Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUHUHUMA 2014

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | HANS KRISTIAN KOTLAR

Umuhinga mu vy’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga mu vy’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Mu 1978, ku bitaro vyo muri Noroveje bivura kanseri (Norwegian Radium Hospital) ni ho Dogoteri Hans Kristian Kotlar yatanguriye kugira ubushakashatsi mu vya siyansi, akaba yarahatohoreje ibijanye na kanseri be n’ubushobozi umubiri wacu ufise bwo kwirwanira. Ico gihe, yaripfuje no kumenya inkomoko y’ubuzima. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ubushakashatsi agira be n’ivyo yemera mu vy’Imana.

Ni igiki catumye wipfuza kumenya inkomoko y’ubuzima n’intumbero yabwo?

Dawe yari umugatolika, mawe akaba umuporoti. Ariko ntibitaho cane ivy’idini. Nayo jewe, nkiri umuyabaga naribaza ibijanye n’intumbero y’ubuzima, ngasoma ibitabu vyerekeye idini ry’ababuda, abahindu n’abisilamu. Naranasavye Imana ngo impishurire ukuri.

Mu myaka ya 1970, igisata c’ubu- shakashatsi bwerekeye utugingo ngengabuzima cari kimaze kugira amaterambere akomeye, nkaba naribaza nimba coshobora guhishura ukuntu ubuzima bwabayeho. Naripfuza cane gutahura ibintu biba mu tugingo ngengabuzima tuzima, akaba ari co gituma nahisemwo kwiga ibijanye n’ubuhinga bwo guhingura ibintu bitandukanye dufatiye ku binyabuzima. Ico nokwongerako ni uko benshi mu bigisha banje wasanga bavuga ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika, nkaba naremera ivyo bavuga.

Kubera iki washimye gutohoza Bibiliya?

Hari Ivyabona vya Yehova babiri bangendeye muhira. Naho bari abantu bimereye neza, nabakiriye nabi ndababwira ko ata vyo nshaka. Umukenyezi wanje yaranyumvise, aca ambwira ati: “Ivyo ugize si vyo, ntuze. None ntiwamye wipfuza kumenya intumbero y’ubuzima?” Numvise maramaye kuko ivyo yavuga vyari vyo. Naciye niruka guhamagara vya Vyabona. Igihe twariko turaganira, narababwiye ko nipfuza kumenya nimba Bibiliya ihuza na siyansi.

None bakwishuye gute?

Baranyeretse ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Isôko ry’inkomezi zibonekeza mu biriho vyose. Icanditswe bansomeye kivuga giti: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? . . . Kubera umurengera w’inguvu rukozi,  kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura.” * Naripfuje cane kumenya ivyerekeye ayo majambo. Vyongeye, nabonye umengo birumvikana ko urutonde rurangwa mu biriho vyose rutegerezwa kuba rwashizweho n’Isôko rinaka ry’inkomezi rifise ubwenge.

Vyoba vyarahinduye ukuntu wabona inyigisho y’ihindagurika?

Buhorobuhoro nagiye ndabona ko inyigisho zitandukanye zijanye n’ihindagurika zitari zishingiye ku bimenyamenya bikomeye vya siyansi. Mu vy’ukuri, ni nk’inkuru gusa abantu biyumviriye kugira basigure ukuntu ibintu bitangaje biri mu binyabuzima vyoba vyarashoboye kwiyadukiza, nk’akarorero bwa bushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira. Uko natohoza ivy’ubwo bushobozi, ni ko narushiriza kubona ko buhanitse be n’uko ari kirumara. Ubushakashatsi nagize bwatumye rero mbona ko ubuzima bwashizweho n’Umuremyi afise ubwenge.

Ubushakashatsi nagize bwatumye mbona ko ubuzima bwashizweho n’Umuremyi afise ubwenge

Woduha akarorero kerekana ko hariho Umuremyi?

Ubushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira bugizwe n’abasoda batandukanye bakora mu buryo butandukanye kugira badukingire ibintu vyinshi vyotugirira nabi, harimwo n’utunyabuzima bita bagiteri be n’imigera. Turavye ukuntu abo basoda bakora, twobashira mu migwi ibiri yunganirana. Abo mu mugwi wa mbere, mu mwanya w’amasaha nk’angahe baba bahagaritse igitero c’utunyabuzima twitwa mikorobe. Abo mu mugwi wa kabiri bobo bafata imisi nk’ingahe kugira bivune igitero, mugabo bagakora nk’imyampi idahusha. Abo muri uwo mugwi wa kabiri barafise n’ubushobozi bwo kwibuka bakoresha ku buryo bishitse umwansi kanaka akagaruka haciye imyaka nk’ingahe, aca atuzwa mu maguru masha. Abo basoda bose bakora neza cane ku buryo kenshi utamenya n’uko umubiri wawe watewe be n’uko abasoda bawe bashoboye kugukingira. Ikindi kintu gitangaje ni ukuntu abo basoda b’umubiri batandukanya ibintu vy’ivyaduka n’ubwoko amajana n’amajana bw’utugingo ngengabuzima tugize umubiri wacu.

Wotubwira ingene bigenda iyo umukorobe winjiye mu mubiri?

Imikorobe irinjira mu mubiri biciye ku mpemu duhumeka, ku bifungurwa, ku bihimba vy’irondoka bicamwo umwanda mutoyi, canke ikinjirana mu rukoba. Iyo abo basoda babonye ibintu vy’ivyaduka mu mubiri, baca batanguza urukurikirane rw’ibikorwa bigenewe kuwukingira, babifashijwemwo n’indemamubiri nyinshi zabigenewe. Kimwekimwe cose muri ivyo bikorwa kiratanguza ikigikurikira, ivyo bikaba vyongereza ubushobozi umubiri ufise bwo kwivuna. Emwe, birasiga ubwenge!

Twovuga none ko ubumenyi ufise mu vya siyansi bwatumye urushiriza kwemera Imana?

Neza cane! Uravye ukuntu ubushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira bukomeye kandi buhanitse, uca abona ko hariho Umuremyi afise ubukerebutsi n’urukundo. Novuga kandi ko siyansi yatumye ndushiriza kwemera Bibiliya. Nk’akarorero, mu Migani 17:22 hatubwira ko “umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.” Abashakashatsi basanze ukuntu tumerewe mu mutima no mu bwenge bishobora kugira ico bikoze ku bushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira. Nk’akarorero, imyitwarariko irenze urugero irashobora gutuma abasoda b’umubiri bagoyagoya.

Kubera iki none benshi mu banyasiyansi bagenzawe batemera Imana?

Biravana. Hari abo usanga bapfa kwemera ivyo bigishijwe, nk’uko vyari no kuri jewe. Bashobora kuba biyumvira ko inyigisho y’ihindagurika ishingiye ku bimenyamenya vya siyansi. Hari n’abatitaho kumenya ukuntu ubuzima bwatanguye. Birababaje. Mbona ko bari bakwiye kurushiriza kwibaza ibibazo.

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Narakozwe ku mutima n’ubwakiranyi bwabo be n’ivyo bemera ku bijanye n’umuhango Umuremyi atanga werekeye kazoza keza. * Vyongeye, ivyo bemera bishingiye ku bushakashatsi no ku vyiyumviro vyumvikana, ntibishingiye ku bitito canke ku vyiyumviro bitagira ishingiro. *