Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 IKIGANIRO C’UKWIGA 25

Niwiheke kuri Yehova igihe uri mu maganya

Niwiheke kuri Yehova igihe uri mu maganya

“Sinari mbuze amaganya, canke ngo mbure inkomanzi, eka sinari nduhutse.”​—YOBU 3:26.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

INCAMAKE *

1. Kubera iki dukwiye kwumvira ingabisho Yezu yatanze?

KU BIJANYE n’imisi y’iherezo, Yezu yatugabishije ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa . . . n’amaganya y’ubuzima,” ni ukuvuga amaganya ajanye n’icotubeshaho canke imyitwarariko ya buri musi. (Luka 21:34) Turakwiye kwumvira iyo ngabisho. Uti kubera iki? Muri iki gihe, turashikirwa n’ingorane zitesha umutwe cokimwe n’abandi bose.

2. Ni ingorane zitesha umutwe izihe zishikira abavukanyi bacu?

2 Rimwe na rimwe, turashikirwa n’ingorane zitesha umutwe kandi z’urutavanako. Raba uburorero bukurikira. Icabona umwe yitwa John * arwaye indwara ifatira mu bwonko (sclérose en plaques). Yararengewe n’umubabaro igihe umugore wiwe bari bamaranye imyaka 19 yamuta, mu nyuma abakobwa biwe babiri na bo baraheba gukorera Yehova. Uwitwa Bob n’umugore wiwe Linda bobo bagize ingorane zitandukanye n’izo. Bose barakuwe mu kazi, bica biba ngombwa ko bava mu nzu babamwo. N’icaje gisongera isibe, Linda bahavuye bamutora indwara y’umutima ikomeye yobwirijwe kumuhitana, ararwara n’iyindi ndwara yatuma abasoda b’umubiri bataba bagikora neza.

3. Twisunze Abafilipi 4:6, 7, ni igiki tuzi neza?

3 Turazi neza ko Umuremyi akaba n’Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova atahura ingene tumererwa iyo turi mu maganya. Vyongeye, aripfuza kudufasha kwihanganira ingorane zidushikira. (Soma Abafilipi 4:6, 7.) Ijambo ry’Imana ririmwo inkuru nyinshi zigana ingene abasavyi bayo bashikiwe n’ingorane. Riratwereka kandi ingene Yehova yabafashije  kuzihanganira. Reka twihweze uburorero bukeya.

“ELIYA YARI UMUNTU YIYUMVA NK’UKO TWIYUMVA”

4. Ni ingorane izihe zashikiye Eliya, kandi yabona gute Yehova?

4 Eliya yakoreye Yehova mu bihe bigoye kandi yarashikiwe n’ingorane zikomeye. Umwe mu bami babi baganje Isirayeli ari we Ahabu yarubakanye na Yezebeli, umugore w’inkozi y’ikibi yasenga Bayali. Ahabu na Yezebeli barujuje mu gihugu ivyo gusenga Bayali bongera barica abahanuzi benshi ba Yehova. Eliya we yaracitse kw’icumu. Kubera ko yihetse kuri Yehova, yaranarokotse ikigoyi catema kigatongora. (1 Abm. 17:2-4, 14-16) N’ikindi kandi, Eliya yarihetse kuri Yehova igihe yamaramaza abasenga Bayali n’abahanuzi bayo. Yararemesheje Abisirayeli gukorera Yehova. (1 Abm. 18:21-24, 36-38) Eliya yari afise ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko Yehova yari amushigikiye muri ivyo bihe bitoroshe.

Yehova yararungitse umumarayika ngo afashe Eliya kugarura udutege (Raba ingingo ya 5-6) *

5-6. Twisunze 1 Abami 19:1-4, Eliya yumvise amerewe gute, kandi Yehova yamweretse gute ko amukunda?

5 Soma 1 Abami 19:1-4. Eliya yaragize ubwoba igihe Umwamikazi Yezebeli yariko arondera kumwica. Yaciye ahungira i Beyeri-sheba. Yari yacitse intege cane ku buryo “atangura gusaba ko yokwipfira.” None ni igiki catumye acika intege gutyo? Eliya ntiyari atunganye. “Yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Ashobora kuba yari yarengewe n’amaganya hamwe  n’uburuhe. Biboneka ko Eliya yiyumviriye yuko utwigoro twose yagize ngo aremeshe abantu gusenga Yehova twabaye impfagusa, ko Abisirayeli batigeze bigarura be n’uko ari we musavyi wa Yehova wenyene yari asigaye. (1 Abm. 18:3, 4, 13; 19:10, 14) Hari aho twotangazwa n’ingene uwo muhanuzi w’intahemuka yumvise amerewe. Ariko Yehova wewe yaramutahuye.

6 Yehova ntiyakariye Eliya amuhora ko aseruye ingene yiyumva. Ahubwo yaramufashije kugarura udutege. (1 Abm. 19:5-7) Mu nyuma, Yehova abigiranye umutima mwiza yarafashije Eliya guhindura ivyiyumviro mu kumwereka ububasha bwiwe buteye akoba. Yaciye amumenyesha ko muri Isirayeli hari hakiriho abantu 7.000 banse gusenga Bayali. (1 Abm. 19:11-18) Gutyo, Yehova yareretse Eliya ko amukunda.

INGENE YEHOVA ADUFASHA

7. Kuba Yehova yarafashije Eliya bidukura amazinda ku biki?

7 Woba uriko urahangana n’ibintu bitesha umutwe? Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova yatahuye ingene Eliya yiyumva! Bica bidukura amazinda ko atahura n’ingorane zacu. Arazi ko hari ivyo tudashoboye, akamenya ivyo twiyumvira n’ukuntu twiyumva. (Zab. 103:14; 139:3, 4) Nitwigana Eliya mu kwiheka kuri Yehova, azodufasha kwihanganira ingorane zidutera amaganya.​—Zab. 55:22.

8. Yehova agufasha gute kwihanganira amaganya?

8 Amaganya arashobora gutuma wiyumvira ko ingorane urimwo zitazokwigera zihera, bigatuma ucika intege. Ivyo nivyagushikira, uribuka ko Yehova ashobora kugufasha kuyihanganira. None agufasha gute? Agusaba ngo umubwire ingorane ufise n’ukuntu wiyumva. N’ikindi kandi, arumva ugutakamba kwawe. (Zab. 5:3; 1 Pet. 5:7) Niwame rero ubwira Yehova mw’isengesho ingorane ufise. Ntakuvugisha imbonankubone nk’uko yabigize kuri Eliya, ariko akuyagira abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe. Inkuru zo muri Bibiliya zirashobora gutuma urema ukagira n’icizigiro. Abo musangiye ukwizera na bo nyene barashobora kukuremesha.​—Rom. 15:4; Heb. 10:24, 25.

9. Umugenzi twizigiye ashobora gute kudufasha?

9 Yehova yabwiye Eliya ngo azeze Elisha amwamwe mu mabanga yiwe. Gutyo Yehova yari ahaye Eliya umugenzi mwiza yomufashije kwihangana bishitse agacika intege. Na twebwe igihe twituye umugenzi twizigiye, arashobora kudufasha kwihanganira amaganya. (2 Abm. 2:2; Imig. 17:17) Bishitse rero ukumva umengo ntugira uwo uyagira ingorane zawe, uraca usaba Yehova agufashe kuronka umukirisu ahumuye yokuremesha.

10. Ni gute ivyashikiye Eliya bituma tugira icizigiro, kandi umuhango dusanga muri Yesaya 40:28, 29 udufasha gute?

10 Yehova yarafashije Eliya kwihanganira amaganya no kumara imyaka myinshi amukorera adahemuka. Ivyashikiye Eliya biratuma tugira icizigiro. Turashobora guca mu ngorane zikomeye zituma turuha ku mubiri no mu mutima, ariko twihetse kuri Yehova, araduha inguvu dukeneye kugira tugume tumukorera.​—Soma Yesaya 40:28, 29.

HANA, DAWIDI N’UMWANDITSI W’AMAZABURI BARIHETSE KURI YEHOVA

11-13. Amaganya yagize ingaruka izihe ku basavyi b’Imana batatu?

11 Hari abandi bantu bavugwa muri Bibiliya bagize amaganya menshi. Nk’akarorero,  Hana yarihanganiye ibimaramare vyo kuba ata mwana yari afise, arihanganira n’agacokoro k’umukeba wiwe. (1 Sam. 1:2, 6) Hana yaratuntura cane ku buryo yarira akabura n’akayabagu.​—1 Sam. 1:7, 10.

12 Vyarashitse n’Umwami Dawidi ararengerwa n’amaganya. Zirikana ingorane zamushikiye. Yararengewe n’ukwiyagiriza kubera amakosa menshi yari yarakoze. (Zab. 40:12) Umuhungu wiwe Abusalomu yaramugararije, bikaba vyashikanye uwo muhungu ku rupfu. (2 Sam. 15:13, 14; 18:33) Vyongeye, umwe mu bagenzi somambike ba Dawidi yaramuhemukiye. (2 Sam. 16:23–17:2; Zab. 55:12-14) Menshi mu mazaburi Dawidi yanditse arerekana ingene vyashitse aracika intege be n’ukuntu yagumye yizigiye Yehova aherejeko.​—Zab. 38:5-10; 94:17-19.

Ni igiki cafashije umwanditsi w’amazaburi gusubira gukorera Yehova anezerewe? (Raba ingingo ya 13-15) *

13 Mu nyuma, hari umwanditsi w’amazaburi yatanguye kugirira agashari ababisha. Ashobora kuba yakomoka ku Mulewi Asafu, akaba yakorera “aheranda hahambaye h’Imana.” Uwo mwanditsi w’amazaburi yararengewe n’amaganya bituma atakaza umunezero kandi ntiyari akibumbwa n’ivyo yari afise. Yaratanguye no kwiyumvira ko gukorera Imana ari ukuruhira ubusa.​—Zab. 73:2-5, 7, 12-14, 16, 17, 21.

14-15. Twigira iki kuri abo bantu batatu bavugwa muri Bibiliya?

14 Abo basavyi b’Imana batatu duhejeje kubona bose barituye Yehova ngo abafashe. Baramusenze, baramuyagira intuntu bafise. Baramubwiye ata kwitinya ibintu vyabatera amaganya. N’ikindi kandi barabandanije kuja ku rusengero rwa Yehova.​—1 Sam. 1:9, 10; Zab. 55:22; 73:17; 122:1.

 15 Yehova abigiranye impuhwe yarishuye umwe wese muri bo. Hana yararonse amahoro yo mu mutima. (1 Sam. 1:18) Dawidi na we yanditse ati: “Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi, yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose.” (Zab. 34:19) Wa mwanditsi w’amazaburi na we nyene yahavuye atahura ko Yehova “[yamu]fashe ukuboko kw’iburyo” aramuyobora akoresheje impanuro iranga urukundo. Yaririmvye ati: “Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.” (Zab. 73:23, 24, 28) None twigira iki kuri abo bantu? Bizoshika tugire ingorane zikomeye, zitume turengerwa n’amaganya. Ariko turashobora kuzihanganira tuzirikanye ukuntu Yehova yafashije abandi basavyi biwe, tukamwihekako mw’isengesho kandi tukamugamburukira mu vyo adusaba vyose.​—Zab. 143:1, 4-8.

NIWIHEKE KURI YEHOVA MAZE URORANIRWE

Mu ntango mushiki wacu umwe yarigunga, ariko igihe yihatira gufasha abandi yaciye yiyumva neza (Raba ingingo ya 16-17)

16-17. (a) Kubera iki tudakwiye kwigunga? (b) Ni ibiki vyodufasha kugarura udutege?

16 Ubwo burorero butatu buratwigisha ikindi kintu gihambaye: Ntidukwiye kwitandukanya na Yehova be n’abasavyi biwe. (Imig. 18:1) Uwitwa Nancy yaragize intuntu nyinshi igihe umugabo wiwe yamuta. Avuga ati:  “Akenshi vyarashika nkumva ntashaka kubona umuntu n’umwe canke kuvugana n’umuntu n’umwe. Ariko uko narushiriza kwigunga ni ko narushiriza kugira umubabaro.” Ibintu vyarahindutse igihe Nancy yihatira gufasha abandi bari mu ngorane. Avuga ati: “Narabatega amatwi igihe baba bariko baranyiganira ingorane bafise. Narabonye ko kwitwararika ingorane zabo vyatuma ntasubira kwibuka izanje.”

17 Iyo twitavye amakoraniro y’ishengero turagarura udutege. Igihe turi ku makoraniro, tuba duhaye Yehova utundi turyo two ‘kudutabara no kuduhoza.’ (Zab. 86:17) Turi ng’aho, aradukomeza biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, kw’Ijambo ryiwe no ku basavyi biwe. Amakoraniro araturonsa akaryo ko “guhanahana indemesho.” (Rom. 1:11, 12) Uwitwa Sophia yavuze ati: “Yehova be n’abavukanyi baramfashije kwihangana. Amakoraniro yarandutira vyose. Uko ndushiriza gukora cane mu ndimiro no mw’ishengero, ni ko birushiriza kunyorohera kwihanganira ibintera amaganya n’ibimpagarika umutima.”

18. Igihe ducitse intege ni ibiki Yehova aduha?

18 Igihe ducitse intege, twokwibuka ko Yehova adusezeranira kuzokuraho ibitera amaganya be n’uko adufasha kuyihanganira muri iki gihe. Araduha icipfuzo n’ububasha bwo kunanira inyiyumvo zica intege n’umwiheburo.​—Flp. 2:13.

19. Mu Baroma 8:37-39 hadukura amazinda gute?

19 Soma Abaroma 8:37-39. Intumwa Paulo aradukura amazinda ko ata na kimwe gishobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana. None twofasha gute abo dusangiye ukwemera bariko baragwa bavyuka kugira bihanganire amaganya? Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene twokwigana Yehova mu kugaragariza impuhwe abo dusangiye ukwizera bari mu maganya no mu kubashigikira.

URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi

^ ing. 5 Amaganya arenze urugero canke y’igihe kirekire arashobora kutugirira nabi ku mubiri no ku mutima. None Yehova adufasha gute? Turaza kubona ukuntu yafashije Eliya kwihanganira amaganya. Turabona n’ubundi burorero bwo muri Bibiliya butwereka ingene twokwitura Yehova igihe turi mu maganya.

^ ing. 2 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umumarayika wa Yehova arakangura Eliya amwengenga, akamuha umukate n’amazi.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umwanditsi w’amazaburi umwe ashobora kuba yakomoka kuri Asafu arahimbawe no kwandika amazaburi be no kuririmbana n’Abalewi bagenziwe.