TWISUNZE BIBILIYA
Umuhero w’isi
Muri 1 Yohani 2:17 havuga hati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo.” None iyo “si” ni iyihe? Izovaho gute kandi ryari?
“Isi” izovaho ni iyihe?
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Kubera ko iyo si ivugwa ifise ‘ivyipfuzo’ bidahimbara Imana, birumvikana ko atari iyi si butaka. Ahubwo iyo si ni abantu batubaha Imana bigatuma baba abansi bayo. (Yakobo 4:4) Abo bantu “bazoshikirwa n’igihano c’urubanza c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera.” (2 Abatesalonika 1:7-9) Ariko abaguma bitandukanije n’“isi” nk’uko Yezu Kristu yabitegetse, bazoronka ubuzima budahera.
Ni co gituma muri 1 Yohani 2:17 hasozera hati: “Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” Ego cane, umuntu nk’uwo azobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi nk’uko bivugwa muri Zaburi 37:29. Hagira hati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”
“Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we.”
—1 Yohani 2:15.
Isi izovaho gute?
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Umuhero uzoza mu mice ibiri. Ubwa mbere, Imana izokuraho amadini y’ikinyoma agereranywa n’umumaraya yitwa “Babiloni Akomeye.” (Ivyahishuwe 17:1-5; 18:8) Naho ayo madini yivugisha ko ayobokera Imana, yagiye aracudika n’indongozi za politike zo mw’isi. Ariko izo ndongozi nyene ni zo zizoyahindukirira. Bibiliya ivuga ko ‘bazokwanka uwo mumaraya, bamutikize bamusige ari gusa, kandi bazorya inyama ziwe [ni ukuvuga ubutunzi bwiwe], bamutongoze umuriro.’
Imana izoca ihindukirira izo ndongozi nyene ari bo “bami b’isi yose.” Abo bami bazotikizanywa n’abandi bantu bose b’ababisha “ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” Iyo ntambara yitwa kandi “Haru–Magedoni.”
“Nimurondere Yehova, yemwe abatekereza bo kw’isi mwese . . . Nimurondere ubugororotsi, nimurondere ubutekereji. Hari aho mwohishwa kuri wa musi w’ishavu rya Yehova.”
—Zefaniya 2:3.
Isi izovaho ryari?
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Umuhero uzoza abantu nibamara kuburirwa bihagije biciye ku gikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana kw’isi yose. Ubwo bwami ni intwaro izosubirira ubutegetsi bw’abantu. (Daniyeli 7:13, 14) Yezu Kristu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Ico gikorwa co kwamamaza kirashira ahabona ubutungane bw’Imana n’imbabazi zayo. Kiri mu bigize “ikimenyetso” cerekana ko turi mu misi y’iherezo. Mu bigize ico kimenyetso harimwo kandi intambara zihuza amahanga, vya nyamugigima, amapfa n’indwara.
Uretse ko Bibiliya yari yaravuze ivyobaye mw’isi, iratubwira n’ukuntu abantu bo mu “misi ya nyuma” bobaye bameze. Ivuga iti: “Hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abagambararira abavyeyi, . . . batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, . . . abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” *
Iyi si mbi “iriko irahita.”
Ivyo bintu vyose vyatanguye imbere gatoya y’Intambara ya mbere y’isi yose yabaye mu 1914. Vyongeye, kuva muri uwo mwaka, Ubwami bw’Imana bwaramamajwe mu mihingo yose yo kw’isi, kandi Ivyabona vya Yehova babona ko ari agateka kuba bazwi ko ari bo bakora ico gikorwa. Mbere ikinyamakuru cabo nyamukuru gifise umutwe uvuga ngo Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova.
“Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”
—Matayo 25:13.
^ ing. 14 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.jw.org.