IKIGANIRO C’UKWIGA 10
Gukunda Yehova no kumukengurukira bizotuma ubatizwa
“Ni igiki kimbuza kubatizwa?”—IVYAK. 8:36.
URURIRIMBO RWA 37 Dukorere Yehova tutiziganya
INCAMAKE *
1-2. Twisunze Ivyakozwe 8:27-31, 35-38, ni ibiki vyatumye ya nkone y’Umunyetiyopiya ifata ingingo yo kubatizwa?
WOBA wipfuza kubatizwa ukaba umwigishwa wa Kristu? Abenshi barafashe iyo ngingo babitumwe n’urukundo be n’icipfuzo co gukenguruka. Rimbura akarorero k’umutegetsi umwe yakorera umwamikazi wa Etiyopiya.
2 Uwo mutegetsi akimara kwumva ico Ivyanditswe bivuga yaciye abatizwa ubwo nyene. (Soma Ivyakozwe 8:27-31, 35-38.) None ni ibiki vyatumye afata iyo ngingo? Biboneka ko yaha agaciro Ijambo ry’Imana, kuko igihe yari ku mukogote yariko asoma imirongo imwimwe yo mu gitabu ca Yesaya. Vyongeye, igihe Filipo yamuganiriza, uwo mugabo yaciye avyurirwa umutima wo gukenguruka ivyo Yezu yamugiriye. None ni kubera iki uwo mutegetsi yari yagiye i Yeruzalemu? Ni kubera ko yari asigaye akunda Yehova. Uti tuvyemezwa n’iki? Ni uko yari yamye i Yeruzalemu gusenga Yehova. Biboneka ko yari yaravuye mw’idini yakuriyemwo maze akifatanya n’ihanga rimwe gusa ryari ryariyeguriye Imana y’ukuri. Urwo rukundo nyene yakunda Yehova ni rwo rwamuvyuriye umutima wo gutera iyindi ntambwe ihambaye yo kubatizwa akaba umwigishwa wa Kristu.—Mat. 28:19.
3. Ni ibiki vyoshobora kubuza umuntu gutera intambwe yo kubatizwa? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Umutima wawe umeze gute?”)
3 Urukundo ukunda Yehova rurashobora gutuma utera intambwe yo kubatizwa. Ariko rero, urukundo rurashobora no kukubuza gutera iyo ntambwe. Uti gute? Raba uburorero bukeyi. Ushobora kuba ukunda cane incuti n’abagenzi mudasangiye Mat. 10:37) Canke ushobora kuba wikundira ingeso kanaka uzi ko Imana yanka, mugabo ukabona ko vyokugora kuziheba. (Zab. 97:10) Canke na ho, ushobora kuba wakuze ukunda guhimbaza imisi mikuru ijanye n’idini ry’ikinyoma, ukaba wibuka ingene vyakuryohera. Ivyo vyotuma ubona ko bitoroshe guheba iyo misi mikuru Yehova yanka. (1 Kor. 10:20, 21) Ikibazo rero kiguhanze ni uguhitamwo ico ukwiye gukunda canke uwo ukwiye gukunda kuruta vyose.
ukwizera, ku buryo wohava utinya yuko ubatijwe boca bakwanka. (UWO DUKWIYE GUKUNDA KURUTA ABANDI
4. Ni ikintu nyamukuru ikihe gikwiye gutuma ubatizwa?
4 Hariho ibintu vyiza vyinshi wokunda kandi ugakenguruka. Nk’akarorero, imbere yo kwiga n’Ivyabona vya Yehova, ushobora kuba warubaha Bibiliya. Ushobora no kuba warakunda Yezu. Vyongeye, ubu ko umaze kwiga n’Ivyabona vya Yehova, ushobora kuba ushima kwifatanya na bo. Ariko naho ivyo bintu vyose ari vyiza, kubikunda ntibica bituma wipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa. Ikintu nyamukuru gikwiye gutuma wipfuza kubatizwa, ni urukundo ukunda Yehova Imana. Igihe ukunda Yehova kuruta ibindi vyose, nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe bikubuza kumukorera. Urwo ukunda Yehova rurashobora gutuma utera intambwe yo kubatizwa, rukagufasha no kuguma uri intahemuka inyuma y’ibatisimu.
5. Ni ibibazo ibihe tuza kurimbura?
5 Yezu yavuze ko dukwiye gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubuzima bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose be n’inkomezi zacu zose. (Mrk. 12:30) None woshobora gute gukunda Yehova no kumwubaha bimwe bigera kure gutyo? Kuzirikana ku rukundo Yehova yadukunze, biratuma natwe tumukunda. (1 Yoh. 4:19) None niwatsimbataza urwo rukundo ruhambaye cane, ni ibindi bintu ibihe bizoca bikworohera gukora? *
6. Twisunze Abaroma 1:20, ni mu buryo ki ushobora kwiga ivyerekeye Yehova?
6 Niwige ivyerekeye Yehova biciye ku vyaremwe. (Soma Abaroma 1:20; Ivyah. 4:11) Nuzirikane ku kuntu ibikoko be n’ibimera Yehova yaremye bigaragaza ubukerebutsi bwiwe. Nugire ico wigiye ku kuntu umubiri wawe uhinguwe mu buryo butangaje. (Zab. 139:14) Vyongeye, nuzirikane ku bubasha Yehova yahaye izuba, na ryo rikaba ari ikinyenyeri kimwe gusa mu binyenyeri amamiliyaridi. * (Yes. 40:26) Niwabigira, uzorushiriza kwubaha Yehova. Ariko rero, kumenya ko Yehova ari Imana y’ubukerebutsi n’ububasha, ni agace gatoyi gusa k’umushinge ubucuti ufitaniye na we bwubakiyeko. Kugira ngo urwo ukunda Yehova rurushirize gukomera, urakeneye kumenya n’ibindi ku bimwerekeye.
7. Kugira ngo urushirize gukunda Yehova, ukwiye kujijuka ku biki?
7 Urakeneye kujijuka ko Yehova akwitaho ku giti cawe. Vyoba bikugora kwemera ko Umuremyi w’ijuru n’isi azi ko ubaho be n’uko akwitwararika? Nimba ari ukwo, niwibuke ko Yehova “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyak. 17:26-28) ‘Arasesa imitima yose,’ kandi nk’uko Dawidi yabibwiye Salomo, Yehova agusezeranira ko ‘niwamurondera, azoreka ukamuronka.’ (1 Ngo. 28:9) Nkako, kubona uriko uriga Bibiliya, ni icerekana yuko Yehova ‘yagukwegereye kuri we.’ (Yer. 31:3) Uko uzorushiriza gukenguruka ibintu vyose Yehova yagukoreye, ni ko uzorushiriza kumukunda.
8. Wokwerekana gute ko ukenguruka urukundo Yehova yagukunze?
8 Kimwe mu vyo wokora kugira wereke Yehova ko umukunda, ni ukumwitura mw’isengesho. Niwamubwira ibikuraje ishinga kandi ukamushimira ku bintu vyose agukorera, urukundo umukunda ruzorushiriza gukomera. Vyongeye, kwibonera ingene yishura amasengesho umutura bizotuma ubucuti ufitaniye na we bukomera. (Zab. 116:1) Uzoca ujijuka ko agutahura. Ariko kugira ngo urushirize kwiyegereza Yehova, urakeneye kumenya ingene abona ibintu. Urakwiye no kumenya ivyo akwitezeko. Uburyo bumwe rudende bushobora gutuma ubimenya, ni ukwiga Ijambo ryiwe Bibiliya.
Kwiga Bibiliya ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kwiyegereza Imana no kumenya ivyo idusaba (Raba ingingo ya 9) *
9. Wokwerekana gute ko uha agaciro Bibiliya?
9 Niwige guha agaciro Ijambo ry’Imana Bibiliya. Bibiliya ni co gitabu conyene kivuga ukuri ku vyerekeye Yehova be n’umugambi agufitiye. Werekana ko uha agaciro Bibiliya mu kuyisoma buri musi, mu gutegura icigwa muzokwiga n’uwukwigisha Bibiliya be no mu gushira mu ngiro ivyo wiga. (Zab. 119:97, 99; Yoh. 17:17) Woba ufise urutonde rwo gusoma Bibiliya? Woba urukurikiza buri musi?
10. Kimwe mu bituma Bibiliya iba iyidasanzwe ni ikihe?
10 Kimwe mu bituma Bibiliya iba iyidasanzwe ni uko irimwo inkuru zerekeye Yezu ziganwa n’abamwiboneye. Ni co gitabu conyene kivuga ivyo Yezu yagukoreye. Kwiga ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze birashobora kukuvyurira umutima wo kugiranira ubucuti na we.
11. Wokwiga gute gukunda Yehova?
11 Niwiga gukunda Yezu, urwo ukunda Yehova ruzokomera. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu agaragaza bimwe bitagira agahaze kamere za Se. (Yoh. 14:9) Uko rero uzorushiriza kumenya ivyerekeye Yezu, ni ko uzorushiriza gutahura Yehova no kumwiyegereza. Zirikana ku kuntu Yezu yagaragariza impuhwe abantu bashirwa hasi, nk’abakene, abarwaye be n’abatagira gitabara. Zirikana kandi ku mpanuro nziza aguha be n’ingene kuzisunga bituma ubuzima bwawe bumera neza.—Mat. 5:1-11; 7:24-27.
12. Gutahura ivyerekeye Yezu bishobora gutuma ukora iki?
12 Kuzirikana ku ncungu Yezu yatanze kugira ngo ibicumuro vyacu biharirwe, birashobora gutuma urushiriza kumukunda. (Mat. 20:28) Gutahura ko Yezu yitanze akagupfira, birashobora gutuma wigaya maze ukarondera kubabarirwa na Yehova. (Ivyak. 3:19, 20; 1 Yoh. 1:9) Uko uzorushiriza gukunda Yezu na Yehova, ni ko uzorushiriza kwumva ko wokwifatanya n’abandi babakunda.
13. Yehova azokuronsa iki?
13 Niwige gukunda abagize umuryango wa Yehova. Incuti mudasangiye ukwizera be n’abahoze ari abagenzi bawe, boshobora kudatahura igituma wipfuza kwiyegurira Yehova. Boshobora mbere no kukurwanya. Ariko rero Yehova azogushigikira mu kukuronsa umuryango wo mu vy’impwemu. Niwaguma wifatanije n’abagize uwo muryango, bazokugaragariza urukundo bongere bagushigikire. (Mrk. 10:29, 30; Heb. 10:24, 25) Mu nyuma, incuti zawe na zo nyene zoshobora gufata ingingo yo gusenga Yehova no kumugamburukira.—1 Pet. 2:12.
14. Twisunze 1 Yohani 5:3, ni ibiki wiboneye ku bijanye n’ingingo ngenderwako za Yehova?
14 Niwige gukunda ingingo ngenderwako za Yehova no kuzisunga. Imbere y’uko umenya Yehova, ushobora kuba wigenza uko wishakiye. Ariko ubu urabona ko ingingo ngenderwako za Yehova ari zo nziza kuruta. (Zab. 1:1-3; soma 1 Yohani 5:3.) Zirikana ku mpanuro Bibiliya iha abagabo, abagore, abavyeyi be n’abana. (Ef. 5:22–6:4) Igihe wazishira mu ngiro, vyoba vyaragize akarusho ku muryango wawe? Woba wararushirije kuba umuntu ameze neza kubera ko wakurikije impanuro Yehova atanga mu bijanye no guhitamwo neza abagenzi? Woba usigaye uri umuntu ahimbawe? (Imig. 13:20; 1 Kor. 15:33) Birashoboka ko ivyo vyose ari ko biri.
15. Wokora iki nimba wipfuza icogufasha gushira mu ngiro ivyo wiga muri Bibiliya?
15 Rimwe na rimwe, birashobora kukugora kumenya ingene woshira mu ngiro ivyo uriko uriga muri Bibiliya. Ni co gituma Yehova akoresha ishirahamwe ryiwe kugira akuronse ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, bishobora kugufasha gutahura iciza n’ikibi. (Heb. 5:13, 14) Niwabisoma kandi ukavyiga, uzokwibonera ingene bizogufasha cane. Ivyo vyoshobora gutuma wipfuza kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova.
16. Yehova yatunganije abasavyi biwe gute?
16 Niwige gukunda ishirahamwe rya Yehova no kurishigikira. Yehova yaratunganije ko abasavyi biwe bakoranirizwa mu mashengero. Yezu Umwana wiwe ni we mutwe w’ayo mashengero yose. (Ef. 1:22; 5:23) Yezu na we yaragenye umurwi mutoyi w’abagabo barobanujwe impwemu, abashinga ibanga ryo gutunganya igikorwa yipfuza ko kirangurwa muri iki gihe. Umurwi w’abo bagabo Yezu yawise “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” bakaba bitwararika cane ibanga bashinzwe ryo kukugaburira no kugukingira mu vy’impwemu. (Mat. 24:45-47) Kimwe mu vyo uwo mushumba akora kugira ngo akwiteho, ni ukwitwararika ko hagenwa abakurambere babishoboye kugira bakuyobore bongere bagukingire. (Yes. 32:1, 2; Heb. 13:17; 1 Pet. 5:2, 3) Abo bakurambere barakora bagatama ku neza yawe, bakaguhumuriza, bakongera bakagufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Ariko rero kimwe mu bintu bihambaye bagukorera, ni ukugufasha kwigisha abandi ivyerekeye Yehova.—Ef. 4:11-13.
17. Twisunze Abaroma 10:10, 13, 14, kubera iki tubwira abandi ivyerekeye Yehova?
17 Nufashe abandi kwiga gukunda Yehova. Yezu yategetse abigishwa biwe kwigisha abandi ivyerekeye Yehova. (Mat. 28:19, 20) Vyoshika umuntu agakora ico gikorwa kugira gusa akurikize itegeko. Ariko rero urwo ukunda Yehova rurushirije gukomera, uca wiyumva nk’intumwa Petero na Yohani abavuze bati: “Ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyak. 4:20) Nta cotuma ugira umunezero mwinshi nko gufasha umuntu kumenya Yehova. Iyumvire umunezero wa mwamamaji w’injili Filipo yagize igihe yafasha ya nkone y’Umunyetiyopiya kumenya ico Ivyanditswe bivuga, maze igaca ibatizwa. Wiganye Filipo mu kugamburuka itegeko Yezu yatanze ryo kwamamaza, uba werekanye ko wipfuza kuba Icabona ca Yehova. (Soma Abaroma 10:10, 13, 14.) Haba hageze rero ko wibaza nka wa Munyetiyopiya uti: “Ni igiki kimbuza kubatizwa?”—Ivyak. 8:36.
18. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?
18 Niwafata ingingo yo kubatizwa, uzoba uteye intambwe ihambaye mu buzima bwawe. Kubera ko iyo ngingo ihambaye, urakeneye kuzirikana witonze ico isaba. None ni ibiki ukwiye kumenya ku bijanye n’ibatisimu? Wokora iki imbere y’uko ubatizwa be n’inyuma yaho? Tuzoronka inyishu z’ivyo bibazo mu kiganiro gikurikira.
URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova
^ ing. 5 Hari abantu bamwebamwe usanga bakunda Yehova, mugabo bagakekeranya nimba haragera ko babatizwa ngo babe Ivyabona vya Yehova. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, iki kiganiro kirakwibutsa ibintu bimwebimwe wokora kugira utere iyo ntambwe yo kubatizwa.
^ ing. 5 Kubera ko abantu batandukanye, hari aboshima gukurikiza impanuro zivugwa muri iki kiganiro batisunze uko zikurikirana.
^ ing. 6 Ushaka ubundi burorero, raba agatabu Vyoba vyararemwe? be n’agatabu Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie.
^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu ariko arasuma, ahaye agapapuro k’inkuru nziza umwigeme ariko aradandaza.