Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  Munyonyo 2013

Woba ‘wama ku nzimano’?

Woba ‘wama ku nzimano’?

“Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”Imigani 15:15.

AYO majambo asigura iki? Ashimika ku vyo umuntu yiyumvira no ku kuntu amererwa mu mutima. “Umurushwa,” ni ukuvuga umunyamibabaro, agumiza ivyiyumviro ku bitagenda neza, ivyo bigatuma imisi yiwe iba “mibi,” ni ukuvuga yuzura amaganya. Ariko “uwunezerewe ku mutima” wewe agerageza kugumiza ivyiyumviro ku bigenda neza, ivyo bigatuma anezerwa mu mutima, bikaba nk’aho “yama ku nzimano.”

Twese turashikirwa n’ingorane zishobora gutuma dutakaza umunezero ku rugero runaka. Naho ari ukwo, hariho ibintu twokora vyotuma tugumana umunezero mu bihe bitoroshe. Rimbura ivyo Bibiliya ivuga.

  • Ntureke ngo amaganya y’ivy’ejo aguhagarike umutima uyu musi. Yezu Kristu yavuze ati: “Ntiwitwararike ivy’ejo: ejo hazokwimenya. Umusi wose ugorwa n’ivyawo.”Matayo 6:34, Ubwuzure Bushasha.

  • Gerageza kugumiza ivyiyumviro ku bintu vyiza vyagushikiye. Igihe wumva ucitse intege, ubona gute ugize urutonde rw’ivyo bintu vyiza kandi ukabizirikanako? Vyongeye, ntugume wiyumvira amakosa canke ibintu bibi wakoze muri kahise. Nugire ico uvyigiyeko, hanyuma utere uja imbere. Numere nk’umushoferi atereza akajisho ku cirore c’imodoka kimwereka ibiri inyuma mugabo ntakigumizeko amaso. Nugume wibuka kandi ko ku Mana “hari ukubabarirwa nyakuri.”Zaburi 130:4.

  • Niwumva urengewe n’amaganya, uraca witura umuntu ubona ko yoshobora kukuremesha. Mu Migani 12:25 havuga yuko “amaganya” atera umutima wacu “kwicurikira, mugabo ijambo ryiza ri[ka]wunezereza.” Iryo “jambo ryiza” woshobora kuribwirwa n’uwo mu muryango wawe canke umugenzi wizigira, umuntu “akundana igihe cose,” atari umuntu aguma abona ikibi mu bandi canke yama abona ko ibintu bizogenda nabi.Imigani 17:17.

Amajambo y’ubukerebutsi ari muri Bibiliya yarafashije abatari bake kurushiriza kugira umunezero mu buzima, mbere no mu bihe bitoroshe. Ese nawe ayo majambo y’agaciro yogufasha!