Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  No 3 2017

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WEMEZWA N’IKI KO BIBILIYA IVA KU MANA?

Bibiliya​—Ivuga ukuri muri vyose

Bibiliya​—Ivuga ukuri muri vyose

Mu vy’ubuhinga ntiyihenda

NAHO Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuhinga, igihe ivuga ibijanye n’ibiriho ntiyihenda. Reka turabe ibijanye n’ikirere be n’utugingo ngengakamere.

IBIJANYE N’IKIRERE​—IMVURA

IKIRERE

Bibiliya ivuga iti: “[Imana] ikwega amama y’amazi; amiminuka nk’imvura ku bw’igipfungu cayo, ku buryo ibicu bitemba.”​—Yobu 36:27, 28.

Muri ico canditswe, Bibiliya iradondora ibintu bitatu nyamukuru bigize inzinguzingu y’amazi. Imana yo Sôko ry’ubushuhe buva ku zuba, “ikwega amama y’amazi” biciye kuri bwo, (1) akaduga mu kirere ameze nk’umwuka. Uwo mwuka (2) uca wiremamwo ibicu bino na vyo (3) bikavamwo imvura. N’ubu abahinga mu vy’ikirere ntibaratahura ido n’ido ukuntu bigenda kugira imvura igwe. Ni ho Bibiliya yibariza iti: “Vy’ukuri, ni nde yoshobora gutahura ingene ibicu bigerekeranye?” (Yobu 36:29) Ariko Umuremyi aratahura neza ibijanye n’imvura. Ni yo mpamvu yashoboje umuntu buntu kuvyandika muri Bibiliya ata kwihenda. Kandi ivyo yavyanditse kera cane n’abahinga batarashobora kubisigura.

UTUGINGO NGENGAKAMERE​—INGENE UMWANA AKURIRA MU NDA

UTUGINGO NGENGAKAMERE

Umwami Dawidi ni umwe mu banditse Bibiliya. Yabwiye Imana ati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe.” (Zaburi 139:16) Aho Dawidi yerekana ko inda y’agasamo ikura yisunga ibiri mu co twokwita “igitabu” canditswe imbere y’igihe. Igitangaje ni uko haciye nk’imyaka 3.000 ayo majambo yanditswe.

Yamara amaja mu 1860 ni ho umuhinga ava muri Otrishe yitwa Gregor Mendel yubura ingene utugingo ngengakamere dukora. Kandi muri Ndamukiza 2003 ni ho abahinga basozera ubushakashatsi bujanye no kumenya utugingo ngengakamere twose tugize umuntu. Utwo tugingo ni two dutekeye amakuru yose akenewe kugira haboneke ibihimba vy’umubiri. Abahinga bavuga ko ayo makuru atunganijwe neza nka kurya indome n’amajambo vyo muri kazinduzi bikurikirana mu rutonde. Hisunzwe ayo makuru ibihimba vy’umwana akiri mu nda, nk’ubwonko, umutima, amahaha, amaguru n’amaboko bica biza birabaho ku rutonde kandi ku gihe. Ni co gituma abahinga bavuga ko utugingo ngengakamere ari “igitabu c’ubuzima.” None Dawidi yashoboye gute kwandika ayo makuru ata kwihenda? Avuga yicishije bugufi ati: “Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe, kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.” *​—2 Samweli 23:2.

 Ivuga ivya kazoza ata kwihenda

BIRAGOYE cane, mbere bisa n’ibidashoboka, kumenya igihe igihugu canke igisagara kanaka kizoba cateye imbere, igihe kitazoba kikiriho, canke ingene bizogenda kugira ivyo bishoboke. Yamara Bibiliya yaravuze imbere y’igihe ido n’ido ry’ingene ibisagara be n’intwaro bikomeye vyosanganguwe. Raba uburorero bubiri gusa:

BABILONI YOTEMVYE KANDI NTIYOSUBIYE KWUBAKWA

Babiloni yarigeze kuba umurwa mukuru w’inganji ikomeye y’isi yose, kandi yaramaze imyaka amajana ari yo yica igakiza mu burengero bwa Aziya. Yarigeze no kuba igisagara kinini gusumba ibindi kw’isi. Ariko Imana yabwiye Yesaya kwandika yuko umuntu yitwa Kuro azoyitembagaza be n’uko ata wuzosubira kuhaba gushika ibihe bidahera. Ivyo yabivuze hagisigaye nk’imyaka 200 ngo bibe. (Yesaya 13:17-20; 44:27, 28; 45:1, 2) None vyoba vyarabaye vy’ukuri?

KAHISE

Muri Gitugutu 539 imbere ya Kristu, Kuro Mukuru yarigaruriye Babiloni mw’ijoro rimwe gusa. Mu nyuma, imigende yahora ivomera akarere kimbuka kari gakikuje Babiloni yahavuye ikama kubera batari bakiyitwararika. Mu mwaka wa 200 inyuma ya Kristu, nta muntu yari akiba i Babiloni. Aho yahora, ubu hasigaye ari ibihomvagurike gusa. Hameze neza na neza nk’uko Bibiliya yari yarabivuze. Yagize iti: “[Babiloni] azocika koko igiharabuga wese.”​—Yeremiya 50:13.

None uwo mwanditsi wa Bibiliya yakuye hehe ayo makuru atagiramwo amakosa? Bibiliya ivuga ko ryari “ijambo ryamenyeshejwe kuri Babiloni, iryo Yesaya mwene Amozi yabonye mu vyo yeretswe.”​—Yesaya 13:1.

NINEWE IZOBA​—“AKARERE KAGADUTSE NK’AGAHINGA”

Ninewe yari umurwa mukuru w’inganji y’Abashuri. Cari igisagara giteye igomwe cuzuyemwo amabarabara yagutse, ibibanza vya bose bibereye ijisho, insengero n’inyubakwa nziza cane. Naho ari ukwo, umuhanuzi Zefaniya yavuze imbere y’igihe ko ico gisagara gihimbaye kizoba “igiharabuga, akarere kagadutse nk’agahinga.”​—Zefaniya 2:13-15.

Mu kinjana c’indwi imbere ya Kristu, Ninewe yarasanganguwe yose uko yakabaye n’ingabo z’Abanyababiloni n’Abamedi. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ico gisagara caneshejwe caciye “kimara imyaka 2500 cibagiranye.” Abantu baramaze igihe bibaza niba Ninewe yoba yarabayeho vy’ukuri! Amaja mu 1850 ni ho abacukuzi b’ivya kera bubura ibisigarira vy’ahahora Ninewe. Ubu aho hantu hariko harononekara kandi hafashwe nabi cane. Ni co gituma ishirahamwe rimwe rizigama ibibanza ndangakaranga rivuga ko “ibisigarira vya Ninewe bihakwa kuzimangana buhere.”

None ayo makuru yose Zefaniya yayakuye hehe? Atubwira ko “ijambo rya Yehova ryaje kuri [we].”​—Zefaniya 1:1.

 Bibiliya irishura ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima

BIBILIYA irishura neza ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima. Ehe raba uburorero bumwebumwe.

KUBERA IKI IMIBABARO N’UBUGIZI BWA NABI ARI VYINSHI KW’ISI?

Ikibazo kijanye n’ubugizi bwa nabi be n’imibabaro kiravugwa henshi muri Bibiliya. Bibiliya isigura ko:

  1. “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​Umusiguzi 8:9.

    Intwaro z’abantu zaradukwegeye imibabaro itagira izina kubera zitabishoboye kandi zononekaye.

  2. “Ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.”​Umusiguzi 9:11.

    Ibintu biba tutari tuvyiteze nk’indwara ikomeye, isanganya canke icago c’icaduka vyoshobora gushikira uwo ari we wese, bikamushikira igihe ico ari co cose n’aho ari ho hose.

  3. “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro.”​Abaroma 5:12.

    Igihe umugabo n’umugore ba mbere baremwa, nta gasembwa canke urupfu vyariho. Igicumuro “cinjiye mw’isi” igihe bagambararira Umuremyi wabo n’ibigirankana.

Ariko Bibiliya ntidusigurira gusa igituma dushikirwa n’imibabaro. Iranadusezeranira ko Imana izorandura ubugizi bwa nabi, kandi ko “izohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

BIGENDA GUTE IYO DUPFUYE?

Bibiliya isigura ko iyo umuntu apfuye ata na kimwe ashobora kumenya canke gukora. Mu Musiguzi 9:5 havuga ngo: “Kuko abazima bazi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.” Iyo dupfuye, ‘ivyiyumviro vyacu bica bihera.’ (Zaburi 146:4) Uca wumva ko ibintu vyose ubwonko bwahora bukora, ushizemwo n’ubushobozi dufise bwo kwumva, kubona, n’ibindi, ata na kimwe gisubira gukora. Ni co gituma tudashobora kwumva, kwiyumvira canke gukora ikintu na kimwe.

Ariko Bibiliya ntidusigurira gusa ingene abapfuye bamerewe. Iraduha n’icizigiro gihimbaye c’uko biciye kw’izuka abapfuye bazokwikangura bakava mw’itiro ry’urupfu.​—Hoseya 13:14; Yohani 11:11-14.

KUBERA IKI TURIHO?

Bibiliya ivuga ko Yehova Imana ari we yaremye umugabo n’umugore ba mbere. (Itanguriro  1:27) Ni co gituma umugabo wa mbere Adamu yitwa “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Umuntu yaremwe kugira agiranire ubucuti na Se wiwe wo mw’ijuru no kugira abe kw’isi ibihe bidahera ahimbawe kandi anezererwa igikorwa akora. Kugira ivyo bishoboke, abantu bose baremanywe icipfuzo co gushaka kumenya Imana. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

Vyongeye itubwira iti: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!” (Luka 11:28) Bibiliya ntidufasha gusa kumenya ivyerekeye Imana, iradufasha no kubaho duhimbawe ubu, ikaduha n’icizigiro ku bijanye na kazoza.

Ico uwo Bibiliya ikomokako akwipfuriza

ABANTU amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, bamaze kwihweza ivyo bimenyamenya vyose bashitse ku ciyumviro c’uko Bibiliya atari igitabu ca kera gusa. Baremera badakeka ko ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ni uburyo Imana ikoresha kugira iganire n’abantu, na wewe urimwo. Bibiliya irimwo akamo Imana igutera ngo uyimenye neza maze ube umugenzi wayo. Itubwira iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

Kwiga Bibiliya bituma umenya ikintu kidasanzwe. Ikihe? Nka kurya nyene gusoma igitabu kanaka bigufasha kumenya ivyiyumviro vy’uwacanditse, gusoma Bibiliya biragufasha kumenya ivyiyumviro vy’uwo ikomokako n’ingene yiyumva, uwo na we akaba ari Imana. Iyumvire nawe, urashobora kumenya ukuntu Umuremyi wawe yiyumva! Vyongeye, Bibiliya iratubwira:

Woshima kumenya n’ibindi? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha. Barashobora kugufasha kwiga Bibiliya ata co urinze kuriha. Ivyo bizotuma wiyegereza cane uwo Bibiliya ikomokako ari we Yehova Imana.

Twabonye ibintu bimwebimwe vyerekana ko Bibiliya iva ku Mana. Ushaka kumenya ibindi, raba ikigabane ca 2 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kukivoma kuri www.jw.org

Urashobora kandi kuraba akavidewo kavuga ngo Bibiliya ikomoka kuri nde? kari kuri www.jw.org

Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > AMAVIDEWO

^ ing. 10 Bibiliya ivuga ko izina ry’uruharo ry’Imana ari Yehova.​—Yesaya 12:2.

Raba n'ibindi

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Bibiliya na siyansi vyoba bivuga rumwe?

Hoba hari ibintu Bibiliya ivuga bidahuje na siyansi?

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ubuhanuzi ni iki?

Ubuhanuzi bwavuye ku Mana bwose bwoba buvuga ivya kazoza? Si bwose.

KWIGA BIBILIYA

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?