Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  No 6 2017

Ivyo ya saha ibūra ntibizokwigera bishika, kuko Imana yasezeraniye isi n’abantu kazoza keza

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ISI YOBA ITAKIVAYO?

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

HARAHEZE imyaka amajana Bibiliya ivuze ibintu bibi tubona kw’isi muri kino gihe. Vyongeye, Bibiliya yaravuze itomora ibijanye na kazoza keza Imana ibikiye abantu. Hariho ibintu vyinshi Bibiliya yavuze vyarangutse ido n’ido. Ni co gituma ata wokwihutira kuvuga ko n’ibindi bitazoranguka.

Rimbura nk’akarorero ibi bintu Bibiliya yavuze:

  • “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.”​—Matayo 24:7.

  • “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.”​—2 Timoteyo 3:1-4.

Iyo mirongo idondora ibintu bituma bamwe babona ko umenga isi ntikivayo. Mu vy’ukuri, twovuga ko isi yananiye abantu. Ntibashobora kuyisubiza ku murongo. Nk’uko Bibiliya ibivuga, abantu nta bukerebutsi n’ubushobozi bafise vyo gutorera umuti burundu ibibazo bihanze isi. Ivyo turabibona muri iyi mirongo ikurikira:

  • “Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu.”​—Imigani 14:12.

  • “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​—Umusiguzi 8:9.

  • “Umuntu . . . si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—Yeremiya 10:23.

Abantu babandanije kwigira ivyo bishakiye, isi yose yoshobora gutikira. Ariko ivyo ntibizokwigera biba. Uti kuki? Ehe raba ivyo Bibiliya ivuga:

  • Imana “yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye; ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.”​—Zaburi 104:5.

  • “Iyaruka rimwe riragenda, irindi rikaza; ariko isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”​—Umusiguzi 1:4.

  • “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

  • “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:16.

 Ivyo bintu Bibiliya ivuze biratanga inyishu itomoye. Abantu ntibazoherengetera bivuye ku kirere gicafuye, ubukene bw’ibifungurwa n’amazi, canke indwara z’ibiza. Ntibazoherengetera kandi bivuye ku birwanisho ruhonyanganda. Uti kuki? Kazoza k’iyi si yacu kari mu minwe y’Imana. Naho Imana yaretse abantu bagakoresha uburenganzira bafise bwo kwihitamwo, bazoshikirwa n’ingaruka z’amahitamwo bagira. (Abagalatiya 6:7) Isi ntimeze nk’imodoka yacitse amafire, igira igwe mu manga. Naho abantu bokora gute ibibagirira nabi, Imana yarashinze akarimbi ntarengwa.​—Zaburi 83:18; Abaheburayo 4:13.

Ariko rero Imana izokora n’ibirenze ivyo. Izotuma kw’isi haba “amahoro menshi.” (Zaburi 37:11) Ibintu vyiza vyavuzwe muri iki kiganiro, ni bikeya gusa mu bintu vyinshi Ivyabona vya Yehova bize muri Bibiliya bizoba muri kazoza.

Ivyabona vya Yehova ni abagabo n’abagore bagize umuryango ukwiye kw’isi yose, b’imyaka itandukanye kandi bava mu bwoko butandukanye. Basenga Imana imwe yonyene y’ukuri yitwa Yehova, iryo zina ryayo rikaba riboneka muri Bibiliya. Ntibatinya kazoza, kuko Bibiliya ivuga iti: “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze, Umuremyi w’amajuru, We Mana y’ukuri, Uwabumvye isi akayihingura, We yayishimangiye, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu: ‘Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho.’”​—Yesaya 45:18.

Muri iki kiganiro, twaciye irya n’ino ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza k’isi n’abantu. Nimba wipfuza kumenya n’ibindi, raba icigwa ca 5 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Karaboneka no kuri www.jw.org

Woshobora no kuraba kuri www.jw.org akavidewo kavuga ngo Kubera iki Imana yaremye isi? (Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > AMAVIDEWO)