Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uburyo bwihuta bwo gushika ku muhora wacu

Uburyo bwihuta bwo gushika ku muhora wacu

Kuva kuri iyi nomero, ikinyamakuru Be maso! kizoza kirasohoka kiriko akamenyetso ntekeramakuru nk’ako ubona aho haruguru. Uti ni akamenyetso bwoko ki? Ni akamenyetso k’ikwadarato kanyegeje amakuru afasha umuntu kwinjira ningoga ku muhora wacu wo kuri Internet. Uzokira gusa kuba ufise telefone (smartphone) canke agakoresho kitwa tablette bishobora gufotora no gukorana na Internet.

  1. Nuvome kuri Internet porogarama ishobora gusoma ako kamenyetso ntekeramakuru.

  2. Nuce wugurura iyo porogarama.

  3. Nufotore ako kamenyetso ntekeramakuru.

Buno nyene uca ushika ku muhora wacu wo kuri Internet!