Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 2 2018 | Ibintu 12 vyofasha ingo kurama

Ibintu 12 vyofasha ingo kurama

Mu ngo nyinshi harakunda kuvugwa ibitagenda neza. Ariko none ni ibiki vyafashije ingo zimwezimwe kuroranirwa?

  • Muri Amerika, hagati y’umwaka wa 1990 n’uwa 2015, igitigiri c’abahukanye bafise imyaka irenga 50 cigwije incuro zibiri, ic’abarenza imyaka 65 na co cigwiza incuro zitatu.

  • Abavyeyi barajuragirika kuko abahinga bamwebamwe babahanura kwama bahayagiza abana babo, abandi na bo bakabahanura kutabafyinisha.

  • Abakiri bato usanga bagera mu bigero ata bintu bazi bizotuma bagira ico bimariye.

Ariko ico womenya coco ni uko . . .

  • Umubano w’abubatse ushobora kurama.

  • Abavyeyi bashobora gutoza indero abana babo mu rukundo.

  • Abakiri bato bashobora kwiga ibintu bizobafasha nibagera mu bigero.

Ivyo bishoboka gute? Iki kinyamakuru Be maso! kiravuga ibintu 12 vyofasha ingo kurama.

 

1: Gushitsa indagano

Impanuro zitatu nziza zofasha abubakanye kugumana.

2: Gufashanya

Wewe n’uwo mwubakanye mwoba mumeze nk’abantu basangiye icumba gusa?

3: Kwubahana

Numenye ivyo wovuga be n’ivyo wokora vyotuma uwo mwubakanye yumva ko yubashwe.

4: Kubabarirana

Ni ibiki vyogufasha kwirengagiza utunenge tw’uwo mwubakanye?

5: Ikiyago

Ibintu bitatu vyobafasha kwiyegereza abana banyu.

6: Indero

Gutoza umwana indero vyoba bimutesha agaciro?

7: Imico myiza

Ni imico myiza iyihe wokwigisha abana bawe?

8: Akarorero

Nimba ushaka ko abana bawe bakugamburukira, imvugo yawe ikwiye kujana n’ingiro.

9: Akaranga

Abakiri bato bokwirinda gute kugendera ku vyiyumviro vy’abandi?

10: Kuba umwizigirwa

Nimba abavyeyi bawe bashobora kukwizigira vyerekana ko uriko urakura.

11: Umwete

Kwiga gukunda ibikorwa ukiri muto birashobora gutuma uroranirwa mu vyo ukora vyose mu buzima.

12: Imigambi

Iyo ushitse ku migambi kanaka biratuma uhera ubwoba, ubugenzi ufitaniye n’abandi bugakomera, kandi ugahimbarwa cane.

Ibindi vyofasha umuryango

Bibiliya irashobora kugufasha kugira urugo ruhimbawe.