Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! KIGARAMA 2014

 TWISUNZE BIBILIYA

Isi

Isi

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

“Ibi [ni] vyo Yehova avuze, . . . Uwabumvye isi akayihingura, . . . ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu.”Yesaya 45:18.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bavuga ko isi itaremwe ahubwo ko yapfuye kwiyadukiza. Amadini amwamwe yigisha ko isi ari ahantu Imana yabaye irashira abantu kugira ibasuzume, irabe ababereye kuja mw’ijuru n’ababereye kuja mu muriro udahera.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ivuga yuko “Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Yabwiye umugabo n’umugore ba mbere iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze . . . ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.” (Itanguriro 1:28) Yababwiye ko bopfuye baramutse gusa bayigambarariye. (Itanguriro 2:17) Imana yashaka rero yuko isi ibako abantu ibihe bidahera. Isi yari guhava yuzura abantu bagamburukira Imana, bano bakaba boyibungabunze, bakayibako ibihe vyose.

 Isi yoba izotikizwa?

“Yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye; ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.”Zaburi 104:5.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abahinga baramaze kwiyumvira ibintu bitandukanye bishobora gutikiza isi canke bikayonona ku buryo itosubira kubako abantu. Twovuga nk’ivyago vy’ivyaduka, nk’akarorero igisyo co mu kirere canke urunyenyeri Nyakotsi vyoseka isi, uguturika kw’ibirunga bikomeye cane, ukuzima kw’izuba canke ugushuha cane kw’umubumbe w’isi. Twovuga n’ivyago vyotezwa n’abantu, nk’akarorero intambara yokoreshwamwo ibirwanisho ruhanyanganda canke ibitero vya ba gaterabwoba bakoresha imiti canke imigera ruhonyanganda.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Umugambi Imana ifitiye isi ntiwahindutse. Ijambo ry’Imana riratomora riti: “Isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.” (Umusiguzi 1:4) Vyongeye, izokwama ibako abantu, kuko Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zaburi 37:29.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Kuba abantu biyumvira ko isi izotikizwa vyatumye bamwebamwe bakoresha nabi ubutunzi bwayo. Vyatumye abandi babaho bisunga wa mugani ngo “Amavuta y’umugabo ni ayamurayeko,” kubera ko ata cizigiro bafise ku bijanye na kazoza. Ivyo birashobora gutuma umuntu agira ubuzima budafise intumbero. Ariko igihe twemera ko dushobora kubaho ibihe bidahera kw’isi, vyotuma dufata ingingo zitugirira akamaro twe n’imiryango yacu, ubu no muri kazoza.

Abantu boba amaherezo bazoja kuba mw’ijuru?

“Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”Zaburi 115:16.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bemera ko abeza bose bazoja mw’ijuru.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ijuru ni iry’Imana, isi na yo ikaba iy’abantu. Bibiliya iravuga ivyerekeye “isi izoza.” (Abaheburayo 2:5) Yezu ni we muntu wa mbere yaduze mw’ijuru. Vyongeye, Bibiliya yerekana ko hari abandi bakeyi Imana yacaguye bazoja mw’ijuru ku bw’intumbero itomoye yo gufadikanya na Yezu ‘kuganza isi.’Ivyahishuwe 5:9, 10; Luka 12:32; Yohani 3:13.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Inyigisho y’uko abeza bose bazoja mw’ijuru ntihuza n’ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Hamwe Imana yotwara abeza bose kuba mw’ijuru, vyosobanura ko vyayinaniye gushitsa umugambi yari ifitiye isi igihe yayirema. Vyokwerekana kandi ko ivyo yasezeranye ku bijanye no kubaho ibihe bidahera kw’isi atari vyo. Ariko Ijambo ry’Imana risezerana riti: “Niwizigire Yehova, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru wigarurire isi.”Zaburi 37:34.

Raba n'ibindi

Umubumbe wacu woba waremewe umugambi kanaka?

Umugambi Imana ifitiye isi woba uzoranguka?