Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  No 2 2017

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KURABA IVY’AMASHETANI HARI ICO BITWAYE?

Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane

Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane

“Mwa bihume mwe, mwa bizombi, namwe bantu mwihindura ibisizimwe, ngw’aho nimubise ivy’amashetani.”—Vyakuwe mu kinyamakuru The Wall Street Journal.

IBITABU, amasinema n’udukino twa videwo bisigaye bigwiriyemwo inkuru z’abakiri bato n’abakuze bakora ivya maji, ibihume vyihindura abantu bateye igomwe, abapfumu basa neza, n’ibindi bintu vy’ibintazi. Kubera iki abantu bakunda ivyo bintu? *

Umuhinga mu vy’imibano yitwa Claude Fischer yanditse ati: “Mu myaka mirongo iheze, igitigiri c’abemera imizimu carongerekanye ku buryo Umunyamerika umwe kuri batatu usanga yemera imizimu, kare yahora ari umwe kuri cumi. Igitigiri c’Abanyamerika bakiri bato bavuga ko bagiye kwa kamenyi, ko bemera imizimu be n’uko hariho inzu zihuma, hari aho wosanga kiruta incuro zibiri igitigiri c’abakuze.”

Ntibitangaje rero kubona inkuru z’abantu bafise amashetani zisubiye kugaruka ku rugero ruteye ubwoba. Mu kiganiro kimwe co muri ca kinyamakuru twavuga, uwitwa Michael Calia yanditse ati: “Kuba inkuru z’ibizombi, ibihume n’abantu bihindura ibisizimwe zaraharawe cane mu myaka nka cumi iheze, biri mu vyatumye inkuru z’abantu bafise amashetani zisubira gukundwa cane.”

Raporo imwe ivuga yuko “ibice biri hagati ya 25 na 50 kw’ijana vy’ababa kw’isi yose usanga bemera imizimu, iyo mizimu ikaba ivugwa cane mu bitabu vyo mu mihingo nka yose.” Hari n’ubushakashatsi bwagizwe n’abahinga mu vy’imibano bo muri Amerika ari bo Christopher Bader na Carson Mencken, “bwerekanye yuko Abanyamerika benshi, nk’ibice 70 gushika kuri 80 kw’ijana, bemera cane n’imiburiburi ubwoko bumwe bw’ibintazi.”

None ibintu vy’ibintazi n’ivy’ubupfumu hoba hari ico bitwaye?

^ ing. 4 Kazinduzi imwe ivuga ko ibintazi ari ibintu “umuntu adashobora gusigura afatiye ku buhinga bwa siyansi canke ku bintu bisanzwe bibaho mu bidukikije.”