Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! NYAKANGA 2013

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Mu karere ka Arctique

Umuhinga umwe w’ivy’amabahari wo kuri kaminuza ya Cambridge mu Bwongereza yitwa Peter Wadhams avuga ati: “Ibibarafu biri muri ako karere ni ica kane gusa c’ibibarafu vyahigeze haraheze imyaka 30.” Mu 2012, hari ubwato nka 50 bwaciye mu nzira yo mu mazi yo muri ako karere yabonetse bivuye ku bushuhe bw’umubumbe w’isi bwongerekanye.

Kw’isi yose

Abahinga basanze amaberebere abavyeyi bagira inyuma yo kwibaruka arimwo utunyabuzima twitwa amabagiteri tw’ubwoko burenga 700, bukaba ari bwinshi kuruta ubwo bari biteze. Abahinga baracagerageza kugira ubushakashatsi kugira ngo bamenye ico ayo mabagiteri afasha abasoda b’umubiri w’uruyoya be n’ibihimba vyarwo bisya ibifungurwa.

Mu Bwongereza

Mu cigwa kimwe cagizwe n’abahinga bo mu Bwongereza kijanye no kunyonga umuduga, basanze ubwenge bw’abashoferi barwaye agahiri canke giripe bwikwega kuruta ubwenge bw’abashoferi banyoye inzoga.

Republika iharanira demokrasi ya Kongo

Buri mwaka, muri Afrika haraba ico bamwebamwe bita igandagurwa “ry’akataraboneka” ry’inzovu ibihumbi mirongo zicwa n’abarondera amasenge yazo. Igihe kimwe hari inzovu nyinshi zarashwe hejuru ku mutwe, bikaba biboneka ko abazirashe bari muri kajugujugu.

Muri Ostraliya

Agace ko mu mazi karundaniyemwo utunyabuzima kitwa Grande Barrière de corail karatakaje ica kabiri c’utunyabuzima mu myaka 27 irangiye. Abahinga bavuga ko ahanini ivyo vyavuye ku bihuhusi vyo mu turere dushushe, ku kuvogerwa n’amafi yitwa coussins de mer [Acanthaster planci ] ageramira utwo tunyabuzima, be no ku gutakaza ubwiza bwaho biturutse kw’iyongerekana ry’ubushuhe bw’ibahari.