Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko vyifashe mu bihugu vy’abarabu

Uko vyifashe mu bihugu vy’abarabu

Ako karere ni kamwe mu turere two kw’isi katanguye kubamwo abantu benshi. Abacukura ivya kahise barahakura ibintu vyinshi vy’agaciro.

Abahinguzi b’umuvinyu b’i Kanani

Mu 2013 muri Israyeli ya kino gihe, abacukuzi b’ivya kera barubuye ikibanza kinini Abanyakanani bahora babikamwo umuvinyu bivugwa ko kimaze imyaka nka 3.700. Ico kibanza carimwo imibindi 40 minini yojamwo amacupa 3.000 y’umuvinyu. Umuhinga yasuzumye ibisigarira vy’iyo mibindi yarabonye ko Abanyakanani bahingura umuvinyu bavyitondeye. Yavuze ati: “Umuvinyu wari muri iyo mibindi yose wari wahinguwe cokimwe.”

WARI UBIZI? Bibiliya iravuga ko muri Isirayeli ya kera bahingura “umuvinyu mwiza kuruta iyindi yose” bakongera bakawubika mu mibindi minini.Indirimbo ya Salomo 7:9; Yeremiya 13:12.

Igwirirana ry’abantu

Raporo yo mu kinyamakuru kimwe (Guardian) ivuga ko mu 2012 mu Misiri havutse inzoya 560.000 zirenga ku zavutse mu 2010. Magued Osman wo mw’ishirahamwe ryo mu Misiri rigira ubushakashatsi ryitwa Baseera yavuze ati: “Ntihari bwigere haba igwirirana nk’iryo mu Misiri.” Abahinga bamwebamwe bavuga ko igwirirana niryabandanya gutyo, ico gihugu kizorushiriza gukena amazi, umuyagankuba n’ibifungurwa.

WARI UBIZI? Bibiliya ivuga ko Imana ishaka yuko abantu ‘buzura isi’ ku rugero rubereye kandi bose bakaronka ivya nkenerwa.Itanguriro 1:28; Zaburi 72:16.

Ibiceri vyari vyaranyegejwe vyarubuwe

Ibiceri vy’umujumpu birenga 100 vyanditseko ngo “Umwaka wa kane” vyarubuwe hafi y’ibarabara rimwe rikuru ryo muri Israyeli. Uwo mwaka ni umwaka wagira kane Abayuda bagararije Abaroma (69-70 inyuma ya Kristu), ivyo bikaba vyatumye Yeruzalemu isangangurwa. Pablo Betzer umukuru w’abagize ubwo bucukuzi avuga ati: “Biboneka ko ari umuntu yabona ko kabaye, akaba ashobora kuba yarabonye ingabo z’Abaroma ziriko ziregereza. Yaciye anyegeza iryo tunga ryiwe yizigiye ko azogaruka kuritora.”

WARI UBIZI? Mu 33 Yezu yari yaravuze ko Abaroma bokwugarije Yeruzalemu. Yategetse abakirisu guhungira mu misozi ahatagira inkomanzi.Luka 21:20-24.