Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUSAMA 2014

Ubukerebutsi buriko burasemerera—Woba ubwumva?

Ubukerebutsi buriko burasemerera—Woba ubwumva?

“Mbega ubukerebutsi ntibuguma busemerera, n’ugutahura kukaguma gusohora ijwi ryakwo? Kw’isonga ry’ahantu hakirurutse, iruhande y’inzira, kw’ihwane ry’amabarabara, ni ho buhagaze. . . . Mu bwinjiriro bw’imiryango, buguma busemerera n’ijwi rirenga.”IMIGANI 8:1-3.

UBUKEREBUTSI nta co bwogereranywa. Tutabufise, twokwama turiko dukora amakosa y’ubupfu. Ariko none ubukerebutsi nyakuri twobukura he? Umwanditsi w’igitabu c’Imigani yariko avuga ubukerebutsi ntangere bw’Umuremyi wacu. Kandi ico womenya, abantu nka bose barashobora kuronka ubukerebutsi bw’uwo Muremyi biciye ku gitabu kidasanzwe ari co Bibiliya. Rimbura ibikurikira:

  • Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga ko Bibiliya ari “co gitabu cakwiragijwe kuruta ibindi vyose bimaze kubaho. Iramaze gushirwa mu ndimi nyinshi kandi kenshi cane kuruta ikindi gitabu ico ari co cose.” Bibiliya yose canke igice cayo, iraboneka mu ndimi hafi 2.600, bigatuma ibice birenga 90 kw’ijana vy’abantu bashobora kuyironka.

  • Ubukerebutsi kandi “buguma busemerera n’ijwi rirenga” mu buryo dushobora kwumva n’amatwi yacu. Muri Matayo 24:14, dusoma duti: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo [ry’iyi si] rizoca riza.”

Iyo “nkuru nziza” ni ubukerebutsi nyakuri kubera ko ivuga ibijanye n’umuti uranga ubukerebutsi Imana ifitiye ingorane z’abantu, ni ukuvuga Ubwami bwayo. Ubwo Bwami ni intwaro y’Imana izoganza isi yose. Isi izoba yunze ubumwe irongowe n’intwaro imwe. (Daniyeli 2:44; 7:13, 14) Ni co gituma Yezu Kristu yasenze ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”Matayo 6:9, 10.

Ivyabona vya Yehova babona ko ari agateka gutangaza Ubwami bw’Imana mu bihugu 239. Ego cane, ubukerebutsi, ni ukuvuga ubukerebutsi buva ku Mana, “[buguma] busemerera” koko, mbere no “mu bwinjiriro bw’imiryango.” None woba ubwumva?