IKIGANIRO C’UKWIGA 46

Woba uriko urabungabunga ‘inkinzo yawe yagutse y’ukwizera’?

Woba uriko urabungabunga ‘inkinzo yawe yagutse y’ukwizera’?

“Mutore inkinzo yagutse y’ukwizera.”​—EF. 6:16.

URURIRIMBO RWA 119 Dutegerezwa kugira ukwizera

INCAMAKE *

1-2. (a) Twisunze Abanyefeso 6:16, ni kubera iki dukeneye “inkinzo yagutse y’ukwizera”? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?

WOBA ufise “inkinzo yagutse y’ukwizera”? (Soma Abanyefeso 6:16.) Nta gukeka ko uyifise. Nka kurya inkinzo yagutse ikingira igice kinini c’umubiri, ukwizera kwawe kuragukingira ubuhumbu, ubukazi, n’izindi ngeso mbi zose zo muri iyi si yononekaye ziteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana.

2 Ariko rero, turi mu “misi ya nyuma,” kandi ukwizera kwacu kuzoguma kugeragezwa. (2 Tim. 3:1) None wosuzuma gute inkinzo yawe y’ukwizera kugira wiyemeze ko ikomeye? Vyongeye, wokora iki kugira ngo iyo nkinzo yawe igume ikomeye? Nimuze twihweze inyishu z’ivyo bibazo.

NUSUZUME INKINZO YAWE WITONZE

Kera abasoda bavuye ku rugamba, baritwararika gutunganya inkinzo zabo (Raba ingingo ya 3)

3. Abasoda bagirira iki inkinzo zabo, kandi kubera iki?

3 Mu bihe vya Bibiliya, akenshi abasoda baba bafise inkinzo zipfutswe n’urushato. Barazisiga amavuta kugira ngo urushato ntirwononekare no kugira ngo ibice vyazo bikozwe mu cuma ntibigwe ingese. Umusoda abonye ko inkinzo yiwe yononekaye, yaca ayitunganya kugira ngo agume yiteguriye urundi rugamba. None ako karorero kerekeye gute ukwizera kwawe?

4. Kubera iki utegerezwa gusuzuma inkinzo yawe y’ukwizera, kandi ivyo ukwiye kubigira gute?

4 Cokimwe n’abasoda ba kera, utegerezwa kwama usuzuma wongera ubungabunga inkinzo yawe y’ukwizera kugira ngo wame witeguriye urugamba. Twebwe abakirisu, turarwana intambara yo mu buryo bw’impwemu, kandi mu bansi bacu harimwo Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ef. 6:10-12) Nta wundi ashobora kukubungabungira inkinzo yawe y’ukwizera. None womenya gute yuko witeguriye guhangana n’ibigeragezo? Ubwa mbere, utegerezwa gusenga Imana kugira ngo igufashe. Mu nyuma, urakeneye gukoresha Ijambo ry’Imana mu kwisuzuma kugira ngo utahure ingene Imana ikubona. (Heb. 4:12) Bibiliya ivuga iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.” (Imig. 3:5, 6) Ufise ivyo mu muzirikanyi, ubona gute usubiye gusuzuma ingingo zimwezimwe uheruka gufata? Nk’akarorero, woba warashikiwe n’ingorane zikomeye z’ivy’amahera? Woba waciye uzirikana umuhango Yehova aduha mu Baheburayo 13:5 ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye”? Uwo muhango woba waratumye wizigira yuko Yehova yogufashije? Nimba ari ukwo, vyerekana ko uguma witwararika inkinzo yawe y’ukwizera.

5. Ni ibiki woshobora kubona hamwe wosuzuma ukwizera kwawe?

5 Hamwe wosuzuma witonze ukwizera kwawe, woshobora gutangazwa n’ivyo wobona. Woshobora kwibonako ubugoyagoye utari uzi. Nk’akarorero, hari aho wosanga ukwiganyira bidakenewe, ibinyoma be n’ugucika intege vyarahungabanije ukwizera kwawe. Nimba ivyo vyaragushikiye, wokingira gute ukwizera kwawe kugira ntihagire ikindi kintu kikwonona?

NIWIRINDE KWIGANYIRA BIDAKENEWE, IBINYOMA BE N’UGUCIKA INTEGE

6. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bibereye kuturaza ishinga?

6 Kurazwa ishinga n’ibintu ntivyama ari bibi. Nk’akarorero, birabereye ko turazwa ishinga no guhimbara Yehova na Yezu. (1 Kor. 7:32) Igihe na ho dukoze igicumuro gikomeye, turarazwa ishinga no kunagura ubucuti dufitaniye n’Imana. (Zab. 38:18) Vyongeye, turarazwa ishinga no guhimbara uwo twubakanye be no kurondera ineza y’abo mu muryango wacu hamwe n’abagize ishengero.​—1 Kor. 7:33; 2 Kor. 11:28.

7. Twisunze Imigani 29:25, kubera iki tudakwiye gutinya abantu?

7 Ariko rero, kwiganyira bidakenewe vyoshobora guhungabanya ukwizera kwacu. Nk’akarorero, twoshobora kwama twiganyira ku bijanye no kuronka ibifungurwa be n’ivyambarwa bikwiye. (Mat. 6:31, 32) Mu kurondera kugabanya ayo maganya, twoshobora guca twitunira ku kurondera ibintu vy’umubiri. Vyoshobora no gutuma tugira agatima ko gukunda amahera. Hamwe tworeka ivyo bikadushikira, ukwizera Yehova kwacu kwogoyagoya maze ubucuti dufitaniye na we bukononekara cane. (Mrk. 4:19; 1 Tim. 6:10) Uwundi mutego twogwamwo, ni ukurazwa ishinga cane no guhimbara abantu. Twoshobora gutinya ko abantu badutwenga canke baduhama aho gutinya kubabaza Yehova. Kugira ngo twirinde uwo mutego, dutegerezwa gutakambira Yehova ngo aduhe ukwizera n’umutima rugabo vyotuma dushikama.​—Soma Imigani 29:25; Luka 17:5.

(Raba ingingo ya 8) *

8. Dukwiye gukora iki igihe twumvise ibinyoma?

8 Shetani, umwe “se w’ikinyoma,” arakoresha abayoboke biwe mu gukwiragiza ibinyoma ku bijanye na Yehova be n’abavukanyi bacu. (Yoh. 8:44) Nk’akarorero, abahuni barakwiragiza ibinyoma n’amakuru agoretse ku vyerekeye ishirahamwe rya Yehova babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, ku mboneshakure no ku bindi bimenyeshamakuru. Ivyo binyoma biri mu bigize “imyampi yaka umuriro” Shetani akoresha. (Ef. 6:16) None twokora iki hagize umuhuni atubwira ibinyoma nk’ivyo? Nta kindi atari ukumwima amatwi. Uti kubera iki? Kubera ko twizera Yehova tukizigira n’abavukanyi bacu. Nkako, turirinda kuyaga n’abahuni mu buryo na bumwe. Ntitwemera ko hagira umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe vyotuma tuja mu vyo guharira na bo, ushizemwo no kugira urusaku turondera kumenya ivyo bavuga.

9. Ugucika intege bishobora kutugirako ingaruka izihe?

9 Ugucika intege kurashobora gutuma ukwizera kugoyagoya. Ego ni ko ntidushobora kurenza uruho rw’amazi ku ngorane zacu. Nkako, tugerageje kubigira kwoba ari ukutitaho ibintu. Kandi rimwe na rimwe twoshobora kwumva ko ducitse intege. Ariko rero, ntidukwiye kuguma twiyumvira ingorane zacu gusa. Ivyo vyoshobora gutuma twibagira umuhango mwiza igitangaza Yehova yadusezeraniye. (Ivyah. 21:3, 4) Ducitse intege, inkomezi zoduherana maze tugaheba gukorera Yehova. (Imig. 24:10) Mugabo si ngombwa ngo ivyo bidushikire.

10. Ivyo mushiki wacu umwe yanditse bitwereka iki?

10 Raba ingene mushiki wacu umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ariko arabungabunga ukwizera kwiwe yongera yitwararika umugabo wiwe arwaye indwara ikomeye. Mw’ikete yandikiye icicaro gikuru, yavuze ati: “Naho bishika tugata umutwe kandi tugacika intege, icizigiro dufise kirakomeye. Ndakorwa ku mutima cane n’ivyo Yehova aturonsa kugira bikomeze ukwizera kwacu kandi bituremeshe. Mu vy’ukuri, turakeneye izo mpanuro n’izo ndemesho. Biradufasha kuguma dukorera Yehova no kwihanganira ibigeragezo Shetani aduteza.” Ivyo uwo mushiki wacu yavuze biratwereka ko dushobora kurengera ibiduca intege. Uti gute? Mu kwama tubona ingorane zidushikira nk’aho ari ibigeragezo vya Shetani, tukizigira ko Yehova azotubera isoko ry’indemesho, tukongera tugakenguruka ibifungurwa vy’impwemu aturonsa.

Woba uriko urabungabunga ‘inkinzo yawe yagutse y’ukwizera’? (Raba ingingo ya 11) *

11. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza mu gusuzuma ukwizera kwacu?

11 Hoba hari ahantu ubona ko inkinzo yawe y’ukwizera ikeneye gukomezwa? Mu mezi makeyi aheze, woba waririnze kwiganyira bidakenewe? Woba warimye amatwi abahuni wongera uririnda guharira na bo ku binyoma bakwiragije? Vyongeye, woba warihanganiye ibiguca intege? Nimba ivyo vyose warabishoboye, ukwizera kwawe kurakomeye. Ariko rero, dutegerezwa kuguma turi maso kuko Shetani afise n’ibindi birwanisho akoresha mu kuturwanya. Nimuze turimbure kimwe muri vyo.

NIWIRINDE GUHAHAMIRA AMARONKO

12. Guhahamira amaronko bishobora kudushikana ku ki?

12 Guhahamira amaronko birashobora kudusamaza maze ntitwiteho inkinzo yacu y’ukwizera. Intumwa Paulo yavuze ati: “Nta muntu akora nk’umusoda aja mu vy’urucuruza vyo mu buzima, kugira ngo ashimwe n’uwamwanditse.” (2 Tim. 2:4) Mu bisanzwe, abasoda b’Abaroma ntibari bemerewe gukora urucuruza na rumwe. None ni igiki cari gushobora gushika hagize umusoda yirengagiza iryo tegeko?

13. Ni kubera iki umusoda atoja mu vy’urucuruza?

13 Sa n’uwubona iki kintu. Abasoda baramaze igitondo cose bimenyereza kurwanisha inkota zabo, mugabo hari umwe muri bo yasivye. Uwo musoda yigiriye mu gisagara gutanguza urudandazwa. Ku mugoroba, nya basoda barafata umwanya wo gusuzuma ibirwanisho vyabo, bagakarisha n’inkota zabo. Umwe yaja mu rudandazwa wewe, umwanya wiwe awumara ategura ivyo azoshora bukeye. Ariko bukeye, umwansi arabatera giturumbuka. None muri abo basoda ni nde aza guhangana neza n’umwansi gutyo agashimisha umukomanda wiwe? Vyongeye, muri iyo ntambara woshima gutonda hafi y’umusoda uwuhe muri abo? Ni uwiteguye canke umwe yasamara?

14. Twebwe abasoda ba Kristu, ni ibiki duha agaciro?

14 Cokimwe n’abasoda beza, ntidusamazwa n’ibintu vyodutesha intumbero yacu nyamukuru, na yo akaba ari ugushimisha Abakomanda bacu ari bo Yehova na Yezu. Ico kintu turagiha agaciro cane kuruta ikindi kintu cose isi ya Shetani ishobora kuduha. Turitwararika kuziganya umwanya n’inguvu dukeneye kugira ngo dukorere Yehova twongere tubungabunge inkinzo yacu y’ukwizera be n’ibindi birwanisho vyacu vyo mu buryo bw’impwemu.

15. Paulo yatanze ingabisho iyihe, kandi kubera iki?

15 Ntidukwiye kwigera dusamara. Uti kubera iki? Intumwa Paulo yaratanze ingabisho ivuga ko “abiyemeje kuba abatunzi” ‘bazohubishwa bakava ku kwizera.’ (1 Tim. 6:9, 10) Imvugo ngo ‘guhubishwa’ yerekana ko dushobora gusamazwa no kuguma turondera ibintu vy’umubiri bidakenewe. Ivyo vyotuma umutima wacu winjiramwo “ivyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bi[tu]girira nabi.” Aho guha ikibanza ivyo vyipfuzo mu mutima wacu, dukwiye nyabuna kubona ko ari ibirwanisho Shetani akoresha kugira ngo atugirire nabi.

16. Inkuru dusanga muri Mariko 10:17-22 ikwiye gutuma tuzirikana ku bibazo ibihe?

16 Dufate ko dufise uburyo bwo kugura ibintu vyinshi vy’umubiri. None twoba tugize nabi tuguze ibintu twipfuza mugabo tudakeneye vy’ukuri? Si ngombwa. Ariko rero zirikana kuri ibi bibazo: Naho twoba dushoboye kugura ikintu, twoba vy’ukuri tuzoronka umwanya n’inguvu vyo kugikoresha no kukibungabunga? Vyongeye, ibintu dutunze ntivyohava bitangura kudutwara umutima? Gushira umutima cane kuri ivyo bintu vy’umubiri ntivyohava bituma tumera nka wa musore yanka kwitabira akamo Yezu yamuteye ko kurushiriza gukorera Imana? (Soma Mariko 10:17-22.) Ese ukuntu biba vyiza kuruta tworoheje ubuzima maze tugakoresha umwanya wacu w’agaciro n’inguvu zacu mu gukora ivyo Imana igomba.

NUGUMYE INKINZO YAWE Y’UKWIZERA

17. Ni ibiki tudakwiye kwigera twibagira?

17 Ntidukwiye kwigera twibagira yuko turi mu ntambara kandi ko dutegerezwa kwama twiteguriye kuyirwana buri musi. (Ivyah. 12:17) Abavukanyi na bashiki bacu si bo badutwarira inkinzo yacu y’ukwizera. Ni twe dutegerezwa kuyifatira.

18. Kubera iki abasoda bo mu bihe vya kera bagumya inkinzo zabo?

18 Mu bihe vya kera, umusoda yahayagizwa bivuye ku butwari yagaragaza mu ntambara. Ariko rero atashe adafise inkinzo yiwe, kaba ari agatetereza. Umuhinga mu vya kahise yitwa Tasito yanditse ati: “Bishitse umusoda agatakaza inkinzo yiwe yaba yambaye ibara ridasanzwe.” Ni co gituma abasoda bitwararika kugumya inkinzo zabo.

Mushiki wacu aragumya inkinzo yiwe yagutse y’ukwizera mu gusoma Ijambo ry’Imana abijanishije n’isengesho, mu kwama yitaba amakoraniro no mu kugira uruhara mu ndimiro adahorereza (Raba ingingo ya 19)

19. Dushobora gute kugumya inkinzo yacu y’ukwizera?

19 Tugumya inkinzo yacu y’ukwizera mu kwama twitaba amakoraniro no mu kubwira abandi ivyerekeye izina rya Yehova be n’Ubwami bwiwe. (Heb. 10:23-25) Vyongeye, turasoma Ijambo ry’Imana buri musi kandi tugasenga Yehova ngo adufashe kuryisunga mu vyo dukora vyose. (2 Tim. 3:16, 17) Nitwabikora, nta kirwanisho na kimwe ca Shetani kizotugirira nabi ibihe bidahera. (Yes. 54:17) “Inkinzo [yacu] yagutse y’ukwizera” izodukingira. Tuzoshikama dufatanye mu nda n’abavukanyi bacu. Ikigeretseko, uretse ko tuzotsinda intambara turwana buri musi, tuzoterwa n’iteka ridasanzwe ryo kuja ku ruhande rwa Yezu igihe azotahukana intsinzi mu kurwanya Shetani n’abamuyoboka.​—Ivyah. 17:14; 20:10.

URURIRIMBO RWA 118 “Twongereze ukwizera”

^ ing. 5 Kera abasoda baritwaza inkinzo kugira bikingire icobagirira nabi. N’ukwizera kwacu kumeze nk’inkinzo. Kurya nyene abasoda babungabunga inkinzo zabo, ni ko na twebwe dukeneye kubungabunga ukwizera kwacu. Iki kiganiro kiratwereka ico twokora kugira ngo twiyemeze yuko ‘inkinzo yacu yagutse y’ukwizera’ imeze neza.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuryango umwe w’Ivyabona urazimije televiziyo, kubera ko haje amakuru avuga ivyerekeye abahuni bakwiragiza ibinyoma ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu nyuma, mu gihe co gusenga kwo mu muryango, serugo arakomeza ukwizera kw’abagize umuryango wiwe akoresheje icanditswe co muri Bibiliya.