Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! No. 5 2016

 KAHISE KATWIGISHA IKI?

Aristote

Aristote

UMUGABO yitwa Aristote haraheze imyaka irenga 2.300 abayeho. Yaraterereye ibintu bihambaye mu buhinga bwa siyansi na filozofiya. Ivyiyumviro vyiwe n’ivyo yanditse vyamye bishimisha abantu, bakaba baravyize cane bongera babishira mu ndimi nyinshi. Umuhinga mu vya kahise yitwa James MacLachlan yanditse yuko “ivyiyumviro Aristote yari afise ku bijanye n’ibidukikije vyamaze imyaka hafi 2.000 vyemerwa cane n’Abanyaburaya.” Bimwebimwe mu vyiyumviro vyiwe vyaranagize ico bihinduye ku nyigisho z’abagatolika, abaporoti n’abisilamu.

Yanditse ibintu bitandukanye

Aristote yaranditse ibijanye n’utugenegene, ibisyo vyo mu kirere, ibinyabuzima, inyifato runtu, ubushobozi bwo kuvuga, amategeko, ubuhinga bwo kwiyumvira neza, ubushobozi ibintu bifise bwo gukwega ibindi nk’isumaku, ukubaho kw’ibintu, uguhinduka kw’ibintu, kuryoherwa, kuryosha imvugo, politike, inyifato y’abantu, ubuhinga bwo kuvuga ijambo hamwe n’umutima w’ubwenge, akaba yabona ko ushobora gupfa. Ariko bamuzi cane mu bijanye n’ibinyabuzima be n’ubuhinga bwo kwiyumvira neza.

Abahinga bo mu Bugiriki ba kera barakoresha cane ubushobozi bwabo bwo kwihweza no kwiyumvira kugira basigure ibidukikije. Biyumvira ko bazirikanye bitonze ku bintu babona ko ari ukuri kwibonekeza, bashobora guca bashika ku vyiyumviro vy’ukuri.

Ivyo vyarabafashije gushika ku vyiyumviro vy’ukuri bitari bike, kimwe muri vyo kikaba ari ic’uko ibiri mu kirere vyose bifise urutonde bigenderako. Ariko ingorane ihambaye yari ihari ni uko bihweza gusa ivyo amaso yashobora kubona, ivyo bikaba vyaratumye incabwenge nyinshi nka Aristote zihenda. Nk’akarorero biyumvira yuko imibumbe n’inyenyeri ari vyo bizunguruka isi. Ab’ico gihe babona ko ico ciyumviro ari ukuri ntaseswa. Igitabu kimwe kivuga giti: “Ivyo  bari bamaze kubona n’ivyo batahura vyasa n’ivyemeza iciyumviro c’Abagiriki c’uko ibintu vyose vyo mu kirere bizunguruka isi.”

Ico ciyumviro kitari co nticari kugira ingaruka zikomeye iyo kiguma mu ncabwenge gusa. Ariko si ko vyagenze.

Ekleziya yakira inyigisho za Aristote

Igihe ubukirisu bwari bukwiragiye i Buraya nko mu 500-1500 inyuma ya Kristu, zimwezimwe mu nyigisho za Aristote zabonwa nk’ukuri ntaharirizwa. Ivyo vyabaye inyuma y’aho abanyatewolojiya b’abagatolika, na canecane uwitwa Toma w’i Akina (yabayeho nko mu 1224-1274), bamariye kwinjiza ivyiyumviro vya Aristote mu nyigisho zabo. Ukwo ni ko ca ciyumviro c’uko ivyo mu kirere vyose bizunguruka isi cinjiye mu nyigisho za Ekleziya. Ico ciyumviro cahavuye cemerwa n’indongozi z’idini ry’abaporoti nka Kaluvino na Luther, abavuze ko cari gihuje na Bibiliya.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Batahuye Bibiliya ukutariko.”

Zimwezimwe mu nyigisho za Aristote zari zisigaye zibonwa nk’ukuri ntaharirizwa

Umwanditsi yitwa Charles Freeman yavuze ati: “Mu bintu bimwebimwe, vyari bigoye gutandukanya inyigisho za Aristote n’iza Ekleziya.” Ni co gituma hari abavuze ko Toma w’i Akina yinjije Aristote muri Ekleziya. Ariko uwo mwanditsi avuga yuko mu vy’ukuri “Toma ari we yacitse umuyoboke wa Aristote.” Twovuga kandi ko ku rugero runaka na Ekleziya yari isigaye iyoboka Aristote. Ni yo mpamvu umuhinga mu biharuro no mu bijanye n’ibisyo vyo mu kirere yitwa Galilée, yarengukijwe imbere ya sentare ya Gatolika kubera yubahutse kwerekana ibimenyamenya vyemeza ko isi ari yo izunguruka izuba. Iyo sentare yamutegetse kwihakana ivyiyumviro vyiwe. * Ariko igitangaje ni uko Aristote ubwiwe yemera ko ubumenyi bwa siyansi butera imbere, bugahinduka. Ese iyo n’amadini y’abitwa abakirisu abibona nka we!

^ ing. 11 Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Galilée contre l’Église” muri Be maso! yo ku wa 22 Ndamukiza 2003 (mu gifaransa).