Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Yezu yoba yarabayeho vy’ukuri?

Yezu yoba yarabayeho vy’ukuri?

NTIYARI umutunzi canke umuntu abonwa ko akomeye. Nta n’inzu yari afise. Mugabo ivyo yigishije vyarahinduye ubuzima bw’abantu amamiliyoni. Uwo muntu ni Yezu Kristu. Ariko none yoba yarabayeho vy’ukuri? Abahinga ba kera n’abo mu gihe cacu babivugako iki?

  • Umuhinga mu vya kahise yitwa Michael Grant, yavuze ati: “Dukwiye gusuzuma Isezerano rishasha nk’uko twosuzuma ibindi bitabu bivuga ivya kahise. Tubigize ntitwoba tugikekeranya ko Yezu yabayeho, nka kurya nyene tutigera dukekeranya ko abantu benshi b’abapagani ba kera bavugwa muri ivyo bitabu babayeho.”

  • Umuhinga mu vy’Isezerano rishasha yitwa Rudolf Bultmann, yavuze ati: “Amakenga y’uko Yezu yabayeho vy’ukuri, nta shingiro afise kandi nta n’uwokwirirwa ararondera ivyemeza ko yabayeho. Nta muntu akomeye yokekeranya ko Yezu ari we yashinze umugwi [w’abakirisu] wari ugizwe mu ntango n’abantu bo muri Palestina ya kera.”

  • Umuhinga mu vya kahise akaba n’umwanditsi n’umufilozofe yitwa Will Durant, yanditse ati: “Abantu bari ku rushi kandi basanzwe bo mu runganwe rumwe [ni ukuvuga abanditsi b’Injili] ntiboshobora kwifondera umuntu w’umunyabubasha kandi ameze neza ukuraho, inyifato runtu nziza ukuraho n’ivyiyumviro bikora ku mutima vyo gufata abandi nk’abavukanyi. Ico coba ari igitangaro c’akajoreza kuruta ikindi cose canditse mu Njili.”

  • Umuhinga mu vya siyansi yavukiye mu Budagi yitwa Albert Einstein, yavuze ati: “Ndi Umuyahudi ariko ndajorezwa n’ingene wa Munyanazareti yari umuntu adasanzwe.” Igihe bamubaza ko yoba yemera ko Yezu yabayeho, yishuye ati: “Yarabayeho nyene! Nta wosoma Injili ngo areke kwiyumvamwo ko Yezu atari umugani. Ijambo ryose usoma rirakwereka ingene yari ameze. Nta ho ahuriye n’abantu bavugwa mu migani.”

    “Nta wosoma Injili ngo areke kwiyumvamwo ko Yezu atari umugani.”​—Albert Einstein

AMAKURU YO MURI KAHISE YEREKANA IKI?

Amakuru y’ido n’ido ajanye n’ubuzima bwa Yezu n’igikorwa yakoze, tuyasanga mu nkuru zo muri Bibiliya zitwa Injili zanditswe na Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Mugabo aravugwa no mu bitabu vya kera bitanditswe n’abakirisu.

  • TASITO

    (Yabayeho nko mu 56-120 N.K., ni ukuvuga inyuma ya Kristu) Tasito aharurwa mu bahinga bakomeye b’Abaroma banditse ku vya kahise. Ibitabu yanditse (Annales) biravuga ivyabaye mu Nganji y’Uburoma kuva muri 14 gushika mu 68 N.K. (Yezu yapfuye mu 33) Tasito yanditse ko igihe umuriro wayigiza igisagara ca Roma mu 64 N.K., vyavuzwe ko Umwami Nero ari we yabikoze. Mugabo Tasito yanditse ko Nero yaciye avyegeka ku bakirisu kugira “ahwamike urwo rukurukuru.” Yongeyeko ati: “Kristu, ari na we izina [abakirisu] ryakomotseko, yari yishwe ku ngoma ya Tiberiyo, kubera yaciriwe urwo gupfa n’umutegetsi Ponsiyo Pilato.”​—Annales, XV, 44.

  • SUÉTONE

    (Yabayeho nko mu 69–inyuma ya 122 N.K.) Mu gitabu uwo muhinga mu vya kahise w’Umuroma yanditse, yaravuze ivyabaye ku ngoma z’abami 11 ba mbere b’Uburoma. Mu gice cerekeye Umwami Kolode, haravugwa akaguma kabaye mu Bayuda b’i Roma gashobora kuba katewe n’ibihari bijanye na Yezu. (Ivyakozwe 18:2) Uwo muhinga yanditse ati: “Kubera ko Abayuda bama batera imivurungano kubera Kristu, [Kolode] yaciye abirukana i Roma.” Naho Suétone yegetse iyo mivurungano kuri Yezu, ntiyigeze akekeranya ko yabayeho.

  • PLINE LE JEUNE

    (Yabayeho nko mu 61-113 N.K.) Uwo mwanditsi w’Umuroma akaba na buramatari w’intara ya Bitiniya (ubu ni muri Tirkiya) yandikiye umwami w’Uburoma Trajan amubaza ukuntu yogenza abakirisu bo muri iyo ntara. Pline yavuze ko yagerageje kubahata ngo bihakane ivyo bemera, banse akabica. Yasiguye ati: “Abansubiriramwo amajambo navuga yo kwambaza Imana [zacu], bagashikanira imibavu n’umuvinyu igishushanyo cawe bakongera bakagisenga, . . . bagatako bakavuma Kristu . . . , naca ndabarekura.”​—Pliny​—Letters, Book X, XCVI.

  • FLAVIUS JOSÈPHE

    (Yabayeho nko mu 37-100 N.K.) Uwo muherezi w’Umuyuda akaba n’umuhinga mu vya kahise aravuga ivyerekeye Anasi, uwahoze ari umuherezi mukuru w’Umuyuda mugabo akaba yagumye afise ububasha mu vya politike. Anasi “yarahamagaje abacamanza bo mu Nama Nkuru [y’Abayuda] maze arengutsa imbere yabo umugabo yitwa Yakobo, mwene wabo na Yezu uwitwa Kristu.”​—Jewish Antiquities, XX, 200.

  • TALIMUDI

    Talimudi ni igitabu kigizwe n’ivyandikano vy’idini ry’Abayuda. Catunganijwe kuva mu kinjana ca gatatu gushika mu ca gatandatu inyuma ya Kristu. Kirerekana ko n’abansi ba Yezu bemeje ko yabayeho. Kivuga ko kuri “Pasika Yeshu [ari we Yezu] Umunyanazareti yamanitswe,” kandi ni ko vyagenze. (Talimudi y’Abanyababiloni, Sanhedrin 43a, Munich Codex; raba Yohani 19:14-16.) Kivuga kandi giti: “Ese tutokwigera tugira umwana canke umwigishwa azokwiyambika ibara mu bantu nka wa Munyanazareti,” ari we Yezu.​—Talimudi y’Abanyababiloni, Berakoth 17b, akajambo k’epfo, Munich Codex; raba Luka 18:37.

BIBILIYA YOYO YEREKANA IKI?

Injili ziravuga ido n’ido ry’ubuzima bwa Yezu n’igikorwa yakoze, zikadomako abantu n’ibibanza be n’ibihe ibivugwamwo vyabereyeko, ivyo bikaba ari ibintu biranga inkuru y’ukuri. Raba nk’akarorero muri Luka 3:1, 2, ahadufasha kumenya neza na neza igihe umugabo yitwa Yohani Umubatizi yatanguriye igikorwa co kuba integuza ya Yezu.

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.”​—2 Timoteyo 3:16.

Luka yanditse ati: “Mu mwaka ugira cumi na gatanu w’ingoma ya Tiberiyo Sezari, igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari wa Yudaya, Herodi na we akaba yari umutware w’intara ya Galilaya, mugabo Filipo mwene wabo akaba yari umutware w’intara w’igihugu ca Itureya na Tirakonitidi, Lisaniya na we akaba yari umutware w’intara ya Abilene, mu misi y’umukuru w’abaherezi Anasi n’iya Kayifa, ijambo rivuye ku Mana riza kuri Yohani mwene Zekariya mu gahinga.” Aya makuru y’ido n’ido aradufasha kwemeza yuko “ijambo rivuye ku Mana [ryaje] kuri Yohani” mu 29.

Abantu indwi bavugwa na Luka barazwi neza n’abahinga mu vya kahise. Abantu bamwebamwe barigeze kuba bavuga yuko Ponsiyo Pilato na Lisaniya boba batabayeho. Ariko ntibatevye kubona ko bihenze. Harubuwe ivyandikano vya kera biriko amazina y’abo bategetsi babiri, biba vyemeje ko Luka yavuze ukuri. *

KUBERA IKI KUBIMENYA BIHAMBAYE?

Yezu yarigishije abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana, intwaro izoganza isi yose

Kumenya ko Yezu yoba yarabayeho birahambaye kubera ko inyigisho ziwe zihambaye. Nk’akarorero, Yezu yarigishije ingene abantu bobaho bahimbawe. * Yaravuze kandi ko hazogera igihe abantu bakabaho mu mahoro no mu mutekano bayobowe n’intwaro imwe rudende yitwa “ubwami bw’Imana.”​—Luka 4:43.

Iyo ntwaro birabereye ko yitwa “ubwami bw’Imana” kubera ko ari yo Imana izokoresha mu kuganza isi. (Ivyahishuwe 11:15) Yezu yaravyerekanye neza igihe yavuga muri rya sengesho ry’akarorero ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, . . . ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi.” (Matayo 6:9, 10) None ubwo Bwami buzomarira iki abantu? Ehe raba ico buzokora:

  • Intambara n’indyane z’abanyagihugu bizohera.​Zaburi 46:8-11.

  • Ubukozi bw’ikibi, ushizemwo ibiturire n’ugukunda amaronko, buzoranduranwa n’imizi n’abatubaha Imana barandurwe.​Zaburi 37:10, 11.

  • Abatwarwa b’ubwo Bwami bazonezererwa igikorwa cabo kandi ntibazoruhira ubusa.​Yesaya 65:21, 22.

  • Ubutaka buzosubirana akanovera kabwo maze butange ivyimburwa umusesekara.​Zaburi 72:16; Yesaya 11:9.

Hari abokwiyumvira yuko ivyo bintu ari ukurota. Mugabo kwizigira abantu ni kwo kurota. Raba nk’akarorero: Naho abantu bateye imbere cane mu vy’indero, mu vy’ubushakashatsi no mu vy’ubuhinga bwa none, abantu benshi barahagaritse umutima cane kubera ko batazi ico buca bucana. Kandi imisi yose turabona abugarijwe n’ubukene, abahohoterwa bahowe idini canke ivya politike, tutibagiye igiturire n’ugukunda amaronko. Emwe nta woharira ko intwaro z’abantu zananiwe!​—Umusiguzi 8:9.

Vy’ukuri, kumenya ko Yezu yoba yarabayeho birahambaye. * Mu 2 Abakorinto 1:19, 20 havuga hati: “Uko imihango y’Imana ingana kwose, yabaye Ego biciye kuri [Kristu].”

^ ing. 23 Harubuwe icandikano kiriko izina ry’“umutware w’intara” yitwa Lisaniya. (Luka 3:1) Yatwara intara ya Abilene muri ico kiringo nyene Luka yavuze.

^ ing. 25 Zimwe mu nyigisho nziza Yezu yatanze ni izo dusanga muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7, izikunze kwitwa Insiguro yo ku Musozi.

^ ing. 32 Wipfuza kumenya ibindi ku bijanye na Yezu n’ivyo yigishije, ja kuri www.jw.org urabe ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.