Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUHESHI 2015

 TWISUNZE BIBILIYA

Kurenga ibigo

Kurenga ibigo

Naho kudahemukira uwo mwubakanye bivugwa neza hirya no hino kw’isi, ukurenga ibigo kuracabangamiye ingo nyinshi.

Kurenga ibigo bisobanura iki?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Mu mico kama imwimwe, umuntu yubatse aryamanye n’uwo batubakanye ntibibonwa nabi, canecane iyo bigizwe n’umugabo. Vyongeye, hari abatabona ko umubano ari uw’ibihe vyose.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Muri Bibiliya, kurenga ibigo bikunze kuvugwa ku muntu yubatse aryamanye ata wumuhase n’uwo batubakanye. (Yobu 24:15; Imigani 30:20) Ukurenga ibigo ni ikintu Imana yanka urunuka. Muri Isirayeli ya kera, uwubikoze yaricwa. (Abalewi 18:20, 22, 29) Yezu yigishije abigishwa biwe kwirinda ukurenga ibigo.Matayo 5:27, 28; Luka 18:18-20.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Urenze ibigo, uba uhonyanze indagano wagiraniye n’uwo mwubakanye. Uwubikoze aba kandi ‘acumuye ku Mana.’ (Itanguriro 39:7-9) Kurenga ibigo birashobora gutandukanya abavyeyi n’abana, ico kikaba ari ikintu kibabaje. Vyongeye, Bibiliya ivuga yuko “Imana izocira urubanza . . . abarenga ibigo.”Abaheburayo 13:4.

“Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.”Abaheburayo 13:4.

 Kurenga ibigo vyoba bituma umubano usambuka?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iraha umuntu uburenganzira bwo kwahukana igihe uwo bubakanye yasambanye. (Matayo 19:9) Ivyo bisobanura yuko uwahemukiwe ashobora guhitamwo kugumana n’uwo bubakanye canke kwahukana. Iyo ni ingingo umuntu yifatira.Abagalatiya 6:5.

Ku rundi ruhande, Imana ibona ko umubano ari mweranda kandi ko ari uw’ibihe vyose. (1 Abakorinto 7:39) Imana iranka umuntu arondera kwahukana ku mvo zidafashe, nko kuba gusa atagishima uwo bubakanye. Ukwahukana rero si ingingo umuntu yokwihutira gufata.Malaki 2:16; Matayo 19:3-6.

“Jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo.”Matayo 5:32.

Kurenga ibigo coba ari igicumuro kitababarirwa?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Oya. Bibiliya ivuga yuko Imana ibabarira abigaya bagaheba ibicumuro vyabo, ushizemwo n’ic’ukurenga ibigo. (Ivyakozwe 3:19; Abagalatiya 5:19-21) Nkako, Bibiliya iravuga ivyerekeye abagabo n’abagore bahora barenga ibigo, mu nyuma baraba abasavyi b’Imana.1 Abakorinto 6:9-11.

Imana yarababariye Dawidi umwami wa Isirayeli ya kera. Dawidi yarasambanye n’umugore w’umwe mu bagabisha biwe b’ingabo. (2 Samweli 11:2-4) Bibiliya iratomora yuko ‘ico kintu Dawidi yakoze cabonetse nabi mu maso’ y’Imana. (2 Samweli 11:27) Dawidi amaze gukosorwa, yarigaye, Imana iramubabarira. Ariko nticabujije ko ashikirwa n’ingaruka z’ivyo yakoze. (2 Samweli 12:13, 14) Umwami w’inkerebutsi Salomo yahavuye avuga ati: “Uwo wese arenga ibigo . . . ntagira umutima.”Imigani 6:32.

WOKORA IKI?

Bishitse ukarenga ibigo, ukwiye gusaba imbabazi Imana n’uwo mwubakanye. (Zaburi 51:1-5) Niwige kwanka ivy’ukurenga ibigo nk’uko Imana ivyanka. (Zaburi 97:10) Niwiyemeze kwirinda amasanamu y’ibiterasoni, kwiyumvira ibintu vy’ubusambanyi, ivyo kumenyerana n’abo mudasangiye igitsina n’ikindi kintu cose cotuma wipfuza uwundi muntu mutubakanye.Matayo 5:27, 28; Yakobo 1:14, 15.

Nimba warahemukiwe n’uwo mwubakanye, numenye yuko Imana itahura ukuntu wiyumva. (Malaki 2:13, 14) Nuyisabe ngo ikuremeshe yongere ikwereke ico wokora, na yo ‘izogushigikira.’ (Zaburi 55:22) Uhisemwo kubabarira uwo mwubakanye no kugumana na we, bizosaba ko mwese mwihata cane kugira munagure umubano wanyu.Abanyefeso 4:32.

Dawidi amaze kwigaya igicumuro c’ukurenga ibigo, umuhanuzi Natani yamubwiye ati: “Yehova na we araretse igicumuro cawe ngo kirengane.”2 Samweli 12:13.

Raba n'ibindi

Nimwirinde guhemukiranira

Kudahemukira uwo mwubakanye vyoba birimwo n’ibindi uretse gusa kwirinda kurenga ibigo?

Mworonka gute agahimbare mu rugo rwanyu?

Yehova we Mana ihimbawe yipfuza ko ingo zihimbarwa. Numenye impanuro ngirakamaro Bibiliya iha abagabo, abagore, abavyeyi, n’abana.