Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yarumiye ku vyo yemera

Yarumiye ku vyo yemera

Igihe Song Hee yari afise imyaka 11, nyina wiwe yarabonye ko hari ukuntu umugongo wiwe uhetamye. Umuganga yasanze arwaye indwara bita “scoliose.” Iyo ndwara ituma uruti rw’umugongo rwiheta rukamera nk’urudome C canke S. Indwara ya Song Hee yarakomeye ku buryo biba ngombwa ko abagwa. Ariko ntiyashaka ko bamutera amaraso. Ikinyamakuru “Be maso!” caramubajije ukuntu vyagenze.

Igihe bagutora iyo ndwara, hari ico abaganga bagufashije?

Naramaze nk’imyaka itatu nkurikiranwa n’abaganga babiri ariko uruti rw’umugongo wanje rwaguma rwiheta. Rwarihese cane ku buryo rwatanguye gufyonda umutima n’amahaha, bigatuma bingora guhema. Nategerezwa kubagwa.

None waremera ko bokubaga?

Egome. Ariko bambwiye ko bizogorana cane. Ico gihe uruti rw’umugongo wanje rwari rumaze kwiheta bimwe bikomeye. Ariko rero nari mpanganye n’ikindi kibazo. Bivanye n’ivyo nemera bishingiye kuri Bibiliya sinashaka ko bantera amaraso. *

Woba wararonse umuganga yemera kukubaga?

Jewe na mawe twararonse umuganga w’umuhinga muri leta tubamwo ya Floride muri Amerika. Yamara igihe namubwira ko ntashaka ko bantera amaraso, yaciye avuga ko ata muganga n’umwe yokwemera kumbaga atanteye amaraso. N’ikigeretseko, yavuze ko batambaze ntazoshikana imyaka 20, ico gihe nkaba nari mfise 14 gusa.

Woba waramusiguriye igituma?

Egome. Namubwiye ko ivyo nemera bishingiye kuri Bibiliya, ndamwereka ko Imana yavuze ko amaraso ari meranda, yaba ay’umuntu canke ay’igikoko. * Umwisirayeli ariye amaraso yacirwa urwo gupfa. * Naramweretse n’ibivugwa mu Vyakozwe 15:19, 20, ahasaba abakirisu ‘kwirinda amaraso.’ Ivyo bisobanura ko umuntu adakwiye kwinjiza mu mubiri wiwe amaraso mu buryo na bumwe, haba mu kuyarya canke mu kuyaterwa.

Uwo muganga yabivuzeko iki?

Yagumye ashimika ko atoreka kuntera amaraso. Kandi igitangaje, ivyo bitaro vyambwiye ko hamwe nokwemera amaraso, nobagwa ku buntu.

Emwe, bari bagufashije! None wewe na mama wawe mwakoze iki?

Naho vyaboneka ko ata n’umwe yipfuza kumbaga ntatewe amaraso, twagumye twumiye ku vyo twemera. Ibintu vyahavuye vyunyuka. Imbere y’amategeko nafatwa nk’umwana mutoyi. Kubera rero nariko ndaremba ikibazo canje carajanywe muri sentare. Ariko rero igishimishije, umushikirizamanza wa leta ya Floride yaraduhaye imisi 30 ngo turondere umuganga yokwemera kumbaga atanteye amaraso.

Mwoba mwaramuronse?

Egome. Komite ija inama n’ibitaro y’Ivyabona vya Yehova y’aho tuba yaradufashije kuvugana n’umuganga w’umuhinga w’i New York. Uwo muganga yaremeye kumbaga aca ashima ko twobonana. Twamuronse imbere yuko ca kiringo sentare yari yaduhaye gihera. *

None vyagenze gute?

Vyagenze neza cane! Kugira ngo muganga Robert M. Bernstein angorore uruti rw’umugongo, yanshizemwo utwuma dushobora kuza turahindukizwa. Yambaze incuro zibiri mu kiringo c’indwi zibiri.

Kubera iki yakubaze incuro zibiri?

Bishitse ku ncuro ya mbere ngatakaza amaraso menshi, ico kiringo cotumye umubiri usubira guhingura uduhimba dutukura tw’amaraso imbere y’uko asubira kumbaga. Ariko izo ncuro zompi natakaje amaraso make cane, ivyo nkaba ndabikesha umugwi wari uhagarikiye ico gikorwa kubera ko bagiteguye neza bongera bakorana ubuhinga n’ukwiyubara. Sinatevye kandi gukira neza. Naririnze ingaruka ziva ku guterwa amaraso. *

Uwo muganga yakubaze yumvise amerewe gute?

Abaganga bakwiye kwitwararika umurwayi muri vyose

Yararyohewe cane! Yavuze ati: “Kuvura umuntu si ukumubaga gusa.” Abona ko abaganga bakwiye kwitwararika umurwayi muri vyose batirengagije ivyo yipfuza n’ivyo yemera. Uretse n’Ivyabona vya Yehova, abantu benshi boshigikira ico ciyumviro.

^ ing. 7 Nyina wa Song Hee ni Icabona ca Yehova. Song Hee na we nyene ni Icabona ca Yehova akaba yabatijwe mu 2012 afise imyaka 16.

^ ing. 17 Komite zija inama n’ibitaro zirafasha abarwayi b’Ivyabona kuronka abaganga bobavura neza batarinze kubatera amaraso.

^ ing. 21 Mu kiganiro kimwe kivuga ibijanye n’ingaruka zo guterwa amaraso, umugwi w’abahinga bajejwe amagara y’abantu bo muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud muri Ostraliya uvuga uti: “Guterwa amaraso ni ukwinjiza ikintu gishasha mu mubiri. Uko umubiri usanzwe umeze, iyo uwushizemwo ikintu gishasha ubanza kukirwanya. Kwirinda amaraso rero biratuma umuntu yirinda ingaruka nyinshi.”