Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! NYAKANGA 2014

 ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ivyogufasha kureka kubika inzika

Ivyogufasha kureka kubika inzika

INGORANE

Amajambo ababaje uwo mwubakanye yakubwiye canke ibintu bitabereye yagukoreye, uguma uvyibuka. Vyariyanditse mu bwenge bwawe ku buryo ubona ko utazopfa uvyibagiye. Urukundo wari umufitiye rwasubiriwe n’inzika. Ubona ko ata kundi wobigenza, mukaguma mubana naho utakimukunda. N’ico nyene gituma umwamanira inzika.

Nureme, ibintu birashobora guhinduka. Ariko rero, urakeneye kumenya ibintu bimwebimwe ku bijanye n’ukubika inzika.

ICO UKWIYE KUMENYA

Kubika inzika bituma umubano wanyu udatera imbere

Kubika inzika ntivyubaka birasambura. Uti kuki? Kubera ko vyonona ibintu umubano ukwiye kuba ushingiyeko, nk’urukundo, ukwizigirana n’ukudahemuka. Twoshobora kuvuga rero ko kubika inzika bitava ku ngorane iri mu mubano ahubwo ko kubika inzika ubwavyo ari ingorane mu mubano. Ntibitangaje kubona Bibiliya ivuga iti: “Umururazi ubabaza wose . . . [u]kurwe muri mwebwe.”Abanyefeso 4:31.

Kubika inzika ni ukwibabariza ubusa. Kubika inzika ni nko kwikubita amakofe ukitega ko uwundi aba ari we ababara. Mu gitabu uwitwa Mark Sichel yanditse (Healing From Family Rifts) yavuze ati: “Uwo muntu mubana ufitiye inzika ashobora kuba yimererewe neza, yiryoherewe, kumbure ata co yinona.” Muri make rero, nk’uko Sichel abivuga, “uwo ufitiye inzika si we ababara, ahubwo ni wewe ubabara cane.”

Kubika inzika ni nko kwikubita amakofe ukitega ko uwundi aba ari we ababara

Umuntu ni we ahitamwo kubika canke kutabika inzika. Hari uwobihakana akavuga ati: ‘Uwo twubakanye ni we yatumye ndamubikira inzika.’ Ariko rero, wiyumviriye gutyo uba uriko ushimika ku vyo uwundi akora kandi ata bubasha ufise ku vyo akora. Aho kubigenza gutyo, Bibiliya iduhanura iti: “Umuntu wese n’asuzume ivyo akora.” (Abagalati 6:4, Ubwuzure Bushasha. Ni twe dushimitse) Naho ata bubasha dufise ku vyo uwundi avuga canke akora, kuraba neza ukuntu ubwacu tuvyifatamwo vyovyo turabishoboye. Si ngombwa rero ngo tubikire inzika uwatugiriye nabi.

 ICO WOKORA

Ntureke ngo inzika ikuganze. Guta ikosa ku wo mwubakanye biroroshe. Ariko niwibuke ko umuntu ari we ahitamwo kubika canke kutabika inzika. No kubabarira ni ihitamwo ry’umuntu. Woshobora guhitamwo gukurikiza impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Izuba ntirirenge mugishavuye.” (Abanyefeso 4:26) Kugira umutima wo kubabarira abandi biratuma mushobora gutunganya ingorane mu mahoro.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:13.

Niwisuzume utibesha. Bibiliya iravuga yuko abantu bamwebamwe “[ba]kaza ishavu” canke “[baga]kunda gushangashirwa.” (Imigani 29:22) Woba ari ko umeze? Niwibaze uti: ‘Noba nkunda kubika inzika? Noba ndi inkomwahato? Noba nkunda kugagamisha utuntu dutoduto?’ Bibiliya ivuga yuko “uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe,” canke abagenzi. (Imigani 17:9; Umusiguzi 7:9) Ivyo birashobora gushika mu mubano. Nimba rero ukunda kubika inzika, niwibaze uti: ‘Noba norushiriza kwihanganira uwo twubakanye?’—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 4:8.

Nutandukanye ibihambaye n’ibidahambaye. Bibiliya ivuga yuko hariho “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Si ngombwa ngo muyage ku kantu kose kakubabaje. Rimwe na rimwe woshobora gusa ‘kuvugira mu mutima wawe, ku gitanda cawe, ukaguma ucereje.’ (Zaburi 4:4) Igihe bikenewe vy’ukuri ko muyaga ku vyakubabaje, nubanze urindire ishavu rihere. Umukenyezi umwe yitwa Beatriz avuga ati: “Igihe hari icambabaje, nca mbanza kugerageza guturura. Guturura hari igihe bituma mbona ko ivyambabaje bidahambaye cane, bikamfasha no kuvugana icubahiro.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 19:11.

Nutahure ico bisobanura “kubabarira.” Dufatiye ku rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango, rimwe mu majambo yo muri Bibiliya ahindurwa ngo “kubabarira” risobanura kurekura. Kubabarira rero si ugufatira mu rwara icakubabaje canke kumera nk’aho ata cabaye. Hari igihe uba uhisemwo gusa kurekura canke kwihoza icakubabaje kubera ko utahura yuko kubika inzika bishobora kubangamira amagara yawe bikonona n’umubano wawe, ivyo na vyo bikaba vyoba bibi gusumba ico kintu cakubabaje.

Raba n'ibindi

Ingene mwobabarirana

Kubera iki kubabarira bishobora kuba urugamba? Raba ingene impanuro Bibiliya itanga zishobora gufasha.