INKURU Y’UBUZIMA

Ukumenyerezwa kudasanzwe naronse kwaratumye nshurika

Ukumenyerezwa kudasanzwe naronse kwaratumye nshurika

HARI mu gicugu, tukaba twari ku nkengera y’Uruzi Niger rw’imetero nka 1.600 z’ubwaguke rwariko rurasuriranya. Intambara yariko irabica bigacika muri Nijeriya ku buryo kujabuka urwo ruzi kwari nko kwiyahura. Yamara twabwirizwa kurujabuka kenshi. None vyagenze gute ngo nshike muri Nijeriya? Reka mbanze ndabiganire ivyabaye imbere y’uko mvuka.

Mu 1913, dawe John Mills yarabatijwe i New York City afise imyaka 25. Umuvukanyi Russel ni we yatanze insiguro y’ibatisimu. Bidatevye, dawe yaragiye muri Trinité maze yubakana na Constance Farmer, Umutohoji wa Bibiliya w’umunyamwete. Dawe yarafashije umugenzi wiwe William Brown * kwerekana rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.” Barabikoze gushika Brown n’umukenyezi wiwe barungitswe muri Afrika y’uburengero mu 1923. Dawe na mawe bagumye bakorera muri Trinité kandi bompi bari bafise icizigiro c’ijuru.

ABAVYEYI BACU BARADUKUNDA CANE

Abavyeyi bacu bari bafise abana icenda. Imfura bayise Rutherford, izina ry’uwari prezida wa Watch Tower. Igihe nanje navuka ku wa 30 Kigarama 1922, banyise Woodworth, izina ry’umuvukanyi yari ajejwe gutunganya ibiganiro vyasohorwa mu kinyamakuru Ikiringo c’agakura (ubu citwa Be maso!). Abavyeyi bacu baradufashije twese kwiga amashure y’ishimikiro, ariko baturemesha cane kwishingira imigambi y’ivy’impwemu. Mawe yari afise ububangukirwe budasanzwe bwo gusigura Ivyanditswe mu buryo bujijura. Dawe yarakunda kutubwira inkuru zo muri Bibiliya, agakoresha cane ibimenyetso vy’umubiri kugira atume dusa n’ababona mu bwenge izo nkuru.

Utwigoro twabo twaravuyemwo ivyiza. Batatu muri twebwe abahungu batanu twaritavye Ishure rya Gileyadi. Batatu muri bashiki bacu barakoze ubutsimvyi imyaka myinshi mu mazinga ya Trinité na Tobago. Biciye ku nyigisho be n’akarorero keza abavyeyi bacu baduhaye, baratubaditse “mu nzu ya Yehova.” Indemesho zabo zaradufashije kugumayo maze turashurika “mu bigo vy’Imana yacu.”​—Zab. 92:13.

Igikorwa co kwamamaza catunganirizwa muhira iwacu. Abatsimvyi barahahurira kandi akenshi baravuga ibijanye n’umuvukanyi George Young, umumisiyonari w’Umunyakanada yari yaragendeye izinga rya Trinité. Abavyeyi bacu baravuga bahimbawe ibijanye na Brown n’umukenyezi wiwe, bamwe bari bahoze bakorana. Ivyo vyose vyatumye ntangura kwamamaza mfise imyaka cumi.

IVYO NAKOZE NKIRI MUTO

Ico gihe ibinyamakuru vyacu vyarashira ku kabarore idini ry’ikinyoma, urudandaza rw’umwina be n’abanyapolitike b’ingunge. Ivyo vyatumye mu 1936 abakuru b’amadini bosha leta, ica irabuza ibitabu vyacu vyose. Twarabinyegeje mugabo turabandanya kubikoresha gushika ivyo twari dufise birangiye. Twaragira amadefile yo kwamamaza tugenda n’amaguru canke ku makinga, tugakoresha udupapuro tw’ubutumire n’ivyapa. Twarifatanya n’umugwi wakoresha imodoka isamiriza amajwi wo mu gisagara ca Tunapuna, tukamamaza no mu turere twa kure rwose two muri Trinité. Vyari bihimbaye cane, kandi vyatumye mbatizwa mfise imyaka 16.

Wa mugwi w’i Tunapuna wakoresha imodoka isamiriza amajwi

Ukumenyerezwa naronkeye mu muryango be n’ivyo niboneye nkiri muto vyatumye nipfuza kuba umumisiyonari. Ico cipfuzo narakigumanye n’igihe naja mw’izinga rya Aruba mu 1944 gukorana n’umuvukanyi Edmund Cummings. Twarahimbawe no kuronka abantu cumi bitaba Icibutso mu 1945. Mu mwaka wakurikiye, ishengero rya mbere ryarashinzwe muri iryo zinga.

Kuva aho tubaniye na Oris, nararushirije kuroranirwa

Bidatevye, narabwiye inkuru nziza akaryo kizanye umwigeme twakorana yitwa Oris Williams. Yarakoze ibishoboka vyose kugira aburanire ivyo yemera. Ariko biciye ku kwiga Bibiliya, yaramenye ico Ijambo ry’Imana ryigisha vy’ukuri maze arabatizwa ku wa 5 Nzero 1947. Twahavuye dukundana hanyuma turubakana. Yatanguye ubutsimvyi muri Munyonyo 1950. Kuva aho tubaniye na Oris, nararushirije gushurika.

IGIKORWA GIHIMBAYE TWARANGURIYE MURI NIJERIYA

Mu 1955 twaratumiwe mw’Ishure rya Gileyadi. Mu kwitegura, twarahevye ubuzi bwacu, turagurisha inzu yacu n’ivyo twari dutunze maze turava mw’izinga rya Aruba. Ku wa 29 Mukakaro 1956, twararonse impapuro z’umutsindo mu mugwi ugira 27 duca turungikwa muri Nijeriya.

Turi kumwe n’umuryango wa Beteli mu 1957 i Lagos muri Nijeriya

Oris asubije amaso inyuma, yavuze ati: “Impwemu ya Yehova irafasha umuntu kuvyifatamwo neza mu ngorane zishikira abamisiyonari. Umunega wanje yarakunda ubumisiyonari ariko jewe sinabukunda. Nashaka gushinga urugo, nkibaruka ibibondo. Nagiye guhindura ivyiyumviro mbonye ukuntu kwamamaza vyihutirwa. Dusohotse Ishure rya Gileyadi, nari niyemeje rwose kwamamaza ndi umumisiyonari. Igihe twurira ubwato bwitwa Queen Mary, umuvukanyi Worth Thornton wo mu biro vy’umuvukanyi Knorr yaraje kutwipfuriza urugendo rwiza. Yatubwiye yuko tuzokorera muri Beteli. Nibwiye nti: ‘Oya n’ukuri!’ Ariko sinatevye kumenyera Beteli no kuyikunda, nkaba narahakoreye ibikorwa bitandukanye. Ico nakunze cane kwari ugukorera kw’iyakiriro. Ndakunda abantu kandi ico gikorwa caratuma mbonana kenshi n’abavukanyi bo muri Nijeriya. Benshi bashika ivumbi yabarenze, barushe, banyotewe canke bashonje. Narahimbarwa cane ndabavunye inzara canke inyota nkongera ngatuma bumva baruhuriwe. Ivyo vyose wari umurimo mweranda ndangurira Yehova, kandi vyaratuma mpimbarwa cane.” Emwe, igikorwa twashingwa cose caratuma dusagamba.

Mu 1961, uko tugize umuryango twarahuriye muri Trinité maze umuvukanyi Brown aratwiganira bimwe mu bintu bihimbaye yiboneye muri Afrika. Nanje naciye ndabiganira ingene twariko turasagamba muri Nijeriya. Umuvukanyi Brown yaramfashe ku bitugu maze abwira dawe ati: “Johnny, naho utarigera ushika muri Afrika, Woodworth yarahishikiye.” Dawe yaciye ambwira ati: “Komera Worth, komera kw’ibanga!” Izo ndemesho nahawe n’inararibonye zarakomeje icipfuzo canje co kurangura umurimo bimwe bishitse.

William “Bibiliya” Brown n’umugore wiwe Antonia, baraturemesheje cane

Mu 1962, naratewe agateka ko kuronka ukumenyerezwa kwiyongereye mu mugwi ugira 37 w’Ishure rya Gileyadi. Ivyigwa vyamaze amezi cumi. Umuvukanyi Wilfred Gooch, akaba yari umuhagarikizi w’ishami rya Nijeriya, yitavye umugwi ugira 38 aca arungikwa mu Bwongereza. Ni jewe naciye ngenwa kumusubirira. Nariganye akarorero k’umuvukanyi Brown, ndagira ingendo nyinshi, maze ndamenyana n’abavukanyi bo muri Nijeriya nongera ndabakunda. Naho batari bafise ibintu usanga nka bose bafise mu bihugu bitunze, bagumana umunezero kandi bakabumbwa n’ivyo bafise. Ivyo vyaranyeretse ko ubuzima nyabwo butava ku mahera canke ku matungo. Uravye ukuntu bari bakenye, vyari bihimbaye kubabona ku makoraniro basukuye, bashajije kandi biyubashe. Ku mahwaniro barasegenyuka, benshi bakaza mu makamyo no mu mabisi yaho bita bolekaja. * Akenshi ayo mabisi yaba yanditseko ivyivugo bishimishije. Hari kimwe cavuga ngo “Amama y’amazi ni yo avamwo ibahari.”

Emwe ico civugo ntikibesha! Akigoro k’umwumwe wese karagira ico gaterereye, kandi na twebwe twarashizemwo akacu. Mu 1974, muri Nijeriya hari abamamaji barenga 100.000. Ni co gihugu ca mbere cashikiriye ico gitigiri uretse Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igikorwa cari casagamvye pe!

Naho muri Nijeriya habaye iryo terambere, intambara yarabiciye biracika kuva mu 1967 gushika mu 1970. Abavukanyi bo mu gice ca Biafra kiri hakurya y’Uruzi Niger baramaze amezi atari make badashobora guhanahana amakuru n’ibiro vy’ishami. Twabwirizwa rero kubashira ibifungurwa vyo mu vy’impwemu. Nk’uko nabivuze mu ntangamarara, twarajabutse urwo ruzi kenshi, tubanje gusenga no kwizigira Yehova.

Sinzokwibagira izo ngendo zarimwo akaga twagira tukajabuka Uruzi Niger, naho twashobora kwicwa n’abasoda b’ibirara, indwara canke izindi mpanuka. Kurengana abasoda ba leta vyari bigoye, ariko guca mu karere ko hakurya karimwo abaroberi vyovyo vyari ibindibindi. Umusi umwe mw’ijoro, narajabutse Uruzi Niger ruriko rurasuriranya ndi mu kato kankuye i Asaba kanshikana Onitsha, nca ndagenda kuremesha abavukanyi baja imbere abandi b’i Enugu. Ikindi gihe nagiye kuremesha abakurambere b’i Aba, aho vyari bibujijwe kwatsa amatara mw’ijoro. Mu gisagara ca Port Harcourt hoho twabwirijwe guhagarika inama yacu, kuko abasoda ba leta bari binjiye mu karere ka Biafra ko hafi y’ico gisagara kari kiganziwe n’abaroberi.

Izo nama zarafashije cane abavukanyi bacu kubona ko Yehova abitwararika, bararonka n’impanuro bari bakeneye zo kutagira aho bahengamiye no kuguma bunze ubumwe. Abavukanyi bo muri Nijeriya baravyifashemwo neza muri ayo matati. Urukundo rwabo rwaratumye barengera urwanko rushingiye ku moko, baguma bunze ubumwe. Ese ukuntu kari agateka kubaba hafi muri ico gihe kitari kitoroshe!

Mu 1969, umuvukanyi Milton Henschel ni we yari ahagarikiye ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Amahoro kw’isi” ryabereye ku kibuga ca Yankee Stadium i New York. Narahigiye vyinshi kuko nari umufasha wiwe. Ico kintu cabaye hageze kuko mu 1970 twaciye tugira ihwaniro mpuzamakungu i Lagos muri Nijeriya ryataziriwe ngo “Abantu Imana ishima.” Kuba vyaragenze neza twabikesheje Yehova, narirya intambara ari ho yari ikirangira. Cari ikintu kidasanzwe kuko ryabaye mu ndimi 17, ryitabwa n’abantu 121.128. Umuvukanyi Knorr na Henschel be n’abandi bashitsi bari bavuye muri Amerika no mu Bwongereza bariboneye umugwi w’abantu benshi babatirijwe rimwe ari bwo bwa mbere kuva kuri Pantekoti, ni ukuvuga abantu 3.775. Mu buzima, nshobora kuba ntigeze ngira ibikorwa vyinshi nk’ivyo nagize mu gufasha gutunganya iryo hwaniro. Igitigiri c’abamamaji mu kuduga cirashe bwampi.

Ihwaniro mpuzamakungu “Abantu Imana ishima” ryitabwe n’abantu 121.128 bavuga indimi 17, ushizemwo urwitwa Ibo

Mu myaka irenga 30 twamaze muri Nijeriya, vyarashika ngasukura ndi umucungezi w’ingenzi canke umucungezi wa zone muri Afrika y’uburengero. Urazi ukuntu wasanga abamisiyonari bakenguruka kuba baritwararikwa kandi bakaremeshwa umwumwe ku giti ciwe! Vyari bihimbaye cane kubakura amazinda ko batirengagizwa. Ico gikorwa caranyigishije ko kwitwararika umuntu bituma ashikama maze bigatuma ishirahamwe rya Yehova rikomera kandi rikunga ubumwe.

Kuba twarashoboye kwihanganira ingorane zatewe n’intambara be n’indwara twabikesheje Yehova. Yehova yagumye aduhezagira. Oris yavuze ati:

“Twempi twararwaye malariya akatari gake. Igihe kimwe Worth bamujanye mu bitaro yaravye. Bambwiye ko ataza kuhakura agatwe, ariko yararokotse. Igihe yarabuka, yarabwiye ibijanye n’Ubwami bw’Imana umuforoma yitwa Nwambiwe yariko aramukurikirana. Mu nyuma narajanye na Worth kumugendera kugira dutsimbataze ugushimishwa kwiwe. Yaremeye ukuri, kandi yahavuye aba umukurambere i Aba. Na jewe narafashije benshi bariyegurira Yehova, harimwo n’abisilamu b’imena. Twarahimbawe cane no kuba twaramenye twongera turakunda abantu bo muri Nijeriya, imico n’imigenzo yabo be n’ururimi rwabo.”

Ng’iki ikindi cigwa twahigiye: Kugira turoranirwe mu gikorwa twaranguriye mu mahanga, twarize gukunda abavukanyi baho, naho imico yabo yaba itandukanye gute n’iyacu.

DUSHINGWA IBIKORWA BISHASHA

Inyuma y’ugukorera muri Beteli ya Nijeriya, mu 1987 twarungitswe kuba abamisiyonari mw’izinga riteye igomwe rya Sainte-Lucie riri mu mazinga ya Karayibe. Naho vyari bihimbaye gukorerayo, twarahuye n’izindi ngorane. Muri Afrika, wasanga umugabo afise abagore benshi. I Sainte-Lucie hoho wasanga umugabo n’umugore bibanira batanditswe. Yamara ububasha bw’Ijambo ry’Imana bwaratumye benshi mu bo twigisha Bibiliya bagira ivyo bahinduye.

Narakunda cane Oris mu myaka 68 yose twamaranye

Kubera ubusaza, utuguvu twagiye turaduherana. Mu 2005, Inama Nyobozi yaciye itwimurira ku cicaro gikuru i Brooklyn muri Amerika. Ndacashimira Yehova buri musi kuba nararonse Oris. Yaratwawe na wa mwansi rupfu mu 2015, kandi ukuntu ndamukumbura ntivyovugwa. Yarambereye umugenzi mwiza igitangaza n’umukenyezi nakunda na we akankundira. Naramukunda cane mu myaka 68 yose twamaranye. Akabanga ko kuronka agahimbare, haba mu rugo canke mw’ishengero, twasanze ari ukwubaha ubukuru, kubabarirana ata gahigihigi, kwicisha bugufi no kugaragaza icamwa c’impwemu.

Igihe twaba ducitse intege, twaritura Yehova ngo adufashe kubandanya tumukorera tudahemuka. Kubera ko twabandanije kubogorwa, twariboneye ingene ibintu vyaguma birushiriza kuryohorwa igihe cose, kandi akari inyuma karahinda!​—Yes. 60:17; 2 Kor. 13:11.

Muri Trinité-et-Tobago, Yehova yarahezagiye igikorwa abavyeyi banje be n’abandi baranguye, ku buryo raporo ya vuba yerekana ko abantu 9.892 baje mu kuri. Muri Aruba na ho benshi baritanze barakomeza rya shengero nahozemwo. Ubu hari amashengero 14 ateye imbere. Muri Nijeriya hoho, igitigiri c’abamamaji carongerekanye gishika kw’isinzi ry’abantu 381.398. Mw’izinga rya Sainte-Lucie na ho abashika 783 bariko baramamaza Ubwami bwa Yehova.

Ubu ndarenza imyaka 90. Ku bijanye n’abatewe mu nzu ya Yehova, Zaburi 92:14 ivuga iti: “Bazoba bagitagarara no mu gihe bazoba bari n’imvi ku mutwe, bazoguma badoshe, batotahaye.” Ndakenguruka cane ubuzima nagize mu murimo wa Yehova. Ukumenyerezwa kudasanzwe naronse kwaratumye nkorera Yehova bimwe bishitse. Urukundo rudahemuka rwa Yehova rwaramfashije ‘gushurika mu bigo vy’Imana yanje.’​—Zab. 92:13.

^ ing. 5 Raba inkuru y’ubuzima ya William Brown mu Gitabu c’umwaka 2014 ku rupapuro rwa 100-101, ivuga ngo “Bamwita ngo Bibiliya Brown.”

^ ing. 18 Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Mukakaro 1972, rup. 24-26.