Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye

Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye

“Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye imbere y’amayeri ya Shetani.”​—EF. 6:11.

INDIRIMBO: 79, 140

1, 2. (a) Kubera iki abakiri bato bariko baratsinda urugamba rwo kurwanya ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha? (Raba ishusho itangura.) (b) Tugiye kwihweza iki?

INTUMWA Paulo yagereranije ubuzima bw’umukirisu n’ubw’umusoda ahanganye n’umwansi. Ariko ntiwumve, intambara turwana si iy’umubiri, ni iy’impwemu. Yamara rero, abansi bacu barabaho koko. Shetani n’amadayimoni ni abarwanyi karuhariwe kandi babifisemwo uburambe. Ukivyumva, vyoshobora kugutera ubwoba. Abakiri bato ni bo basa n’ababangamirwa cane. None botsinda gute ivyo binyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha biturengeye? Abakiri bato barashobora gutsinda, kandi n’ubu bariko baratahukana intsinzi! Uti kubera iki? Kubera “[babandanya] kwironsa ububasha mu Mukama.” Vyongeye, barazikenyeye ku bw’urugamba. Cokimwe n’abasoda bamenyerejwe, “[barambaye] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.”​—Soma Abanyefeso 6:10-12.

2 Igihe Paulo yakoresha ico kigereranyo, ashobora kuba yari afise mu bwenge ibirwanisho abasoda b’Abaroma bambara. (Ivyak. 28:16) Reka turabe igituma ico kigereranyo kibereye. Uraza kwumva n’ivyo  abakiri bato bamwebamwe bavuga ku bijanye n’ingorane bagize be n’ivyiza bironkeye kubera bambaye ivyo birwanisho vy’impwemu vyose.

Woba wambaye umwambaro ukwiye w’ibirwanisho?

“MUKENYEJE UKURI”

3, 4. Ni gute ukuri kwo muri Bibiliya kumeze nka wa mukaba w’umusoda w’umuroma?

3 Soma Abanyefeso 6:14. Umukaba w’umusoda w’Umuroma waba ugizwe n’utwuma tubase twamukingira mu mafyinga. Wari ugenewe kumutezurira uburemere bw’ivyuma yaba yambaye mu gikiriza, ku bitugu no ku mutwe. Imikaba imwimwe yari ifise n’utugombo dukomeye bacomekako inkota n’intambi. Igihe umusoda yaba yakenyeye umukaba wiwe ukaguma, yaca ahagarara ashikamye mu rugamba, ata bwoba.

4 Ukuri twiga mw’ijambo ry’Imana na kwo nyene kuradukingira ingeramizi zo mu vy’impwemu ziva ku nyigisho z’idini ry’ikinyoma. (Yoh. 8:31, 32; 1 Yoh. 4:1) Vyongeye, uko turushiriza gukunda ukuri kw’Imana, ni ko bitworohera kwambara “igikingirizo c’igikiriza,” ni ukuvuga kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana. (Zab. 111:7, 8; 1 Yoh. 5:3) Ikindi na co, igihe dutahura neza ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, duca duhagarara dushikamye tukariburanira imbere y’abarirwanya.​—1 Pet. 3:15.

5. Kubera iki dukwiye kuvugisha ukuri?

5 Nitwakenyeza ukuri kwo muri Bibiliya mu mafyinga, bizotuma tubaho tukwisunga kandi tukuvuga igihe cose. Kubera iki twokwirinda kuvuga ibinyoma? Kubera ko ibinyoma ari vyo ahanini Shetani yamye akoresha akaroranirwa. Ibinyoma bigirira nabi uwubivuga be n’uwuvyemera. (Yoh. 8:44) Naho rero turi abanyagasembwa, turirinda ibinyoma uko dushoboye kwose. (Ef. 4:25) Ariko ntivyama vyoroshe. Umwigeme umwe w’imyaka 18 yitwa Abigail avuga ati: “Woshobora kubona umenga ntibikenewe ko uvugisha ukuri igihe cose, canecane igihe kubesha bishobora gutuma wirinda ingorane kanaka.” Kubera iki none Abigail yihatira kwama avugisha ukuri? Avuga ati: “Iyo mvugishije ukuri nca numva mfise ijwi ryo mu mutima ryiza imbere ya Yehova. Vyongeye, abavyeyi be n’abagenzi banje baca banyizigira.” Uwitwa Victoria w’imyaka 23, avuga ati: “Iyo uvugisha ukuri ukongera ukaburanira ivyo wemera, abandi boshobora kukumerera nabi. Ariko igihe cose urironkera ivyiza biboneka: Urashira umutima mu nda, ukarushiriza kwiyegereza Yehova, kandi ukubahwa n’abagukunda.” Vy’ukuri, vyama ari vyiza kuguma “[d]ukenyeje ukuri mu mafyinga.”

Gukenyeza ukuri (Raba ingingo ya 3-5)

“UBUGOROROTSI NK’IGIKINGIRIZO C’IGIKIRIZA”

6, 7. Kubera iki ubugororotsi bugereranywa n’igikingirizo c’igikiriza?

6 Ubwoko bumwe bw’igikingirizo c’igikiriza abasoda b’Abaroma bambara mu kinjana ca mbere, bwaba bugizwe n’ivyuma bibase bigerekeranye. Ivyo vyuma wasanga vyigonze kugira ngo bifate neza ku gikiriza. Vyaba kandi bifatanirijwe ku duhimba tw’inshato hakoreshejwe utwuma dutoduto. Ibitugu vy’uwo musoda na vyo vyaba bipfutswe n’ibindi vyuma bifatanirijwe ku dushato. Ico gikingirizo hari ukuntu catuma uwo musoda atoroherwa nk’uko bisanzwe, kandi yasabwa kwama asuzuma yuko vya vyuma bifashe neza. Ariko rero caratuma inkota canke imyampi bitamutobekeranya mu mutima canke mu bindi bihimba bihambaye.

7 Mbega ingene kigereranya neza ukuntu ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova zikingira umutima wacu w’ikigereranyo! (Imig. 4:23) Umusoda ntiyashobora gufata ico gikingirizo c’icuma ngo agikabe ikindi kidakomeye. Na twebwe nyene ntitworota dufata ingingo ngenderwako za Yehova ngo tuzisubirize ivyo ubwacu  tubona ko bigororotse. Twisunze ubwenge bwacu buri n’agahaze ntitwoshobora gukingira umutima wacu. (Imig. 3:5, 6) Ahubwo nyabuna, tuguma dusuzuma ko ivyuma vy’ikigereranyo Yehova yaduhaye bifashe neza ku mutima wacu.

8. Kubera iki ari vyiza kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova?

8 Vyoba bishika ukumva ko ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse zikuremera canke zikubuza umwidegemvyo? Uwitwa Daniel w’imyaka 21, avuga ati: “Abigisha be n’abo twigana barantwenga kubera nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Vyarashitse ndamara igihe numva umenga nta co maze, nataye n’umutwe.” None yafashijwe n’iki? Avuga ati: “Nahavuye nibonera akamaro ko kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Bamwe mu bitwa abagenzi banje baratanguye kunywa ibiyayuramutwe, abandi na bo baraheba ishure. Baciye bagira ubuzima buteye agahinda. Vy’ukuri, Yehova aradukingira.” Umwigeme yitwa Madison w’imyaka 15 avuga ati: “Ntibinyorohera kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova aho kwisunga ivyo abo tungana babona ko ari vyiza.” None aca avyifatamwo gute? Agira ati: “Nca nibuka ko nitirirwa izina rya Yehova be n’uko ibigeragezo ari imyampi Shetani akoresha kugira andase. Igihe ndamunaniye, nca numva ndyohewe.”

Ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza (Raba ingingo ya 6-8)

‘IBIRENGE VYANYU VYAMBARE INKURU NZIZA Y’AMAHORO NK’INKWETO’

9-11. (a) Inkweto z’ikigereranyo abakirisu bambara ni nyabaki? (b) Ni igiki codufasha kworoherwa igihe tuvuga inkuru nziza?

9 Soma Abanyefeso 6:15. Umusoda w’Umuroma ataba yambaye inkweto, ntiyaba yiteguriye kuja ku rugamba. Izo nkweto zimeze nk’amasandali zaba zifise italo ikomeye, igizwe n’inshato zitatu zigerekeranye. Ivyo vyatuma nya talo iramba kandi ikorohereza umusoda.

10 Izo nkweto z’umusoda w’Umuroma zamufasha kuja ku rugamba. Inkweto z’ikigereranyo abakirisu bambara zozo zibafasha gushikiriza ubutumwa bw’amahoro. (Yes. 52:7; Rom. 10:15) Ariko ntiwumve, bisaba umutima rugabo kugira uvuge igihe uronse akaryo. Uwitwa Roberto w’imyaka 20 avuga ati: “Vyarantera ubwoba kubwira inkuru nziza abo twigana. Narabura aho nobihera. Iyo nsubije amaso inyuma, sinumva icatuma ngira ubwoba. Ubu ndahimbarwa no kubwira inkuru nziza abo mu runganwe.”

11 Abakiri bato benshi basanze boroherwa no gushinga intahe igihe baba biteguye neza. None wokwitegura gute? Uwitwa Julia w’imyaka 16 avuga ati: “Namana ibisohokayandikiro mw’isakoshi njana kw’ishure, kandi ndatega yompi igihe abo twigana baserura ivyo biyumvira be n’ivyo bemera. Ivyo bica bituma menya icobafasha. Igihe mba niteguye, nca ndababwira ibintu bishobora kubungura.” Uwitwa Makenzie w’imyaka 23 avuga ati: “Igihe ugaragaza umutima mwiza kandi ugatega yompi, uramenya ivyo abo mu runganwe rwawe bariko baracamwo. Nditwararika gusoma amayagwa yose yerekeye urwaruka umushumba aba yasohoye. Gutyo, nca ndaberekeza ku bivugwa muri Bibiliya canke ku rubuga rwa jw.org bishobora kubafasha.” Ego cane, igihe uba witeguriye kwamamaza ni nk’aho uba wambaye inkweto zigukwiye neza.

Ibirenge vyambaye inkuru nziza (Raba ingingo ya 9-11)

“INKINZO YAGUTSE Y’UKWIZERA”

12, 13. “Imyampi . . . yaka umuriro” imwimwe Shetani akoresha ni iyihe?

12 Soma Abanyefeso 6:16. “Inkinzo yagutse” umusoda w’Umuroma yitwaza yaba ifise imero y’urukiramende. Yaramukingira inkota, amacumu be n’imyampi vy’umwansi, kuva ku bitugu gushika ku mavi.

13 “Imyampi . . . yaka umuriro” imwimwe Shetani ashobora kukurasa ni ibinyoma ku bijanye na Yehova, yuko ngo atakubabaye kandi ko  adashobora kugukunda. Uwitwa Ida w’imyaka 19 birashika akumva umenga nta co amaze. Avuga ati: “Birashika kenshi nkabona umenga Yehova ntari hafi yanje kandi ko adashaka kumbera umugenzi.” None aca avyifatamwo gute? Avuga ati: “Amakoraniro arakomeza cane ukwizera kwanje. Narigeze kuba ngenda nkiyicarira sinkureko umunwa, kuko nibwira ko ata wari akeneye kwumva ivyo mvuga. Ariko ubu, ndategura amakoraniro kandi nkishura kabiri canke gatatu. Naho bitoroshe, iyo ndabigize ndaryoherwa cane. Vyongeye, abavukanyi barandemesha rwose. Nama mva ku makoraniro najijutse ko Yehova ankunda.”

14. Ivyashikiye Ida bitwereka iki?

14 Ivyashikiye Ida birerekana iki kintu gihambaye: Naho inkinzo y’umusoda yaba ifise ibipimo bizwi, ubunini bw’inkinzo yacu y’ukwizera bwobwo burashobora kugabanuka canke kwongerekana. Vyose bivana natwe. (Mat. 14:31; 2 Tes. 1:3) Ese rero ingene bihambaye ko dukomeza ukwizera kwacu!

Inkinzo yagutse y’ukwizera (Raba ingingo ya 12-14)

“INKOFERO Y’UBUKIRIRO”

15, 16. Ni gute icizigiro kimeze nk’inkofero?

15 Soma Abanyefeso 6:17. Inkofero umusoda w’Umuroma yambara yaramukingira imyampi bamurashe ku mutwe, kw’izosi no mu maso. Hari inkofero wasanga ifise aho bafata kugira umusoda ashobore kuyitwara mu ntoke.

16 Kurya nyene inkofero yakingira ubwonko bw’umusoda, “icizigiro c’ubukiriro” dufise kirakingira ubwenge bwacu, ari bwo bushobozi bwacu bwo kwiyumvira. (1 Tes. 5:8; Imig. 3:21) Icizigiro kiratuma tugumiza umutima ku mihango y’Imana, bigaca bidufasha kubona ingorane  mu buryo bwiza. (Zab. 27:1, 14; Ivyak. 24:15) Ariko kugira iyo “nkofero” yacu itugirire akamaro, dutegerezwa kuyambara, aho kuyitwara mu ntoke.

17, 18. (a) Shetani ashobora gute kutwosha ngo dukure inkofero yacu? (b) Twokwerekana gute ko tutaja ku mohe ya Shetani?

17 Shetani ashobora gute kutwosha ngo dukure inkofero yacu? Rimbura uko yabigenjeje kuri Yezu. Nta gukeka ko yari azi ko Yezu yari afise icizigiro co kuzohava ategeka abantu. Ariko Yezu yobwirijwe kurindira igihe Yehova yashinze kigeze. Vyongeye, yategerezwa kubanza guca mu mibabaro no kwicwa. Shetani rero yabwiye Yezu ko ashobora kumuha ubwo butegetsi ako kanya nyene. Yamubwiye ko hamwe yokwikubita imbere yiwe rimwe gusa akamusenga, yoca ubwo nyene aronka ivyo yipfuza vyose. (Luka 4:5-7) Muri ubwo buryo nyene, Shetani arazi ko Yehova azoturonsa ibintu vy’umubiri mw’isi nshasha. Ariko dutegerezwa kurindira, kandi twoshobora no kubanza guca mu ngorane. Shetani rero aragerageza kutwereka ko n’ubu dushobora kwironkera ubuzima bwiza. Ashaka ko dushira imbere ivy’umubiri, kugira twironse ivyo twipfuza vyose kandi ubu nyene. Shetani aduhimiriza kudashira Ubwami mu kibanza ca mbere.​—Mat. 6:31-33.

18 Abakiri bato benshi ntibaja ku mohe ya Shetani. Nk’akarorero, uwitwa Kiana w’imyaka 20 avuga ati: “Ndazi neza ko umuti rudende w’ingorane zose dufise ari Ubwami bw’Imana.” None ico cizigiro gikomeye kigira ico gikoze gute ku vyiyumviro n’ibikorwa vyiwe? Yongerako ati: “Kuba nizigiye Iparadizo biratuma ngumiza imigambi y’ivy’umubiri mu kibanza cayo. Sindondera vyanka bikunze kwungukira ku bubangukirwe mfise canke kuguma nduzwa ibiti ku kazi. Ahubwo nyabuna, nkoresha umwanya wanje n’inguvu zanje mu vy’impwemu.”

Inkofero y’ubukiriro (Raba ingingo ya 15-18)

“INKOTA Y’IMPWEMU,” ARI RYO JAMBO RY’IMANA

19, 20. Tworyohora gute uburyo dukoresha Ijambo ry’Imana?

19 Inkota umusoda w’Umuroma yakoresha mu gihe Paulo yandika ikete ryiwe yareha na santimetero nka 50, ikaba yakoreshwa mu kurwana imbonankubone. Kimwe mu vyatuma abasoda b’Abaroma baba abahinga mu gukoresha inkota ni uko bimenyereza ku musi ku musi.

20 Paulo avuga ko Ijambo ry’Imana ari nk’inkota Yehova yaduhaye. Ariko dutegerezwa kwiga kuyikoresha neza igihe tuburanira ivyo twemera canke igihe tubogora ivyiyumviro vyacu. (2 Kor. 10:4, 5; 2 Tim. 2:15) None woryohora gute ubuhanga bwawe? Uwitwa Sebastian w’imyaka 21 avuga ati: “Ndandika umurongo umwe mba nkuye muri buri kigabane nsoma muri Bibiliya. Nca nshira hamwe iyo mirongo inkora ku mutima. Gutyo, ndarushiriza guhuza ivyiyumviro vyanje n’ivya Yehova.” Umwe Daniel twavuga, na we agira ati: “Igihe nsoma Bibiliya, ndacagura imirongo mbona ko ishobora gufasha abantu duhura mu ndimiro. Nasanze bavyakira neza igihe babonye ko wiyumvamwo Bibiliya be n’uko ukora uko ushoboye kugira ubafashe.”

Inkota y’impwemu (Raba ingingo ya 19-20)

21. Kubera iki atari ngombwa ngo Shetani n’amadayimoni badutere ubwoba?

21 Nk’uko abakiri bato bavuzwe muri iki kiganiro bavyerekanye, si ngombwa ngo Shetani n’amadayimoni badutere ubwoba. Naho bakomeye, turashobora kubatsinda. Vyongeye, bazokurwaho. Vuba, mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, bazobohwa ku buryo ata co bazoba bagishoboye gukora, mu nyuma na ho batikizwe. (Ivyah. 20:1-3, 7-10) Turazi umwansi wacu, amayeri yiwe n’imigambi yiwe. Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kumurwanya dushikamye!