Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | GENE HWANG

Umuhinga mu biharuro asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga mu biharuro asigura icatumye yemera Imana

Gene Hwang yavukiye i Tainan muri Tayiwani mu 1950. Yahoze yigisha ibiharuro muri kaminuza ya Leta muri Tayiwani. Yahoze kandi yigisha ibiharuro kuri kaminuza imwe yo muri Amerika yongera agira ubushakashatsi muri vyo. Yaramaze imyaka ari umwe mu bantu bakomakomeye basohora ibitabu vy’ibiharuro, n’ubu akaba agikorera muri ico gisata c’ibiharuro. Akiri umusore yemera ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko mu nyuma yarahinduye ivyiyumviro. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’akazi akora be n’ukwemera kwiwe.

Ni inyigisho izihe waronse ukiri muto?

Kw’ishure baratwigisha ibijanye n’ihindagurika ariko nta n’umwe yadusigurira ukuntu ubuzima bwatanguye. Igihe abavyeyi banje binjira idini ry’abatawo narakunda kwumviriza abigisha bo muri iryo dini nkongera nkababaza ibibazo vyinshi. Ariko inyishu nyinshi bampaye ntizanyuze.

Kubera iki wize ibiharuro?

Igihe nari mu mashure y’intango narakunda cane ibiharuro. Ivyo vyarabandanije n’igihe nashika muri kaminuza. Kuri jewe, mbona ko ikintu gishingiye ku biharuro kiba ari ciza kandi gitomoye.

Ni igiki catumye utohoza Bibiliya?

Mu 1978, umukenyezi wanje Jinghuei yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi rimwe na rimwe naraza kwumviriza. Ico gihe twaba muri Amerika. Jinghuei yari aherutse kuronka urupapuro rw’umutsindo bita doctorat mu vya fizike, ico gihe nanje nkaba nariko ndiga ibiharuro kuri kaminuza imwe yo muri Leta ya Indiana muri Amerika.

Wakiriye gute ivyo wiga muri Bibiliya?

Naratangajwe cane n’inkuru yo muri Bibiliya ivuga ingene isi yatunganijwe kugira ngo ibeko abantu. Ibiringo bitandatu vy’irema dusanga mw’Itanguriro, bivugwa mu buryo bworoshe kandi birumvikana neza. Nta ho bihuriye n’inkuru za kera z’ibitito. * Naho ari ukwo, naramaze imyaka ntemera ko Umuremyi abaho.

Kubera iki vyakugoye kwemera Umuremyi?

Ndamutse nemeye ko hariho Umuremyi nabona ko noba nihakanye idini ryandeze

Numva umenga noba menje. Kubera ko mu nyigisho z’abatawo batemera ko Imana canke Umuremyi abaho, ndamutse nemeye ko hariho Umuremyi nabona ko noba nihakanye idini ryandeze.

Vyagenze gute none ngo mu nyuma uhindure ivyiyumviro?

Uko narushiriza kwiyumvira ingene ubuzima bwatanguye ni ko narushiriza kujijuka ko ikintu ca mbere catanguye kubaho gitegerezwa kuba cari gikozwe ku buhinga buhanitse cane. Nk’akarorero categerezwa kurondoka, ivyo bikaba vyasaba ko kiba gifise utugingo dutekeye amakuru ngengakamere kikagira n’ubuhinga butomoye bwotuma giha ayo makuru ikigikomotseko. N’akagingo ngengabuzima gasanzwe cane karakenera ubuhinga budasanzwe no gukoresha neza inguvu ziri muri ko kugira ngo karemareme uduce twose tw’akagingo gashasha. Wumva ubwo buhinga buhanitse ukuraho bwopfa kwiyadukiza? Kubera ko nize ibiharuro, nabona ko ivyo bigoye kwemera. Birahanitse cane ku buryo bitopfa kwiyadukiza.

Ni igiki catumye utohoza witonze inyigisho z’Ivyabona vya Yehova?

Nari maze kwiga n’Ivyabona kenshi mugabo nza ndahagarika. Igihe naja gutembera muri Tayiwani mu 1995, nararwaye ntagira n’uwumfasha. Umugore wanje yaraterefonye Ivyabona vya Yehova bo muri Tayiwani ari muri Amerika. Basanze ndi hanze naregeye nabuze igitanda mu bitaro. Umwe muri bo yaciye anjana mw’ihoteri kugira nduhuke. Yagumye aza kundaba aranjana no kwa muganga.

Ivyo vyarankoze ku mutima cane, kandi naributse n’ibindi bihe vyinshi Ivyabona vya Yehova bagaragarije ubuntu umuryango wacu. Narabonye ko batandukanye n’abandi kubera ivyo bemera. Naciye nsubira kwigana na bo Bibiliya. Mu mwaka wakurikiye naciye mbatizwa.

Ivyo wemera vyoba biteye kubiri n’ivyo wize kw’ishure?

Habe namba! Mu myaka iheze narafashije abahinga bagira ubushakashatsi mu bijanye n’ingene utugingo ngengakamere dukora. Ivyigwa nk’ivyo biradufasha gutahura neza ingene ibinyabuzima bimeze. Ivyo bituma ntangarira cane ubwenge Umuremyi afise.

Woduha akarorero?

Fata nk’akarorero ibijanye no kurondoka. Mu tunyabuzima tumwetumwe, nka amibe, usanga hatabaho ikigabo n’ikigore. Utwo tunyabuzima tugwirirana mu kuza turimura gusa amakuru ari mu kagingo ngengabuzima katwo. Ariko ibikoko n’ibiterwa vyinshi vyovyo birondoka mu gushira hamwe amakuru avuye mu kagingo ngengabuzima k’ikigabo n’ayavuye mu kagingo ngengabuzima k’ikigore. Kubera iki ubwo buryo bwo kurondoka butangaje?

Ko ikinyabuzima kimwe gishobora kurondoka mu kwigabagura, kandi bikaba bimaze igihe bigenda neza, kubera iki none habonetse ubundi buryo bwo kurondoka busaba ko harinda kubaho ibinyabuzima bibiri, ni ukuvuga ikigabo n’ikigore? Ubuhinga bisaba kugira ngo amakuru ari mu kagingo ngengabuzima k’ikigore anywane n’ayari mu kagingo ngengabuzima k’ikigabo burahanitse bidasanzwe. Ico kintu kirasoba abavuga ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Ku bwanje ivyo vyerekana neza ko Imana ibaho.

^ ing. 11 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ico kiringo c’irema, raba agatabu Vyoba vyararemwe? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Karaboneka no kuri internet kuri www.jw.org.