Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! No 6 2016

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE TWOKWIRINDA INDWARA

Wokwikingira gute?

Wokwikingira gute?

IBISAGARA vyinshi vya kera vyari bikingijwe ibihome. Umwansi amenye uruhome na gatoyi, ico gisagara cose carahakwa. Umubiri wacu umeze nk’ico gisagara. Amagara yawe ashobora kuba meza canke mabi bivanye n’ingene wikingira. Raba ibintu bitanu bishobora gutuma urwara n’ingene wokwikingira neza.

1 AMAZI

INGERAMIZI: Utunyabuzima duteye akaga turashobora gutera umubiri wawe bivuye ku mazi mabi.

INGENE WOKWIKINGIRA: Kugira wikingire neza, banza ukingire amazi ukoresha. Umenye ko amazi muvoma yanduye canke ukavyikeka, urashobora kuyakuramwo imicafu muhira. * Bika amazi meza mu bintu bipfundikiye, ushaka kuyadaha ukoreshe ikintu gisa neza canke uyashire mu kintu gifise akarobine. Ntukigere ushira amaboko mu mazi meza. Nimba bishoboka, nube ahantu hari akazu ka surwumwe kugira ngo imyanda ntiyanduze amazi mukoresha.

2 IMFUNGURWA

INGERAMIZI: Utunyabuzima duteye akaga turashobora kuba twinyegeje mu mfungurwa canke turiko hejuru.

INGENE WOKWIKINGIRA: Imfungurwa zanduye womengo ni nziza. Niwame rero uronga neza ivyamwa n’imboga. Raba ko ivyombo ukoresha, aho utekera n’iminwe yawe bisa neza igihe utegura imfungurwa canke igihe uzigabura. Imfungurwa zimwezimwe bisaba ko uziteka cane kugira ngo imikorobe irimwo ipfe. Uragaba ku mfungurwa zimaze guhindura ibara canke zifise akamoto canke akanovera kameze ukuntu kuko ivyo ari ibimenyetso vy’uko zishobora kuba zuzuyemwo imikorobe. Imfungurwa zasigaye nimuce mwihutira kuzibika neza, nko muri firigo ku bayifise. Niwirinde gutegurira abandi ibifungurwa igihe urwaye. *

3 UDUKOKO

INGERAMIZI: Hari udukoko dushobora kurwaza umuntu kubera utunyabuzima dutera indwara tuba turi muri nya dukoko.

 INGENE WOKWIKINGIRA: Niwirinde udukoko dutera indwara mu kuguma mu nzu nimba ari co gihe catwo canke mu kwambara impuzu zigukingira, nk’iz’amaboko maremare canke amapantalo. Ryama mu musegetera urimwo umuti canke wisige umuti wica udukoko. Kuraho ibidengeri vy’amazi imibu ishobora kurondokeramwo. *

4 IBIKOKO

INGERAMIZI: Imikorobe yibera mu bikoko irashobora kugeramira amagara yacu. Igikoko utunze canke ikindi gikoko kigukomoye canke kikakurya inzara canke ugakora ku mwanda waco, urahakwa kwandura indwara.

INGENE WOKWIKINGIRA: Hari abashima kugumiza hanze ibikoko batunze kugira ngo bagabanye imigenderanire bagirana na vyo. Nukarabe n’isabuni uhejeje gukora ku gitungwa kandi wirinde ibikoko vyo mw’ishamba. Kigukomoye canke kikakurya inzara, nuce woza ico gikomere neza hama usabe impanuro kwa muganga. *

5 ABANTU

INGERAMIZI: Imigera imwimwe irashobora kukwinjiramwo igihe umuntu ari hafi yawe akoroye canke yasamuye. Irashobora kandi kukwinjiramwo biciye ku gukoranako nko mu kugwana mu nda canke guhana amaboko. Utunyabuzima tuva mu bandi bantu twoshobora kwinyegeza nko ku gitasha c’umuryango, kuri vya vyuma umuntu yishimikiza ariko araduga ingazi, kuri telefone, kuri telekomande za televiziyo canke kuri orodinateri.

INGENE WOKWIKINGIRA: Ntusangire n’abandi ibikoresho vyawe bwite, nk’inzembe, uburoso bw’amenyo canke amaswime. Niwirinde ibintu vy’amazimazi biva mu bikoko canke mu bantu, ushizemwo amaraso canke ibintu birimwo amaraso. Vyongeye, ntufatire mu rwara akamaro ko gukaraba n’isabuni kandi kenshi. Wosanga ari bwo buryo bwiza bwogufasha kwirinda imigera yandukira.

Igihe cose bishoboka nugume muhira iyo urwaye. Ikigo co muri Amerika kijejwe gukinga indwara kivuga ko ari vyiza gukingiriza umunwa agatambara canke impuzu wambaye igihe ukoroye canke wasamuye, ntukoreshe amaboko.

Umugani umwe wa kera uvuga yuko ‘umunyabwenge abonye ivyago yihisha.’ (Imigani 22:3) Ese ingene ivyo bihambaye canecane muri iyi si yuzuye indwara zishobora kutubangamira! Nurondere rero amakuru mu kubaza abajejwe ivy’amagara y’abantu uheze ugumane isuku kugira wirinde ivyago. Nukomeze abasoda bawe kugira indwara ntizipfe kukwandukira.

^ ing. 6 Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu riratanga uburyo butandukanye umuntu yokoresha kugira akure imicafu mu mazi, nko gushiramwo umuti, kuyanika ku zuba, kuyayungurura canke kuyateka.

^ ing. 9 Nimba ushaka ayandi makuru ku bijanye n’imfungurwa nziza, raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ruheshi 2012 urupapuro rwa 3-9.

^ ing. 12 Ushaka kumenya ingene wokwikingira malariya, raba Be maso! yo muri Mukakaro 2015 urupapuro rwa 14-15.

^ ing. 15 Ukomowe canke uriwe n’igikoko gifise ubumara, kenshi biraba vyiza uciye unyarukira kwa muganga.