Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! KIGARAMA 2014

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | STEPHEN TAYLOR

Umuhinga mu vy’ubutunzi asigura igituma yemera Bibiliya

Umuhinga mu vy’ubutunzi asigura igituma yemera Bibiliya

Umuhinga Stephen Taylor ni umwigisha akaba n’umushakashatsi kuri Kaminuza y’ivy’ubuhinga bwa none y’i Sydney muri Ostraliya. Agira ubushakashatsi mu bijanye n’ivyo kugura no kugurisha imitahe be n’ingene vyotunganywa neza. Be maso! yaramubajije ingene ubushakashatsi agira bwagize ico buhinduye ku vyo yemera mu vy’Imana.

Wotubwira kahise kawe?

Abavyeyi banje bari abantu b’intungane bakunda ivy’Imana, bagakunda n’ibikorwa. Barandemesheje kwiga amashure yotuma ndonka akazi keza, akaba ari co gituma nahisemwo kwiga ivy’ubudandaji kuri Kaminuza ya Nouvelle-Galles du Sud. Nasanze nsigaye nkunda ivy’ubushakashatsi, nca mfata ingingo yo kuba umushakashatsi kuri kaminuza.

Ni ibiki wahisemwo kugirako ubushakashatsi?

Naripfuza canecane gutahura ukuntu ivy’amasoko y’imitahe bikora. * Amasoko y’imitahe atuma abantu bashobora guha imitahe amashirahamwe kugira ayo mashirahamwe abahe imigabane ku nyungu yinjiza. Nya mashirahamwe aca akoresha iyo mitahe mu rudandazwa rwayo. Mu bushakashatsi ngira, ndarondera kumenya ibintu bituma ibiciro vy’iyo migabane biduga canke bikamanuka.

Woduha akarorero?

Amashirahamwe arasabwa kuza aratanga ivyegeranyo vy’ayo yunguka. Abipfuza gushira imitahe yabo mu mashirahamwe barasuzuma ivyo vyegeranyo kugira barabe ingene ayo mashirahamwe yifashe. Ariko uburyo bumwebumwe ayo mashirahamwe akoresha mu kumenyesha inyungu yaronse usanga kenshi butandukanye n’ukuntu bisanzwe bigirwa. Hari abovuga ko ayo ari amayeri amashirahamwe akoresha kugira ahishe ayo yinjije vy’ukuri be n’ukuntu ivyayo vyifashe. None abipfuza gushira imitahe yabo mu mashirahamwe boronka gute amakuru y’ukuri kandi akwiye? Vyongeye, abagenzura  ivy’amasoko y’imitahe ni amakuru ayahe yobafasha gusuzuma ko bikorwa neza? Jewe n’abo dukorana turiko turagerageza kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

Ni idini irihe wakuriyemwo?

Nahora njana n’abavyeyi banje mw’idini ry’abaperesubitero, ariko ngeze mu buyabaga naratanguye guheba ivy’idini. Naremera Imana kandi nkubaha Bibiliya, ariko niyumvira ko idini ata co rifasha umuntu mu ngorane zo mu buzima. Nabona ko amadini ari nk’amashirahamwe asanzwe. Ndi i Buraya, naragiye mu madini atandukanye akomakomeye, nca ndibaza igituma yari atunze cane kandi isi irembejwe n’ubukene. Vyarangoye gutahura, bituma ngira amakenga menshi ku bijanye n’idini.

Ni igiki catumye uhindura ivyiyumviro?

Umukenyezi wanje Jennifer yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova no kwitaba amakoraniro bagira. Naciye nibwira ko nkwiye kujana na we kugira ndabe ivyo bakora. Sinatevye kubona ko ata kintu kinini nari nzi ku vyerekeye Bibiliya. Narumiwe! Naciye ntangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Uburyo Ivyabona biga Bibiliya bwarantangaje cane. Barabaza ibibazo, bakegeranya amakuru yerekeye ivyo bibazo, bakayasuzuma bagaca bagira ivyiyumviro vyumvikana bashitseko. Ukwo nyene ni ko nabigenza mu kugira ubushakashatsi! Haciye imyaka mike Jennifer abatijwe, nanje narabatijwe mu 1999 mba Icabona ca Yehova.

Ivyo uzi mu bijanye n’ivy’ubutunzi vyoba vyaratumye urushiriza kwizigira Bibiliya?

Cane rwose. Nk’akarorero, amategeko Imana yahaye Abisirayeli ba kera yaratorera umuti ingorane z’ivy’ubutunzi zigishusha umutwe abahinga mu vy’ubutunzi bo muri iki gihe. Ayo mategeko yasaba Abisirayeli gusigariza umwimbu abakene, ivyo tukaba twobigereranya no gutanga amakori be na asiransi bigirwa muri iki gihe. Barasabwa guha aboro ingurane ata kubasaba inyungu, ubwo bukaba bwari uburyo bwo gutuma abantu baronka ingurane bitabagoye. Basabwa kandi gusubiza amatongo y’umuryango beneyo uko haciye imyaka 50. Ubwo bwari uburyo bwo gukingira amatungo y’umuntu. (Abalewi 19:9, 10; 25:10, 35-37; Gusubira mu vyagezwe 24:19-21) Ayo mategeko hamwe n’ayandi yarafasha abantu mu buryo butatu buhambaye: (1) Yarabafasha igihe baba bagize ingorane mu vy’ubutunzi, (2) akabafasha kuva mu bukene bashobora kuba bamazemwo igihe kirekire, (3) akongera akagabanya ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi. Aho rero hari kera cane, imyaka irenga 3.000 imbere y’uko abahinga banonosoye ivy’ubutunzi baza!

Vyongeye, Bibiliya iraremesha abantu kugira inyifato zituma barushiriza gutora akoyoko mu vy’ubutunzi. Nk’akarorero, irigisha abantu kwirinda ubugunge, kuba abizigirwa, kugira impuhwe no gutanga. (Gusubira mu vyagezwe 15:7-11; 25:15; Zaburi 15) Inyuma y’ingorane z’ivy’ubutunzi ziheruka kuba kw’isi yose, hari ikintu gishimishije cabaye. Amashure amwamwe yigisha ivy’ubutunzi be n’amashirahamwe amwamwe y’ivy’ubudandaji, vyaratanguye guhimiriza abahinga mu vy’ubutunzi n’ubudandaji ngo baze bariyemeza ko bazogendera ubuntu mu vy’urudandaza. Jewe mbona ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziruta cane ivyiyumviro abo bahinga bisunga.

Ukwemera kwawe kwagufashije gute mu buzima?

Kwiga Bibiliya novuga ko ari wo mutahe wanzaniye akunguko kuruta iyindi yose nakoresheje

Umukenyezi wanje Jennifer avuga ko nsigaye ndi umuntu atarenza urugero. Nahora ndi umuntu ashaka ko ibintu bigenda neza ijana kw’ijana kandi yumira ku vyiyumviro vyiwe. Ngirango ni co gituma gusuzuma ivy’amahera navyumva cane! Gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyaramfashije cane kuba umuntu abona ibintu mu buryo bubereye. Ubu twe n’umuryango wanje turahimbawe cane mu buzima. Vyongeye, turaryoherwa no kubwira abandi impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga. Kwiga Bibiliya novuga ko ari wo mutahe wanzaniye akunguko kuruta iyindi yose nakoresheje.

^ par. 7 Amasoko y’imitahe ni ivy’ukugura no kugurisha imitahe.