Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 KAHISE KATWIGISHA IKI?

Espanye yomora abisilamu

Espanye yomora abisilamu

Iyi nkuru birabereye ko uyisoma. Ni inkuru ibabaje yerekeye ivyo Abanyespanye bakoze kera. Bivugwa ko ibintu nka vyose bakoze ico gihe, babikoze babitumwe na Ekleziya.

UMWAMI wa Espanye yashaka ko igihugu ciwe kibamwo abakirisu gusa bagengwa n’amategeko amwe. Abisilamu bo muri Espanye babonwa ko bataye Imana, akaba ari co gituma kubareka ngo babe muri ico gihugu vyabonwa ko ari ugutukisha Imana. Haciye imyaka itari mike, barabahagurukiye. None babagenjeje gute? Emwe, barabomoye! *

BAHATIRWA KUBA ABAGATOLIKA

Abisilamu b’inkehwa bo muri Espanye bitwa aba mudéjars baramaze imyaka amajana baba mu ntara zatwarwa n’abagatolika ata wubakomakoma. Baramaze igihe amategeko ya Espanye abarekurira gukurikiza amategeko yabo, imigenzo yabo n’idini ryabo.

Ariko mu 1492, Umwami Ferdinand wa kabiri n’Umwamikazi Isabelle barigaruriye intara ya Grenade. Kari ko gace ka nyuma ko mu karere ka Espanye na Portigale kari kakiganzwa n’abisilamu. Igihe bahigarurira, baremereye abisilamu bahaba ko bohawe uburenganzira nk’ubwa bamwe bitwa aba mudéjars. Ariko haciye igihe gito, abatware b’abagatolika baciye barushiriza guhohotera abisilamu b’inkehwa bo muri Espanye no kubahata ngo bacike abagatolika. Abo bisilamu baravyiyamirije kubera ko vyahonyanga amasezerano bari baragiraniye, maze mu 1499 baragumuka. Abasoda b’igihugu barahagaritse iyo migumuko. Ariko mu nyuma, Abanyespanye baratanguye gusaba abisilamu bo mu turere dutandukanye ngo bemere kuba abagatolika canke  na ho baje kuba ahandi. Abemeye kuguma muri Espanye bakinjira idini rya Gatolika, babise aba morisques.

BABONWA KO “BATARI ABAKIRISU VY’UKURI KANDI KO BATASHIGIKIRA INTWARO”

Mu 1526, idini rya isilamu ryarabujijwe mu gihugu cose ca Espanye. Yamara abisilamu benshi bahatiwe kwinjira idini rya Gatolika ntibahevye idini ryabo, babandanije gusenga mu kinyegero. Benshi muri bo bagumanye imico kama yabo.

Ukwo kugumana idini ryabo kandi bitwa ko ari abagatolika, Abanyespanye baravyihanganiye mu ntango. Nakare bari bafise ico bamariye igihugu kuko bakora imyuga itandukanye n’ibindi bikorwa, bakongera bakariha amakori. Ariko kubera ko abisilamu muri rusangi banse kumera nk’abandi, vyatumye haba icuka kibi maze Leta hamwe n’abanyagihugu batangura kubinuba no kubafata nabi. Ivyo bishobora kuba vyatewe n’uko Ekleziya yari isigaye ifise amakenga menshi, yibaza nimba abo bisilamu bari barahindutse abagatolika vy’ukuri.

Ariko vyakabaye kera, ivyo kubihanganira vyaraheze batangura gukoresha igikenye. Mu 1567, Umwami Filipo wa kabiri yarasohoye itangazo ribabuza ururimi rwabo, inyambaro yabo, imico yabo n’imigenzo yabo. Ivyo vyatumye hasubira kuba imigumuko, n’amaraso araseseka.

Bivugwa ko abisilamu nka 300.000 bomowe muri Espanye, barahabonera amabi

Abahinga mu vya kahise bavuga ko abategetsi bo muri Espanye batanguye kubona ko “abisilamu bo muri Espanye batari abakirisu vy’ukuri kandi ko batashigikira intwaro.” Baciye rero batangura kubagiriza ngo barakorana n’abasahura amato baturuka muri Afrika yo mu Buraruko, n’abaporoti bo mu Bufaransa be n’Abanyatirkiya, mu ntumbero yo gutera Espanye. Ukwo kubikeka n’ugutinya ko bohavuye bifatanya n’abansi bakabatera, biri mu vyatumye Umwami Filipo wa gatatu afata ingingo yo kubomora mu 1609. * Mu myaka yakurikiye, abo bose bikekwa ko ari abisilamu baratotezwa. Ayo mabi abisilamu bakorewe ni yo yatumye Espanye isigara iramutswa Gatolika gusa.

^ par. 4 Ubwami bwa nyuma bwo mu karere ka Espanye na Portigale bwaganzwa n’abisilamu bwigaruriwe mu 1492. Inyuma y’aho, hari abisilamu bahatiwe kuba abagatolika maze baguma muri ako karere. Abo bisilamu biswe aba morisques, rikaba ari na ryo zina abahinga mu vya kahise bakoresha.

^ par. 12 Abahinga mu vya kahise bavuga kandi yuko n’imiburiburi umwe mu batware bo muri Espanye yabaye tembantereke, arondera kwungukira cane ku matongo abo bisilamu bomowemwo.