Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  Myandagaro 2014

 TWISUNZE BIBILIYA

Indoto zivuye ku Mana

Indoto zivuye ku Mana

Imana yoba yarakoresheje indoto kugira ivugane n’abantu?

“[Umusavyi w’Imana] Daniyeli abona indoto . . . ku gitanda ciwe. Ico gihe yandika iyo ndoto. Yigana inkuru yose y’ivyo bintu.”Daniyeli 7:1.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana yarashikirije abantu ubutumwa buhambaye ikoresheje uburyo butandukanye. Mu bihe vya kera, rimwe na rimwe yarakoresha indoto. Ariko izo ndoto ntizaba ari indoto zidatomoye canke zitumvikana. Indoto zivuye ku Mana zaba zitomoye, zumvikana kandi zirimwo ubutumwa kanaka. Nk’akarorero, mu ndoto imwe umusavyi w’Imana Daniyeli yarose, yarabonye ibikoko bitandukanye vyagereranya inganji zogiye ziraganza isi, kuva mu gihe ca Babiloni gushika mu gihe cacu. (Daniyeli 7:1-3, 17) Biciye mu ndoto, Imana yarabwiye Yozefu w’i Nazareti, se murezi wa Yezu, ngo atore umugore wiwe n’umwana bahungire mu Misiri. Ivyo vyatumye Yezu aticwa n’Umwami Herodi w’umubisha. Herodi apfuye, Imana yarabimenyesheje Yozefu mu ndoto, ica imubwira ngo asubire mu gihugu ciwe c’amavukiro ari kumwe n’umuryango wiwe.Matayo 2:13-15, 19-23.

 Imana yoba ikoresha indoto kugira ivugane natwe muri iki gihe?

“Ntimurenge ku bintu vyanditswe.”1 Abakorinto 4:6.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Indoto zivugwa muri Bibiliya ziri mu bigize ibintu vyanditswe Imana yahishuriye abantu. Ku bijanye n’ivyo bintu Imana yahishuye, muri 2 Timoteyo 3:16, 17 havuga hati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”

Bibiliya iraturonsa “ibikenewe vyose” kubera ko ihishura ivyo dukeneye kumenya vyose ku vyerekeye Imana, ingene imeze, ingingo ngenderwako zayo zigenga ikibereye n’ikitabereye, be n’ikibanza dufise mu mugambi ifitiye isi. Ni co gituma Imana itagikoresha indoto kugira ishikirize abantu ubutumwa. Kugira tumenye ivyerekeye kazoza be n’ivyo Imana igomba ko dukora, ntibikenewe ko “[turenga] ku bintu vyanditswe” muri Bibiliya. Vyongeye, abantu hafi bose barashobora kuronka Bibiliya, bakiga ibintu vyinshi Imana yahishuye, harimwo n’indoto.

Kubera iki wokwizigira ivyo Imana yeretse abo yavugisha be n’indoto barose bivugwa muri Bibiliya?

“Abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”2 Petero 1:21.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Igice kinini c’ivyo Imana yeretse abo yavugisha be n’indoto barose bivugwa muri Bibiliya, vyavuga ibintu vyobaye muri kazoza. Kuba vyaranditswe muri Bibiliya, bituma abayisoma bashobora kwisuzumira ko abayanditse bavuze ukuri be n’uko ivyo banditse ari ivyo kwizigirwa. None ivyo banditse vyoba vyararangutse? Reka dufate akarorero kamwe, turabe ivyo Daniyeli yeretswe n’Imana biri muri Daniyeli 8:1-7, vyanditswe igihe Inganji ya Babiloni yari mu kuvaho.

Daniyeli yeretswe ibintu vy’ikigereranyo: Yabonye impfizi y’intama be n’isuguru y’impene yaje ikanesha iyo mpfizi, ikayikandagira. Daniyeli ntiyiriwe aribaza insobanuro z’ivyo bintu yeretswe kuko umumarayika w’Imana yaciye amubwira ati: “Impfizi y’intama . . . y’amahembe abiri, igereranya abami b’Ubumedi n’Ubuperesi. Ya suguru y’impene y’ivyoya na yo, igereranya umwami w’Ubugiriki.” (Daniyeli 8:20, 21) Ivyabaye muri kahise biremeza ko Inganji y’Abamedi n’Abaperesi yasubiriye Babiloni mu kuganza isi. Ariko haciye imyaka nk’amajana abiri, Inganji y’Abamedi n’Abaperesi yaratsinzwe na Alegizandere Mukuru umwami w’Ubugiriki. Emwe, ibintu Bibiliya ivuga ko bizoba, dushizemwo n’indoto zimenyesha kazoza, vyama biranguka ata gahaze! Ico kintu conyene kiratuma Bibiliya itandukana n’ibindi bitabu vyose vyitwa vyeranda, bigatuma rero dushobora kuyizigira.