Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! GITUGUTU 2013

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | DAVEY LOOS

Umuhinga w’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga w’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Davey Loos ni umuhinga mu vy’ibinyabuzima mu Bubiligi. Yarigeze kuba yemera ko ibiriho bitaremwe, ariko ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko yahavuye ahindura ivyiyumviro. Ni igiki none catumye uwo mushakashatsi asubira gusuzuma ivyo yemera ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima? Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ubushakashatsi agira be n’ivyo yemera.

Watanguye gute kugira ubushakashatsi mu vya siyansi?

Igihe naja kuri kaminuza, nahisemwo gukurikirana icigwa ca shimi (chimie). Narajorezwa canecane n’uduhimba twitwa molekile tugize indemamubiri (protéines) be n’ivyitwa acides nucléiques, tukaba ari two duhimba duhanitse rwose kuruta utundi twose kw’isi. Mu nyuma, naripfuje cane kumenya ingene uduhimba molekile tumwetumwe dukorana n’umuco.

Woba waremera Imana?

Nkiri muto narayemera. Ariko mu nyuma, igihe nari kuri kaminuza y’abagatolika y’i Louvain, twigishijwe yuko ukuntu ibinyabuzima bimeze kwaturutse ku mahindagurika yagiye araba. Amwamwe muri ayo mahindagurika, abigisha bacu bayadusigurira mu buryo buhanitse cane. Kubera ko bari abanyasiyansi karuhariwe, naremera ivyo batwigisha. Vyahavuye rero bingora kwemera ko Imana ibaho.

Ni igiki catumye usubira gusuzuma ibijanye n’inkomoko y’ubuzima?

Mu 1999, narahuye n’umugenzi twahoze twigana yari asigaye ari Icabona ca Yehova, hanyuma nditaba rimwe mu makoraniro yabo y’ivyo gusenga. Nko muri ico gihe nyene, hari ikindi Cabona ca Yehova yatugendeye i muhira, aradusigira igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous ? *

None ico gitabu wakibonye gute?

Naratangajwe cane n’ukuntu amakuru ari mu co yagiriwe ubushakashatsi bwitondewe. Aho ndagisomeye naciye ntangura kwibaza nimba inyigisho y’ihindagurika yoba isigura neza vy’ukuri inkomoko y’ibintu bikoranywe ubuhinga tubona mu bidukikije.

 Muri ivyo bintu bikoranywe ubuhinga, ni ibihe vyagutangaje?

Bwa muhinga w’ibinyabuzima, naratohoza ibijanye n’uduhimba molekile tw’utunyabuzima two mu mabahari twitwa cyanobactéries, tuno tukaba tudakenera ibindi binyabuzima kugira ngo turonke ibifungurwa. Hari abashakashatsi biyumvira yuko utwo tunyabuzima ari two twatanguye kubaho kw’isi. Utwo tunyabuzima turakoresha inguvu ziva ku muco w’izuba, tugafata amazi n’umwuka witwa dioxyde de carbone tukabihinguramwo ivyokurya dukoresheje ubuhinga buhanitse cane abahinga bataratahura neza. Naratangajwe kandi n’ukuntu utwo tunyabuzima twegeranya neza umuco bimwe bidasanzwe.

Amababi na yo nyene arakoresha umuco w’izuba mu kwihingurira ibifungurwa. None utwo tunyabuzima dutandukaniye he n’ayo mababi?

Uko umuntu atera amanuka epfo mu mazi, ni ko n’umuco utera ugabanuka. Utwo tunyabuzima tubayo dutegerezwa rero gucakira agaco ako ari ko kose gashikayo, tukabigira dukoresheje ico twokwita antene zatwo zihanitse cane. Inguvu zose utwo tunyabuzima dukura muri uwo muco duca tuzirungika aho twokwita amahinguriro y’ivyokurya, zigashikayo hatarinze gutakara nyinshi muri zo. Ubwo buhinga bwo kwegeranya umuco w’izuba bwarashimishije mbere n’abahingura mwene vya vyuma vyakira imishwarara y’izuba bikayihinguramwo umuyagankuba. Ariko ntiwumve, ivyuma mwene ivyo ntibiruha vyegereza ubuhinga bw’utwo tunyabuzima.

None ivyo vyatumye ushika ku ciyumviro ikihe?

Narazirikanye ku kuntu abahinga bagerageza kwigana ubuhinga butangaje buri mu binyabuzima, nca nshika ku ciyumviro c’uko Imana itegerezwa kuba ari yo yaremye ibifise ubuzima vyose

Narazirikanye ku kuntu abahinga bagerageza kwigana ubuhinga butangaje buri mu binyabuzima, nca nshika ku ciyumviro c’uko Imana itegerezwa kuba ari yo yaremye ibifise ubuzima vyose. Ariko sinemeye yuko Imana iriho mfatiye gusa ku vyo natohoje muri siyansi. Narafatiye no ku vyo natohoje nitonze muri Bibiliya.

Ni igiki cakujijuye yuko Bibiliya iva ku Mana?

Kimwe mu bintu vyinshi vyanjijuye ni iranguka ry’ido n’ido ry’ibintu Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye. Nk’akarorero, Yesaya yaravuze ido n’ido ibijanye n’urupfu rwa Yezu be n’ingene yohambwe, abivuga imyaka amajana imbere y’uko biba. Icemeza yuko ivyo vyanditswe imbere y’uko Yezu apfa ni uko wa Muzingo wa Yesaya wuburwa ahitwa Qoumrân, wanditswe imyaka nk’ijana imbere y’uko Yezu avuka.

Yesaya yari yavuze ati: “Azomuha ikibanza ciwe co guhambwamwo kumwe n’ababisha, kumwe n’abatunzi mu rupfu rwiwe.” (Yesaya 53:9, 12) Ivyo vyararangutse kuko Yezu yicanywe n’inkozi z’ikibi mugabo ahambwa mu mva y’umuryango utunze. Ako ni akarorero kamwe gusa k’ibintu Bibiliya yari yaravuze vyanjijuye yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana. (2 Timoteyo 3:16) Nahavuye mba Icabona ca Yehova.

Ni kubera iki biguhimbara kuba uri Icabona ca Yehova?

Ukwemera kwacu si ukwemera kutagira ishingiro, kandi ntikwirengagiza ukuri siyansi ishira ahabona

Ukwemera kwacu si ukwemera kutagira ishingiro, kandi ntikwirengagiza ukuri siyansi ishira ahabona. Vyongeye, ingingo ngenderwako twisunga mu buzima zishingiye cane kuri Bibiliya. Kubera ko ndi Icabona ca Yehova, ndahimbarwa no kubwira abandi ubutumwa buhumuriza bwo muri Bibiliya nkongera nkabafasha kuronka inyishu z’ibibazo bibaza.

^ par. 9 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.