Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Ukwizera​—Kamere idukomeza

Ukwizera​—Kamere idukomeza

UKWIZERA kuri n’ububasha ntangere. Nk’akarorero, naho Shetani yipfuza kutwica mu buryo bw’impwemu, ukwizera kuradushoboza “kuzimya imyampi yose yaka umuriro y’[uwo] mubisha.” (Ef. 6:16) Ukwizera, kuradufasha kwihanganira ingorane zimeze nk’imisozi. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mubaye mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, muzobwira uyu musozi, muti ‘Imuka uve ng’aha uje hariya,’ kandi uzokwimuka.” (Mat. 17:20) Kubera ko ukwizera kuri n’ububasha bwo kudukomeza mu vy’impwemu, vyoba vyiza turimbuye ibi bibazo: Ukwizera ni iki? Uko tumeze mu mutima bigira ico bikoze gute ku kwizera kwacu? Twokomeza gute ukwizera kwacu? Ni nde dukwiye kwizera?​—Rom. 4:3.

UKWIZERA NI IKI?

Ukwizera ntikugarukira gusa ku kwemera ivyo Bibiliya ivuga, kubera yuko n’“amadayimoni na yo [avyemera] kandi agahinda agashitsi.” (Yak. 2:19) None ukwizera ni iki?

Nka kurya twizigira ko hazokwama haba ijoro n’umurango, ni ko twizigira yuko ivyo Imana isezerana bizokwama biranguka

Bibiliya ivuga yuko ukwizera kugizwe n’imice ibiri. Uwa mbere, “ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe.” (Heb. 11:1a) Iyo ufise ukwizera, uremera udakeka ko ivyo Yehova avuga vyose ari ukuri kandi ko bizoranguka. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Nimba mwoshobora guhagarika isezerano ryanje ry’umurango n’isezerano ryanje ry’ijoro, kugira ngo umurango n’ijoro ntibize mu gihe cavyo, n’isezerano ryanje nagiranye na Dawidi umusavyi wanje rero ryoshobora guhagarikwa.” (Yer. 33:20, 21) Vyoba bishika ugatinya ko izuba ridahava riseruka canke ngo rirenge, maze bigatuma hataba ijoro n’umurango? None nimba wemera amategeko atuma haba ijoro n’umurango agatuma n’isi izunguruka izuba, woba ukwiye gukekeranya yuko Umuremyi yashinze ayo mategeko ashobora gushitsa ivyo yasezeranye? Birumvikana ko utogira amakenga!​—Yes. 55:10, 11; Mat. 5:18.

Uwa kabiri, ukwizera ni “iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.” Bivugwa ko ukwizera ari “iyerekanwa riboneka,” canke “ikimenyamenya kijijura,” c’ibintu biriho mugabo bitabonwa n’amaso yacu. (Heb. 11:1b) Uti gute? Dufate ko umwana akubajije ati: ‘Wemezwa n’iki ko umuyaga ubaho?’ Naho utarigera uwubona, wofasha umwana wawe kuzirikana ku bimenyamenya vyerekana ko ubaho: Nk’akarorero, guhumeka, ibintu bihungabanywa n’umuyaga, n’ibindi n’ibindi. Umwana amaze kubitahura, aca yemera ko hariho ibintu bibaho naho bitaboneka. Ukwizera na kwo nyene, gushingiye ku bimenyamenya biboneka.​—Rom. 1:20.

TURAKENEYE KUGIRA UMUTIMA UBEREYE

Kugira umuntu agire ukwizera, ategerezwa kubanza kwironsa “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri,” kubera ko ukwizera gushingiye ku bimenyamenya. (1 Tim. 2:4) Ariko ivyo ntibihagije. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha.” (Rom. 10:10) Umuntu ntakwiye gusa kwemera ukuri, ariko akwiye no kuguha agaciro. Ivyo bizotuma agaragaza ukwizera, ni ukuvuga akore ibihimbara Imana. (Yak. 2:20) Umuntu adaha agaciro ukuri, yoshobora no kutemera  ibimenyamenya bijijura, kubera yumira ku vyiyumviro asanganywe canke arondera kwisunga ivyipfuzo vyiwe. (2 Pet. 3:3, 4; Yuda 18) Ni co gituma mu bihe vya Bibiliya, atari bose bizeye naho biboneye ibitangaro. (Guh. 14:11; Yoh. 12:37) Abantu bafise umutima ukunda ukuri, ni bo bonyene impwemu nyeranda y’Imana ishoboza kugira ukwizera.​—Gal. 5:22; 2 Tes. 2:10, 11.

INGENE DAWIDI YARONSE UKWIZERA GUKOMEYE

Umwami Dawidi ari mu bantu bari bafise ukwizera gukomeye. (Heb. 11:32, 33) Yamara, si bose mu muryango wiwe bari bafise ukwizera nk’ukwo. Nk’akarorero, igihe kimwe mwenewabo mukuru ari we Eliyabu, yarerekanye ko atari afise ukwizera igihe yahambarira Dawidi kubera yari arajwe ishinga n’agacokoro ka Goliyati. (1 Sam. 17:26-28) Mu bisanzwe nta n’umwe avukana ukwizera, eka kandi nta n’umwe akuragwa n’abavyeyi biwe. Ukwizera rero Dawidi yari afise kwava ku bucuti bwiza yari afitaniye na Yehova.

Muri Zaburi ya 27, Dawidi arerekana ingene yaronse ukwizera gukomeye nk’ukwo. (Umurongo wa 1) Dawidi yarazirikana ivyo yaciyemwo kera be n’ingene Yehova yamufashije ku bijanye n’abansi biwe. (Umurongo wa 2, 3) Yaraha agaciro cane intunganyo Yehova yashizeho ijanye no kumusenga. (Umurongo wa 4) Dawidi yaraja kw’itaberenakulo gusenga Imana ari kumwe n’abo bari basangiye ukwemera. (Umurongo wa 6) Yama yitura Yehova mw’isengesho abigiranye ubwira. (Umurongo wa 7, 8) Vyongeye, Dawidi yaripfuza kwigishwa inzira y’Imana. (Umurongo wa 11) Ukwizera kwari guhambaye cane kuri we ku buryo yavuze ko iyo ataba agufise atari kumenya ivyari kumushikira.​—Umurongo wa 13.

INGENE WOKOMEZA UKWIZERA KWAWE

Niwigana Dawidi mu gukora ibivugwa muri Zaburi ya 27, uzogira ukwizera nk’ukwiwe. Kubera ko ukwizera gushingiye ku bumenyi butagira amakosa, uko turushiriza kwiga Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo, ni ko bitworohera kugaragaza uwo muce w’icamwa c’impwemu y’Imana. (Zab. 1:2, 3) Igihe wiyigisha, nufate umwanya wo kuzirikana. Kuzirikana ku vyo dusoma, biratuma turushiriza gukengurukira Yehova. Iyo turushirije kumukengurukira na ho, duca turushiriza kugaragaza ukwizera mu kwitaba amakoraniro y’ishengero no mu kubwira abandi ibijanye n’icizigiro cacu. (Heb. 10:23-25) Vyongeye, turagaragaza ukwizera mu kuguma ‘dusenga tutadebukirwa.’ (Luka 18:1-8) Ku bw’ivyo, ‘nusenge Yehova ubudahengeshanya’ wizigiye yuko ‘akubabara.’ (1 Tes. 5:17; 1 Pet. 5:7) Ukwizera kuratuma dukora ibibereye. Igihe dukoze ibibereye naho, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera.​—Yak. 2:22.

NIWIZERE YEZU

Ku mugoroba buca Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwizere Imana, na jewe munyizere.” (Yoh. 14:1) Turakwiye rero kwizera Yehova na  Yezu. None wokwizera Yezu gute? Reka turimbure uburyo butatu twobigira.

Kwizera Yezu bisobanura iki?

Ubwa mbere, nubone ko incungu ari ingabire Imana yaguhaye ku giti cawe. Intumwa Paulo yavuze ati: “[Mbayeho] ku bw’ukwizera kwerekeye Umwana w’Imana yankunze akanyigura.” (Gal. 2:20) Iyo wizeye Yezu, uremera uherejeko yuko incungu igufitiye akamaro, ituma uharirwa ivyaha vyawe, iguha icizigiro c’ubuzima budahera kandi ikaba n’ikimenyamenya kiruta ibindi vyose c’uko Imana igukunda. (Rom. 8:32, 38, 39; Ef. 1:7) Ivyo bizotuma utaguma wiyagiriza.​—2 Tes. 2:16, 17

Ubwa kabiri, niwiyegereze Yehova mw’isengesho wishimikije incungu ya Yezu. Biciye ku ncungu, turashobora gusenga Yehova “dufise umwidegemvyo wo kuvuga, kugira duhabwe imbabazi twongere turonke ubuntu ata wari abukwiriye kugira dutabarwe ku gihe nyaco.” (Heb. 4:15, 16; 10:19-22) Isengesho rirakomeza umwiyemezo wacu wo kunanira ibitwosha nabi.​—Luka 22:40.

Ubwa gatatu, nugamburukire Yezu. Intumwa Yohani yanditse ati: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yoh. 3:36) Urabona ko Yohani yahushanije ukwizera n’ukugambarara. Rero, ugaragaza ko wizera Yezu igihe umugamburukira. Umugamburukira mu gukurikiza “rya tegeko rya Kristu,” ni ukuvuga ivyo yigishije n’ivyo yadutegetse vyose. (Gal. 6:2) Vyongeye, ugamburukira Yezu mu gukurikiza ubuyobozi atanga biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Niwagamburukira Yezu, uzoronka inkomezi zigufasha kwihanganira ibigeragezo bimeze nk’igihuhusi.​—Luka 6:47, 48.

‘TWIYUBAKE MU KWIZERA KWACU KWERANDA RWOSE’

Igihe kimwe, hari umugabo yasemereye abwira Yezu ati: “Ndizeye! Mfasha aho mbuze ukwizera!” (Mrk. 9:24) Uwo mugabo yari afise ukwizera ku rugero kanaka, mugabo abigiranye ukwicisha bugufi, yariyemereye ko yari akeneye ukwizera kwinshi. Cokimwe n’uwo mugabo, twese hazogera igihe dukenera ukwizera kwinshi. Kandi twese turashobora gukomeza ukwizera kwacu ubu. Nk’uko twamaze kubibona, dukomeza ukwizera kwacu igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana kandi tukarizirikanako, maze bigatuma turushiriza gukengurukira Yehova. Vyongeye, ukwizera kwacu kuzorushiriza gukomera nitwakorera Yehova, tukabwira abandi icizigiro cacu, kandi tugatura amasengesho ubudahorereza, twifatanije n’abo dusangiye ukwemera. Ikiruta vyose, dukoze ivyo bintu vyose maze tukubaka ukwizera kwacu, turaronka impera iruta izindi zose, na yo akaba ari ukwigumiza mu rukundo rw’Imana.​—Yuda 20, 21.