwemera bava mu bindi bihugu, rwarerekanye ico ijambo “ubwakiranyi” risobanura.

7 Ariko rero ishengero rimaze kugwira, haradutse ikibazo biboneka ko cari kijanye no gukumirana. Abayuda bavuga ikigiriki baridoze ko abapfakazi babo batafatwa kumwe n’abandi. (Ivyak. 6:1) Mu gutunganya ico kibazo, intumwa zaragenye abagabo indwi kugira ngo bitwararike ko ata n’umwe yorenganywa. Abo bagabo bose bari bafise amazina y’ikigiriki, ivyo bikaba bisa n’ivyerekana ko intumwa zashaka gutururuza ukudahuza gushobora kuba kwariko kuribonekeza muri abo bakirisu bo mu ntango.​—Ivyak. 6:2-6.

8, 9. (a) Ni ibibazo ibihe twokwibaza kugira tumenye nimba twinuba abandi? (b) Ni agatima akahe dukwiye kurandurana n’imizi? (1 Pet. 1:22)

8 Tubimenya canke tutabimenya, imico y’aho twavukiye iratugirako akosho gakomeye. (Rom. 12:2) Vyongeye, birashika tukumva ababanyi, abo dukorana canke abo twigana bavuga nabi abo mu kindi gihugu, mu bundi bwoko canke abo tudasangiye ibara ry’urukoba. None twoba tureka ivyo bikatugirako akosho? Mbega hoho, tuvyakira gute iyo hagize uwunegura igihugu duturukamwo, kumbure mu gushikuza ku bijanye n’ibiranga imico kama yacu?

9 Naho intumwa Petero yamaze igihe kanaka yinuba abatari Abayuda, buhorobuhoro yarize kwikuramwo ako gatima kabi. (Ivyak. 10:28, 34, 35; Gal. 2:11-14) Nimba natwe twisuzumye tugasanga dufise agatima ko kwinuba abandi canke kwishimira ubwoko, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira tukarandurane n’imizi. (Soma 1 Petero 1:22.) Turakwiye kwibuka ko twese turi abanyagasembwa. Twaba rero duturuka mu gihugu ikihe, nta n’umwe muri twebwe yari abereye kuronka ubukiriro. (Rom. 3:9, 10, 21-24) Wumva none twokwishira hejuru y’abandi twitwaje iki? (1 Kor. 4:7) Dukwiye kubona ibintu nk’intumwa Paulo, uwabwiye abakirisu bagenziwe barobanuwe ko batari bakiri “ab’ahandi na kavamahanga,” ahubwo ko bari “abo mu rugo rw’Imana.” (Ef. 2:19) Nitwagira akigoro ko kurengera agatima ko kwinuba ba kavamahanga, nta nkeka ko bizodufasha kwambara wa muntu mushasha.​—Kol. 3:10, 11.

INGENE TWOGARAGARIZA UMUTIMA MWIZA BA KAVAMAHANGA

10, 11. Bowazi yagaragaje gute ko abona ba kavamahanga nk’uko Yehova ababona?

10 Bowazi yariganye Yehova, turavye ukuntu yafashe wa Munyamowabukazi Rusi. Igihe Bowazi yaja kugendura imirima yiwe mu gihe c’iyimbura, yarabonye umunyamahangakazi yariko atorora abigiranye umwete inyuma y’abimbuzi biwe. Bowazi amaze kwumva ko Rusi yasavye uruhusha rwo gutorora naho yari asanzwe abifitiye uburenganzira, yaciye abwira abakozi ngo bamusokorere amahundo makeya mu miganda kugira ayatorore.​—Soma Rusi 2:5-7, 15, 16.

11 Ikiyago cakurikiye kirerekana neza ko Bowazi yari arajwe ishinga n’ukuntu uwo munyamahangakazi Rusi ata co yari yirengeje. Yaciye amusaba ko yoguma hafi y’abasukukazi biwe, kugira ngo imisore yariko irakora muri uwo murima ntimuhohotere. Yaritwararitse mbere n’uko aronka ibifungurwa n’amazi bikwiye, cokimwe n’abakozi bariko baramukorera. Ikigeretseko, aho kumuvugisha nk’umuntu wo hasi, Bowazi yaramuhumurije.​—Rusi 2:8-10, 13, 14.

12. Tugaragarije umutima mwiza ba kavamahanga, ni ivyiza ibihe bishobora kuvamwo?

12 Bowazi ntiyakozwe ku mutima gusa n’ingene Rusi yagaragariza inabukwe Nawomi umutima uzira ubwikunzi, ariko kandi yarakozwe ku mutima no kubona Rusi yari yaracitse umusavyi wa Yehova. Umutima mwiza Bowazi yagaragaje warashize ahabona urukundo rudahemuka Yehova yari afitiye uwo mugore, uwari yaje ‘kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa y’Imana ya Isirayeli.’ (Rusi 2:12, 20; Imig. 19:17) No muri kino gihe, tugaragarije umutima mwiza “abantu b’uburyo bwose” birashobora gutuma bamenya ukuri, maze bakibonera ko Yehova abakunda cane.​—1 Tim. 2:3, 4.

Twoba turamutsa n’igishika ba kavamahanga baza ku Ngoro y’Ubwami? (Raba ingingo ya 13, 14)

13, 14. (a) Kubera iki dukwiye kugira akigoro ko kuramutsa ba kavantara baza ku Ngoro y’Ubwami? (b) Nimba bitakworohera kuganiriza umuntu mudasangiye imico, ni igiki cogufasha?

13 Turashobora kugaragariza umutima mwiza ba kavamahanga mu kubaramutsa n’igishika ku Ngoro y’Ubwami. Ushobora kuba umaze kubona ko abimukira bashasha rimwe na rimwe usanga bafise amasoni kandi bakitinya kuja mu bandi. Bivanye n’aho bakuriye canke imiryango bavamwo, boshobora kubona ko bari hasi y’abo mu bundi bwoko canke mu kindi gihugu. Turakwiye rero gufata iya mbere mu kubagaragariza igishika kandi tukabitwararika bivuye ku mutima. Ka gaporogarama JW Language koshobora kugufasha kumenya ingene wobaramutsa mu rurimi rwabo kavukire.​—Soma Abafilipi 2:3, 4.

14 Bite ho nimba bitakworohera kuganiriza umuntu mudasangiye imico? Kimwe mu vyogufasha ni ukubayagira ibikwerekeye. Ivyo vyoshobora gutuma uca ubona ko ivyo muhurizako ari vyinshi kuruta ibibatandukanya, be n’uko mu mico kama yose hariho ivyo twoshima n’ivyo twonegura.

NUFASHE BOSE BUMVE KO BISANZE

15. Ni igiki kizodufasha gutahura abariko bagerageza kumenyera igihugu gishasha?

15 Kugira ngo utume abandi bumva ko bisanze mw’ishengero, niwibaze uti: ‘Iyaba ari jewe ndi mu mahanga, noshima ko bamfata gute?’ (Mat. 7:12) Niwihanganire abariko bagerageza kumenyera igihugu gishasha. Mu ntango, hari aho vyotugora gutahura ivyiyumviro vyabo canke inyifato yabo. Ariko none aho kwitega ko baca bisunga imico yacu, ntivyoba vyiza tubakiriye uko basanzwe bari?​—Soma Abaroma 15:7.

16, 17. (a) Ni utwigoro utuhe twogira kugira ngo turushirize kwiyegereza ba kavamahanga? (b) Ni ibintu ngirakamaro ibihe twokora kugira dusahirize abimukira bari mw’ishengero iwacu?

16 Hamwe twokwitaho kumenya ibijanye n’igihugu be n’imico vya ba kavamahanga, hari aho vyorushiriza kutworohera kubiyegereza. Mu gusenga kwo mu muryango, twoshobora gufata akanya ko kugira ubushakashatsi ku vyerekeye abimukira bari mw’ishengero iwacu canke mu cibare iwacu. Ikindi kintu cotuma turushiriza kubiyegereza ni ukubatumira i muhira kugira dusangire akajumbu. None ko Yehova “yugururiye amahanga umuryango ujana ku kwizera,” wumva tweho tudakwiye kwugururira imiryango yacu ba kavamahanga dusangiye ukwizera?​—Ivyak. 14:27; Gal. 6:10; Yobu 31:32.

Twoba tugaragariza ubwakiranyi ba kavamahanga? (Raba ingingo ya 16, 17)

17 Nitwaza turamarana umwanya n’umuryango w’abimukira, bizotuma turushiriza guha agaciro akigoro bagira kugira ngo bahuze n’imico yacu. Ariko rero, hari aho twosanga bakeneye gufashwa kwiga ururimi. Vyongeye, twoshobora kubafasha kurondera uburaro be n’akazi bibereye. Utwigoro nk’utwo hari aho twogirira akamaro kanini uwo dusangiye ukwemera.​—Imig. 3:27.

18. Muri kino gihe, ni nde abimukira bokwigana mu bijanye no kugaragaza urupfasoni n’ugukenguruka?

18 Yamara rero, abimukira barakwiye kwihata kugira ngo bahuze n’imico y’igihugu bimukiyemwo. Rusi ni akarorero keza muri ivyo. Ubwa mbere, yarubahirije imico y’igihugu yari yimukiyemwo, mu gusaba uruhusha rwo gutorora. (Rusi 2:7) Ubwo burenganzira ntiyabona ko ari ikintu abandi bategerezwa kwubahiriza vyanse bikunze. Ubwa kabiri, yaciye akenguruka ubuntu yari agiriwe. (Rusi 2:13) Igihe abimukira bagaragaje agatima nk’ako, vyoshobora gutuma abo basangiye ukwemera be n’abandi bo mu kibano babubaha.

19. Ni imvo izihe zotuma duha ikaze ba kavantara turi kumwe?

19 Turahimbarwa cane kubona Yehova yaragaragarije ubuntu bwiwe abantu bo mu mahanga yose, mu kubaha akaryo ko kwumva inkuru nziza. Iyo bamwebamwe baguma mu gihugu cabo, hari aho batari kuronka akaryo ko kwiga Bibiliya canke kwifatanya n’abasavyi ba Yehova. None ko ubu bakaronse, wumva tudakwiye kubafasha kugira ngo ntibasubire kwumva ko ari ba kavamahanga muri twebwe? Naho twoba dufise amikoro make canke tukaba dushobora kubafasha muri bike, igihe tubagaragarije umutima mwiza birabereka ko Yehova abakunda. Kubera ko ‘twigana Imana,’ nimuze rero dukore uko dushoboye kwose duhe ikaze ba kavantara turi kumwe.​—Ef. 5:1, 2.

^ [1] (ingingo ya 1) Si ko asanzwe yitwa.