Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko

Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko

“Narumva umengo meze nk’imbeba iri mu gakurudumu kazunguruka, iguma yiruka itava aho iri.Kenshi nakora amasaha 16 ku musi kandi ni gake ntatonda ku kazi ku mpera y’imishamvu. Narumva nshavuye kubera ko nava muhira agakobwa kanje kakiryamye, ngataha karyamye. Umwitwarariko mwinshi waratuma ndwara.”—Vyavuzwe na Kari wo muri Finlande.

IVYASHIKIYE Kari si we wenyene bishikira. Ishirahamwe ry’abagiraneza ryo mu Bwongereza ryitaho abafise ingorane z’amagara yo mu mutwe ryerekana ko umukozi 1 kuri 5 muri ico gihugu yavuze yuko yigeze kurwara kubera umwitwarariko mwinshi, umukozi 1 kuri 4 na we ararira ari ku kazi kubera ukurengerwa n’ibikorwa. Vyongeye, abandikiwe imiti y’akabonge barongerekanye ku rugero rw’akataraboneka mu mwaka umwe wa vuba wabayemwo ingorane z’ivy’ubutunzi.

Ni igiki catumye ugira umwitwarariko mwinshi?

  • Guhagarika umutima ku bijanye n’ivy’ubutunzi canke ibindi

  • Ibikorwa vyinshi cane

  • Ingorane ufitaniye n’abandi

  • Ikintu kibabaje cane cagushikiye

Uwo mwitwarariko wakugizeko ingaruka izihe?

  • Ingorane z’amagara

  • Kuruha mu mutima

  • Kudasinzira neza

  • Akabonge

  • Imigenderanire ufitaniye n’abandi yarahungabanye

 Iyo ufise umwitwarariko mwinshi, umubiri uca ukora ikintu gitangaje, ukagomora ingabo zo kugutabara vyihuta. Umubiri uca uhingura inkabuzo zituma uhema ningoga, umutima ugatera cane n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso rikongerekana. Vyongeye, utugingo ngengabuzima two mu maraso n’isukari (glucose) bica biva mu bubiko bwavyo bikisukira mu maraso. Ivyo bintu biba mu mubiri biragufasha guhangana n’ikintu kiba kiriko kiratuma ugira umwitwarariko mwinshi. Ico kintu kimaze guhera, umubiri wawe uca usubira gukora ukuri kwamye. Ariko iyo ico kintu canse guhera, kirashobora gutuma wama ufise amaganya canke uhagaritse umutima, ukamera nk’imoteri ibandanya izunguruka cane. Kumenya rero ukuntu wovyifatamwo iyo ufise umwitwarariko mwinshi birahambaye cane kuko bigira ico bikoze ku magara yawe yo ku mubiri no mu bwenge.

Ingene wovyifatamwo

Kugira umwitwarariko ntivyama ari bibi. Ishirahamwe ryo muri Amerika riraba ivy’inyifato y’abantu ryavuze riti: “Umwitwarariko urafitiye akamaro umuntu nka kurya kw’umunangiro w’umurya w’igicurarangisho. Iyo umurya utanangiriye neza uca wumvikana nabi umuziki ukabiha, unangiriye cane na ho, umuziki uca umena amatwi canke umurya ugacika. Umwitwarariko rero urashobora kuba ishano ryica canke ikirungo kiryosha ubuzima. Igikuru ni ukumenya ingene uvyifatamwo.”

Ikindi womenya ni uko abantu batandukanye muri kamere no mu kuntu amagara yabo muri rusangi yifashe. Ni co gituma icotesha umutwe umuntu umwe gishobora kudatesha umutwe uwundi. Nimba ubuzima bwawe bwa misi yose butuma ushuha umutwe ku buryo bikugora guturura canke gutunganya ikibazo kanaka kiba cadutse, ushobora kuba ufise umwitwarariko urenze urugero.

Abantu bamwebamwe kugira bagabanye umwitwarariko mwinshi bamana, usanga baca birukira imiti, inzoga, ibiyayuramutwe canke itabi. Abandi baca batangura kuza barafungura uko batahora canke bakaguma biyicariye imbere y’imboneshakure canke orodinateri, ivyo bikaba vyunyura ingorane ituma bagira uwo mwitwarariko aho kuyitorera umuti. Ni igiki none codufasha kuvyifatamwo neza kugira ntiturengerwe n’umwitwarariko?

Impanuro ngirakamaro zo muri Bibiliya zarafashije abantu benshi kuvyifatamwo neza mu bintu bitesha umutwe vyo mu buzima. Impanuro ziranga ubukerebutsi itanga vyarabonetse ko ari ngirakamaro. Ubwo weho ntiwosanga zigufashije? Zirikana ico kibazo uko duca irya n’ino ibintu bine bikunze gutuma abantu bagira umwitwarariko mwinshi.

 1 GUHAGARIKA UMUTIMA

Nta muntu n’umwe atekaniwe ijana kw’ijana. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ibihe be n’ibishika giturumbuka bi[du]shikako [twe]se.” (Umusiguzi 9:11) None wovyifatamwo gute igihe wumva uhagaritse umutima? Gerageza ibi bikurikira.

  • Nubiyage n’umuntu wizigira wo mu muryango canke umugenzi. Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko gufashwa n’abawe vyama bikinga ingorane z’amagara ziterwa n’ukugira umwitwarariko mwinshi. Nkako, “umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”Imigani 17:17.

  • Ntugume wiyumvira ibintu bibi vyoshobora gushika. Ivyo nta co bigufasha atari ukukuruhisha mu mutima. Vyongeye, ibigutera ubwoba hari n’igihe bitoba! Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.”Matayo 6:34.

  • Niwungukire ku bubasha bw’isengesho. Muri 1 Petero 5:7 havuga hati: “Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.” Imana irerekana ko itubabaye mu kuduha amahoro yo mu mutima no mu kudukura amazinda y’uko ‘itazogenda ihevye’ abayitura ata buryarya kugira ibaremeshe yongere ibafashe mu bihe bigoye.Abaheburayo 13:5; Abafilipi 4:6, 7.

2 IBIKORWA VYINSHI CANE

Kwama ufata urugendo uja ku kazi, akazi ubwako, kwiga amashure, ukwitwararika abana canke abavyeyi bageze mu zabukuru birashobora gutuma wamana umwitwarariko mwinshi. Vyongeye, hari igihe usanga ivyo vyose ubwirizwa kubikora. (1 Timoteyo 5:8) None wokora iki ngo nturengerwe n’umwitwarariko?

  • Nugerageze kuza uriha akanya ko kumira amate, wongere uruhuke bihagije. Bibiliya ivuga iti: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”Umusiguzi 4:6.

  • Nushire imbere ibihambaye kuruta ibindi, kandi ubeho mu buryo bworoheje. (Abafilipi 1:10) Raba ukuntu wokworosha ubuzima bwawe, kumbure mu kugabanya amahera usohora canke umwanya umara ku kazi.Luka 21:34, 35.

Umwe Kari twavuga mu ntango yaricaye arasuzuma ukuntu yari abayeho. Yanditse ati: “Nasanze nabaho niyumvira ivyanje gusa.” Yaciye agurisha urudandaza rwiwe aca atangura gukora akazi katumye arushiriza kuboneka muhira. Ubwiwe avuga ati: “Ni ivy’ukuri ko uburyo bwo kwibeshaho bwagabanutse gatoyi, ariko ubu twe n’umukenyezi wanje ntitwamana umwitwarariko mwinshi, kandi twararonse umwanya wiyongereye wo kuza turifatanya n’incuti n’abagenzi. Amahoro yo mu mutima mfise ubu arandutira urudandaza urwo ari rwo rwose nokora.”

 3 INGORANE UFITANIYE N’ABANDI

Ingorane ugiranira n’abandi, na canecane ku kazi, zirashobora kugutesha umutwe. Ivyo bigushikiye, hari ibintu bitandukanye vyoshobora kugufasha.

  • Hagize uwugushavuza, nugerageze kuguma utekanye. Ntusongere isibe. Mu Migani 15:1 havuga hati: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”

  • Nugerageze gutorera umuti izo ngorane muri babiri kandi mu rupfasoni, gutyo utere iteka mugenzawe.Matayo 5:23-25.

  • Nugerageze gutahura ukuntu abona ibintu n’ukuntu yiyumva. Ivyo “[bira]hwamika ishavu” ryacu kubera ko bituma twishira mu kibanza c’uwo muntu. (Imigani 19:11) Birashobora no kudufasha kwibona nk’uko abandi batubona.

  • Nugerageze kumuharira. Uretse ko guharira ari ikintu gihimbaye, biratuma tugira n’amagara meza. Nk’uko icigwa kimwe cagizwe mu 2001 cavyerekanye, “kudaharira” bituma umutima utera “ningoga cane,” hakaba n’iyongerekana rikomeye ry’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, mu gihe guharira vyovyo bigabanya ugushuha umutwe.Abakolosayi 3:13.

4 IBINTU BIBABAJE CANE VYAGUSHIKIYE

Umukenyezi yitwa Nieng wo muri Kamboje yarashikiwe n’ivyago vy’urutavanako. Mu 1974, yarakomerekejwe n’ibombe yaturitse ku kibuga c’indege. Mu mwaka wakurikiye, abana biwe babiri, nyina wiwe n’umugabo wiwe, bose barapfuye. Mu 2000, inzu yabamwo be n’ivyo yari atunze vyarahiye biratokombera, haciye imyaka itatu na ho umugabo wiwe wa kabiri arahwera. Aho yari ageze, yumva arambiwe no kubaho.

“Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura”

Yamara Nieng yarashoboye kuvyifatamwo neza. Cokimwe na Kari, yarasuzumye Bibiliya kandi ivyo yamenye vyaramugiriye akamaro cane, na we aca aza aramara umwanya afasha abandi ngo na bo bavyungukireko. Ivyamushikiye biratwibutsa icigwa abashakashatsi b’Abongereza bagize mu 2008. Basanze kimwe mu bintu bifasha umuntu “gusubirana igihe yarengewe n’amaganya” ari “ukugira ico afashije . . . abandi,” iyo ikaba ari impanuro ihuje n’ivyo Bibiliya yavuze kuva kera.Ivyakozwe 20:35.

Nieng yararonse n’icizigiro c’ukuri cerekeye kazoza, aho ingorane zose zihanze abantu zizoba zavuyeho. Ico gihe, “hazobaho amahoro menshi” kw’isi yose.Zaburi 72:7, 8.

Icizigiro nyakuri be n’ubukerebutsi bwo kuvyifatamwo neza mu bintu vyinshi bidutesha umutwe mu buzima, ni ibintu vy’agaciro ntangere Bibiliya ishobora kuturonsa. Abantu amamiliyoni baramaze kwungukira kuri ico gitabu kidasanzwe. Nawe urashobora kucungukirako.