Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe mufashanya muba mumeze nk’umudereva w’indege be n’uwumufasha kuyitwara

ABUBATSE

2: Gufashanya

2: Gufashanya

ICO BISOBANURA

Igihe umugabo n’umugore bafashanya, baba bameze nk’umudereva w’indege be n’uwumufasha kuyitwara. Mbere n’igihe ingorane zadutse, umwe wese ntiyiyumvira ivyiwe gusa ahubwo abona ko zibaraba bompi.

ICO BIBILIYA IVUGA: “[Ntibaba] bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe.”​—Matayo 19:6.

“Mu mubano nta wukwiye kwibako. Umugabo n’umugore bategerezwa gufashanya kugira ngo ibintu bigende neza.”​—Christopher.

IGITUMA BIHAMBAYE

Igihe ingorane zadutse, umugabo n’umugore badafashanya barondera kwegekanako amakosa aho kurondera ingene bozitorera umuti. Utubazo twasa n’udusanzwe turakura tukaba umusozi wose.

“Gufashanya birahambaye mu mubano. Iyaba jewe n’umugabo wanje tudafashanya, nta ho tuba dutaniye n’abantu babiri batubakanye basangiye icumba gusa. Abo bantu usanga bibagora iyo hageze gufata ingingo zihambaye.”​—Alexandra.

ICO WOKORA

NIWISUZUME

  • Amahera ndonka noba mbona ko ari “rwanje gusa”?

  • Kugira ngo numve ko nduhutse, noba ndinda kuja kure y’uwo twubakanye?

  • Noba nterekwa incuti z’uwo twubakanye, kandi we abafitiye igishika?

GANIRA N’UWO MWUBAKANYE

  • Mu rugo rwacu, dufashanya mu mice iyihe?

  • Twokosora hehe?

  • Twokora iki kugira ngo turushirize gufashanya?

IVYOGUFASHA

  • Aho kubona ko wewe n’uwo mwubakanye muri abakinyi b’imigwi ibiri irondera gutsindana, nimurabe nyabuna ingene mwoja mu mugwi umwe.

  • Aho kwiyumvira ngo ‘Nomutsinda gute?’ niwiyumvire nyabuna uti: ‘Twotsinda gute twese?’

“Kurondera kumenya uwuri mw’ikosa n’uwutari mw’ikosa nta co bimaze. Igihambaye ni ukuremesha ubumwe n’amahoro mu mubano wanyu.”​—Ethan.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umwe wese . . . ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:3, 4.