Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  Ndamukiza 2015

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utwanwa tw’akayabu

Utwanwa tw’akayabu

UTUYABU tw’udutungano dukora cane mw’ijoro. Biboneka ko utwanwa tw’akayabu tugafasha kumenya ibintu biri mu micungararo yako, tukagafasha no gucakira ico karya, na canecane iyo bumaze kwira.

Rimbura ibi: Utwanwa tw’akayabu dushinze ahantu hagwiriye udutsi nsozabwenge. Utwo dutsi turumva cane, mbere n’igihe umuyaga uba uhinduye na gatoyi inzira wariko urajana. Ivyo bituma akayabu gashobora kumenya ko hari ikintu hafi yako naho kataba kakibona. Uca wumva ko ivyo bigafasha cane igihe haba hatabona.

Kubera ko utwanwa tw’akayabu twumva cane iyo hagize ikidukorako canke iyo umuyaga uhindutse, akayabu karadukoresha kugira kamenye aho ikintu kagomba gucakira (canke ikindi kintu) kiri n’ingene kiriko kiragenda. Utwo twanwa turagafasha no gupima ubwaguke bw’ahantu kugira kamenye nimba kohaca. Igitabu kimwe kivuga giti: “Abahinga ntibaratahura ijana kw’ijana ukuntu utwanwa tw’akayabu tugafasha. Ariko ikizwi coco ni uko umuntu aduciye, akayabu gaca kamara igihe kadashobora gukora ibintu bimwebimwe.”

Abahinga bariko bariyumvira guhingura ibimashini vyitwa robo bifise utuntu dukora nk’utwanwa tw’akayabu twotuma bidaseka ibintu. Umuhinga yitwa Ali Javey wo kuri kaminuza y’i Kaliforniya iri i Berkeley, avuga yuko utwo tuntu dukora nk’utwanwa tw’akayabu “dushobora kuzokoreshwa mu buryo bwinshi.” Nk’akarorero, twokoreshwa “mu bijanye no guhingura amarobo ahanitse, mu guhinyanyura ubuhinga bwo guhanahana amakuru hagati y’abantu n’imashini kanaka, no mu bijanye n’amagara y’abantu.”

None uvyibazako iki? Ukwo kuntu utwanwa tw’akayabu dukora, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwabikoze?