Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) GITUGUTU 2016

 INKURU Y’UBUZIMA

Naragerageje kwigana uburorero bwiza

Naragerageje kwigana uburorero bwiza

Umusi umwe ndi i Kolorado, umuvukanyi Izak Marais yaranterefonye ari i Patterson muri New York. Namubajije nti: “None urazi imyaka mfise?” Nawe ati: “Emwe, ndayizi neza!” Reka ndababwire iyo ico kiyago cazananye.

NAVUKIYE i Wichita muri leta ya Kansas muri Amerika, ku wa 10 Kigarama 1936, nkaba nari imfura mu bana bane. Abavyeyi banje ari bo William na Jeanne, bari abasavyi ba Yehova b’abanyamwete. Dawe yari umusuku w’ishengero, ukwo akaba ari ko umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere yitwa ico gihe. Mawe yigishijwe ukuri na nyina wiwe yitwa Emma Wagner. Uwo nyokuru yarigishije ukuri n’abandi benshi, ushizemwo Gertrude Steele, uwamaze imyaka itari mike ari umumisiyonari i Porto Riko. * Uca wumva ko nari mfise uburorero bwinshi nokwigana.

ABAMBEREYE UBURORERO BWIZA

Dawe ahagaze kw’ibarabara, aha ibinyamakuru abahita

Umusi umwe ku wa gatandatu ku mugoroba, nkaba nari mfise imyaka itanu, nari kumwe na dawe turiko turashikiriza abahita Umunara w’Inderetsi na Consolation (ubu ni Be maso!). Ico gihe, igihugu cari mu ntambara ya kabiri y’isi yose. Umudogoteri umwe yari yaborewe yaregereye dawe, aramutuka amuhora ko atagira aho ahengamiye mu vya politike, amubwira ko ari ikinyabwoba n’igihemu. Nya mudogoteri yaciye yegereza umutwe dawe, aca amubwira ati: “Ehe nkorako, wa kinyabwoba we!” Naho natekewe n’ubwoba, narashimye ingene dawe yavyifashemwo. Yagumye yihera ibinyamakuru abantu bari buzuye ng’aho. Mu nyuma haraje umusoda, noneho nya mudogoteri aca aratontoma ati: “Vugutira umuti iki kinyabwoba!” Uwo musoda yarabonye ko nya mugabo yari yaborewe, aca amubwira ati: “Ja kuryamika izo nzoga!” Bompi baciye bagenda. Ndakengurukira cane Yehova iyo nibutse ingene yahaye dawe umutima rugabo. Aho i Wichita, dawe yari ahafise ibibanza bibiri vyo kumweramwo, kandi nya mudogoteri yari umukiriya wiwe.

Ndi kumwe n’abavyeyi banje, tugiye kw’ihwaniro i Wichita mu myaka ya 1940

Igihe nari mfise imyaka umunani, abavyeyi banje baragurishije inzu yabo na vya bibanza vyo kumweramwo, baca bubaka akazu gashobora kwimurwa maze bimukira i Kolorado aho abamamaji  bari bakenewe kuruta. Twagerereye hafi ya Grand Junction, aho abavyeyi banje bakorera ubutsimvyi, bakaza barisumamwo ahakorerwa uburimyi n’ubworozi. Barakoranye umwete, Yehova na we arabahezagira, maze ishengero riravuka. Ku wa 20 Ruheshi 1948, dawe yarambatirije mu ruzi rwaca mu misozi, nkaba nari kumwe n’abandi bari barize ukuri, ushizemwo Billie Nichols n’umugore wiwe. Abo bahavuye baja gukorera mu muzunguruko, cokimwe n’umuhungu wabo be n’umukazana wabo.

Twaragiraniye ubucuti bukomeye n’abantu benshi bakora umurimo w’Ubwami batiziganya, twongera turagiranira ibiyago bikomeza ukwizera. Aho novuga canecane abo mu muryango wa Steele, nka Don na Earlene, Dave na Julia, Si na Martha, abo nigiyeko vyinshi mu buzima. Baranyeretse ingene gushira imbere ivy’Ubwami bituma umuntu agira ubuzima buri n’intumbero kandi burangwa agahimbare.

NSUBIRA KWIMUKA

Igihe nari mfise imyaka 19, incuti imwe yitwa Bud Hasty yaransavye ko twojana gukora ubutsimvyi mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umucungezi w’umuzunguruko yaciye adusaba ko twoja i Ruston muri leta ya Louisiane, aho Ivyabona batari bake bari barahororokewe. Twasabwe kuza turagira amakoraniro yose buri ndwi, naho hoba hitavye abantu bangana gute. Twararonse ikibanza c’amakoraniro kibereye maze turagitegura neza. Twaragira amakoraniro yose, ariko twamaze igihe tuyagira turi babiri gusa. Twarakurakuranwa mu gushikiriza ibiganiro. Igihe umwe yaba ari imbere, uwundi yaca yishura ibibazo vyose. Mu kiganiro kirimwo umwerekano, twempi twaca tuja ku mukiruruko, maze tugatamba twirorera! Mu nyuma, hari mushiki wacu ageze mu zabukuru yatanguye kwitaba amakoraniro. Amaherezo, hari abatohoji ba Bibiliya be n’abahororokewe bamwebamwe batanguye kuza ku makoraniro, kandi ntitwatevye kuronka ishengero riteye imbere.

Umusi umwe, twe na Bud twarahuye n’umupasitori umwe w’ishengero rya Kristu, numva avuze ivyanditswe ntari menyereye. Narahungabanye gatoyi, bituma ndushiriza kuzirikana ku vyo nemera. Namaze indwi yose ndyama ntevye, ndiko ngira ubushakashatsi kugira ndonke inyishu z’ibibazo yari yavyuye. Ico kintu caratumye niyumvamwo ukuri koko, kandi naguma numva nshashaye guhura n’uwundi mupasitori.

Haciye igihe gito, umucungezi w’umuzunguruko yaciye ansaba kwimukira i El Dorado muri Arkansas, kugira mfashe ishengero ryaho. Kenshi narasubira i Kolorado kugira ndenguke imbere y’urwego rwari rujejwe kwandika abaja mu gisoda. Igihe kimwe  nsubiyeyo, twari kumwe n’abandi batsimvyi mu muduga wanje, maze tugeze i Texas turagira isanganya ryatumye wononekara cane. Twaciye duterefona umuvukanyi umwe, aca araza adutwara i muhira iwe, mu nyuma adutwara ku makoraniro. Mw’ishengero baratangaje ko twari twagize isanganya, maze abavukanyi baraduterera amahera babigiranye umutima mwiza. Vyongeye, uwo muvukanyi yarangurishirije wa muduga amadolari 25 (nk’amadolari 200 y’ubu).

Twararonse umuduga udushikana i Wichita, aho incuti somambike yitwa McCartney yakorera ubutsimvyi. Abahungu biwe b’amahasa ari bo Frank na Francis, n’ubu ni abagenzi banje badasanzwe. Bari bafise umuduga ushaje, baca barawumpa ku madolari 25, ya yandi nyene yagurwa ca giporoporo canje. Ryari ryo rya mbere nibonera ingene Yehova andonsa ivyo nkeneye kubera nariko nshira imbere ivy’Ubwami. Ico gihe nyene, umuryango wa McCartney waratumye menyana na mushiki wacu umwe ameze neza cane yitwa Bethel Crane. Nyina wiwe Ruth, akaba yari Icabona w’umunyamwete i Wellington muri Kansas, yarakoze ubutsimvyi gushika arengeje imyaka 90. Twubakanye na Bethel mu 1958, haciye ikiringo kidashika umwaka tumenyanye. Twaciye dufatanya igikorwa c’ubutsimvyi i El Dorado.

TURONKA UDUTEKA DUTEYE UMUNEZERO

Tumaze kurimbura uburorero bwiza twahawe n’abandi, twaciye dufata ingingo yo kwitanga ku bw’igikorwa cose ishirahamwe rya Yehova ryodusaba gukora. Twahavuye turungikwa kuba abatsimvyi badasanzwe i Walnut Ridge muri Arkansas. Mu 1962, twarahimbawe no kuronka ubutumire bwo kwitaba Ishure rigira 37 rya Gileyadi. Ntiworaba ingene twaryohewe duhuriyeyo na Don Steele. Inyuma y’iryo shure, jewe n’umukenyezi wanje twaciye turungikwa i Nairobi muri Kenya. Twaragize ikigumbagumba igihe twava i New York, ariko dushitse ku kibuga c’indege i Nairobi tukabonana n’abavukanyi, nya kigumbagumba cahindutse umunezero udasanzwe!

Turi mu ndimiro i Nayirobi hamwe na Chris Kanaiya be na Mary

Ntitwatevye gukunda cane Kenya be n’igikorwa twahakorera. Abo twatanguriyeko kwigisha Bibiliya bagatera imbere ni Chris Kanaiya n’umugore wiwe Mary. N’ubu baracari mu gikorwa c’igihe cose muri Kenya. Mu mwaka wakurikiye, twararungitswe i Kampala mu Buganda, kandi ni twe twabaye abamisiyonari ba mbere muri ico gihugu. Vyari ibihe biteye umunezero kuko twaronse abantu benshi cane bipfuza kwiga Bibiliya, kandi baracitse Ivyabona vya Yehova. Ariko rero inyuma y’imyaka itatu n’igice turi muri Afrika, umukenyezi wanje yaribungenze, duca dusubira muri Amerika. Umusi twava muri Afrika, ikigumbagumba twagize caruta kure n’iyo ico twagize igihe twava i New York. Twarakunze cane abantu bo muri Afrika kandi twari twizigiye ko umusi uri izina twosubiyeyo.

TURONKA IBANGA RISHASHA

Twaciye tuja kuba mu karere k’uburengero bwa Kolorado, hafi y’abavyeyi banje. Haciye igihe gito, twaribarutse agakobwa kacu k’imfura Kimberly, inyuma y’amezi 17 na ho twibaruka Stephany. Twarafatanye uburemere ibanga rishasha ryacu rya kivyeyi, turitwararika cane kwigisha ukuri udukobwa twacu. Twashaka kwigana abari baratubereye uburorero bwiza. Twari tuzi ko guha abana akarorero keza ari kirumara mu kubarera, mugabo ko atari icemeza yuko bazokura bakunda Yehova. Nkako, mutoyi wanje na mushikanje barataye ukuri. Nizeye ko bazokwikubita agashi bakigana abababereye uburorero bwiza.

 Twararyoherwa cane no kurera abakobwa bacu kandi tukama tugerageza gukorera ibintu hamwe. Kubera ko twaba hafi ya Aspen muri Kolorado, ahakunze kubera ivyo guserereka ku bibarafu, twese twaravyize kugira ngo rimwe na rimwe tuze turaja guserereka uko tugize umuryango. Ivyo biringo vyo kwiruhura vyaraturonsa akaryo ko kuganira n’abakobwa bacu. Vyongeye, twarajana na bo gukambika ahantu, maze tugatera ryarenga iruhande y’umuriro. Naho bari bakiri bato, baratubaza ibibazo nk’ibi ngo: “Nzokora iki ninakura?” canke ngo “Nkwiye kwubakana n’umuhungu ameze gute?” Twaragerageje gukundisha cane abakobwa bacu ivy’impwemu. Twaguma tubaremesha kwishingira umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose no kwubakana n’uwo bahuje umugambi. Twarabafashije gutahura igituma batokwubaka izabo bakiri bato cane. Twarakunda kubabwira duti: “Tenyenya n’imiburiburi gushika ku myaka 23.”

Mu kwigana akarorero k’abavyeyi bacu, twarihatira kwama twitaba amakoraniro no kwama tujana mu ndimiro uko tugize umuryango. Twaratunganya ivy’uko abari mu murimo w’igihe cose baza iwacu bakahamara igihe. Vyongeye, twarakunda kwiganira abakobwa bacu turyohewe ibijanye n’igikorwa c’ubumisiyonari twaranguye. Twarababwira yuko twipfuza ko umusi uri izina, twese twofashe urugendo tukajana muri Afrika. Ntiworaba ingene bari babishashaye!

Twama tugira inyigisho y’umuryango, maze tukagira udukino tw’ibintu vyoshobora kubashikira kw’ishure. Abakobwa bacu bakina uruhara rw’Icabona ariko yishura ibibazo. Ubwo buryo bwatuma ivyo biga bibaryohera, bugatuma kandi bahera ubwoba. Igihe bariko barakura, vyarashika ntibaryohererwe inyigisho y’umuryango. Igihe kimwe nararengewe, ndababwira ko bomva mu maso be n’uko ata nyigisho tuza kugira. Barababaye cane batangura kurira, baca bavuga ko bipfuza kwiga. Twaciye dutangura kubona ko twariko turatuma koko ibibondo vyacu biha agaciro ivy’impwemu. Bahavuye bakunda cane iyo nyigisho, kandi twaratuma baserura iryo bagona bisanzuye. Ariko rero vyarashika tukababara twumvise ko hari ibintu bimwebimwe vyerekeye ukuri batemera. Naho ari ukwo, vyaratuma tumenya ibiri mu mitima yabo. Tumaze kubafasha kuzirikana, barahimbarwa no kubona ibintu nk’uko Yehova abibona.

IBINTU BIRUSHIRIZA GUHINDUKA

Kurera abakobwa bacu vyaranyarutse kuruta uko twavyiyumvira. Tubifashijwemwo n’ishirahamwe rya Yehova, twarihatiye kubafasha kumukunda. Twararyohewe cane igihe barangiza amashure yisumbuye bagaca batangura ubutsimvyi, kandi bakiga no kwironsa ivyo bakeneye. Barimukiye i Cleveland muri Tennessee, hamwe n’abandi bashiki bacu babiri kugira bakorere ahari hakenewe abamamaji kuruta. Naho twabakumbura cane, twarahimbarwa n’uko bariko bakoresha ubuzima bwabo mu murimo w’igihe cose. Twe n’umukenyezi wanje twaciye dusubira gutangura ubutsimvyi, bituma twinovora utundi duteka. Twarakoreye mu muzunguruko ndi umusubirizi w’umucungezi, ndashingwa n’ibikorwa bijanye n’amahwaniro.

Imbere yo kwimukira muri Tennessee, abo bakobwa bacu babanje kuja gutembera ku biro vy’ishami vy’i Londres mu Bwongereza. Ico gihe Stephany yari afise imyaka 19. Yarahamenyaniye n’umusore w’Umunyabeteli yitwa Paul Norton. Igihe basubirayo, Kimberly na we yaramenyanye na Brian Llewellyn, akaba yakorana na Paul. Stephany yahavuye yubakana na Paul, mugabo amaze gukwiza imyaka 23. Mu mwaka wakurikiye, Kimberly yarubakanye na Brian, akaba yari akwije imyaka 25. Urumva rero ko batenyenye gushika bakwije n’imiburiburi imyaka 23. Ntiworaba ukuntu twashimye cane ingene umwe wese muri bo yahisemwo neza uwo bazokwubakana.

Turi kumwe na Paul na Stephany hamwe na Kimberly na Brian ku biro vy’ishami vyo muri Malawi mu 2002

Abo bakobwa bacu batubwiye ko akarorero twe na ba sekuru twabahaye, kabafashije gukurikiza ibwirizwa rya Yezu ryo ‘kubanza kurondera Ubwami,’ no mu gihe ivy’ubutunzi wasanga bitifashe neza. (Mat. 6:33) Muri Ndamukiza 1998, Paul na Stephany baratumiwe kw’Ishure rya Gileyadi rigira 105, mu nyuma baca barungikwa mu gihugu ca Malawi muri Afrika. Ico gihe nyene, Brian na Kimberly baratewe agateka ko gukorera kuri Beteli y’i Londres, mu nyuma bimurirwa kuri Beteli yo muri Malawi. Twararengewe n’umunezero, kuko ata kindi kintu abakiri bato bokora mu buzima coza kiruta ico.

 AKANDI GATEKA GATEYE UMUNEZERO

Muri Nzero 2001, ni ho nitaba ya telefone navuga mu ntango. Umuvukanyi Marais, umuhagarikizi w’Urwego rujejwe gufasha abahinduzi, yambwiye ko hariko haratunganywa ivy’uko abahinduzi bo kw’isi yose baronswa ivyigwa bibafasha gutahura icongereza. Naho nari mfise imyaka 64, bashaka ko noja kumenyerezwa kugira mbe mu bazovyigisha. Twe n’umukenyezi wanje twarasenze ku bw’ico kintu twongera turakiganira na ba mawe, kugira twumve ico boduhanura. Bompi baduhanuye kugenda, naho nyene bari bisaziye, bakeneye ko tubaba hafi. Naciye nterefona umuvukanyi Marais, ndamubwira ko tutogisha ako gateka kadasanzwe.

Mawe baciye bamutora kanseri. Naciye ndamubwira ko duhevye kugenda kugira dufashanye na mushikanje Linda kumwitwararika. Mawe yambwiye ati: “Muguma ng’aha mukora iki? Ahubwo mutagiye, vyotuma ndushiriza kumererwa nabi.” Linda na we nyene yaramushigikiye. Ese ukuntu twakengurutse agatima ko kwiyanka bagaragaje be n’ukuntu abagenzi bo muri ako karere bemeye kuhatubera! Twaciye tuja mu Kigo ntanganyigisho c’i Patterson. Bukeye bwaho, Linda yaraduterefonye atubwira ko mawe yapfuye. Nk’uko rero yari yabituremesheje, twarituniye ku gikorwa cari catujanye.

Twararengewe n’umunezero baturungitse kw’ishami ryo muri Malawi, aho ba bakobwa n’abakwe bacu bari basanzwe bakorera. Emwe, twaza twasubira guhura! Mu nyuma twararungitswe kwigisha muri Zimbabwe, hanyuma muri Zambiya. Inyuma y’imyaka itatu n’igice, twasabwe gusubira muri Malawi kwandika ivyashikiye Ivyabona vya Yehova bahamwe bahorwa ko batagira aho bahengamiye mu vya politike. *

Turi mu ndimiro n’abuzukuru bacu

Mu 2005, twarongeye kugira ikigumbagumba igihe twasubira i muhira i Basalt muri Kolorado, maze tubandanya ubutsimvyi. Mu 2006, Brian na Kimberly barimukiye hafi yacu kugira ngo barere udukobwa twabo tubiri Mackenzie na Elizabeth. Paul na Stephany baracari muri Malawi, Paul akaba ari mu bagize Komite y’ishami. Ubu mfise imyaka hafi 80, kandi ndahimbarwa cane no kubona abakiri bato twakoranye igihe kitari gito bashingwa amabanga nahoze ndangura. Umunezero dufise tuwukesha ahanini abatubereye uburorero bwiza, abo natwe twagerageje kwigana mu kubera akarorero keza abana n’abuzukuru bacu.

^ ing. 5 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’igikorwa c’ubumisiyonari abo mu muryango wa Steele baranguye, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1956, urupapuro rwa 275-276, be n’uwo ku wa 1 Ndamukiza 1972, urupapuro rwa 216-220.

^ ing. 30 Nk’akarorero, raba inkuru y’ubuzima ya Trophim Nsomba mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2015, rup. 14-18.