Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  Munyonyo 2013

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Mu Budagi

Mu 2012, imwe mu masentare makurumakuru yo mu Budagi yarashinze ko abantu badashobora gusezera idini rifatwa nk’ishirahamwe ry’abanyagihugu hanyuma ngo bagume ari abanywanyi b’iryo dini. Abagatolika basezeye idini ryabo, gutyo ntibabe bakiriha ikori ry’idini mugabo bakabandanya bajayo gusenga, boshobora kutemererwa gusangira, kwirega, gushingwa amabanga mw’idini, canke mbere gusomerwa imisa y’abapfuye.

Kw’isi yose

Icigwa cagizwe ku madini yo kw’isi yose cerekanye yuko ubu abantu bavuga ko “ata dini barimwo” bangana n’umuliyaridi 1 n’imiliyoni 100, naho bose atari abahakanamana. Bagira gatatu mu bwinshi havuye abakirisu (imiliyaridi 2 n’imiliyoni 200) n’abisilamu (umuliyaridi 1 n’imiliyoni 600). Abahindu bagira kane (nk’umuliyaridi 1).

Mu Buyapani

Abahinga bo mu Buyapani barerekanye yuko “gukeza umuntu bikabura ibice vy’ubwonko bituma aryoherwa iyo aronse ikintu,” agaca “yumva akanyamuneza.” Ico kintu bubuye gisa n’igishigikira iciyumviro c’uko gukeza umuntu ari uburyo bwo kumutera intege ngo arushirize gukora neza.

Muri Boliviya

Mu mpera zo mu 2012, muri Boliviya haragizwe rusansuma mu gihugu cose. Abanyaboliviya basabwe kuguma i muhira iwabo ku musi w’urusansuma kugira ngo ibitigiri ntibibemwo amakosa. Vyongeye, imiduga y’abantu ku giti cabo yarabujijwe gutembera, imbibe z’igihugu zirugarwa, n’inzoga zirabuzwa.

Mu Butaliyano

Mw’itohoza rimwe ryagizwe, Abataliyano bavuze yuko bamara nk’iminota 15 ku musi bakina n’abana babo. Ikinyamakuru kimwe (La Repubblica) kivuga yuko “umuvyeyi 1 gusa kuri 5 ari we abona ko gukina n’umwana biri n’ico vyigisha umwana.” Uwitwa Andrea Angiolino, akaba ari umuhinga atunganya udukino, avuga yuko iyo abavyeyi bakinye n’abana babo, vyongereza ubushobozi bwo kwiyumvira bw’abo bana, bigatuma kandi biga “kwisunga amategeko.”