Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! MYANDAGARO 2013

 TWISUNZE BIBILIYA

Inzoga

Inzoga

Vyoba ari bibi kunywa inzoga?

‘Vino inezereza imitima y’abantu, amavuta akayagayagisha mu maso habo, kandi umutsima uha imitima y’abantu amagara.’Zaburi 104:15, “Bibiliya Yera.”

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Mu miryango itari mike usanga bafata inzoga canke umuvinyu hafi imisi yose iyo bariko barafungura. Ariko mu yindi miryango, kunywa inzoga usanga ari ikizira. Ubwo budasa buva ku ki? Buva ku bintu bitandukanye, nk’imico kama, ingorane z’amagara be n’idini.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iriyamiriza akaborerwe n’ukunywa inzoga zirenze urugero, ariko ntiyiyamiriza uwunywa yigerera. (1 Abakorinto 6:9, 10) Kukaba nkako, kuva kera na rindi, abagabo n’abagore bubaha Imana baranywa umuvinyu, ico kinyobwa kikaba kivugwa incuro zirenga amajana abiri muri Bibiliya. (Itanguriro 27:25) Mu Musiguzi 9:7 havuga hati: “Genda, wirire ibifungurwa vyawe n’umunezero, winywere umuvinyu wawe n’umutima mwiza.” Kubera ko umuvinyu unezereza umutima, warakunda gutangwa mu manza, nk’akarorero ku bugeni. Ku rubanza rw’ubugeni ni ho Yezu Kristu yakoreye igitangaro ca mbere, aho yahinduye amazi “umuvinyu mwiza.” (Yohani 2:1-11) Umuvinyu warakoreshwa no mu kuvura.—Luka 10:34; 1 Timoteyo 5:23.

 Bibiliya yoba idushingira akarimbi mu bijanye no kunywa?

[Ntimube] abaja b’umuvinyu mwinshi.”—Tito 2:3.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Buri mwaka, imiryango itagira uko ingana iramererwa nabi kubera ko umuvyeyi umwe canke bompi barenza urugero mu kunywa inzoga. Kunywa inzoga zirenze urugero birateza n’amasanganya menshi, ushizemwo amasanganya yo mw’ibarabara. Vyongeye, umuntu abandanije kunywa izirenze, birashobora kwonona ubwonko, umutima, igitigu n’umushishito.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Kwigerera mu kunywa no mu gufungura ni kimwe mu bintu bihambaye Imana idusaba. (Imigani 23:20; 1 Timoteyo 3:2, 3, 8) Kutigumya bituma umuntu ataba agishimwa na yo. Bibiliya ivuga iti: “Umuvinyu ni umushinyaguzi, inzoga iboreza irasebagirika, kandi uwuzimizwa na yo wese si inkerebutsi.”—Imigani 20:1.

Uburyo bumwe inzoga zishobora kuzimiza umuntu ni mu kumutesha ubuntu. Muri Hoseya 4:11 hagira hati: “Umuvinyu be n’umuvinyu usosa ni vyo bitwara umutima.” Umugabo umwe yitwa John yaravyiboneye abanje kwibonerako. * Amaze gushwana n’umukenyezi wiwe, yaciye aja kw’ihoteli, aranywa ararenza, hanyuma arenga ibigo. Mu nyuma, yaricujije cane yongera yiyemeza kutazosubira. Kunywa inzoga zirenze urugero birashobora kwonona amagara yacu, inyifato runtu yacu n’ubucuti dufitaniye n’Imana. Vyongeye, Bibiliya ivuga ko imborerwa zitazoronka ubuzima budahera.—1 Abakorinto 6:9, 10.

Ni ryari bitabereye ko umuntu anywa inzoga?

“Umunyabwenge abonye ingorane ije, arihisha, ariko umuntu atiyumvira arayitamwo mu nyuma akicuza.”—Imigani 22:3, “Good News Translation.”

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Igitabu kimwe (World Book Encyclopedia) kivuga ko “inzoga ari ikiyovyabwenge gikomeye.” Ku bw’ivyo, hari aho wosanga mu bihe bimwebimwe kunywa inzoga bitaranga ubukerebutsi, naho zoba zitarenze urugero.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Kenshi abantu ‘barita mu ngorane’ kubera ko banyoye ku gihe kitabereye. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe,” aho hakaba harimwo n’igihe co kwirinda inzoga. (Umusiguzi 3:1) Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuba atarakwiza imyaka isabwa n’amategeko, canke akaba akirwana urugamba rwo guheba inzoga zirenze urugero, canke na ho akaba ariko arafata umuti uzirana n’inzoga. Ku bantu benshi ‘igihe cashinzwe’ co kwirinda inzoga usanga ari imbere y’uko baja ku kazi n’igihe bariko baragakora, na canecane nimba bakoresha ivyuma bishobora guteza isanganya. Mu vy’ukuri, abantu b’inkerebutsi babona ko ubuzima n’amagara ari ingabirano z’agaciro bahawe n’Imana. (Zaburi 36:9) Igihe dukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu bijanye no kunywa inzoga, birerekana ko twubaha izo ngabirano.

^ par. 11 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.