Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Icohagarika amabi akorerwa mu ngo

Icohagarika amabi akorerwa mu ngo

Inkuru ya 1: Abavyeyi ba Isabel * baje kumuramutsa. Baraganira banezerewe, bakaryoherwa no guteramana n’umukobwa wabo be n’umukwe wabo. Ntiworaba ukuntu afata neza umukobwa wabo. Ni nde ga yemwe atokwishimira umukwe nk’uyo?

Inkuru ya 2: Frank ishavu riraniga. Ishavu afise ahava arimarira ku mukenyezi wiwe. Nk’uko yama yabigize, araza kumukubita mu maso, amutere imigere, amukwege umushatsi yongere amududagure umutwe ku ruhome.

HARI aho wokwumirwa umenye ko umugabo n’umugore bavugwa muri izo nkuru zompi ari bamwe.

Cokimwe n’abandi bakorera amabi abakenyezi babo, Frank arazi kwigira umuntu mwiza iyo ari mu bantu canke iyo ari kumwe na sebukwe na inabukwe. Ariko iyo ari kumwe n’umukenyezi wiwe, arahinduka akaba igikoko.

Abagabo benshi nka Frank usanga bakuriye mu miryango yarangwamwo amabi nk’ayo. Bamaze gukura, basigara babona ko  gukubita umukenyezi atari bibi, mbere ko ari ibisanzwe. Ariko gukora amabi nk’ayo si ibisanzwe na gato. Ni co gituma abantu benshi bababara iyo bumvise ko hari umugabo yakubise umugore.

Naho ari ukwo, birababaje kubona amabi akorerwa abakenyezi asigaye ari ikintu gisanzwe. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika haragizwe itohoza mu gihugu cose kugira bamenye igitigiri c’abaterefona inzego zijejwe gutabara abakorewe amabi mu ngo zabo. Basanze haterefona abarenga 16 ku munota. Amabi akorerwa abakenyezi asigaye ari akaranda kakwiye kw’isi yose. Ayo mabi ntaraba imico kama, ntaraba umutunzi canke umukene, eka ntaraba urwego umuntu arimwo mu kibano. Kubera ko hari abakenyezi benshi bakubitwa ariko ntibimenyekane, nta gukeka yuko ibintu vyayangaye kuruta uko ibiharuro bivyerekana. *

Amaraporo y’abakorerwa amabi mu ngo atuma umuntu yibaza ibi bibazo: Bigenda gute ngo umuntu afate nabi uwundi ukuraho, na canecane umukenyezi wiwe? Abagabo bakutiba abagore babo boba bashobora gufashwa?

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, baremera ko impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zishobora gufasha abakubita abo bubakanye. Vyoba vyoroshe ko bahinduka? Oya ntivyoroshe. Vyoba bishoboka hoho? Emwe, ibishoboka ni ivyo! Ivyo Bibiliya yigisha vyarafashije benshi guheba iyo ngeso, maze bacika abantu b’umutima mwiza kandi bubaha abo bubakanye. (Abakolosayi 3:8-10) Raba nk’akarorero ivyerekeye Troy n’umukenyezi wiwe Valerie.

Mu ntango vyari bimeze gute?

Valerie: Ku mugoroba, umusi twasezerana na Troy kuzokwubakana, yarankubise  ku buryo namaze indwi yose mbabara. Yaratakamvye ansaba imbabazi, anyemerera ko atazosubira. Mu myaka yose yakurikiye, ni ko yaguma ambwira.

Troy: Akantu ako ari ko kose karanshavuza. Nk’akarorero, nsanze Valerie atarahisha naca nshavura. Igihe kimwe, namukubitishije ibasitoli. Ikindi gihe, naramukubise gushika n’aho nibaza ko namwishe. Naciye ngerageza kumutera ubwoba mu kumubwira yuko nza kwica agahungu kacu, ivyo ndabivuga ndagafatiyeko imbugita kw’izosi.

Valerie: Namana ubwoba mu mutima. Hari igihe nava mu nzu ngahunga, nkagaruka ari uko yaturuye. Naho kunkubita vyambabaza, icangora cane kwihanganira ni amajambo ababaza yambwira.

None ga Troy, woba wamye uri inkazi?

Troy: Ego, kuva nkiri umwana. Nakuriye mu muryango urangwamwo ubukazi. Dawe yama yakubise mawe twe na barumunanje tubona. Mawe amaze kuvana na dawe, yaciye abana n’uwundi mugabo, na we nyene akaba yaramukubita. Uwo mugabo yaranafashe ku nguvu mushikanje hamwe nanje, bituma apfungwa. Ariko ntiwumve, sindiko ndisigura ku mabi nakoze.

Kubera iki ga Valerie utavanye na we?

Valerie: Naratinye. Nariyumviriye nti: ‘Ubwo ntiyoca ampiga hasi hejuru akanyica canke akica abavyeyi banje? Ndamwitwariye na ho, ubwo ntivyoca vyunyuka?’

None ibintu vyatanguye guhinduka ryari?

Troy: Umukenyezi wanje yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, naramugiriye ishari kubera abagenzi bashasha yari yaronse, kandi nabona ko nkwiye kumukingira ako kadumbi k’idini ry’icaduka. Ivyo vyatumye ndushiriza kumerera nabi Valerie be n’ivyo Vyabona vya Yehova. Ariko umusi umwe umuhungu wacu w’imyaka ine yitwa Daniel, yarinjiye ibitaro amarayo indwi hafi zitatu biturutse ku ntandara yari asanzwe arwaye. Muri ico kiringo cose, Ivyabona vya Yehova nta ko batagize ngo badufashe, mbere baritwararika n’umukobwa wacu w’imyaka itandatu yitwa Desiree. Igihe kimwe, umwe muri bo yari yakoze ijoro ryose, ariko agodotse aca araza kurwaza Daniel kugira ngo Valerie aronke akanya ko kuryama. Narakozwe cane ku mutima n’ubuntu bangaragarije kandi nahora ndabafata  nabi sindabasonere. Ndavye ivyo bakora, naratahuye ko ari abakirisu b’ukuri, nca ndababaza nimba bonyigisha Bibiliya. Maze gutangura kwiga Bibiliya, naramenye ingene umugabo akwiye gufata umugore. Kuva ico gihe sinasubiye kuba inkazi no gufata nabi abandi. Mu nyuma, narabaye Icabona ca Yehova.

Ni impanuro zo muri Bibiliya izihe zagufashije guhinduka?

Troy: Sinozivuga ngo ndazimare. Nk’akarorero, muri 1 Petero 3:7, Bibiliya ivuga yuko nkwiye ‘gutera iteka’ umukenyezi wanje. Mu Bagalatiya 5:23 haturemesha kugira “ubwitonzi” n’ “ukwigumya.” Mu Banyefeso 4:31 hariyamiriza “ugutukana.” Mu Baheburayo 4:13 na ho havuga ko “vyose . . . vyashizwe ku mugaragaro” mu maso y’Imana. Naratahuye rero ko Imana ibona ivyo nkora naho abandi batabibona. Naramenye kandi ko nkwiye guhindura abagenzi, kubera ko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Mu vy’ukuri, abagenzi nari mfise bandemesha kuba inkazi. Babona ko umugabo akwiye gukubita umugore kugira ngo agume amwubaha.

Ubu mubona gute umubano wanyu?

Valerie: Ubu haraheze imyaka 25 kuva Troy abaye Icabona ca Yehova. Kuva abaye Icabona, yagumye vy’ukuri anyubahiriza yongera amfatana urukundo n’ubuntu.

Troy: Nta co nohindura ku mabi nakoreye umuryango wanje, kandi mvugishije ukuri umukenyezi wanje ntiyari abereye na gato gufatwa nabi ukuraho. Ariko ndashashaye kubona amajambo yo muri Yesaya 65:17 arangutse, maze simbe ncibuka ivyo bintu bibabaje vyabaye mu buzima bwacu.

Ni igiki mwohanura imiryango irangwamwo amabi akorerwa mu ngo?

Troy: Nimba uryagagura canke ugirira nabi ku mubiri abo mu muryango wawe, niwemere ko ukeneye gufashwa kandi uce urondera abogufasha. Ivyogufasha birahari, kandi ni vyinshi. Jewe kuba nariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova nkongera nkifatanya na bo, vyaramfashije gutsinda agatima k’ubukazi kari karashinze imizi muri jewe.

Valerie: Ntiwihutire kwigereranya n’uwundi canke gukurikiza impanuro z’abiyumvira ko bazi icokubera ciza. Ni ivy’ukuri yuko bose bitazobagendera neza nk’uko vyangendeye. Ariko ndavye ingene umubano wacu wifashe neza ubu, ndahimbarwa no kubona ntaciye mvana n’umugabo wanje.

ICOHAGARIKA AMABI AKORERWA MU NGO

Kwiga Bibiliya vyarafashije abagabo benshi guhinduka

Bibiliya ivuga iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.” (2 Timoteyo 3:16) Nk’uko vyagendeye uwo Troy duhejeje kuvuga, abantu benshi bafata nabi abo bubakanye barashize mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya, maze birakunda ko bahindura ivyiyumviro n’ingeso.

Woshima kumenya n’ibindi ku kuntu Bibiliya ishobora kubafasha mu mubano wanyu? Ushaka ayandi makuru, nurondere Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu canke uje ku muhora wo kuri Internet www.jw.org.

^ ing. 3 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 8 Ni ivy’ukuri yuko hariho abagabo batari bake bakubitwa n’abagore babo. Ariko amaraporo menshi yerekana ko kenshi abagabo ari bo bakubita abagore babo.