VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ubwoya bw’igikoko citwa loutre de mer
IBIKOKO vyinshi vyonsa vyo mu mazi akanye usanga bifise ikinure munsi y’urushato kibifasha kuguma bisusurutse. Igikoko co mu bwoko bw’inzivyi bita loutre de mer cifashisha ubundi buhinga kugira gisusuruke. Gifise ubwoya bwinshi.
Rimbura iki kintu: Ubwoya bw’ico gikoko ni bwinshi cane kuruta ubw’ibindi bikoko vyose vyonsa, ku buryo ahangana na santimero imwe kuri imwe hari ubwoya 155.000. Iyo ico gikoko kiriko kiroga, ubwoya bwaco burinjiza umuyaga hafi y’umubiri waco bugaca buwubika. Uwo muyaga uca ugikingira kugira amazi akanye ntashike ku rukoba, ngo bihave bigabanya ubushuhe bwaco.
Abahinga bavuga ko hari icigwa bokwigira ku bwoya bw’ico gikoko. Baragerageje gukora amakoti atandukanye y’ubwoya, bakaza barahindagura uburebure bw’ubwoya n’ingene bwegeranye. Abo bahinga basanze “uko ubwoya bwegerana cane kandi bukaba burebure ari ko burushiriza kurinda amazi.” Twovuga rero ko ico gikoko cambaye ikoti nyaryo.
Abahinga bizigiye ko ivyigwa barimwo bizobafasha guhingura impuzu zirinda amazi. Wosanga na ba bantu bibira mu mazi akanye bizobafasha nibaronka impuzu zo kwibira zifise ubwoya bumeze nk’ubw’ico gikoko.
Uvyibazako iki? Ubwoya butuma ico gikoko gisusuruka, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hari uwagikoze?