Icofasha abana babuze uwabo
Woba warabuze umuntu wo mu muryango? None wovyifatamwo gute? Raba ingene Bibiliya yafashije abakiri bato batatu.
IVYASHIKIYE DAMI
Dami
Dawe yatanguye yumva umenga ni ukumeneka umutwe bisanzwe. Ariko vyahavuye bikomera mawe aca amutabariza rusehabaniha. Ndacibuka ingene bamutwaye muri iyo modoka. Sinari nzi ko ryari ryo rya nyuma ndamubonye ari muzima. Inyuma y’imisi itatu, dawe yarapfuye ahitanywe n’ingorane y’ubwonko. Nari mfise imyaka itandatu gusa.
Naramaze imyaka niyagiriza kubera urupfu rwiwe. Naribuka ingene bamuteruye bakamujana, ngaca nibaza nti: ‘Kubera iki nagumye nihagarariye gusa? Kubera iki ata co namufashije?’ Mbonye abageze mu zabukuru bafise ingorane z’amagara, naca nibaza nti: ‘Kubera iki dawe yapfuye ariko aba bakaba bakiriho?’ Ariko mawe yaramfashije kutigumizamwo umubabaro. N’ishengero turimwo ry’Ivyabona vya Yehova ryaradufashe mu mugongo cane.
Hari abiyumvira ko iyo ubuze uwawe ushobora gutuntura bigaca bihera, mugabo jewe si ko vyagenze. Nagiye kwumva intuntu neza na neza ngeze mu buyabaga.
Ico nohanura abakiri bato babuze umuvyeyi ni iki: “Rondera uwo uyagira ukuntu umerewe. Unyarutse kubigira, hari aho wosanga bigufashije cane.
Birambabaza kubona ntera intambwe zihambaye mu buzima dawe tutari kumwe. Ariko ico Bibiliya idusezeranira mu Vyahishuwe 21:4 kirandemesha. Havuga ko vuba Imana “izohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”
IVYASHIKIYE DERRICK
Derrick
Bimwe mu bintu biryoshe nibuka kuri papa ni ukuntu twajana kuroba n’ukuntu twaja mu misozi tukirarira mu duhema. Yarakunda imisozi cane.
Dawe yaramaze igihe arwaye umutima. Ndibuka ko nkiri umwana nagiye kumuraba mu bitaro nka rimwe canke kabiri, ariko sinari nzi ko indwara yiwe ikomeye. Yahavuye imuhitana mfise imyaka icenda.
Apfuye nararize, ndarira nongera ndarira. Numvise ndengewe, kandi nta muntu nashaka kuvugisha. Sinari bwigere niyumva gutyo mu buzima bwanje. Numva ata na kimwe ngishaka gukora. Abo twari kumwe mu muhari w’urwaruka wo mw’idini narimwo baranyitwararitse mu ntango mugabo ntibabandanije. Bambwira ngo
“umusi wa so wawe wari wageze” canke ngo “Imana ni yo yamuhamagaye,” abandi ngo “ari mw’ijuru.” Ayo majambo ntiyishura ibibazo nibaza, ariko si ukuvuga ko nari nzi neza ico Bibiliya ibivugako.Mawe yahavuye atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, mu nyuma twe na mukuru wanje turakurikira. Twaramenye ico Bibiliya ivuga ku kuntu abapfuye bamerewe hamwe n’izuka Imana idusezeranira. (Yohani 5:28, 29) Ariko icanditswe camfashije cane ni Yesaya 41:10, aho Imana itubwira iti: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.” Kumenya ko Yehova ari kumwe nanje vyaramfashije cane kwihangana, n’ubu bikiriko.
IVYASHIKIYE JEANNIE
Jeannie
Mfise imyaka indwi, mawe yarahitanywe na kanseri. Wamenga ndiko ndarota. Ndibuka ko yapfiriye muhira kandi sokuru na nyokuru ni ho bari. Bose bari batekanye. Numva umenga isi yose inguyeko. Ndibuka kandi ko uwo musi twarariye amagi.
Ico gihe, niyumviriye ko ntegerezwa guhisha umubabaro mfise kugira mfashe murumunanje kwihangana kandi ivyo vyaramaze imyaka itari mike. N’ubu nama ndiko ndahisha umubabaro, ariko si vyiza.
Ndibuka ukuntu ishengero twarimwo ry’Ivyabona vya Yehova ryatwitwararikanye urukundo. Ni ho twari tugitangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona yabera ku Ngoro y’Ubwami, ariko baratwitwararitse nk’aho umengo twari tumaranye imyaka. Nimba ntihenze, dawe yamaze umwaka wose adateka ku mugoroba kubera bama babitugemuriye.
Icanditswe co muri Zaburi 25:16, 17 kirankora ku mutima cane. Uwacanditse yatakambiye Imana ati: “Hindukiriza mu maso hawe kuri jewe, ungirire ubutoni; kuko ndi inyakamwe n’umurushwa. Amarushwa y’umutima wanje yagwiriye; ewe, nunkure mu maganya andiko.” Birandemesha kumenya ko iyo tubabaye tutaba turi twenyene. Imana iba iri kumwe natwe. Bibiliya yaramfashije maze ubuzima burabandanya. Ndagerageza kuguma niyumvira ibintu vyiza, nk’icizigiro c’izuka Bibiliya itanga. Ndizigiye kuzosubira kubona mawe afise amagara meza, mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.
Woshima kumenya n’ibindi ku bijanye n’ubutumwa buremesha Bibiliya ifitiye ababuze ababo? Voma ku buntu agatabu kavuga ngo “Iyo Uwo Wakunda Apfuye.” Ja kuri www.jw.org, ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU.