Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”

Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”

“Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.”​—MRK. 10:9.

INDIRIMBO: 131, 132

1, 2. Mu Baheburayo 13:4 haduhimiriza kugira iki?

WOBA wubaha Yehova? Nta gukeka ko umwubaha! Birabereye ko umwubaha kandi na we asezerana kugutera iteka. (1 Sam. 2:30; Imig. 3:9; Ivyah. 4:11) Vyongeye, yipfuza ko wubaha abandi, nk’akarorero abategetsi mu vy’intwaro. (Rom. 12:10; 13:7) Ariko rero hariho ikindi kintu ukwiye kwubaha bimwe bidasanzwe. Ico na co ni umubano w’abubatse.

2 Intumwa Paulo yanditse ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.” (Heb. 13:4) Ng’aho Paulo ntiyariko avuga ikintu gisanzwe. Ahubwo riho, yariko ategeka canke ahimiriza abakirisu kwubaha umubano w’abubatse, bakawubona ko ari uw’agaciro. Nimba wubatse, ukwo kwoba ari ko ubona umubano w’abubatse, canecane umubano wawe?

3. Ni impanuro ihambaye iyihe Yezu yatanze yerekeye umubano? (Raba ishusho itangura.)

3 Nimba wubaha umubano w’abubatse, uriko urigana akarorero keza ntangere. Yezu yarubaha umubano w’abubatse. Igihe Abafarizayo bamubaza ibijanye no kwahukana, yarabibukije ivyo Imana  yavuze ku bijanye n’umubano wa mbere. Yavuze ati: “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.” Yongeyeko ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.”​—Soma Mariko 10:2-12; Ita. 2:24.

4. Yehova yashaka ko umubano womera gute?

4 Yezu rero yaremera ko Imana ari yo yatanguje umubano kandi yarashimitse ko abubakanye badakwiye kuvana. Imana ntiyabwiye Adamu na Eva ko boshobora kwahukana. Ahubwo yashaka ko “abo babiri” baguma babana ibihe vyose.

AMAHINDUKA YABAYE MU MUBANO W’ABUBATSE KU BW’IGIHE GITO

5. Urupfu rugira ingaruka iyihe ku mubano w’abubatse?

5 Ariko rero urazi ko hari ibintu vyahindutse kubera igicumuro ca Adamu. Kimwe muri vyo ni uko abantu batanguye gupfa, ivyo bikaba vyogize ingaruka ku mubano w’abubatse. Ivyo turabibonera ku vyo intumwa Paulo yanditse igihe yasigura ko abakirisu batakigengwa n’Itegeko rya Musa. Yarerekanye ko urupfu rutuma umubano w’abubatse uhagarara kandi ko uwusigaye ashobora gusubira kwubaka.​—Rom. 7:1-3.

6. Itegeko rya Musa rigaragaza gute ukuntu Imana ibona umubano w’abubatse?

6 Itegeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ryarimwo ubuyobozi budomako bwerekeye umubano w’abubatse. Ryaremera ko umugabo yabira abagore benshi, iyo ikaba yari ingeso yariho n’imbere y’uko Imana ibaha iryo Tegeko. Ariko rero, iryo Tegeko ryarakingira abagore n’abana kugira ntibafatwe nabi. Nk’akarorero, igihe Umwisirayeli yaba yabiriye umushumbakazi mu nyuma na ho akazana uwundi mugore, yategerezwa kuguma aronsa umwe wa mbere ivyo yaba akeneye. Imana yarasaba ko amukingira akongera akamwitwararika. (Kuv. 21:9, 10) Naho tutagengwa n’iryo Tegeko, riratwereka ko Yehova aha agaciro umubano w’abubatse. Ivyo none ntibituma natwe tuwuha agaciro?

7, 8. (a) Twisunze Gusubira mu vyagezwe 24:1, Itegeko ryavuga iki ku bijanye n’ukwahukana? (b) Yehova abona gute ukwahukana?

7 None iryo Tegeko ryavuga iki ku bijanye no kwahukana? Naho Imana yagumye iha agaciro umubano w’abubatse, yararekuye ko abubakanye bahukana. (Soma Gusubira mu vyagezwe 24:1.) Umugabo w’Umwisirayeli yarashobora kwirukana umugore wiwe igihe amubonyeko “ikintu kitabereye.” Itegeko ntiryatomora ico kintu “kitabereye” ico ari co. Ariko rero, gitegerezwa kuba cari ikintu giteye isoni canke gikomeye. Ntikari agakosa ataco kavuze. (Gus. 23:14) Ikibabaje, mu gihe ca Yezu Abayuda benshi barahukana “ku mvo iyo ari yo yose.” (Mat. 19:3) Nta gukeka ko tutokwigera twigana ako gatima kabo.

8 Umuhanuzi Malaki yarerekanye ingene Imana ibona ukwahukana. Ico gihe vyarakunda gushika umugabo akahukana ata mpamvu yumvikana n’“umugore wo mu buto bw[i]we,” kumbure kugira yabire uwukiri muto kandi w’umupagani. Ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ico kintu, Malaki yanditse ati: “[Iranka] ukwahukana.” (Mal. 2:14-16) Ivyo birahuye n’ivyo Ijambo ry’Imana rivuga ku bijanye n’umubano wa mbere, riti: ‘Umugabo azokwifatanya n’umugore wiwe maze babe umubiri umwe.’ (Ita. 2:24) Yezu yarashigikiye ukuntu Se abona umubano mu kuvuga ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”​—Mat. 19:6.

IMVO IMWE GUSA YO KWAHUKANA

9. Amajambo Yezu yavuze muri Mariko 10:11, 12 asobanura iki?

9 Umuntu yokwibaza ati: ‘Hoba hariho imvo yotuma umukirisu yahukana maze akubakana  n’uwundi?’ Yezu yaravuze ingene abona ivy’ukwahukana ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo ku vyerekeye nya mugore, kandi umugore ataye umugabo wiwe, aramutse arongowe n’uwundi, aba arenze ibigo.” (Mrk. 10:11, 12; Luka 16:18) Yezu rero yarubaha umubano w’abubatse, kandi yipfuza ko n’abandi bawubaha. Umugabo canke umugore yahukana n’uwo bubakanye ata mvo ifashe ihari maze akubakana n’uwundi, yaba arenze ibigo. Ukwo ni ko biri kubera ko naho vyaba vyifashe ukwo, baba bakiri umugabo n’umugore. Imana yabona ko bakiri “umubiri umwe.” Vyongeye, Yezu yavuze ko umugabo yahukana n’umugore wiwe ata co amuhoye, yaba atumye arenga ibigo. Uti gute? Ico gihe, umugore yahebwe yarashobora kwumva yokwubakana n’uwundi mugabo kugira aronke ikimutunga. Ukwo kwubakana n’uwundi kwaba ari ukurenga ibigo.

10. Ni imvo iyihe yotuma umukirisu yahukana maze agashobora kwubakana n’uwundi?

10 Yezu yarerekanye imvo yotuma umubano uhagarara. Yavuze ati: “Ndababwiye yuko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi [ni ukuvuga por·neiʹa mu kigiriki] akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Mat. 19:9) Yaravuze ico kintu no muri ya Nsiguro yo ku musozi. (Mat. 5:31, 32) Muri ivyo bihe vyose, Yezu yaravuze ibijanye n’“ubusambanyi.” Iryo jambo ryerekeza ku ngeso zitandukanye zijanye no gushurashura: kurenga ibigo, ubumaraya, uguhuza ibitsina kw’abatubakanye, ukuryamana kw’abasangiye igitsina be n’ukuryamana n’ibikoko. Nk’akarorero, nimba umugabo yubatse akoze kimwe muri ivyo, umugore wiwe arashobora guhitamwo kwahukana canke kureka. Ahisemwo kwahukana, imbere y’Imana uwo mubano uba uhagaze.

11. Kubera iki umukirisu yoshobora guhitamwo kutahukana n’igihe yoba afise imvo ishingiye ku Vyanditswe?

11 Urabona ko Yezu atavuze yuko ari ngombwa ngo habe ukwahukana igihe uwubatse akoze ubusambanyi (por·neiʹa). Nk’akarorero, umukenyezi yoshobora guhitamwo kutahukana naho nyene umugabo wiwe yoba yarenze ibigo. Yoshobora kuba akimukunda bigatuma ahitamwo  kumubabarira no gusenyera ku mugozi umwe na we kugira banagure umubano wabo. Tuvugishije ukuri, ahisemwo kwahukana mugabo ntiyubakane n’uwundi, ntiyobura guhura n’ingorane. Aho twovuga nk’ingorane zijanye n’ubutunzi, inambu y’umubiri, irungu be no kurera abana. Ukwahukana kwoba kuzotuma bigorana ko abo bana barererwa mu kuri? (1 Kor. 7:14) Birumvikana ko uwahemukiwe ashobora gushikirwa n’ingorane zikomeye.

12, 13. (a) Ni ibiki vyashitse mu mubano wa Hoseya? (b) Kubera iki Hoseya yagarukanye Gomeri, kandi ivyo bitwigisha iki muri iki gihe?

12 Ivyashikiye umuhanuzi Hoseya biraduha icigwa gikomeye. Imana yabwiye Hoseya kwabira Gomeri, “umugore azokora ubusambanyi bigatuma [a]ronka abana bavuye ku busambanyi.” Gomeri ‘yaribungenze, hanyuma avyarira Hoseya umuhungu.’ (Hos. 1:2, 3) Mu nyuma, yaravyaye umukobwa n’umuhungu, bikaba bishoboka ko yabavyaye ku wundi mugabo. Naho Gomeri yagumye arenga ibigo, Hoseya yaragumanye na we. Amaherezo, yarataye Hoseya aja kuba umushumba. Naho vyari ukwo, yaramugarukanye. (Hos. 3:1, 2) Yehova yariko yerekana biciye kuri Hoseya ukuntu yagumye ababarira Abisirayeli naho baguma bamuhemukira bagasenga izindi mana. None ivyo bitwigisha iki?

13 Bishitse umukirisu akarenga ibigo, uwo bubakanye aba ahanganye no gufata ingingo. Yezu yavuze yuko uwahemukiwe aba afise imvo yo kwahukana maze agashobora kwubakana n’uwundi. Ariko rero, uwo yahemukiwe arashobora gutanga imbabazi. Ivyo ntivyoba ari bibi. Na Hoseya yaragarukanye Gomeri. Gomeri amaze kugaruka kubana na Hoseya, yamusavye kudasubira kuryamana n’uwundi mugabo. Hoseya yaramaze igihe atarangura amabanga y’abubatse na Gomeri. Ariko mu nyuma, ategerezwa kuba yarasubiye kurangurana na we amabanga y’abubatse, ivyo bikaba vyerekana ingene Imana yari yiteguriye kubabarira abasavyi bayo maze bagasubira kugiranira na yo ubucuti. (Hos. 1:11; 3:3-5) None ivyo vyerekana iki ku bijanye n’umubano muri iki gihe? Nimba uwahemukiwe ahisemwo kutahukana, igihe asubiye kurangura amabanga n’uwo bubakanye, aba yerekanye ko yamubabariye. (1 Kor. 7:3, 5) Ico gihe rero, nta burenganzira aba agifise bwo kwahukana. Bigenze gutyo, bakwiye kwihatira kubona umubano nk’uko Imana iwubona.

NIWUBAHE UMUBANO N’IGIHE WOBA URIMWO INGORANE

14. Twisunze 1 Abakorinto 7:10, 11, ni igiki gishobora gushika mu mubano?

14 Abakirisu bose bakwiye kwihatira kwubaha umubano nk’uko Yezu na Yehova bawubaha. Ariko rero, hari abo vyoshobora kugora kubera ko turi abanyagasembwa. (Rom. 7:18-23) Ni co gituma tudakwiye gutangazwa n’uko abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagize ingorane mu mubano. Naho Paulo yanditse ko “umugore atovana n’umugabo wiwe,” mu bihe bimwebimwe ivyo vyarashika.​—Soma 1 Abakorinto 7:10, 11.

Mwokora iki n’igihe mwoba mufise ingorane mu mubano? (Raba ingingo ya 15)

15, 16. (a) N’igihe abubakanye bafitaniye ingorane, ni igiki bakwiye kwihatira gukora, kandi kubera iki? (b) Ivyo vyoshirwa gute mu ngiro igihe umwe muri bo atari umusavyi wa Yehova?

15 Paulo ntiyasiguye ivyatuma abubakanye bavana. Ariko ntivyaba bitumwe n’uko umugabo yarenze ibigo, ku buryo umugore wiwe yokwahukana agashobora kwubakana n’uwundi. Paulo yavuze ko uwo mugore akwiye ‘kuguma atubatse canke na ho agasubirana n’umugabo wiwe.’ Imana rero yaba ibona ko abo babiri bakiri umugabo n’umugore. Paulo yavuze ko naho vyoba vyatewe n’iki, abubakanye bakwiye kwihatira gusubirana igihe ata kurenga ibigo kuba kwahabaye. Bompi barashobora kwitura abakurambere kugira babafashe.  Abakurambere baririnda kugira aho bahengamiye, ariko barashobora gutanga impanuro zishingiye ku Vyanditswe.

16 Yamara rero, vyarashobora kugorana cane igihe umwe mu bubatse ataba ari umusavyi wa Yehova. None hadutse ingorane, boba bari bakwiye guca bavana? Nk’uko twabibonye, Ivyanditswe bivuga ko kurenga ibigo ari co kintu cotuma abubakanye bahukana, mugabo ntivyerekana imvo zotuma bavana canke batandukana. Paulo yanditse ati: “Umugore afise umugabo atemera, yamara nya mugabo agashima kubana na we, ntate umugabo wiwe.” (1 Kor. 7:12, 13) Ukwo ni ko biri no muri iki gihe.

17, 18. Kubera iki abakirisu bamwebamwe bahisemwo kugumana n’abo bubakanye naho bari mu ngorane zikomeye?

17 Ariko ntiwumve, birashika “umugabo atemera” akerekana ko “a[d]ashima kubana” n’umugore wiwe. Yoshobora kuba amufata nabi cane ku buryo mbere nya mugore abona ko ubuzima bwiwe bugeramiwe. Yoshobora kwanka kumuronsa we n’abana biwe ivyo bakeneye canke akamubangamira cane mu vy’impwemu. Mu bihe nk’ivyo, abakirisu bamwebamwe babonye ko vyoba vyiza batandukanye na we kubera ko ‘adashima kubana na bo.’ Abandi na bo baremeye kwihangana baragerageza gukora ibishoboka kugira barabe ko hogira igihinduka. Uti kubera iki?

18 Igihe abubakanye batandukanye, baba bakiri umugabo n’umugore. Nk’uko twamaze kubivuga, bose barashikirwa n’ingorane. Intumwa Paulo yaratanze iyindi mvo yotuma bagumana. Yanditse ati: “Nya mugabo atemera yezwa mu bijanye n’umugore wiwe, nya mugore atemera na we akezwa mu bijanye na nya muvukanyi; ahandiho, abana banyu boba vy’ukuri bahumanye, ariko noneho ni beranda.” (1 Kor. 7:14) Abakirisu benshi b’intahemuka baragumanye n’uwo bubakanye atari Icabona naho baba bari mu ngorane zikomeye cane. Barahimbawe cane babonye ko ukwihangana kwabo kwatumye abo bubakanye bacika abasavyi ba Yehova.​—Soma 1 Abakorinto 7:16; 1 Pet. 3:1, 2.

19. Kubera iki ishengero rya gikirisu ririmwo imibano myinshi ihimbawe?

19 Yezu yaravuze ibijanye no kwahukana, intumwa Paulo na we ahumekewe atanga impanuro zerekeye gutandukana. Bompi bipfuza ko abasavyi b’Imana bubaha umubano. Muri iki gihe, kw’isi yose amashengero y’abakirisu arimwo imibano myinshi ihimbawe. Nta nkeka ko mw’ishengero urimwo wibonera abubakanye benshi bahimbawe. Ni abavukanyi b’abizigirwa bakunda abakenyezi babo be n’abagore b’intahemuka bubaha abagabo babo, bose bakaba bagaragaza ko bubaha umubano. Turahimbarwa n’uko abantu amamiliyoni bariko barerekana ko aya majambo Imana yavuze ari ay’ukuri, ayagira ati: “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.”​—Ef. 5:31, 33.