Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 KAHISE KATWIGISHA IKI?

Pulato

Pulato

Pulato (uwabayeho nko mu 427-347 imbere y’igihe cacu) yari umufilozofe w’Umugiriki kandi w’umupagani. Yavukiye i Atene mu muryango w’abatunzi, kandi yize mu mashure yari agenewe abana b’Abagiriki b’abakire. Yarisunze rwose ivyiyumviro vy’umufilozofe azwi cane yitwa Sokarate hamwe n’ivy’abayoboke ba Pythagore, uno akaba yari umufilozofe n’umuhinga mu vy’ibiharuro.

PULATO amaze kugira ingendo mu karere k’Ikiyaga Mediterane, akaja muri politike y’i Syracuse, kino kikaba cari igisagara c’Abagiriki co muri Sisile, yarasubiye i Atene aca ashinga ishure ryigisha filozofiya na siyansi. Iryo shure, irikunze kuvugwa ko ari yo kaminuza yatanguye kubaho i Buraya, ryahavuye riba ikibanza nyamukuru c’ubushakashatsi mu bijanye n’ibiharuro na filozofiya.

KUBERA IKI TWOKWITAHO KUMENYA IVYIWE?

Inyigisho za Pulato zaragize akosho kanini ku vyo abantu amamiliyoni bemera mu vy’idini, dushizemwo n’abiyita abakirisu, benshi muri bo bakaba biyumvira ko izo nyigisho zishingiye kuri Bibiliya. Inyigisho ikomeye cane mu nyigisho za Pulato ni iyivuga ko iyo umuntu apfuye hariho ikintu kimuvamwo kibandanya kubaho, ico bita umutima w’ubwenge.

“Imwe mu nyigisho Pulato yakunda kuruta izindi zose [ni] iy’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa.”​—Umubiri be n’umutima w’ubwenge muri filozofiya ya kera (mu congereza)

Pulato yaritaho cane ivyerekeye ubuzima bw’inyuma y’urupfu. Igitabu citwa Umubiri be n’umutima w’ubwenge muri filozofiya ya kera (mu congereza) kivuga yuko “imwe mu nyigisho Pulato yakunda kuruta izindi zose ari iy’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa.” Yari yarajijutse rwose yuko “hapfa ikibiribiri mugabo umutima w’ubwenge ukabandanya kubaho, ugahabwa impembo canke igihano ukwiriye” inyuma y’urupfu, hisunzwe ivyo umuntu yakoze akiri kw’isi. *

 INYIGISHO ZA PULATO ZAKWIRAGIYE GUTE?

Mu binjana icenda iryo shure rya Pulato ryamaze rikora, kuva mu 387 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”) gushika mu 529 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), abantu bararyemera cane. Ivyiyumviro vya Pulato vyahavuye vyemerwa cane mu bihugu vyatwarwa n’Ubugiriki be n’Uburoma. Cokimwe n’indongozi nyinshi z’amadini y’abiyita abakirisu, umufilozofe w’Umuyuda yitwa Filo w’i Alegizanderiya na we nyene yahavuye yemera inyigisho za Pulato. Ivyo vyatumye inyigisho za gipagani zishingiye kuri filozofiya, ushizemwo n’iyivuga yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, zisobeka mu nyigisho zo mw’idini ry’Abayuda n’iry’abakirisu.

Igitabu kimwe (The Anchor Bible Dictionary) kivuga giti: “Naho inyigisho zose za gikirisu zakomotse n’imiburiburi ku rugero runaka kuri filozofiya y’Abagiriki . . . , canecane ku nyigisho za Pulato, abakirisu bamwebamwe b’incabwenge . . . birabereye ko bitwa abigishwa ba Pulato.” Gereranya ibivugwa n’ibitabu bikurikira:

Ivyo Pulato yavuze: “[Iyo umuntu apfuye,] ico turi vy’ukuri, ari na co twita umutima w’ubwenge udapfa, gica kirenguka imbere y’izindi mana, . . . kugira ngo cishurireyo ivyo cakoze, ivyo bikaba bidatera ubwoba abeza, mugabo ababi bobo bikabatera ubwoba butagira uko bungana.”—Plato—Laws, igitabu ca 12.

Ivyo Bibiliya ivuga: Abapfuye nta co bazi. Bibiliya yigisha yuko abapfuye ari nk’aho basinziriye, bakaba barindiriye izuka. Rimbura imirongo ikurikira yo muri Bibiliya:

  • “Kuko abazima bazi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”—Umusiguzi 9:5.

  • “Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza.”—Yohani 5:28, 29.

  • “Impwemu yiwe irasohoka, agasubira mu butaka bwiwe; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.”—Zaburi 146:4.

Biragaragara rero ko Bibiliya itigisha yuko iyo umuntu apfuye hariho umutima w’ubwenge umuvamwo ukabandanya kubaho. Niwibaze rero uti: ‘Ivyo nemera vyoba bishingiye kuri Bibiliya canke bishingiye kuri filozofiya ya Pulato?’

^ ing. 7 Naho Pulato yakwiragije mu bantu inyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, si we yayizanye. Iyo nyigisho yari imaze igihe kitari gito yigishwa mu buryo butandukanye mw’idini rya gipagani, nk’iryo mu Misiri no muri Babiloni.