Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUHUHUMA 2014

 KAHISE KATWIGISHA IKI?

Konsitantino

Konsitantino

Konsitantino ni we mwami w’abami w’Uburoma wa mbere yavuze ko ari umukirisu. Kuba yariyita umukirisu vyaratumye haba amahinduka akomeye muri kahise k’isi. Yarinjiye muri iryo dini ryahora rihamwa maze atuma rihinduka ku buryo ryahavuye rivamwo amadini y’abiyita abakirisu. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopædia Britannica) kivuga yuko ivyo vyatumye ayo madini yitwa ngo ni aya gikirisu aba “co kintu gikomeye kuruta ibindi vyose” vyahinduye isi “mu vy’imibano no mu vya politike.

KUBERA IKI womenya ivyerekeye umwami w’abami w’Uburoma yabayeho kera cane? Nimba witaho ibijanye n’ubukirisu, urakwiye kumenya ko ivyo Konsitantino yakoze mu vya politike no mu vy’idini vyagize ico bihinduye ku nyigisho n’imigenzo amadini menshi akurikiza gushika n’uno musi. Reka tubirabe.

KONSITANTINO YEMERERA AMADINI HANYUMA AKAYAKORESHA

Mu 313 Inyuma ya Kristu, Konsitantino yatwara akarere ko mu burengero k’Inganji y’Uburoma, Licinius na Maximinus na bo bagatwara ako mu buseruko. Abo bami baraha abantu bose umwidegemvyo wo gusenga, ushizemwo n’abakirisu. Konsitantino yarakingiye ubukirisu, yiyumvira yuko idini ryashobora gutuma inganji yiwe yunga ubumwe. *

Ni co gituma Konsitantino vyamubabaje kubona amadini yaracanamwo bivanye n’ukudahuza. Kubera yipfuza ko amadini ahuza, yaciye arondera gushinga inyigisho yitwa ko ari iy’ukuri, maze agatuma ayo madini ayikurikiza. Kugira ngo abasenyeri bamushimishe, bategerezwa kugira ivyo bahinduye mu nyigisho zabo, kandi ababigize yarabakuyeko amakori yongera arabaha imfashanyo nyinshi. Umuhinga mu vya kahise yitwa Charles Freeman yavuze ati: “Kwemera inyigisho ya gikirisu yitwa ko ‘ibereye’ ntivyatuma gusa bugururirwa amarembo y’ijuru, vyaratuma kandi bironkera  ubutunzi bwinshi bwo kw’isi.” Abakuru b’amadini bacitse rero abantu bakomeye cane mu vy’isi. Umuhinga mu vya kahise yitwa A. H. M. Jones avuga ati: “Amadini yari yaronse uwuyakingira, ariko yari yaronse n’uwuyaganza.”

“Amadini yari yaronse uwuyakingira, ariko yari yaronse n’uwuyaganza.”—Vyavuzwe na A.H.M. Jones, umuhinga mu vya kahise

BWARI UBUKIRISU BUMEZE GUTE?

Kuba Konsitantino yarafatanye mu nda n’abasenyeri vyatumye inyigisho z’idini zisigara zivanzemwo ubukirisu n’ubupagani. Ni ukwo nyene vyategerezwa kumera narirya uwo mwami w’abami atarondera ukuri kwerekeye Imana ariko yarondera kunywanisha amadini atandukanye. Nakare yatwara inganji y’abapagani. Umuhinga umwe mu vya kahise yanditse yuko mu ntumbero yo kunezereza abakirisu n’abapagani, Konsitantino yaciye “ashima kuterekana neza na neza aho ahagaze, haba mu vyo yakora canke ukuntu yatwara muri rusangi.”

Naho Konsitantino yavuga ko ashigikiye ubukirisu, ntiyahevye ubupagani. Nk’akarorero, yararagurira ku nyenyeri agakoresha n’ubundi buryo bwo kuragura, ivyo bikaba ari ibintu Bibiliya yiyamiriza. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Ku cibutso c’intsinzi yiwe (Arc de Constantin) kiri i Roma, hariko ishusho imwerekana ariko arashikanira imana z’abapagani. Yarabandanije gutera iteka imana-zuba mu gushira ishusho yayo ku bingorongoro no mu guteza imbere insengo yayo. Mu nyuma, Konsitantino yaranemeye ko abo mu gasagara k’i Ombrie mu Butaliyano bamwubakira urusengero we n’umuryango wiwe, bakagena n’abaherezi bahakorera.

Konsitantino yabaye arabangira ivyo kubatizwa mw’idini rya gikirisu, abatizwa imisi mike imbere yo gupfa mu 337 Inyuma ya Kristu. Abahinga benshi biyumvira yuko yatevye kubatizwa kugira abakirisu n’abapagani bo mu nganji yiwe bose bagume bamushigikira mu vya politike. Ariko ukuntu yabaho be n’ukuba yaratevye kubatizwa ntivyobura gutuma abantu bibaza nimba yaremera Kristu ata buryarya nk’uko yabivuga. Mugabo ico tuzi neza ni iki: Ubukirisu Konsitantino yashigikiye bwacitse urwego rw’ivya politike n’urw’idini rukomeye, ruba ruteye akagere Kristu, rucudika n’isi. Yezu yavuze ku bijanye n’abayoboke biwe ati: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:14) Ubwo bukirisu bwari bumaze gucika ubw’isi bwahavuye buvyara amadini menshi yiyita aya gikirisu.

None ivyo vyose bitwigisha iki? Bitwigisha yuko tudakwiye gupfa kwemera inyigisho z’idini iryo ari ryo ryose, ahubwo ko dukwiye kuzisuzuma twisunze Bibiliya.1 Yohani 4:1.

^ par. 6 Ivy’uko Konsitantino yemeye ubukirisu ata buryarya ni ikibazo cavuzweko vyinshi. Igitabu kimwe kivuga yuko imvo imwe yabiteye ari ukuntu “yasa n’uwurekerana insengo z’abapagani, gushika no mu kiringo ca nyuma c’intwaro yiwe.”

Raba n'ibindi

Nushikame ku gusenga kw’ukuri

Ni ingorane izihe woshobora kugira igihe ubwira abandi ivyo wemera? Wobigira gute utiriwe urabababaza?